Ururirimbo rwa 156
“Ndakunze”
1. Ukunt’Umwana w’Imana
Yaranze yukw’akundana
Yabanye n’abantu, Twigishwa ku buntu.
Ukuri kwa Se ntiyimana.
Abantu yarabirura,
Akabakiza n’indwara.
Ico yasabwa yaragikoze,
Yamye yishur’ati: “Ndakunze”.
2. ’Mana yaradutabaye
’Mushumba yaraduhaye.
Dukorana na we Ata wijiriwe,
Tugakiz’ababikeneye.
Barameny’ata kwihenda
Yuko twebwe tubakunda.
Impfuvyi n’abapfakazi baje
Uzobabwir’uti: “Ndakunze”?
3. Ko Yehova yadukunze
Ya nkuru tuyamamaze
Ab’intuntu yishe Bakumva barushe;
Ukuri tubashikirize.
Tuzogir’umunezero
Nibagir’icizigiro,
Bakorey’Imana baritanze,
Ko twababwiye ngo: “Ndakunze”.