Ururirimbo rwa 141
Ihanga ryeranda rya Yehova
1. Haravuts’ihanga rishasha
Rya Yehova mur’iki gihe.
Ni ryeranda, kand’ugusenga
Ntikugiramw’ibirohe.
(Icitabirizo)
2. Nya hanga rimenyesh’izina
Rya Yehova ry’icubahiro.
Bavug’Ubwami bw’iyo Mana
Babigirany’akigoro.
(Icitabirizo)
3. Nya hanga ryo ririshongora
Kubon’izindi ntama ziza.
Bose barakorera hamwe,
’Mana bakanezereza.
(ICITABIRIZO)
Ubu gusenga nta kikuniga,
I S’yoni kuri hejuru.
Nya hanga be n’“intama” ni
Beza ku Mana yo mw’ijuru.