Ururirimbo rwa 180
Igitabu c’Imana bwite ni ubutunzi
1. Har’igitabu c’impapuro nyinshi,
Kizanir’abantu kwizigira.
Gifis’ivyiyumviro bihambaye.
Ucisunze koko urakira.
Ico gitabu ni co Bibiliya
Ni ’canditswe n’abahumekewe;
Barakund’Imana yabo Yehova;
Bararurumb’impwemu bahawe.
2. Bandits’inkuru y’ukuri y’irema,
Ingene yaremy’ivyo tubona,
N’ingen’umuntu yaremw’atunganye,
Itongo yabamwo rigahona.
Baranditse n’ivy’umumarayika
Yanse kw’Imana yoba Segaba.
Vyazany’icaha be n’umubabaro;
Ntaco, Yehov’azotsinda vuba.
3. Ubu turi n’umunezero mwinshi.
Ubwami bwa Kristu bwaravutse.
Yehov’ubu aratang’agakiza
Ku bamwumvira bimwe bishitse.
Mur’ico gitabu har’agakuru
Gasumvy’inzahabu agaciro.
Ni ko twobwir’abant’igihe cose;
Nta handi bokur’icizigiro.