‘So ni umunyembabazi’
“Mushishikare gucika abanyembabazi, nk’uko na So ari umunyembabazi”.—LUKA 6:36, NW.
1, 2. Amajambo Yezu yabwiye abanditsi n’Abafarizayo be n’abayoboke biwe yerekana gute ko imbabazi ari kamere ihimbaye?
IVYAGEZWE Imana yatanze biciye kuri Musa vyari bigizwe n’amabwirizwa be n’amategeko hafi 600. Naho gushitsa ayo mabwirizwa yo mu Vyagezwe vya Musa vyari bikenewe, kugaragaza imbabazi na vyo vyari bihambaye kuruta. Rimbura ivyo Yezu yabwiye Abafarizayo batagaragariza abandi imbabazi. Yarabakariye incuro zibiri zose, mu gushimika ku vyo Imana yari yaravumereye igihe yavuga iti: “Ico nshaka ni imbabazi, si ikimazi” (Matayo 9:10-13, NW; 12:1-7; Hoseya 6:6). Nko mu mpera z’ubusuku bwiwe, Yezu yavuze ati: “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mutanga ic’icumi ca menta na aneto na kumino, mugabo mwirengagije ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ukwizigirwa”.—Matayo 23:23, NW.
2 Ata gukeka, Yezu yarerekanye ko imbabazi ari ikintu c’agaciro kanini cane. Yabwiye abayoboke biwe ati: “Mushishikare gucika abanyembabazi, nk’uko na So ari umunyembabazi” (Luka 6:36, NW). Ariko rero, kugira ngo ‘twigane Imana’ muri ivyo, dukwiye kubanza kumenya imbabazi nyakuri ico ari co (Abanyefeso 5:1, NW). Ikigeretseko, gutahura ivyiza biva ku kugaragaza imbabazi bizotuma tugaragaza iyo kamere mu buryo burushirije kuba ubushitse mu buzima bwacu.
Kugaragariza imbabazi abari n’ivyo bakeneye
3. Ni kubera iki Yehova ari we dukwiye kurabirako kugira ngo tumenye imbabazi nyakuri ico ari co?
3 Umwanditsi wa zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho n’umunyabuntu, yuzuye imbabazi, ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi. Uhoraho agirira neza bose, imbabazi ziwe ziri ku vyo yaremye vyose” (Zaburi 145:8, 9). Yehova ni “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe [a]kaba n’Imana y’uruhoza rwose” (2 Ab’i Korinto 1:3, NW). Imbabazi zigaragazwa mu gufata uwundi mu buryo burangwa impuhwe, zikaba ari umuce uhambaye werekana ukuntu Imana imeze. Akarorero kayo be n’ubuyobozi iduha birashobora kutwigisha imbabazi nyakuri ico ari co.
4. Muri Yesaya 49:15 hatwigisha iki ku bijanye n’imbabazi?
4 Nk’uko vyanditswe muri Yesaya 49:15, Yehova avuga ati: “Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe?”. Amajambo y’igiheburayo ahuye cane n’iryahinduwe ngaha ngo “akagongwe”, muri Zaburi 145:8,9 ahasubiwemwo mu majambo mu ngingo y’imbere y’iyi, akoreshwa mu guserura iciyumviro c’imbabazi. Inyiyumvo zituma Yehova agaragaza imbabazi zigereranywa n’inyiyumvo zirangwa igishika umuvyeyi yonsa asanzwe agirira ikibondo ciwe. Hari aho ico kibondo kiba gishonje canke gikeneye ibindi bintu. Uwo muvyeyi, abitumwe n’umutima w’impuhwe n’ikigongwe agira bivuye ku vyo uwo mwana aba akeneye, aca abimuronsa. Na Yehova aragirira impuhwe nk’izo abo agaragariza imbabazi.
5. Ku bijanye n’Abisirayeli, Yehova yagaragaje gute ko ‘agwije imbabazi’?
5 Kwumvira impuhwe uwuri n’ivyo akeneye ntibigoye nko kugira ico ukoze kugira ngo umufashe. Ehe raba ukuntu Yehova yagize ico akoze igihe abasavyi biwe bari mu buja mu Misiri, ubu hakaba haciye nk’imyaka 3.500. Yabwiye Musa ati: “N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo, kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki” (Kuvayo 3:7, 8). Haciye nk’imyaka 500 Abisirayeli barokowe bagakurwa mu Misiri, Yehova yabibukije yuko ‘ari we yabaduganye abakuye muri Egiputa, akabarokora abakuye mu maboko y’Abanyegiputa no mu maboko y’abami bose babahahaza’ (1 Samweli 10:18). Abisirayeli kenshi bama bari mu magorwa kubera ko baba bateye akagere ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana. Naho vyari ukwo, Yehova yarabagiriye impuhwe kandi akatari gake yarahaserutse kugira ngo abakize (Abacamanza 2:11-16; 2 Ngoma 36:15). Ivyo birerekana ukuntu Imana yacu y’inyarukundo igira ico ikoreye abari n’ivyo bakeneye, abari mu kaga, canke abari mu bihe bigoye. Emwe, Yehova ‘agwije imbabazi’!—Abanyefeso 2:4, NW.
