Ururirimbo rwa 62
Harahiriwe abanyembabazi!
1. Barya bagir’imbabazi
Ku Mana ni beza nanzi!
Abemeye bababwira
Kw’Iman’imbabaz’igira.
Twe yarazitugiriye
Ku ncungu yadutangiye.
Ku bantu ba goyigoyi
’Mbabazi ziwe si nkeyi.
2. Bobo barahezagirwa
’Vyaha bakababarirwa.
Yezu yabaserukiye
Aho Iman’ivyagiye.
Bigish’abandi na bone
’Mbabazi baze babone.
Bababwira kwishongora,
’Bwami buraje gukora.
3. Abo bagir’imbabazi
Ntibatinya barabizi:
Ku musi wa ya mateka,
Imbabaz’azobereka.
Natwe twame tuzigira
’Mana ntizotwibagira.
Ntugir’akaryo ugisha
Kor’ukw’Iman’itwigisha.
(MU GUSOZERA) INYUMA Y’IGITERO CA 3
Barya bagir’imbabazi
Ku Mana ni beza nanzi!