Ururirimbo rwa 196
Abiyeguriye Yehova
1. Imana yaratoye
Ihanga ryiyeguye
Ku Mana rishikama,
Riyizanir’intama.
2. Haraz’abant’isinzi
Wa Mwunger’arabazi.
Biyeguye baraza
Bagaca babatizwa.
3. Baragenda kwigisha,
Bavuga badahisha.
Barakora n’ubwira
Na ya masigarira.
4. ’Masigarira hamwe
N’intama bari kumwe.
Kristu ni we bigana,
Bagahimbar’Imana.