6. Yezu Kristu yiganye gute Se wiwe mu vyo kugaragaza imbabazi?
6 Igihe Yezu Kristu yari kw’isi, yariganye Se wiwe bimwe bishitse mu vyo kugaragaza imbabazi. Mbega yakoze iki igihe abagabo babiri b’impumyi bamutakambira bavuga bati: “Mukama, tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi!”? Abo bagabo bariko binginga Yezu ngo abahumure ku gitangaro. Yezu yarabakijije, ariko ico gitangaro ntiyagikoze ata nyiyumvo zibimutumye. Bibiliya ivuga iti: “Yezu bimutera ikigongwe, akora ku maso yabo, buno nyene baca barabona” (Matayo 20:30-34, NW). Ikigongwe ni co catuma Yezu akora ibitangaro vyinshi, ivyo bikaba vyararuhuriye impumyi, abiziziwe n’amadayimoni, abanyamibembe, be n’abavyeyi bari bafise abana baturubikwa n’amadayimoni.—Matayo 9:27; 15:22; 17:15; Mariko 5:18, 19; Luka 17:12, 13.
7. Akarorero ka Yehova Imana be n’ak’Umwana wiwe, butwigisha iki ku bijanye n’imbabazi?
7 Akarorero ka Yehova Imana n’aka Yezu Kristu, burerekana ko imbabazi zigaragazwa mu mice ibiri, na yo ikaba ari ukwumvira impuhwe, ikibabarwe n’akagongwe uwuri n’ivyo akeneye, be no gukora ikintu gituma amererwa neza. Umuntu w’umunyembabazi asabwa gushitsa iyo mice yose. Mu Vyanditswe, akenshi imbabazi zerekeza ku kwitwararika mu buryo bwiza abari n’ivyo bakeneye ubigiranye umutima mwiza. Ariko none, mu bijanye n’ubutungane imbabazi zigaragazwa gute? Zoba n’aho nyene zobonwa nk’ikintu cotuma umuntu yirinda gukora ikintu kinaka, nko kudahana ikosa ryakozwe?
Kugaragariza imbabazi abacumuzi
8, 9. Imbabazi Imana yagiriye Dawidi aho amariye gucumurana na Batisheba, zarimwo n’iki?
8 Zirikana ku vyashitse aho umuhanuzi Natani amariye kwereka Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera ibijanye n’icaha co kurenga ibigo yakoranye na Batisheba. Dawidi yaricujije maze aca asenga asaba ati: “Ngirira ikigongwe Mana, kubg’imbabazi zawe: kubg’isinzi ry’imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje. Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, unyoze icaha canje. Kuko nzi ibicumuro vyanje, icaha canje cama imbere yanje na ntaryo. Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, nakoze ikibi mu nyonga zawe”.—Zaburi 51:1-4.
9 Dawidi yaricujije cane mu mutima wiwe. Yehova yarahariye icaha Dawidi yakoze hanyuma we na Batisheba abacira inkoni ngufi. Twisunze ivyo Ivyagezwe vya Musa vyasaba, Dawidi na Batisheba bompi bari bakwiye kwicwa (Gusubira mu vyagezwe 22:22). Naho batakingiwe ingaruka zose z’icaha bari bakoze, ubuzima bwabo bwobwo bwarazigurijwe (2 Samweli 12:13). Imbabazi Imana igira zirimwo no guharira icaha. Ariko ntiwumve, ntizituma yirengagiza ivyo gutanga igihano kibereye.
10. Naho Yehova ari umunyembabazi mu bijanye no guca imanza, ni kubera iki tudakwiye kuriramwo mbege ku mbabazi ziwe?
10 Kubera ko “igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu]” kandi “impembo igicumuro gitanga [ikaba] ari urupfu”, abantu bose bari bakwiye gushikirwa n’urupfu (Abaroma 5:12, NW; 6:23, NW). Ese ukuntu dukwiye gukenguruka kubona Yehova agaragaza imbabaza igihe aducira imanza! Ariko rero, dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntituriremwo mbege ku mbabazi z’Imana. Mu Gusubira mu vyagezwe 32:4 (NW), havuga ko ‘inzira za Yehova zose ari ubutungane’. Igihe Imana igaragaza imbabazi, ntiyirengagiza ingingo mfatirwako zayo zigororotse zigenga ubutungane.
11. Yehova yerekanye gute ko abona ubutungane mu buryo bubereye, turavye ivyo yagiriye Dawidi igihe yacumurana na Batisheba?
11 Imbere yuko Dawidi na Batisheba batezurirwa igihano co gupfa bari gucirwa, icaha cabo categerezwa kubanza guharirwa. Abacamanza b’Abisirayeli ivyo ntibari barekuriwe kubigira. Iyo barekurirwa guca urwo rubanza, nta kindi bari gukora atari ukubasomera urwo gupfa, kuko ico ari co Ivyagezwe vyasaba. Ariko rero, kubera isezerano Yehova yari yaragiraniye na Dawidi, yashatse kuraba neza ko hobaho imvo yotuma amuharira (2 Samweli 7:12-16). Ku bw’ivyo rero, Yehova Imana, we “Mucamanza w’isi yose” akaba ari na we “[a]suzuma umutima”, yahisemwo kwifatira mu minwe ivy’urwo rubanza (Itanguriro 18:25; 1 Ngoma 29:17). Imana yarashoboye gusoma mu mutima wa Dawidi ata kwihenda, irabona ukwigaya kwiwe kutarimwo uburyarya maze iramuharira.
12. Abantu b’abanyavyaha boshobora gute kwungukira ku mbabazi z’Imana?
12 Imbabazi Yehova atugirira mu gutuma bishoboka ko dukurwako igihano c’urupfu kubera icaha twarazwe, zirahuye n’ubutungane bwiwe. Kugira ngo bishoboke ko Yehova aduharira ivyaha vyacu atarinze kurenga ku ngingo mfatirwako ziwe zigenga ubutungane, yaratanze Umwana wiwe Yezu Kristu ngo abe inkuka y’incungu, ubwo bukaba ari bwo buryo yagaragajemwo imbabazi kuruta ubundi bwose (Matayo 20:28; Abaroma 6:22, 23). Kugira ngo twungukire ku mbabazi z’Imana, izishobora gutuma tudacirwa urwo gupfa kubera icaha twarazwe, dutegerezwa ‘kwizera Umwana’.—Yohana 3:16, 36, NW.
Imana y’imbabazi n’ubutungane
13, 14. Imbabazi z’Imana zoba zigira ico zikoze ku butungane bwayo? Sigura.
13 Namba imbabazi za Yehova zidahonyanga ingingo mfatirwako ziwe zigenga ubutungane, hoba hari ukuntu zigira ico zikoze ku buryo we agaragaza ubutungane? Imbabazi zoba zigabanya ububasha ubutungane buva ku Mana bufise? Habe namba.
14 Yehova abicishije ku muhanuzi Hoseya, yabwiye Abisirayeli ati: “Nzokwikwerera ube uwanje ibihe bidashira; mbere nzokwikwerera mu bugororotsi no mu kuroranya no mu kugira neza no mu mbabazi” (Hoseya 2:19). Ayo majambo arerekana neza ko ukuntu Yehova agaragaza imbabazi vyama nantaryo bihuza n’izindi kamere ziwe ushizemwo n’ubutungane. Yehova ni ‘Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iharira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha, ariko idaherereza urubanza ku wutarugira’ (Kuvayo 34:6, 7). Yehova ni Imana y’imbabazi n’ubutungane. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose [“ni ubutungane”, NW]” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Ubutungane bw’Imana ntibugira agahaze, nk’uko nyene n’imbabazi zayo ziri. Muri izo kamere zibiri, nta n’imwe iruta iyindi, canke ngo hagire iyituma imwe idakora nk’uko yategerezwa gukora. Ahubwo riho, zompi ni magiriranire.
15, 16. (a) Ni igiki cerekana ko ubutungane buva ku Mana budacinyiza? (b) Ni igiki abasavyi ba Yehova bashobora kwizigira badakeka ko kizoba niyashitsa urubanza rwiwe kuri iyi si mbi?
15 Ubutungane bwa Yehova ntibucinyiza. Ubutungane usanga ahanini bujana n’amategeko, urubanza na rwo akenshi rugasaba ko abakoze ikibi baronka igihano bakwiranye. Ariko rero, ubutungane buva ku Mana burashobora kandi kubera agakiza ababikwiriye. Nk’akarorero, igihe abanyakibi bo mu bisagara vya Sodomu na Gomora barandurwa, sekuruza w’imiryango Loti be n’abakobwa biwe babiri bararokotse.—Itanguriro 19:12-26.
16 Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova niyashitsa urubanza rwiwe kuri iyi si mbi, “isinzi rinini” ry’abasenga b’ukuri “bamesuye amakanzu maremare yabo ba[ka]yeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama” bazozigurizwa. Gutyo, bazoba “[bavuye] muri ya makuba akomeye”.—Ivyahishuriwe 7:9-14, NW.
Ni kubera iki dukwiye kuba abanyembabazi?
17. Ni impamvu nyamukuru iyihe yotuma tuba abanyembabazi?
17 Akarorero ka Yehova n’aka Yezu Kristu vy’ukuri buratwigisha imbabazi nyakuri ico ari co. Mu kutwereka impamvu nyamukuru yotuma tuba abanyembabazi, mu Migani 19:17 hatubwira hati: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura”. Yehova aranezerwa igihe tumwiganye tukongera tukigana n’Umwana wiwe mu kuba abanyembabazi mu vyo tugiriranira hagati yacu (1 Ab’i Korinto 11:1). Abandi na bo baremeshwa kuba abanyembabazi kubera ko uwugize imbabazi ari we azigirirwa.—Luka 6:38.
18. Ni kubera iki dukwiye kwihatira kuba abanyembabazi?
18 Kamere y’imbabazi irimwo n’izindi kamere nziza nyinshi. Harimwo nk’igikundiro, urukundo, ubuntu be n’ukumera neza. Inyiyumvo zirangwa impuhwe n’ikigongwe ni zo zivyurira umuntu umutima wo gukora ibiranga imbabazi. Naho imbabazi z’Imana zidahonyanga ubutungane, Yehova arateba kuraka kandi agaha akaryo abacumuzi abigiranye ukwihangana kugira ngo bashike ku kwigaya (2 Petero 3:9, 10). Imbabazi rero zisaba ko umuntu agira ukwihangana n’ukwiyumanganya. Kubera ko imbabazi zirimwo n’izindi kamere nyinshi zihimbaye, muri izo hakaba harimwo n’imice itandukanye y’ivyamwa vy’impwemu y’Imana, zica zidufasha gutsimbataza izo zindi kamere (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Ese ukuntu bihambaye ko twihatira kuba abanyembabazi!
“Hahiriwe abanyembabazi”
19, 20. Ni mu buryo ubuhe imbabazi zihaya ku rubanza?
19 Umwigishwa Yakobo aratubwira igituma kamere y’imbabazi ikwiye kuba yo kamere ihambaye mu buzima bwacu. Yanditse ati: “Imbabazi zirihaya ku rubanza zigina intsinzi” (Yakobo 2:13b, NW). Yakobo yariko aravuga imbabazi umusavyi wa Yehova agaragariza abandi. Imbabazi zirihaya ku rubanza zigina intsinzi mu buryo bw’uko igihe bishitse umuntu “a[ka]bazwa n’Imana ku vyiwe”, Yehova aca afatira ku kuntu uwo muntu aba asanzwe agaragaza imbabazi hanyuma akamuharira yisunze inkuka y’incungu y’Umwana wiwe (Abaroma 14:12, NW). Nta gukeka ko imwe mu mvo zatumye Dawidi agirirwa imbabazi ku caha yari yakoranye na Batisheba yari iy’uko na we nyene ubwiwe yari umunyembabazi (1 Samweli 24:4-7). Yamara rero, “uwutagira imbabazi azoronka urubanza rwiwe ata mbabazi” (Yakobo 2:13a, NW). Ntibitangaje rero kubona “abatagira imbabazi” bari mu bantu Imana ibona ko “bakwiriye urupfu”!—Abaroma 1:31, 32, NW.
20 Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abanyembabazi, kuko bazogirirwa imbabazi” (Matayo 5:7, NW). Ese ukuntu ayo majambo yerekana mu buryo bukomeye ko abarondera imbabazi z’Imana bakwiye na bo nyene kuba abanyembabazi! Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ukuntu twogaragaza imbabazi mu buzima bwacu bwa misi yose.
Wize iki?
• Imbabazi ni iki?
• Imbabazi zigaragazwa mu buryo butandukanye ubuhe?
• Ni mu buryo ubuhe Yehova ari Imana y’imbabazi n’ubutungane?
• Ni kubera iki dukwiye kuba abanyembabazi?
[Ifoto ku rup. 21]
Inyiyumvo zirangwa ikibabarwe Yehova agirira abari n’ivyo bakeneye ni nka zirya nyene umuvyeyi agirira ikibondo ciwe
[Ifoto ku rup. 23]
Turavye ibitangaro Yezu yakoze, ni igiki twiga ku vyerekeye imbabazi?
[Ifoto ku rup. 24]
Yehova yoba yarahonyanze ubutungane bwiwe mu kugaragariza imbabazi Dawidi?
[Ifoto ku rup. 25]
Imbabazi Imana igaragariza abacumuzi zirahuye n’ubutungane bwayo