Ururirimbo rwa 201
Nezeranwa n’ihanga ry’Imana
1. Iyo tuja kwamamaza,
Dushaka ko bose boza,
‘Bib’liya bakumviriza,
Bagashikira kwa kuri kwiza’.
Ku munt’avyipfuza
’Man’ishaka kumukiza,
Abeho muri kazoza,
Mw’isi nsha y’Imana y’akumiza.
(Icitabirizo)
2. Eh’‘ihanga ryera’ ngiryo;
Yehova ni we nyeneryo.
Ni we yarishiz’ukwaryo;
Ngo ryigish’agakiza nantaryo.
Man’izodukunda
Nitwarab’uko tugenda.
Nka Kristu tuzokwirinda
Dushikame mu ngendo nyeranda.
(Icitabirizo)
3. Mu gihugu c’agahore
Cose kirangwa n’impore
Harimw’abantu b’intore
Basukura vy’akaroruhore.
Bo ntibakiniha;
Ukur’Iman’irabaha.
’Jambo ryayo barubaha.
Barashemeza Ya bikaryoha.
(Icitabirizo)
Nezerwe mwa bantu mwe!
Muvugire hamwe
N’“ihanga” ry’Imana nya nkuru.
Pfukame muyisenge.
Muje ku ruhande
Rw’Ubwami bw’Imana nyen’ijuru.