ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ssb ururirimbo 180
  • Igitabu c’Imana bwite ni ubutunzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitabu c’Imana bwite ni ubutunzi
  • Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ivyo bijanye
  • Igitabu c’Imana ni ubutunzi
    Turirimbire Yehova
  • Igitabu c’Imana ni ubutunzi
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Dukenguruke ukwihangana kw’Imana
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Rondera Imana urokorwe
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Ririmbira Yehova amashemezo
Ssb ururirimbo 180

Ururirimbo rwa 180

Igitabu c’Imana bwite ni ubutunzi

(Imigani 2:1)

1. Har’igitabu c’impapuro nyinshi,

Kizanir’abantu kwizigira.

Gifis’ivyiyumviro bihambaye.

Ucisunze koko urakira.

Ico gitabu ni co Bibiliya

Ni ’canditswe n’abahumekewe;

Barakund’Imana yabo Yehova;

Bararurumb’impwemu bahawe.

2. Bandits’inkuru y’ukuri y’irema,

Ingene yaremy’ivyo tubona,

N’ingen’umuntu yaremw’atunganye,

Itongo yabamwo rigahona.

Baranditse n’ivy’umumarayika

Yanse kw’Imana yoba Segaba.

Vyazany’icaha be n’umubabaro;

Ntaco, Yehov’azotsinda vuba.

3. Ubu turi n’umunezero mwinshi.

Ubwami bwa Kristu bwaravutse.

Yehov’ubu aratang’agakiza

Ku bamwumvira bimwe bishitse.

Mur’ico gitabu har’agakuru

Gasumvy’inzahabu agaciro.

Ni ko twobwir’abant’igihe cose;

Nta handi bokur’icizigiro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika