Ikigabane ca 35
Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
1. Umumarayika adondora gute ca gikoko c’ibara ry’agahama, kandi ni ubukerebutsi ubuhe bukenewe kugira dutahure ibimenyetso biri mu gitabu c’Ivyahishuwe?
MU KUBANDANYA adondora ca gikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe 17:3, wa mumarayika abwira Yohani ati: “Aha ni ho hakenewe ubwenge burimwo ubukerebutsi: Ya mitwe indwi igereranya imisozi indwi, aho wa mugore yicaye kw’isonga. Kandi hari abami indwi: batanu baratemvye, umwe ariho, uwundi ntarashika, mugabo niyashika abwirizwa kugumaho akanya gato.” (Ivyahishuwe 17:9, 10) Umumarayika ng’aha ariko amenyesha ubukerebutsi buva hejuru, akaba ari bwo bwonyene bushobora kudufasha gutahura ibimenyetso biri mu gitabu c’Ivyahishuwe. (Yakobo 3:17) Ubwo bukerebutsi buramurikira abagize umugwi wa Yohani na bagenzi babo bigatuma batahura ko ibihe turimwo bihambaye. Buratuma abantu b’intahemuka batahura imanza Yehova agiye gushitsa, bugatuma kandi bamutinya mu buryo bubereye. Nk’uko bivugwa mu Migani 9:10, “ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera.” None ubukerebutsi buva ku Mana buduhishurira iki ku bijanye na ca gikoko?
2. Imitwe indwi ya ca gikoko c’ibara ry’agahama igereranya iki, kandi amajambo ngo “batanu baratemvye, umwe ariho” asobanura iki?
2 Imitwe indwi y’ico gikoko c’inkazi igereranya “imisozi” indwi canke “abami” indwi. Izo mvugo zose zirakoreshwa mu Vyanditswe mu kwerekeza ku ntwaro. (Yeremiya 51:24, 25; Daniyeli 2:34, 35, 44, 45) Bibiliya iravuga intwaro nganzasi zitandatu zagize ico zikoze ku basavyi b’Imana, na zo zikaba ari Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki be n’Uburoma. Igihe Yohani yerekwa ibivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, zitanu muri zo zari zimaze kurengana, ariko Uburoma bwari bukiri intwaro nganzasi ikomeye cane. Ivyo birahuye neza n’aya majambo ngo “batanu baratemvye, umwe ariho.” Ariko none uwo “wundi” yabwirizwa kuza wewe ni nde?
3. (a) Vyagenze gute ngo inganji y’Uburoma yigaburemwo kubiri? (b) Ni ibiki vyabaye mu gice co mu burengero? (c) Inganji nyeranda y’Uburoma yari ikwiye kubonwa gute?
3 Haciye imyaka amajana Yohani apfuye, inganji y’Uburoma yari ikiriho kandi mbere yari yaragutse. Mu 330 G.C., Umwami w’abami Constantin yarimuye umurwa mukuru uva i Roma uja i Byzance, aca ahita Constantinople. Mu 395 G.C., inganji y’Uburoma yarigabuyemwo kubiri ivamwo igice co mu buseruko n’ico mu burengero. Mu 410 G.C., Roma ubwayo yarigaruriwe na Alaric umwami w’aba Wisigoths (umuryango wo mu Buraya bwo mu buraruko bushira uburengero wahindukiriye ubukirisu bushingiye ku vyiyumviro vya Arius). Imiryango yo muri ako karere (na bo nyene bakaba biyita abakirisu) yarigaruriye Espanye n’igice kinini c’akarere ka Afrika yo mu buraruko katwarwa n’Uburoma. Ivyo binjana vyaranzwe n’imidurumbanyo, umutekano muke n’amahinduka i Buraya. Mu gice co mu burengero harahagurutse abami bakomakomeye nka Charlemagne yagiraniye amasezerano na Papa Léon wa gatatu mu kinjana ca 9, na Frédéric wa kabiri yaganje mu kinjana ca 13. Naho akarere batwara kitwa ngo ni inganji nyeranda y’Uburoma, kari gato cane ukagereranije n’ukuntu inganji y’Uburoma yangana igihe yari isagamvye. Ntiyari iyindi nganji nshasha ahubwo yari imwe ya kera yari ikibandanya.
4. Ni intsinzi izihe igice co mu buseruko c’inganji y’Uburoma catahukanye, ariko ni ibiki vyashikiye twinshi mu turere twahoze tugize iyo nganji muri Afrika yo mu buraruko, muri Espanye no muri Siriya?
4 Igice co mu buseruko c’inganji y’Uburoma, umurwa mukuru waco ukaba wari Constantinople, cagumyeho naho kitari gifitaniye imigenderanire myiza n’igice co mu burengero. Mu kinjana ca gatandatu, umwami w’abami wo mu gice co mu buseruko ari we Justinien wa mbere yarasubiye kwigarurira igice kinini ca Afrika yo mu buraruko, aranashika muri Espanye no mu Butaliyano. Mu kinjana c’indwi, Justinien wa kabiri yaragaruye uturere twa Macédoine tw’iyo nganji twari twarigaruriwe n’abantu bo mu muryango w’Abasilave. Ariko rero mu kinjana c’umunani, twinshi mu turere twahoze tugize inganji y’Uburoma muri Afrika yo mu buraruko, muri Espanye no muri Siriya twari twarigaruriwe n’inganji nshasha ya Isilamu, gutyo ntitwaba tugikukira Constantinople canke Roma.
5. Naho igisagara ca Roma catemvye mu 410 G.C., ni gute vyasavye ibinjana vyinshi kugira ibisigarira vya politike y’inganji y’Uburoma bizimangane kw’isi?
5 Igisagara ca Constantinople caramaze kabiri. Cararokotse ibitero vy’urutavanako vy’Abaperesi, Abarabu, Abanyabilgariya n’Abarusiya gushika gitemvye mu 1203 kidatsinzwe n’abisilamu ahubwo gitsinzwe n’abakirisu bavuye mu gice co mu burengero. Ariko rero mu 1453, carigaruriwe n’umutegetsi w’umwisilamu yitwa Mehmed wa kabiri, gica kiba umurwa mukuru w’inganji ya Tirkiya. Gutyo rero, naho igisagara ca Roma catemvye mu 410 G.C., vyasavye ibinjana vyinshi kugira ibisigarira vya politike y’inganji y’Uburoma bizimangane kw’isi. N’ico gihe, akosho k’iyo nganji kari kacibonekeza mu madini yemera ubukuru bwa papa w’i Roma no mu mashengero y’aborotodogisi yo mu Buraya bw’ubuseruko.
6. Ni inganji nshasha izihe zashinzwe, kandi ni iyihe yabaye agaheta muri zo?
6 Ariko rero mu kinjana ca 15, ibihugu bimwebimwe vyariko birashinga inganji nshasha. Naho zimwezimwe muri izo nganji zari mu turere twahoze tuganzwa n’Uburoma, ntitwovuga ko yari inganji y’Uburoma yari ikibandanya. Porotigali, Espanye, Ubufaransa n’Ubuholande vyarigaruriye uturere amahanga. Ariko Ubwongereza ni bwo bwabaye agaheta, kuko bwigaruriye inganji nini cane ku buryo vyavuzwe ko muri yo ‘izuba ritigera rirenga.’ Iyo nganji yarigeze kuba igizwe n’igice kinini ca Amerika ya Ruguru, Afrika, Ubuhindi, Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko hamwe n’akarere amahero k’ubumanuko bwa Pasifike.
7. Intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri yabayeho gute, kandi Yohani yavuze ko ‘umutwe’ ugira indwi ari wo ntwaro nganzasi, wogumyeho igihe kingana iki?
