Ururirimbo rwa 53
Ugusagamba kwa tewokarasi
1. Tewokaras’ingo tuyih’ikaze!
Ub’irasagamba bitangaje.
Ririmbira Yehov’umushemeze
Kuk’umuco wiw’ubonesheje.
Mu ntango hoho yar’ibayabaye
N’Umukiza yari n’ubwitonzi.
Ub’iburyo bw’Iman’arahicaye;
Bompi nibashemezwe n’isinzi.
2. Yezu ku cicaro c’ubucamanza
Amahanga aj’imbere yiwe.
Inganji y’Iman’azotsimbataza;
Abamwanka bose batikizwe.
N’Umujanama, ni Data wa twese,
Kandi n’Umuganwa w’amahoro.
Nya mahoro azob’ibihe vyose
Hamwe n’ugusagamba kw’intwaro.
3. Ni ’teka kubaho mur’iyi misi!
Non’ivyo ntibitwez’umutima?
Tanga uronk’umunezero mwinshi
No mu gukor’uce wiv’inyuma.
Burir’abatuk’Iman’udatinya:
Harumagedon’irikw’iraza.
Nutangaze n’umwete buri mwanya;
Ku bitonda vug’inkuru nziza.