ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/6 rup. 14-18
  • Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBWONGEREZA NA LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA BIRUSHIRIZA GUKOMERA
  • INTWARO NGANZASI Y’ABONGEREZA N’ABANYAMERIKA BE N’IBIRENGE VY’ICUMA N’IBUMBA
  • ABONGEREZA N’ABANYAMERIKA BE NA CA GIKOKO C’AMAHEMBE ABIRI
  • ISHUSHO YA CA GIKOKO ITIKIZA WA MUMARAYA
  • VYA BIKOKO BIHERENGETEZWA
  • Kurwana n’ibikoko bibiri bikaze
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ivyahishuwe bisobanura iki ku bansi b’Imana?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Yehova ni “Umuhishuzi W’amabanga”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/6 rup. 14-18

Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”

“Ivyahishuwe na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye ngo yereke abashumba bayo ibintu bitegerezwa kuba vuba.”​—IVYAH. 1:1.

WOKWISHURA GUTE?

Ni ibihimba ibihe vya ca gishusho amahero bigereranya Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika?

Yohani yerekana gute isano riri hagati y’Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika be n’Ishirahamwe mpuzamakungu?

Daniyeli na Yohani badondora gute iherezo ry’ubutegetsi bw’abantu?

1, 2. (a) Ubuhanuzi bwa Daniyeli n’ubwa Yohani budufasha gutahura iki? (b) Imitwe itandatu ya mbere ya ca gikoko igereranya iki?

UBUHANUZI bwa Daniyeli n’ubwa Yohani burafitaniye isano mu buryo butandukanye budufasha gutahura insobanuro y’ibintu vyinshi biriko biraba mw’isi muri iki gihe be n’ibizoba muri kazoza. Dushobora kwiga iki tugereranije ivyo Yohani yeretswe vyerekeye ca gikoko, ya nkuru yo muri Daniyeli yerekeye igikoko giteye ubwoba cari gifise amahembe cumi be n’insobanuro Daniyeli yatanze yerekeye ca gishusho amahero? Kandi gutahura neza ubwo buhanuzi bikwiye gutuma dukora iki?

2 Nimuze twihweze ivyo Yohani yeretswe vyerekeye ca gikoko. (Ivyah., ikig. 13) Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, imitwe itandatu ya mbere y’ico gikoko igereranya Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki hamwe n’Uburoma. Vyose vyaragiriye urwanko uruvyaro rw’umugore. (Ita. 3:15) Uburoma, ari wo mutwe ugira gatandatu, bwaramaze imyaka amajana buganza isi inyuma y’aho Yohani yandikiye ivyo yeretswe. Amaherezo, umutwe ugira indwi wosubiriye Uburoma. Ni intwaro nganzasi iyihe yahavuye iba uwo mutwe, kandi yafashe gute uruvyaro rw’umugore?

UBWONGEREZA NA LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA BIRUSHIRIZA GUKOMERA

3. Ca gikoko c’amahembe cumi giteye ubwoba kigeraranya iki, kandi ayo mahembe cumi ageraranya iki?

3 Turashobora gutahura umutwe ugira indwi wa ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 mu kugereranya ivyo Yohani yeretswe n’ivyo Daniyeli yeretswe vyerekeye igikoko c’amahembe cumi giteye ubwoba.a (Soma Daniyeli 7:7, 8, 23, 24.) Igikoko Daniyeli yabonye cageraranya Intwaro nganzasi y’Uburoma. (Raba igicapo kiri ku rupapuro rwa 12-13.) Mu kinjana ca gatanu G.C., Inganji y’Uburoma yaratanguye kwicamwo ibice. Ya mahembe cumi yamera ku mutwe w’ico gikoko giteye ubwoba agereranya ubwami bwakomotse kuri iyo nganji.

4, 5. (a) Ka gahembe gatoyi kakoze iki? (b) Umutwe ugira indwi wa ca gikoko ni uwuhe?

4 Ane muri ayo mahembe, ari bwo bwami, yameze ku mutwe w’ico gikoko gikaze aravugwa mu buryo budasanzwe. Atatu muri yo ararandurwa n’irindi hembe, ni ukuvuga “agahembe gatoyi.” Ivyo vyarangutse igihe Ubwongereza, ubwari bwahoze ari agace gatoya k’Inganji y’Uburoma, bwakomera cane. Gushika mu kinjana ca 17, Ubwongereza bwari intwaro isa n’iyidakomeye cane. Ibindi bihugu bitatu vyo mu Nganji y’Uburoma ya kera, ari vyo Esupanye, Ubuholande n’Ubufaransa, vyari bikomeye kuburuta. Ubwongereza bwararanduye izo ntwaro imwe ku yindi, buzikura mu kibanza cazo gihambaye. Ikinjana ca 18 kigeze hagati, Ubwongereza bwari mu kuba intwaro ikomeye kuruta izindi kw’isi. Mugabo ntibwari bwabe umutwe ugira indwi wa ca gikoko.

5 Naho Ubwongereza bwabaye ubwami bukomeye kuruta ubundi bwose, uturere bwari bwarigaruriye two muri Amerika ya Ruguru twarabwiganzuye maze ducika Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko rero, Ubwongereza ntibwabujije Leta Zunze Ubumwe kuba igihugu gikomeye, bukaba mbere bwarazikingiye bukoresheje amato y’intambara yabwo. Igihe umusi w’Umukama watangura mu 1914, Ubwongereza bwari bumaze kuba inganji nini kuruta izindi zose zari zarabayeho, Leta Zunze Ubumwe za Amerika na zo zikaba zari zimaze kuba intwaro ikomeye kuruta izindi zose kw’isi mu vy’amahinguriro.b Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaragiraniye ubucuti bukomeye n’Ubwongereza. Kubera ko ivyo bihugu vyatanguye gukorana mu buryo budasanzwe, vyaracitse Inganji nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Iyo nganji nganzasi ni yo yabaye umutwe ugira indwi wa ca gikoko. None uwo mutwe wafashe gute uruvyaro rw’umugore?

6. Umutwe ugira indwi wa ca gikoko wafashe gute abasavyi b’Imana?

6 Haciye igihe gito umusi w’Umukama utanguye, uwo mutwe ugira indwi waragavye igitero ku basavyi b’Imana, ari bo bene wabo na Kristu bari kw’isi. (Mat. 25:40) Yezu yarerekanye yuko mu gihe c’ukuhaba kwiwe, amasigarira ya rwa ruvyaro yobaye ariko arakora igikorwa yayashinze. (Mat. 24:45-47; Gal. 3:26-29) Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yararwanije abo beranda. (Ivyah. 13:3, 7) Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, yarahahaje abasavyi b’Imana, irabuza ibitabu vyabo bimwebimwe yongera irata mw’ibohero abaserukira umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa. Uwo mutwe ugira indwi wa ca gikoko waramaze igihe usa n’uwahagaritse igikorwa co kwamamaza. Yehova yari yarabonye imbere y’igihe ico kintu c’agacavutu maze aragihishurira Yohani. Imana yarabwiye kandi Yohani yuko abagize igihimba c’inyongera c’urwo ruvyaro bosubiye kuba bazima bakarushiriza kurangura igikorwa co kwamamaza. (Ivyah. 11:3, 7-11) Ivyashikiye abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none biremeza ko ivyo bintu vyabaye.

INTWARO NGANZASI Y’ABONGEREZA N’ABANYAMERIKA BE N’IBIRENGE VY’ICUMA N’IBUMBA

7. Ni isano irihe riri hagati y’umutwe ugira indwi wa ca gikoko na ca gishusho amahero?

7 Ni isano irihe riri hagati y’umutwe ugira indwi wa ca gikoko na ca gishusho amahero? Ubwongereza bwakomotse ku Nganji y’Uburoma. Vyongeye, kubera ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zakomotse ku Bwongereza, twoshobora kuvuga ko na zo nyene zakomotse ku Nganji y’Uburoma. Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye ibirenge vya ca gishusho? Bivugwa yuko ari uruvange rw’icuma n’ibumba. (Soma Daniyeli 2:41-43.) Ukwo kuntu bivugwa guhura n’igihe wa mutwe ugira indwi, ari yo ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, wobereyeko uwukomeye. Nka kurya nyene usanga ikintu gikozwe mu cuma kivanze n’ibumba kiba kidakomeye nk’igikozwe mu cuma gusa, ni na ko Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika idakomeye nk’intwaro yakomotseko. Ni igiki none catumye idakomera nka yo?

8, 9. (a) Intwaro nganzasi igira indwi yagaragaje gute ko ikomeye nk’icuma? (b) Ibumba ryo mu birenge vya ca gishusho rigereranya iki?

8 Rimwe na rimwe, umutwe ugira indwi wa ca gikoko warerekana ko umeze nk’icuma. Nk’akarorero, waragaragaje ububasha bwawo mu gutsinda Intambara ya mbere y’isi yose. No mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, ububasha nk’ubw’icuma bwa wa mutwe ugira indwi bwaribonekeje.c Inyuma y’iyo ntambara, uwo mutwe ugira indwi rimwe na rimwe waragaragaza ko ukomeye nk’icuma. Ariko rero, kuva mu ntango, ico cuma cari kivanzwe n’ibumba.

9 Abasavyi ba Yehova baramaze igihe kirekire barondera gutahura ico ibirenge vy’ico gishusho bigereranya. Muri Daniyeli 2:41 havuga ko uruvange rw’icuma n’ibumba ari “ubwami” bumwe, atari bwinshi. Iryo bumba rero rigereranya inzego ziri mu turere iyo Ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ifiseko akosho, zino zikaba zituma idakomera nka ya Nganji y’Uburoma igereranywa n’amaguru y’icuma. Bivugwa yuko iryo bumba ari “uruvyaro rw’abantu,” ni ukuvuga abanyagihugu basanzwe. (Dan. 2:43) Mu Ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, abantu barahagurutse kugira ngo baburanire agateka kabo biciye ku masekeza yo guharanira agateka ka zina muntu, ku masendika y’abakozi no ku mihari iharanira ukwikukira. Abo banyagihugu basanzwe baratuma ububasha Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ifise bwo gukorana inkomezi nk’iz’icuma bugabanuka. Vyongeye, mbere n’abategetsi bemerwa cane usanga ata bubasha buhagije bafise bwo gushitsa ivyo biyemeje mu matora, kubera ko haba hari abo badahuza ivyiyumviro be n’uko baba bararushije amajwi make abo bahiganwa. Daniyeli yari yaravuze ati: “Ubwo bwami igice kimwe buzoba ubukomeye, ikindi gice bube ubworoshe.”​—Dan. 2:42; 2 Tim. 3:1-3.

10, 11. (a) Ni igiki kizoshikira “ibirenge”? (b) Twoshika ku ciyumviro ikihe ku bijanye n’igitigiri c’amano?

10 Mu kinjana ca 21, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyagumye bikorana mu buryo budasanzwe, akenshi bigakorana mu bijanye n’ibintu bibera mw’isi. Ubuhanuzi bwerekeye ca gishusho amahero na ca gikoko buremeza ko ata yindi ntwaro nganzasi izosubirira Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Naho iyo ntwaro nganzasi ya nyuma idakomeye nk’imwe igereranywa n’amaguru y’icuma, ntizokwisambura.

11 Igitigiri c’amano y’ico gishusho coba gifise insobanuro idasanzwe? Rimbura iki kintu: Mu bindi bintu Daniyeli yeretswe, aravuga ibitigiri kandondwa. Nk’akarorero, aravuga igitigiri c’amahembe ari ku mitwe ya vya bikoko bitandukanye. Ivyo bitigiri birafise ico bisobanura. Ariko rero, igihe adondora ibijanye na ca gishusho, ntavuga igitigiri c’amano. Ku bw’ivyo, igitigiri c’ayo mano bisa n’uko ata nsobanuro gifise nka kurya nyene igitigiri c’amaboko, ibiganza, intoke, amaguru n’ibirenge vy’ico gishusho ata nsobanuro gifise. Daniyeli aravuga atomora yuko ayo mano agizwe n’icuma be n’ibumba. Dufatiye kuri ivyo bintu avuga, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ari yo izoba iganza isi rya “buye” rigereranya Ubwami bw’Imana niryakubita ibirenge vy’ico gishusho.​—Dan. 2:45.

ABONGEREZA N’ABANYAMERIKA BE NA CA GIKOKO C’AMAHEMBE ABIRI

12, 13. Ca gikoko c’amahembe abiri kigereranya iki, kandi gikora iki?

12 Naho Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ari uruvange rw’icuma n’ibumba, ivyo Yezu yeretse Yohani birerekana ko iyo ntwaro yobandanije kugira uruhara ruhambaye mu misi ya nyuma. Uti gute? Yohani yarabonye igikoko c’amahembe abiri cavuga nk’igisato. None ico gikoko gitangaje kigereranya iki? Kubera ko gifise amahembe abiri, ni intwaro igizwe n’ibihugu bibiri. Ico gikoko na co nyene kigereranya Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, mugabo ikaba iriko irarangura uruhara rudasanzwe.​—Soma Ivyahishuwe 13:11-15.

13 Ico gikoko c’amahembe abiri kiraremesha abantu gukora ishusho ya ca gikoko c’amahembe indwi. Yohani yanditse yuko ishusho y’ico gikoko yobonetse, igakamangana, hanyuma igasubira kuboneka. Ivyo ni vyo nyene vyashikiye ishirahamwe ryashizweho n’Ubwongereza be na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, iryari rifise intumbero yo gutuma ubwami bwo kw’isi bwunga ubumwe maze rikabuserukira.d Iryo shirahamwe ryabonetse inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose, rikaba ryitwa Umuhari w’amahanga. Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatangura ryarakamanganye. Mu gihe c’iyo ntambara, abasavyi b’Imana baramenyesheje yuko hisunzwe ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe, ishusho y’ico gikoko yosubiye kuboneka. Kandi koko yarasubiye kuboneka, iza yitwa Ishirahamwe mpuzamakungu.​—Ivyah. 17:8.

14. Ni mu buryo ubuhe ishusho ya ca gikoko ari “umwami agira umunani”?

14 Yohani yavuze yuko ishusho y’ico gikoko ari “umwami agira umunani.” Mu buryo ubuhe? Iyo shusho ntivugwa ko ari umutwe ugira umunani w’ico gikoko. Ni ishusho yaco gusa. Ububasha ubwo ari bwo bwose ifise buva ku mahanga ayigize, canecane ku Ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, ari na yo iza imbere mu kuyishigikira. (Ivyah. 17:10, 11) Mugabo iyo shusho iraronka ububasha bwo gukora nk’umwami kugira ngo irangure igikorwa kinaka gituma haba ibintu bizogira ico bikoze kw’isi yose.

ISHUSHO YA CA GIKOKO ITIKIZA WA MUMARAYA

15, 16. Wa mumaraya agereranya iki, kandi ni ibiki biriko birashikira abamushigikiye?

15 Yohani avuga yuko umumaraya w’ikigereranyo yicaye ku gikoko c’ibara ry’agahama, ari co ya shusho ya ca gikoko, akaba akiganza. Yitwa “Babiloni Akomeye.” (Ivyah. 17:1-6) Uwo mumaraya agereranya mu buryo bubereye amadini y’ikinyoma yose, menshi muri yo akaba ari ay’abiyita abakirisu. Amadini yarashigikiye ishusho y’ico gikoko yongera aragerageza kuyigirako akosho.

16 Ariko rero, mu gihe c’umusi w’Umukama, Babiloni Akomeye yarabonye amazi yiwe akama bimwe bitangaje, ayo mazi akaba agereranya abantu bayishigikiye. (Ivyah. 16:12; 17:15) Nk’akarorero, igihe ishusho ya ca gikoko yatangura kuboneka, amadini y’abiyita abakirisu, ano akaba ari umuce uhambaye wa Babiloni Akomeye, yari afise akosho gakomeye mu bihugu vya Buraya. Mugabo muri iki gihe, abantu benshi ntibacubaha kandi ntibagishigikira ayo madini hamwe n’abakuru bayo. Nkako, benshi babona yuko idini riri mu bituma kw’isi haba amatati. Umugwi w’incabwenge z’Abanyaburaya urarushiriza gusemerera usaba yuko amadini yose akurwa kw’isi.

17. Ni igiki kigiye gushikira idini ry’ikinyoma, kandi kubera iki?

17 Ariko rero, idini ry’ikinyoma ntirizogenda riratakaza ububasha bwaryo gushika rizimanganye. Uwo mumaraya azoguma afise ububasha, arondera gutuma abami bakora ivyo agomba gushika Imana ishize iciyumviro mu mitima y’abategetsi. (Soma Ivyahishuwe 17:16, 17.) Vuba Yehova azotuma intwaro zo mw’isi ya Shetani, iziserukirwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu, zitera idini ry’ikinyoma. Zizokuraho akosho karyo zongere zitikize amatungo yaryo yose. Mu myaka mirongo iheze, ikintu nk’ico casa n’ikitoshoboka. Muri iki gihe, uwo mumaraya asa n’uwugomba gukoroka avuye ku mugongo wa ca gikoko c’ibara ry’agahama. Naho biri ukwo, ntazova kuri ico gikoko buhorobuhoro gushika aguye. Azokwidida hasi giturumbuka.​—Ivyah. 18:7, 8, 15-19.

VYA BIKOKO BIHERENGETEZWA

18. (a) Ca gikoko kizokora iki, kandi bizoca bigenda gute? (b) Muri Daniyeli 2:44 havuga ko Ubwami bw’Imana buzotikiza ubuhe bwami? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 17.)

18 Idini ry’ikinyoma niryamara gutikizwa, ca gikoko, ni ukuvuga ivya politike vyo mw’isi ya Shetani, kizokaburirwa kugaba igitero ku Bwami bw’Imana. Kubera yuko abami bo mw’isi batazoshobora gushika mw’ijuru, bazota ishavu ku bari kw’isi bashigikira Ubwami bw’Imana. Imana izoca igira ico ikoze. (Ivyah. 16:13-16; 17:12-14) Daniyeli aravuga umuce umwe w’iyo ntambara ya nyuma. (Soma Daniyeli 2:44.) Ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1, ya shusho yaco be na ca gikoko c’amahembe abiri, bizotikizwa.

19. Ni igiki dushobora kwizigira, kandi iki ni igihe co gukora iki?

19 Tubayeho mu gihe ca wa mutwe ugira indwi. Nta yindi mitwe izoboneka kuri ico gikoko imbere y’uko gitikizwa. Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ni yo izoba iganza isi idini ry’ikinyoma niryakurwaho. Ubuhanuzi bwa Daniyeli n’ubwa Yohani buramaze kuranguka gushika no ku tuntu dutoduto. Turashobora kwizigira yuko idini ry’ikinyoma rigiye gutikizwa be n’uko intambara ya Harumagedoni igiye gushika. Imana yarahishuye ivyo bintu imbere y’igihe. Twoba tuzokwitwararika ingabisho zitangwa mu buhanuzi? (2 Pet. 1:19) Iki ni co gihe co gushigikira Yehova n’Ubwami bwiwe.​—Ivyah. 14:6, 7.

[Utujambo tw’epfo]

a Muri Bibiliya, igitigiri cumi akenshi kigeraranya umugwi wuzuye. Ayo mahembe cumi rero ageraranya ubwami bwose bwakomotse ku Nganji y’Uburoma.

b Naho urwo runani rw’ibihugu bibiri bigize intwaro nganzasi rwatanguye mu kinjana ca 18, Yohani avuga yuko iyo ntwaro yokwibonekeje mu ntango y’umusi w’Umukama. Nkako, ivyo bintu Yohani yeretswe biri mu Vyahishuwe, biranguka mu gihe c’“umusi w’Umukama.” (Ivyah. 1:10) Kuva mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose ni ho gusa uwo mutwe ugira indwi watangura gukora ari intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri.

c Daniyeli yari yarabonye agatikizo gakomeye uwo mwami yoteje mu gihe c’iyo ntambara, akaba yanditse ati: “Azoteza agatikizo mu buryo bw’agatangaza [ni ukuvuga mu buryo buteye ubwoba].” (Dan. 8:24) Nk’akarorero, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zarateje agatikizo gateye ubwoba katari bwigere kabaho igihe zarekurira amabombe ruhonyanganda abiri ku mwansi w’iyo ntwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri.

d Raba igitabu Révélation:le grand dénouement est proche!, urupapuro rwa 240, 241, 253.

[Uruzitiro ku rup. 17]

NI BANDE BAGIZE “UBWO BWAMI BWOSE”?

Ubuhanuzi buri muri Daniyeli 2:44 buvuga yuko Ubwami bw’Imana “buzojanjagura ubwo bwami bwose [bukabuherengeteza].” Ubwo buhanuzi buvuga gusa ubwami bugereranywa n’ibihimba bitandukanye vya ca gishusho.

Tuvuge iki ku bijanye n’izindi ntwaro zose z’abantu? Ubuhanuzi busa n’ubwo buri mu Vyahishuwe burabihishura mu buryo bwagutse kuruta. Bwerekana yuko “abami b’isi yose” bazokoranirizwa hamwe ngo barwanye Yehova kuri “wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyah. 16:14; 19:19-21) Ku bw’ivyo, ubwami bugereranywa n’ico gishusho si bwo bwonyene buzotikizwa kuri Harumagedoni, ariko n’izindi ntwaro z’abantu zose zizotikizwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika