Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
Raba ukuntu ivyo bishusho bimeze kuri aka gapapuro. Uca wumva umerewe ute muri wewe? Umutima wawe ntiwipfuza amahoro, ubuhirwe hamwe n’ugutunganirwa, nk’uko ivyo bicapo bivyerekana? Neza rwose. Ubwo si nk’ukurota kwemera ko ivyo hari igihe bizoba ngaha kw isi?
Ngira ngo ico ni iciyumviro c’abantu nka bose. Ivyo tubona muri iki gihe ni indwano, ubwicanyi, inzara, indwara, ubusaza—n’ibindi tutavuze. Ariko turafise impamvu zikomeye zotuma twizigira. Bibiliya iramenyesha ivyo muri kazoza, ikavuga ngo “nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo [ubutungane buzobamwo]”.—2 Petero 3:13; Yesaya 65:17.
Iryo “juru risha” n’iyo “si nsha”, nk’uko Bibiliya ibivuga si irindi juru n’iyindi si nk’ibi tubona. Iyi si n’iri juru tubona vyaremwe bitagira agahaze, kandi nk’uko Bibiliya ibivuga, bizokwamaho ibihe bidashira. (Zaburi 89:36,37; 104:5) “Isi nsha” kizoba ari igisata c’abantu b’intungane bazoba kw isi, “ijuru risha” na ryo, birumvikana ko buzoba ari ubwami bwo mw ijuru butunganye kandi butagira agahaze, intwaro izoganza ico gisata c’abantu kiri kw isi. Ariko none kwemera ko hashobora kuba “isi nsha”, ni ukuvuga isi iteye igomwe, si nk’ukurota?
Ntitwibagire ivy’uko ubwo bwiza bwari busanzwe mu migambi y’Imana yerekeye iyi si, kuva mu ntango. Yagerereye umugabo n’umugore ba mbere muri Edeni iparadizo yo kw isi, ibashinga ibanga ry’agatangaza. Yababwiye iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze.” (Itanguriro 1:28) Egome, umugambi w’Imana wari uw’uko uyo mugabo n’umugore bavyara abana, amaherezo bakāgura iparadizo igakwira isi yose. Naho mu nyuma bicishirije ahabo bakagambararira Imana, bakerekana ko badakwiye kuronka ubuzima budashira, umugambi Imana yamanye kuva mu ntango ntiwahindutse. Utegerezwa rero kuzoranguka mw isi nsha.—Yesaya 55:11.
Mbere n’igihe uvuga rya sengesho ry’Umukama ari ryo Data wa twese ugasaba ko Ubwami bw’Imana buza, uba usavye ko intwaro yayo yo mw ijuru irandura ikibi kw isi ikaganza iyo si nsha. (Matayo 6:9,10) Turashobora kwizera tudakēka ko Imana izoshitsa ivy’iryo sengesho, kubera ko ijambo ryayo ritanga uyu muhango: “[Intungane zizokwiganzira] isi, [kandi zizoyibako] ibihe bidashira.”—Zaburi 37:29, NW.
Ubuzima bwo mw isi nsha y’Imana
Ubwami bw’Imana buzozana imigisha itagira uko ivugwa kw isi; buzosesekariza abantu ivyiza Imana yari yarabateguriye mbere na mbere. Ivy’urwanko n’ukwiyumvīra umuntu ukutari ko bizoba birangiye! Umuntu wese azokunda abandi. Muri Bibiliya, Imana itwemerera ko ‘izoca intambara gushitsa ku mpera y’isi’. “Nta hanga rizobangurira iri hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.”—Zaburi 46:9; Yesaya 2:4.
Amaherezo isi izoshika aho imera nk’itongo ry’iparadizo. Bibiliya ivuga iti: “Ahagadutse n’ubweranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti. . . . Kuko amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa. Kandi umusenyi uhiye uburimbi uzohinduka ibidengeri, n’ahagataye hazocika amasōko.”—Yesaya 35:1, 6, 7.
Nta kigoyi kizosubira gutera. “Isi [izotanga ivyimburano vyayo ata kabuza]”, uko ni ko Bibiliya ivuga. (Zaburi 67:6, NW; 72:16) Umuntu wese azonezererwa ivyo aronswa n’igikorwa akora; ivyo Umuremyi arabitwemerera, ati: “Bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. . . . Ntibazorima ngo abandi babirye.”—Yesaya 65:21, 22.
Mw isi nsha y’Imana nta bizu bigerekeranye abantu babamwo badugana bizoba bikiriho; nta nzu z’ubururi zizoba zikiriho, kuko Imana yafashe iyi ngingo: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo. . . . Ntibazokwubaka ngo abandi binjire.” Bibiliya ituraganira kandi iti: “Ntibazoruhira ubusa.” (Yesaya 65:21-23) Abantu rero bazoba bafise akazi gafise ico kavamwo kandi gashimishije. Ubuzima ntibuzoduhira umuntu.
Igihe kigeze, Ubwami bw’Imana buzogarukana kwa kubana amahoro kw’ibikōko ubwavyo kwari mw itongo ry’i Edeni, hamwe na kumwe kw’abantu n’inyamaswa. Bibiliya ivuga iti: “Ibingira rizobana n’umwagazi w’intama, n’ingwe izoryamana n’umwagazi w’impene, n’inyana n’umugunza w’intambwe n’ishūri ishishe bizobana, kandi umwana mutoya ni we azobishorera.”—Yesaya 11:6-9; Hoseya 2:18.
Ibaze gatoyi. Mw Iparadizo yo kw isi, indwara zose n’ubumuga bw’umubiri na vyo nyene bizovūrwa! Ijambo ry’Imana riraduha iki cizigiro: “Uwaho ntazovuga ati: ‘Ndarwaye.’ ” (Yesaya 33:24) “(Imana) izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho: kuko ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe Yohani 21:4.
Ivyo vyiza urashobora kubironka
Nta gukēka umutima wawe uranezerejwe n’ukwumva ivyo Imana yasezeranye vyerekeye ubuzima bwo mw isi nsha y’ubutungane. Naho hari abiyumvīra ko ivyo bidashobora kubaho na gato, ivyiza nk’ivyo ntibishobora kunanirana ko Umuremyi wacu yuzuye urukundo abitanga.—Zaburi 145:16; Mika 4:4.
Kugira ngo umuntu abe muri iyo paradizo yo kw isi twimirije, birumvikana ko hariho ivyo asabwa gushitsa. Yezu yarerekanye igisabwa gikuru muri ivyo, mw isengesho yatuye Imana. Yavuze ati: “Ubu ni bwo [buzima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yezu Kirisitu.”—Yohani 17:3.
Nitwaba rero twipfuza vy’ukuri kuba mw isi nsha twemerewe n’Imana, dukwiye kubanza kwiga gutahura ivyo Imana igomba, hanyuma tukabikurikiza. Na kare “isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo, ariko ūkora ivyo Imana igomba, yamaho ibihe bidashira”, kandi azonezererwa ivyiza ahawe n’Umuremyi wacu yuzuye urukundo, ibihe bidashira.—1 Yohani 2:17.
Kiretse aho vyerekanywe ukundi, ivyanditswe vyose vya Bibiliya vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera. NW ni impfunyapfunyo ya Bibiliya yitwa New World Translation of the Holy Scriptures.