ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/9 rup. 26-30
  • Ukuntu twogaragaza imbabazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu twogaragaza imbabazi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Nimba umuvukanyi . . . ari gusa”
  • “Nimba mushishikara kugira nkunzi”
  • “Ubukerebutsi buva hejuru . . . bwuzuye imbabazi”
  • ‘Mubabarire abantu amakosa yabo’
  • “Dukorere bose iciza”
  • Nimutange “ibiri imbere”
  • ‘So ni umunyembabazi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Dukorera Imana “igwije imbabazi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Hahiriwe abanyembabazi!
    Turirimbire Yehova
  • Harahiriwe abanyembabazi!
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/9 rup. 26-30

Ukuntu twogaragaza imbabazi

“Dukorere bose iciza, mugabo canecane incuti zacu mu kwizera”.​—AB’I GALATIYA 6:10, NW.

1, 2. Wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi utwigisha iki ku bijanye n’imbabazi?

IGIHE umugabo umwe w’umuhanga mu vy’Itegeko yariko araganira na Yezu, yamubajije ati: “None mugenzanje ni nde?”. Mu kumwishura, Yezu yamuciriye uyu mugani, ati: “Umuntu umwe yariko amanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko, maze agwa mu bambuzi, bano baramwambura bongera baramukubita baramunoza, hanyuma barigira, bamusiga ari intere. Buno, ata wari avyiteze, umuherezi umwe amanukana iyo nzira, mugabo, amubonye, aca hirya arirenganira. Umulewi na we nyene, ashitse aho hantu akamubona, aca hirya arirenganira. Mugabo Umusamariya umwe yariko ajana iyo nzira ashika aho ari, hanyuma ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe. Nuko aramwegera, atenga inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu. Maze amwuriza ku gitungwa ciwe bwite, amujana ku ndaro y’abahita, hanyuma aramubungabunga. Hanyuma bukeye asokorora idenariyo zibiri, aziha uwuraba iyo ndaro, avuga ati: ‘Mubungabunge, kandi ico uzosohora cose kirenze kuri ibi, nzokikwishura ninagaruka’”. Yezu yaciye amubaza ati: “Ni nde muri abo batatu ubona ko yabaye mugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?”. Uwo mugabo yamwishuye ati: “Ni uwamugiriye ivy’imbabazi”.​—Luka 10:25, 29-37a, NW.

2 Ese ukuntu ubwitwararitsi uwo Musamariya yagaragarije uwo mugabo yari yagiriwe nabi bwerekana mu buryo butomoye imbabazi nyakuri ico ari co! Abitumwe n’akagongwe n’impuhwe, uwo Musamariya yaragize ico akoze mu buryo bwatumye uwo yari yaguye mu bambuzi yoroherwa. Vyongeye uwo mugabo akeneye uwomufasha ntiyari azinanyi n’uwo Musamariya. Rero, igihugu umuntu avamwo, idini arimwo canke imico kama yakuriyemwo ntivyomubuza kugaragaza imbabazi. Yezu amaze gutanga ico kigereranirizo c’Umusamariya w’imbabazi, yahanuye uwo yariko aramwumviriza ati: “Genda uze uragira gutyo nawe” (Luka 10:37b, NW). Turakwiye gufata nka nkama iyo mpanuro maze tukihatira kugaragariza abandi imbabazi. Ariko none twobigira gute? Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kugaragaza imbabazi mu buzima bwacu bwa misi yose?

“Nimba umuvukanyi . . . ari gusa”

3, 4. Ni kubera iki dukwiye canecane kurazwa ishinga n’ukugaragaza imbabazi mw’ishengero rya gikirisu?

3 Intumwa Paulo yavuze ati: “Tugifise umwanya ubereye wo kubikora, dukorere bose iciza, mugabo canecane incuti zacu mu kwizera” (Ab’i Galatiya 6:10, NW). Nimuze rero tubanze twihweze ingene dushobora kugwiza ibikorwa biranga imbabazi ku bo dusangiye ukwizera.

4 Igihe umwigishwa Yakobo yariko ahimiriza abakirisu b’ukuri kugaragarizanya imbabazi, yanditse ati: “Uwutagira imbabazi azoronka urubanza rwiwe ata mbabazi” (Yakobo 2:13, NW). Amakikuro y’ayo majambo yahumetswe, aratwereka uburyo bumwebumwe dushobora kugaragarizamwo imbabazi. Nk’akarorero, muri Yakobo 1:27 (NW), dusoma duti: “Insengo ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kuraba impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo, no kuguma wirinze utagirako agatosi ku bijanye n’isi”. Muri Yakobo 2:15, 16 (NW), na ho hagira hati: “Nimba umuvukanyi canke mushiki wacu ari gusa kandi akenye ibifungurwa bikwiranye n’umusi, yamara uwo muri mwebwe akababwira ati: ‘Gende amahoro, mugume mususurutse kandi murya neza’, mugabo ntimubahe ivyo umubiri wabo ukeneye, bimaze iki?”.

5, 6. Dushobora gute kugwiza ibikorwa biranga imbabazi mu vyo tugiriranira n’abagize ishengero ryacu?

5 Kwitwararika abandi no gufasha abari n’ivyo bakeneye ni ibintu biranga idini ry’ukuri. Uburyo bwacu bwo gusenga ntibuturekurira kwitwararika abandi mu majambo gusa yo kubipfuriza ko ibintu vyobagendera neza. Ahubwo riho, impuhwe ni zo zituma tugira ico dukoze ku bw’ineza y’abari n’ivyo bakeneye koko (1 Yohana 3:17, 18). Mu vy’ukuri, gutegurira udufungurwa umuntu arwaye, gufasha uwugeze mu zabukuru udukorwa tw’i muhira, gufasha abandi mu vyo kwiyunguruza kugira bashike ku makoraniro ya gikirisu igihe bikenewe be no kutirengagiza ababereye gufashwa, ivyo vyose ni bimwe mu bikorwa vyinshi biranga imbabazi dukwiye kwitwararika.​—Gusubira mu vyagezwe 15:7-10.

6 Ikintu gihambaye kuruta ugutanga ibintu vy’umubiri ni ugutanga mu buryo bw’impwemu kugira ngo dufashe abagize ishengero rya gikirisu ritera ryaguka. Duhimirizwa ‘guhoza abadendebukiwe, no gufata mu mugongo abagoyagoya’ (1 Ab’i Tesalonike 5:14, NW). “Abatamakazi” na bo baremeshwa kuba “abigisha b’ivyiza” (Tito 2:3, NW). Ku vyerekeye abacungezi bakirisu, Bibiliya ivuga iti: “Uw’ari we wese [“ategerezwa kuba”, NW] nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura”.​—Yesaya 32:2.

7. Ni igiki twigira ku bigishwa b’i Antiyokiya h’i Siriya ku bijanye no kugaragaza imbabazi?

7 Turetse ko amashengero yo mu kinjana ca mbere yitwararika abapfakazi, impfuvyi be n’ababa bakeneye gufashwa no kuremeshwa bo muri yo, rimwe na rimwe yaranatunganya ivyo gufasha abo basangiye ukwizera baba mu tundi turere. Nk’akarorero, igihe umuhanuzi Agabo yabura yuko “ikigoyi gikomeye cari kigiye gutera kw’isi yose”, abigishwa b’i Antiyokiya h’i Siriya “umwe wese nk’uko ashoboye, biyeme[je] kurungika imfashanyo yo gutabara abavukanyi baba i Yudaya”. Ivyo vyararungikiwe abakurambere “biciye ku kuboko kwa Barunaba na Sauli” (Ivyakozwe n’intumwa 11:28-30, NW). Bite ho muri kino gihe? “Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yaratunganije amakomite yo gutabara kugira ngo yitwararike abavukanyi bacu bashobora gushikirwa n’ivyago vy’ivyaduka, nk’ibihuhusi, vya nyamugigima canke ibisebuzi binini vyataziriwe tsunami (Matayo 24:45, NW). Gutanga tuvyishakiye umwanya wacu, inguvu zacu be n’ubutunzi bwacu kugira ngo dushigikire iyo ntunganyo ni uburyo bwiza bwo kugaragaza imbabazi.

“Nimba mushishikara kugira nkunzi”

8. Ni mu buryo ki ukugira nkunzi bibuza umuntu kugaragaza imbabazi?

8 Mu kutugabisha ku vyerekeye agatima katubuza kugaragaza imbabazi be no gukurikiza “rya tegeko ry’i bwami” ry’urukundo, Yakobo yanditse ati: “Nimba mushishikara kugira nkunzi, muriko mukora igicumuro, kuko mukangirwa n’itegeko nk’abarenga itegeko” (Yakobo 2:8, 9, NW). Kugaragariza ubuntu abantu batunze canke bazwi cane, bitari ngombwa, vyotuma twitwararika buhoro “umugorwa atakamba” (Imigani 21:13). Ukugira nkunzi biranyoha agatima k’imbabazi kuko imbabazi zigaragarira mu kutagira nkunzi.

9. Ni kubera iki atari bibi kwitwararika mu buryo budasanzwe ababikwiriye?

9 Kutagira nkunzi vyoba bisobanura ko tutazokwigera twitwararika umuntu n’umwe mu buryo budasanzwe? Habe namba. Intumwa Paulo, mu kuvuga ivyerekeye umukozi mugenziwe Epafurodito, yandikiye abakirisu b’i Filipi ati: “Abantu nk’abo mugume mubafatana iteka”. Uti kubera iki? “Kubera ko yahatswe gupfa ku bw’igikorwa c’Umukama, ashira ubuzima bwiwe mu kaga, kugira ngo ahababere bimwe bishitse kuko mutari muhari ngo munkorere” (Ab’i Filipi 2:25, 29, 30, NW). Igikorwa kiranga ukudahemuka Epafurodito yari yarakoze vyari bikwiye ko gikengurukwa. Vyongeye, muri 1 Timoteyo 5:17, dusoma duti: “Abagabo b’inararibonye bahagarikira neza nibabonwe ko babereye iteka ririmwo abiri, canecane abakora cane mu kuvuga no mu kwigisha”. Kamere nziza zo mu vy’impwemu na zo nyene zirakwiye gushimwa. Kwitwararika umuntu mwene ukwo si ukugira nkunzi namba.

“Ubukerebutsi buva hejuru . . . bwuzuye imbabazi”

10. Ni kubera iki dukwiye gucungera ururimi rwacu?

10 Ku bijanye n’ururimi, Yakobo yavuze ati: “Ni ikintu kibi c’akagaramaruganda, cuzuye ubumara bwica. Turaruhezagirisha Yehova, umwe nyene Data, yamara kandi tukaruvumisha abantu babayeho ‘mw’ishusho y’Imana’. Mu kanwa kamwe havamwo umuhezagiro n’umuvumo”. Kuri ivyo, yongeyeko ati: “Nimba mufise ishari ry’umururazi n’agatima k’amahane mu mitima yanyu, ntimube mwiyemera mwongera mubeshera ukuri. Ubwo si ubukerebutsi bumanuka buvuye hejuru, ahubwo ni ubwo kw’isi, bw’ibikoko, bw’amadayimoni. Kuko aho ishari n’agatima k’amahane biri, ni ho umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose biri. Mugabo ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro, bugira ibitegereka, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi, ntibwiyorobeka”.​—Yakobo 3:8-10a, 14-17, NW.

11. Dushobora gute kuba abanyembabazi mu kuntu dukoresha ururimi rwacu?

11 Uburyo dukoresha ururimi rwacu rero ni icerekana ko dufise canke tudafise ubukerebutsi “bwuzuye imbabazi”. Vyogenda gute nka hamwe ishari canke agatima k’amahane bitumye twibona, tubesha canke tugakwiragiza insaku? Muri Zaburi 94:4 havuga hati: “Inkozi z’ibibi zose zirihaya”. Vyongeye, uzi ukuntu amajambo yo gutyozanya adateba gusiga iceyi umuntu kandi ahorwa ubusa (Zaburi 64:2-4)! N’ikindi kandi, niwiyumvire ikibi kibishe coshobora guterwa n’“icabona c’ibinyoma kivuga ibinyoma” (Imigani 14:5; 1 Abami 21:7-13). Yakobo amaze kuvuga ibijanye n’ugukoresha nabi ururimi, yongerako ati: “Ntibibereye, bavukanyi banje, ko ivyo bintu bibandanya kuba gutyo” (Yakobo 3:10b, NW). Imbabazi nyakuri zisaba ko dukoresha ururimi rwacu mu buryo budahumanye, burangwa amahoro kandi butegereka. Yezu yavuze ati: “Ndababwiye yuko ijambo ryose ritagira akamaro abantu bavuga, bazoribazwa ku Musi w’Urubanza” (Matayo 12:36, NW). Ese ukuntu bihambaye ko tuba abanyembabazi mu kuntu dukoresha ururimi rwacu!