7 Mu kinjana ca 19, zimwezimwe mu ntara zo muri Amerika ya Ruguru zatwarwa n’Ubwongereza zari zariyonkoye zivamwo igihugu cigenga ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihugu gishasha be n’ico ciyonkoyeko vyabandanije kutumvikana mu vya politike. Ariko rero, Intambara ya mbere y’isi yose yatumye ivyo bihugu bibwirizwa kwemera ko hari inyungu bisangiye maze birunga ubucuti budasanzwe. Ukwo ni ko intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri yabayeho, ikaba igizwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, igihugu gitunze kuruta ibindi vyose kw’isi, hamwe n’Ubwongereza, inganji nini kuruta izindi zose kw’isi. Uwo ni wo wa ‘mutwe’ canke intwaro nganzasi igira indwi iganza gushika mu gihe c’iherezo, ikaganza n’uturere Ivyabona vya Yehova bo mu bihe vya none batanguriyemwo. Ugereranije n’ikiringo kirekire umutwe ugira gatandatu waganje, uwo mutwe ugira indwi ugumaho “akanya gato” gusa, gushika Ubwami bw’Imana bukuyeho intwaro zose.
Kubera iki citwa umwami agira umunani?
8, 9. Umumarayika yita ngw’iki ico gikoko c’ibara ry’agahama c’ikigereranyo, kandi ni mu buryo ki kiva kuri ba bami indwi?
8 Umumarayika abandanya asigurira Yohani ati: “Kandi ca gikoko cariho mugabo kikaba kitakiriho, na co nyene ubwaco ni umwami agira umunani, mugabo ava kuri bamwe indwi, kandi kija mu mahonero.” (Ivyahishuwe 17:11) Ico gikoko c’ibara ry’agahama c’ikigereranyo ‘kiva kuri’ ya mitwe indwi; ni ukuvuga ko gikomoka ku mitwe ya ca “gikoko [ca mbere] kiduga kiva mu kiyaga,” kandi ni co shusho yaco. Ivyo bishoboka gute? Mu 1919, intwaro y’Abongereza n’Abanyamerika ni wo mutwe wari ku butegetsi. Imitwe itandatu ya mbere yari yaratemvye, ubutware bw’isi rero bukaba bwari bufiswe n’uwo mutwe ugizwe n’ibihugu bibiri. Uwo mutwe ugira indwi, ari na wo userukira za ntwaro nganzasi zagiye zirakurikirana, ni wo wagiye imbere mu gushinga wa Muhari w’amahanga kandi n’ubu uracari uwa mbere mu gufata mu mugongo Ishirahamwe mpuzamakungu ONU no mu kurironsa uburyo. Mu buryo bw’ikigereranyo rero, ico gikoko c’ibara ry’agahama, ari na we mwami agira umunani, ‘kiva kuri’ ya mitwe indwi ya mbere. Gutyo rero, iciyumviro c’uko uwo mwami ava muri bamwe indwi kirahuye neza n’ivyari bimaze guhishurwa yuko ca gikoko c’amahembe abiri nk’umwagazi w’intama (ni ukuvuga intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ari na wo mutwe ugira indwi wa ca gikoko ca mbere) cahimirije abantu gukora ishusho yaco kikayiha n’ubuzima.—Ivyahishuwe 13:1, 11, 14, 15.
9 Vyongeye, uretse Ubwongereza, mu bihugu vya mbere vyari bigize wa Muhari w’amahanga harimwo amaleta yategeka ibihugu bimwebimwe vyahoze ari ya mitwe nk’Ubugiriki, Irani (Ubuperesi) hamwe n’Ubutaliyano (Uburoma). Mu nyuma, amaleta yategeka akarere kahoze kaganzwa na za ntwaro nganzasi zitandatu yahavuye ashigikira ishusho ya ca gikoko. No muri ubwo buryo nyene, twoshobora kuvuga ko ico gikoko c’ibara ry’agahama cavuye muri izo ntwaro nganzasi indwi.
10. (a) Ni gute vyovugwa ko ca gikoko c’ibara ry’agahama “na co nyene ubwaco [ari] umwami agira umunani”? (b) Umutegetsi umwe w’icahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti yerekanye gute ko ashigikiye Ishirahamwe ONU?
10 Urabona ko ico gikoko c’ibara ry’agahama “na co nyene ubwaco [ari] umwami agira umunani.” Ni co gituma Ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri iki gihe ritunganijwe ku buryo womenga ni leta itegeka isi. Rimwe na rimwe iryo shirahamwe ryarakoze muri ubwo buryo mu kurungika inteko z’abasoda ku rugamba kugira zitunganye amatati hagati y’ibihugu, nko muri Koreya, mu gace ka Sinayi kinjira mu mazi, mu bihugu bimwebimwe vya Afrika no muri Libani. Ariko ntiwumve ni ishusho gusa y’umwami. Nka kurya kw’amashusho akoreshwa n’amadini, nta bubasha vy’ukuri iyo shusho ifise uretse ubwo ihabwa n’abayishizeho bakongera bakayisenga. Ico gikoko c’ikigereranyo birashika kikagoyagoya, mugabo ntikirigera gihebwa buhere nka kumwe vyagendera Umuhari w’amahanga, uwararirijwe mu nyenga n’ibihugu bitwaza umukazo vyari biwugize. (Ivyahishuwe 17:8) Mu 1987, naho umutegetsi umwe akomeye w’icahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti atari asanzwe ahuza n’abapapa b’i Roma, yarifatanije na bo mu gushigikira ONU. Yaranasavye ko hoshirwaho “uburyo bwo gucungera umutekano mu mice yose kw’isi” bushingiye kuri ONU. Nk’uko Yohani aca abimenyeshwa, hazoshika igihe ONU igira ububasha buboneka. Na yo nyene rero izoca “[ija] mu mahonero.”
Abami cumi baganza isaha imwe
11. Umumarayika wa Yehova avuga iki ku bijanye n’amahembe cumi ya ca gikoko c’ikigereranyo c’ibara ry’agahama?
11 Mu kigabane c’igitabu c’Ivyahishuwe c’imbere y’iki, umumarayika wa gatandatu n’uw’indwi barasutse amabakure y’ishavu ry’Imana. Twaciye tubwirwa ko abami b’isi bariko bakoranirizwa ku ntambara y’Imana ya Harumagedoni be n’uko ‘Babiloni Akomeye ategerezwa kwibukwa imbere y’Imana.’ (Ivyahishuwe 16:1, 14, 19) Ubu rero tugira tumenyeshwe ido n’ido ingene Imana ibashitsako imanza zayo. Umve kandi ivyo umumarayika wa Yehova abwira Yohani, ati: “Arya mahembe cumi wabonye na yo asobanura abami cumi, bakaba batararonka ubwami, mugabo bararonka ububasha nk’abami isaha imwe hamwe na ca gikoko. Abo bafise iciyumviro kimwe, gutyo bagaha ubushobozi bwabo n’ububasha bwabo ca gikoko. Abo bazorwana na wa Mwagazi w’intama, mugabo, kubera ari Umukama w’abakama n’Umwami w’abami, wa Mwagazi w’intama azobatsinda. Abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa bari kumwe na we, na bo nyene bazotsinda.”—Ivyahishuwe 17:12-14.
12. (a) Ya mahembe cumi agereranya iki? (b) Ni mu buryo ki ayo mahembe cumi y’ikigereranyo ‘atari bwaronke ubwami’? (c) Ni mu buryo ki ayo mahembe cumi y’ikigereranyo ubu afise “ubwami,” kandi aganza igihe kingana iki?
12 Ayo mahembe cumi agereranya intwaro za politike zose ziganza kw’isi muri iki gihe kandi zishigikiye ishusho ya ca gikoko. Mu bihugu biriho ubu ni bike cane vyariho mu gihe ca Yohani. Kandi n’ivyariho, nk’akarorero Misiri n’Ubuperesi (Irani), ubu bifise politike itandukanye cane n’iyo vyari bifise ico gihe. Ni co gituma vyovugwa ko mu kinjana ca mbere ayo ‘mahembe cumi atari bwaronke ubwami.’ Ariko ubu mu musi w’Umukama, arafise “ubwami” canke ububasha bwa politike. Kuva aho inganji za gikoroni zisenyukiye, canecane kuva Intambara ya kabiri y’isi yose itanguye, hari ibihugu bishasha vyinshi bimaze kuvuka. Ivyo bihugu hamwe n’izindi ntwaro zashinze imizi kuva kera, bitegerezwa kuganza hamwe n’ico gikoko mu kiringo gitoyi kigereranywa n’“isaha imwe” gusa, imbere y’uko Yehova akura kw’isi intwaro za politike zose kuri Harumagedoni.
13. Ni mu buryo ki ya mahembe cumi afise “iciyumviro kimwe,” kandi ivyo vyerekana ko azogira inyifato iyihe ku bijanye na wa Mwagazi w’intama?
13 Muri iki gihe, agatima ko kwiratira igihugu ni kimwe mu bintu bikomeye cane biha inguvu ayo mahembe cumi. Afise “iciyumviro kimwe,” ni ukuvuga ko yipfuza kugumana ubwigenge bw’ibihugu vyayo aho kwemera Ubwami bw’Imana. Iyo ni yo ntumbero nyamukuru vyari bifise mu kwifatanya na wa Muhari w’amahanga hamwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ni ukuvuga kuzigama amahoro kw’isi gutyo bikagumaho. Iyo nyifato yerekana ko ayo mahembe azorwanya wa Mwagazi w’intama ari we wa “Mukama w’abakama n’Umwami w’abami,” kuko Yehova afise umugambi w’uko Ubwami bwiwe burongowe na Yezu Kristu vuba busubirira ubwo bwami bwose.—Daniyeli 7:13, 14; Matayo 24:30; 25:31-33, 46.
14. Bishoboka gute ngo abatware b’isi barwanye wa Mwagazi w’intama, kandi amaherezo bizogenda gute?
14 Ariko ntiwumve, abami bo muri iyi si nta co bashobora kugira Yezu. Ari mw’ijuru, kure cane yabo. Mugabo benewabo na Yezu, ya masigarira y’uruvyaro rwa wa mugore, baracari kw’isi kandi womenga ntibagira gitabara. (Ivyahishuwe 12:17) Menshi muri ayo mahembe yarabarwanije cane, muri ubwo buryo akaba yararwanije wa Mwagazi w’intama. (Matayo 25:40, 45) Ariko rero hagiye kugera ko Ubwami bw’Imana “[bujanjagura] ubwo bwami bwose bubuherengeteze.” (Daniyeli 2:44) Abami bo kw’isi bazoca barwanya wa Mwagazi w’intama bivuye inyuma nk’uko tuza kubibona. (Ivyahishuwe 19:11-21) Mugabo turafise amakuru ahagije atwereka ko amahanga ata co azoshikako. Naho ayo mahanga na ca gikoko c’ibara ry’agahama kigereranya Ishirahamwe ONU bifise “iciyumviro kimwe,” ntibishobora gutsinda wa “Mukama w’abakama n’Umwami w’abami” ahambaye, eka ntibishobora gutsinda n’“abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa bari kumwe na we,” aho hakaba harimwo abayoboke biwe barobanuwe bakiri kw’isi. Na bo nyene bazotsinda mu kugumana ugutungana kwabo kugira bishure vya bihari bibi vya Shetani.—Abaroma 8:37-39; Ivyahishuwe 12:10, 11.
Gutikiza wa mumaraya
15. Umumarayika avuga iki ku bijanye na wa mumaraya no ku bijanye n’ingene ya mahembe cumi amubona n’ivyo amugirira?
15 Abasavyi b’Imana si bo bonyene ayo mahembe cumi yanka. Umumarayika aca asubira kubwira Yohani ibijanye na wa mumaraya. Yohani yigana ati: “Maze ambwira ati: ‘Arya mazi wabonye, aho wa mumaraya yicaye, agereranya ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi. Arya mahembe cumi wabonye na yo, be na kirya gikoko, ivyo bizokwanka urya mumaraya, kandi bizomutikiza bimusige ari gusa, kandi bizorya inyama ziwe, bimutongoze umuriro.’”—Ivyahishuwe 17:15, 16.
16. Kubera iki Babiloni Akomeye atokwizigira ko amazi yiwe azomukingira intwaro za politike nizamuhindukirira?
16 Nk’uko nyene Babiloni ya kera yari yizigiye ko amazi yayo yoyikingiye, Babiloni Akomeye muri iki gihe yizigiye gukingirwa n’abanywanyi biwe benshi cane bagizwe n’“ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi.” Birabereye kubona umumarayika abanza kutubwira ibijanye n’ayo mazi imbere yo kutubwira ikintu gitangaje kigira kibe: Intwaro z’ivya politike zo muri iyi si zizohindukirira Babiloni Akomeye. None vya “bisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi” vyose bizoca bikora iki? Abasavyi b’Imana baramaze gutangura kuburira Babiloni Akomeye ko amazi y’uruzi Efurate azokama. (Ivyahishuwe 16:12) Amaherezo ayo mazi azokama yose. Ubutigu nibwagera, ayo mazi ntazoshobora gukingira mu buryo na bumwe uwo mumaraya wa kera asesemye.—Yesaya 44:27; Yeremiya 50:38; 51:36, 37.
17. (a) Ni kubera iki ubutunzi bwa Babiloni Akomeye butazomukiza? (b) Ni mu buryo ki Babiloni Akomeye azogira iherezo ribi? (c) Uretse ya mahembe cumi, ni ukuvuga amahanga rimwerimwe ukwaryo, ni nde wundi azokwifatanya na yo mu gutikiza Babiloni Akomeye?
17 Nta gukeka ko ubutunzi bwinshi Babiloni Akomeye afise butazomukiza. Mbere bwoshobora gutuma agatikizo kiwe kanyaruka, kuko iryo yerekwa ryerekana ko ca gikoko na ya mahembe cumi nivyamusukako ubushangashirwe bwavyo bizomwambura inyambarabami ziwe n’ibisharizo vyiwe vyose. Bizosahura ubutunzi bwiwe. ‘Bizomusiga ari gusa,’ bishire ahabona bimwe bimaramaje ingene ameze vy’ukuri. Mbega agatikizo! Azogira iherezo ribi. Bizomutikiza, “bi[rye] inyama ziwe,” asigare ari igikankara. Amaherezo, ‘bizomutongoza umuriro.’ Azotongozwa umuriro nk’umuntu arwaye indwara yiha inkumbi, kandi nta n’iteka azohambanwa! Si amahanga yonyene, ni ukuvuga ya mahembe cumi, atikiza uwo mumaraya akomeye, ahubwo na “ca gikoko,” ni ukuvuga Ishirahamwe ONU ubwaryo, ririfatanya na yo. Rizokwemeza itegeko ryo gutikiza idini ry’ikinyoma. Uravye ukuntu vyinshi mu bihugu birenga 190 bigize Ishirahamwe ONU bihora bitora, biramaze kwerekana ko biterekwa amadini, na canecane ay’abiyita abakirisu.
18. (a) Ni ibiki tumaze kubona vyerekana ko amahanga ashobora guhindukirira Babiloni Akomeye? (b) Igitero ca nyuma kizogabwa kuri wa mumaraya akomeye ahanini kizoba kivuye ku ki?
18 Bishoboka gute ngo amahanga afate nabi gutyo uwahoze ari umuhabara wayo? Muri iyi myaka ya vuba, twarabonye ko amahanga ashobora guhindukirira amadini aturuka i Babiloni. Intwaro zaragabanije bimwe biboneka akosho idini rigira, nko mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti no mu Bushinwa. Mu turere tw’i Buraya tugwiriyemwo abaporoti, insengero zisigaye zigaragara kuko abantu batacitaho ivy’idini kandi bikaba bibatera amakenga. Idini ry’igihangange rya Gatolika ryaratabaguwe n’ugucanamwo be n’ukutumvikana, indongozi zaryo zikaba zitashoboye kubihagarika. Ariko rero, ntidukwiye kwibagira ko ico gitero ca nyuma kizogabwa kuri Babiloni Akomeye kizoba kivuye ku rubanza ntabanduka Imana yaciriye uwo mumaraya akomeye.
Gushitsa iciyumviro c’Imana
19. (a) Urubanza Yehova azoshitsa kuri wa mumaraya akomeye rwoshobora gute kugereranywa n’urwo yaciriye Yeruzalemu yari yahemutse mu 607 B.G.C.? (b) Ukuntu Yeruzalemu yari isigaye ari umusaka, ata wuyibamwo inyuma ya 607 B.G.C. bigereranya iki muri iki gihe?
19 None Yehova ashitsa urwo rubanza gute? Ivyo twobigereranya n’ivyo Yehova yagiriye abasavyi biwe bari bahemutse mu bihe vya kera, abo yavuze ibiberekeye ati: “Nabonye ibintu biteye ikinya mu bahanuzi ba Yeruzalemu: ukurenga ibigo n’ukugendera mu kinyoma; bakomeje amaboko y’inkozi z’ikibi kugira ngo ntibahindukire, umwe wese ngo ave mu bubi bwiwe. Bose bambereye nka Sodomu, ababa muri we bose na bo bambera nka Gomora.” (Yeremiya 23:14) Mu 607 B.G.C., Yehova yarakoresheje Nebukadinezari kugira ‘akobe impuzu’ ico gisagara casambana mu vy’impwemu, ‘atware ibintu vyaco vyiza yongere agisige ari amenya, kiri gusa.’ (Ezekiyeli 23:4, 26, 29) Ico gihe Yeruzalemu yari imeze nk’amadini y’abiyita abakirisu yo muri iki gihe, kandi nk’uko Yohani yamaze kubibona, Yehova azoshitsa ku madini y’abiyita abakirisu no ku yandi madini yose y’ikinyoma igihano nk’ico. Ukuntu Yeruzalemu yasigaye ari umusaka, ata wuyibamwo inyuma ya 607 B.G.C. birerekana ingene amadini y’abiyita abakirisu azoba amerewe niyamara gusahurwa ubutunzi bwayo no kugaragazwa bimwe bimaramaje. N’ayandi madini agize Babiloni Akomeye azoshikirwa n’ivyo nyene.
20. (a) Yohani yerekana gute ko Yehova azosubira gukoresha abategetsi b’abantu mu gushitsa urubanza rwiwe? (b) “Iciyumviro” c’Imana ni ikihe? (c) Ni mu buryo ki amahanga azoshitsa “iciyumviro ca[yo] kimwe,” ariko mu vy’ukuri azoba ashikije iciyumviro ca nde?
20 N’aha nyene, Yehova akoresha abategetsi b’abantu mu gushitsa urubanza rwiwe. Yohani yigana ati: “Kuko Imana yashize mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo, mbere no gushitsa iciyumviro cabo kimwe mu guha ubwami bwabo ca gikoko, gushika igihe amajambo y’Imana azoba yarangutse.” (Ivyahishuwe 17:17) Ico “ciyumviro” c’Imana ni ikihe? Ni ugutunganya ivy’uko abazoshitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye baja hamwe kugira bamutikize buhere. Ego ni ko, mu gutera Babiloni, abo bategetsi bazokwiyumvira ko bariko bashitsa “iciyumviro cabo kimwe.” Bazokwiyumvira ko bakwiye gukuraho uwo mumaraya akomeye kugira bakingire inyungu z’ibihugu vyabo. Boshobora kubona ko amadini ari mu bihugu vyabo ageramiye ubukuru bwabo. Ariko Yehova ni we azoba ariko arayobora ibintu; bazoshitsa iciyumviro ciwe mu gutikiza rimwe rizima uwo mwansi wiwe w’umusambanyi wo kuva kera!—Gereranya na Yeremiya 7:8-11, 34.
21. Ko ca gikoko c’ibara ry’agahama ari co kizokoreshwa mu gutikiza Babiloni Akomeye, bisa n’uko amahanga azoronsa iki Ishirahamwe ONU?
21 Ego cane, amahanga azokoresha ca gikoko c’ibara ry’agahama ari ryo shirahamwe ONU, mu gutikiza Babiloni Akomeye. Si bo bibwiriza gukora ico kintu kuko Yehova ari we ashira mu mitima yabo “gushitsa iciyumviro cabo kimwe mu guha ubwami bwabo ca gikoko.” Igihe nicagera, bisa n’uko amahanga azobona ko akeneye kwongerereza inguvu Ishirahamwe ONU. Ni nk’aho bazorironsa amenyo, barihe ubukuru n’ububasha bwose bafise kugira rihindukirire idini ry’ikinyoma maze ririrwanye kandi riritsinde “gushika igihe amajambo y’Imana azoba yarangutse.” Muri ubwo buryo, wa mumaraya wo kuva kera azoba agiye akagirire. Emwe, si twe tuzobana aravuyeho!
22. (a) Ukuntu umumarayika asozera intahe yiwe mu Vyahishuwe 17:18 kwerekana iki? (b) Ivyabona vya Yehova bakira gute ihishurwa rya ka kayobera?
22 Nk’aho yoba ashaka gushimika ku vy’uko urubanza Yehova yaciriye inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma ruzoshika ata gisivya, wa mumarayika asozera intahe yiwe ati: “Urya mugore wabonye na we agereranya ca gisagara gikomeye gifise ubwami ku bami b’isi.” (Ivyahishuwe 17:18) Nka kumwe kwa Babiloni yo mu gihe ca Belushazari, Babiloni Akomeye ‘yaragezwe ku munzane maze aboneka ko ahajije.’ (Daniyeli 5:27) Agatikizo kiwe kazoba mu kanya isase kandi rimwe rizima. None Ivyabona vya Yehova bakira gute ihishurwa ry’akayobera k’uwo mumaraya akomeye be n’aka ca gikoko c’ibara ry’agahama? Baca batangaza umusi w’urubanza wa Yehova n’umwete mwinshi, bakishura abantu banyotewe ukuri bakoresheje amajambo y’“igikundiro.” (Abakolosayi 4:5, 6; Ivyahishuwe 17:3, 7) Nk’uko ikigabane gikurikira kiza kubitwereka, abo bose bipfuza kurokoka igihe wa mumaraya akomeye azotikizwa bategerezwa kugira ico bakoze kandi badatebaganye!
[Amafoto ku rup. 252]
Ukuntu za ntwaro nganzasi indwi zagiye zirakurikirana
MISIRI
ASHURI
BABILONI
UBUMEDI N’UBUPERESI
UBUGIRIKI
UBUROMA
UBWONGEREZA NA AMERIKA
[Amafoto ku rup. 254]
“Na co nyene ubwaco ni umwami agira umunani”
[Ifoto ku rup. 255]
Batera ibitugu wa Mwagazi w’intama, “bagaha ubushobozi bwabo n’ububasha bwabo ca gikoko”
[Ifoto ku rup. 257]
Amadini y’abiyita abakirisu, ari wo muce nyamukuru wa Babiloni Akomeye, azosigara ari umusaka nka Yeruzalemu ya kera