‘Mubabarire abantu amakosa yabo’

12, 13. (a) Wa mugani werekeye umushumba yari afitiye shebuja umwenda munini w’amahera, utwigisha iki ku bijanye n’imbabazi? (b) Guharira umuvukanyi wacu “gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi” bisigura iki?

12 Wa mugani wa Yezu werekeye umushumba yari afitiye shebuja wiwe w’umwami idenariyo 60.000.000 uratwereka ubundi buryo bwo kugaragaza imbabazi. Kubera ko uwo mushumba ata buryo yari afise bwo kwishura uwo mwenda, yaratakamvye asaba imbabazi. Shebuja w’uyo mushumba ‘vyamuteye ikigongwe’, aca amuhebera uwo mwenda. Mugabo uwo mushumba arasohoka, abona umushumba mugenziwe yari amufitiye idenariyo ijana, ata n’ukumugirira imbabazi aca aragenda amutesha mw’ibohero. Aho shebuja yumviye ivyabaye, yaciye ahamagaza wa mushumba yari yahariye maze amubwira ati: “Wa mushumba mubi we, nahanaguye wa mwenda wose wari ufise, igihe wanyinginga. None weho ntiwari ukwiye kugirira imbabazi umushumba mugenzawe, nk’uko nanje nakugiriye imbabazi?”. N’ishavu n’akantu, shebuja yaciye amuhereza abarinzi b’ibohero. Yezu yasozereye uwo mugani ati: “Ukwo nyene ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira umuvukanyi wiwe bivuye ku mutima”.​—Matayo 18:23-35, NW.

13 Ese ukuntu uwo mugani ushira ahabona mu buryo bukomeye ko kugaragaza imbabazi birimwo no kwama twiteguriye guharira! Yehova yaduhariye umwenda munini w’icaha. Wumva none tudakwiye “[kubabarira] abantu amakosa yabo” (Matayo 6:14, 15, NW)? Imbere y’uko Yezu avuga uwo mugani werekeye umushumba atagira imbabazi, Petero yari yamubajije ati: “Mukama, umuvukanyi wanje azoncumurako kangahe nanje nza ndamubabarira? Gushika ku ncuro indwi?”. Yezu yamwishuye ati: “Sinkubwiye Gushika ku ncuro indwi, ahubwo Gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi” (Matayo 18:21, 22, NW). Egome, umuntu w’umunyembabazi yiteguriye guharira “gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi”, ni ukuvuga ko yiteguriye guharira adahengeshanya.

14. Nk’uko muri Matayo 7:1-4 havyerekana, dushobora gute kwama tugaragaza imbabazi ku musi ku musi?

14 Yezu yarongeye kwerekana ubundi buryo bwo kugaragaza imbabazi muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, igihe yavuga ati: “Nimureke guca urubanza kugira ngo ntimuzocirwe urubanza; kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa . . . Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho ry’umuvukanyi wawe, mugabo nturimbure ikigiga kiri mu jisho ryawe bwite? Canke ushobora gute kubwira umuvukanyi wawe ngo: ‘Tega ngukure akatsi mu jisho ryawe’, kandi mu jisho ryawe bwite hariyo ikigiga?” (Matayo 7:1-4, NW). Ku bw’ivyo rero, turashobora kwama tugaragaza imbabazi ku musi ku musi mu kwirengagiza amakosa abandi badukorera ata kubacira urubanza canke kubanebagura.

“Dukorere bose iciza”

15. Ni kubera iki ibikorwa biranga imbabazi bitagarukira gusa ku bo dusangiye ukwizera?

15 Naho igitabu ca Yakobo co muri Bibiliya gishimika ku vyo kugaragarizanya imbabazi mu basangiye ukwizera, ivyo ntibisigura ko ibikorwa biranga imbabazi bigarukira gusa ku bo mw’ishengero rya gikirisu. Muri Zaburi 145:9 havuga hati: “Uhoraho agirira neza bose, imbabazi ziwe ziri ku vyo yaremye vyose”. Duhimirizwa ‘kwigana Imana’ no ‘gukorera bose iciza’ (Abanyefeso 5:1, NW; Ab’i Galatiya 6:10, NW). Naho tudakunda “isi canke ibintu biri mw’isi”, ntitwirengagiza ivyo abari mw’isi bakeneye.​—1 Yohana 2:15, NW.

16. Ni ibintu ibihe bigira ico bikoze ku buryo tugaragariza abandi imbabazi?

16 Kubera ko turi abakirisu, twama nantaryo twiteguriye gufasha ukwo dushoboye kwose ababa bashikiwe n’ibintu “biba bitari vyitezwe” canke abari mu bihe bigoye (Umusiguzi 9:11, NW). Ego ni ko, ukuntu ivyacu vyifashe ni kwo kuzodufasha kumenya ico twokora n’urugero twoshikanako mu kugikora (Imigani 3:27). Igihe dufasha abandi mu buryo bw’umubiri, dukwiye kuba maso kugira ngo ikintu cabonwa ko ari ciza twoba tubakoreye ntigitume bacika ibinebwe (Imigani 20:1, 4; 2 Ab’i Tesalonike 3:10-12). Ku bw’ivyo, igikorwa kiranga imbabazi nyakuri ni kirya umuntu akora abitumwe n’umutima w’impuhwe n’ikigongwe be n’ukubona ibintu mu buryo bubereye.

17. Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugaragariza imbabazi abo tudasangiye ukwizera ni ubuhe?

17 Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugaragariza imbabazi abo tudasangiye ukwizera ni ukubabwira ukuri kwo muri Bibiliya. Kubera iki? Kubera ko abantu benshi muri iki gihe bariko barazimagirika mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. Bitumwe n’uko abantu ata buryo bafise bwo kwikura mu ngorane zibahanze kandi bakaba badafise n’icizigiro na kimwe co muri kazoza, benshi muri bo “baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36, NW). Ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana burashobora kubabera ‘itara rimurikira ibirenge vyabo’, gutyo bukabafasha kwihanganira ingorane zo mu buzima. Burashobora kubabera kandi ‘umuco umurikira mu nzira yabo’ mu buryo bw’uko Bibiliya ibabwira imbere y’igihe imigambi y’Imana yerekeye kazoza, gutyo bakagira icizigiro gikayangana (Zaburi 119:105). Ese ukuntu ari agateka gushira ubwo butumwa bwiza igitangaza bwerekeye ukuri abantu babukeneye cane! Umuntu aravye ukuntu “amakuba akomeye” (NW) yegereje kandi yihuta, ubu ni co gihe co kugira uruhara n’umwete mwinshi muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa (Matayo 24:3-8, 21, 22, 36-41; 28:19, 20). Nta kindi gikorwa kiranga imbabazi coza kiruta ico.

Nimutange “ibiri imbere”

18, 19. Ni kubera iki dukwiye gukora ukwo dushoboye kwose kugira ngo tugaragaze cane imbabazi mu buzima bwacu?

18 Yezu yavuze ati: “Bwa ngabirano z’imbabazi nimutange ibiri imbere” (Luka 11:41, NW). Kugira ngo igikorwa ciza kibe ikiranga imbabazi nyakuri, gitegerezwa kuba ari ingabirano ivuye imbere, ni ukuvuga ku mutima ukunze kandi utagoberewe (2 Ab’i Korinto 9:7). Ese ukuntu imbabazi nk’izo ziruhura muri iyi si aho usanga agacinyizo, ubwikunzi, ukutitaho imibabaro be n’ingorane abandi barimwo vyariraye!

19 Nimuze rero dukore ukwo dushoboye kwose kugira ngo tugaragaze cane imbabazi mu buzima bwacu. Uko turushiriza kuba abanyembabazi ni ko turushiriza kumera nk’Imana. Ivyo biraheza bikadufasha kugira ubuzima buri n’intumbero koko kandi bumara akanyota.​—Matayo 5:7.

Wize iki?

• Ni kubera iki bihambaye ko tugaragariza imbabazi canecane abo dusangiye ukwizera?

• Ni gute twogaragaza imbabazi mw’ishengero rya gikirisu?

• Dushobora gute gukorera ivyiza abo tudasangiye ukwizera?

[Ifoto ku rup. 26]

Wa Musamariya yakoze ibiranga imbabazi

[Ifoto ku rup. 27]

Abakirisu barakora ibintu vyinshi biranga imbabazi

[Ifoto ku rup. 30]

Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugaragariza imbabazi abo tudasangiye ukwizera ni ukubabwira ukuri kwo muri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika