Yehova ni “Umuhishuzi W’amabanga”
“Ni ukuri, Imana yanyu ni Imana iruta izindi mana, n’Umukama w’abami ikaba n’Umuhishuzi w’amabanga.”—DAN. 2:47.
WOKWISHURA GUTE?
Ni ibintu vy’ido n’ido ibihe vyerekeye kazoza Yehova yaduhishuriye?
Imitwe itandatu ya mbere ya ca gikoko igereranya iki?
Ni isano irihe riri hagati ya ca gikoko na ca gishusho Nebukadinezari yerekwa?
1, 2. Yehova yaduhishuriye iki, kandi kubera iki?
NI INTWARO izihe zizoba ziganza isi Ubwami bw’Imana nibwaza gukuraho ubutegetsi bw’abantu? Inyishu turayizi. Twayihishuriwe na wa “Muhishuzi w’amabanga” Yehova Imana. Aradufasha kumenya izo ntwaro izo ari zo biciye ku vyo umuhanuzi Daniyeli n’intumwa Yohani banditse.
2 Yehova yareretse abo bagabo ibintu bitandukanye bijanye n’ibikoko vyagiye birakurikirana. Yarabwiye kandi Daniyeli insobanuro y’igishusho amahero c’ubutare yeretswe mu ndoto. Yehova yarandikishije izo nkuru yongera arazizigama muri Bibiliya kugira tuzungukireko. (Rom. 15:4) Ivyo yabigize kugira ngo turushirize kwizigira yuko Ubwami bwiwe bugiye kujanjagura intwaro zose z’abantu.—Dan. 2:44.
3. Kugira ngo dutahure neza ubuhanuzi, dutegerezwa kubanza gutegera iki, kandi kubera iki?
3 Izo nkuru za Daniyeli na Yohani tuzifatiye hamwe, ntizihishura gusa abami umunani, ari bwo butegetsi bw’abantu, ariko kandi zirerekana ukuntu izo ntwaro zogiye zirakurikirana. Ariko rero, kugira ngo dutahure neza ubwo buhanuzi dutegerezwa kubanza gutegera insobanuro y’ubuhanuzi bwa mbere na mbere buri muri Bibiliya. Uti kubera iki? Kubera ko iranguka ry’ubwo buhanuzi ari ryo mutwe-shimikiro wa Bibiliya. Twovuga yuko ari wo mugozi ubundi buhanuzi bwose bwenenako.
URUVYARO RW’INZOKA NA CA GIKOKO
4. Ni bande bagize uruvyaro rw’umugore, kandi urwo ruvyaro ruzokora iki?
4 Inyuma gato ya bwa bugarariji bwaba muri Edeni, Yehova yasezeranye ko “umugore” yogize “uruvyaro.”a (Soma Itanguriro 3:15.) Amaherezo urwo ruvyaro rwokomerekeje mu mutwe ya nzoka Shetani. Mu nyuma Yehova yahishuye ko urwo ruvyaro rwobonetse biciye kuri Aburahamu, rukaba urwo mw’ihanga rya Isirayeli, rukava kuri Yuda, kandi rugakomoka ku Mwami Dawidi. (Ita. 22:15-18; 49:10; Zab. 89:3, 4; Luka 1:30-33) Yezu Kristu ni we yabaye igihimba nyamukuru c’urwo ruvyaro. (Gal. 3:16) Igihimba c’inyongera carwo kigizwe n’abakirisu bo mw’ishengero rya gikirisu barobanujwe impwemu. (Gal. 3:26-29) Yezu be n’abo barobanuwe bagize Ubwami bw’Imana, bukaba ari bwo Imana izokoresha mu kujanjagura Shetani.—Luka 12:32; Rom. 16:20.
5, 6. (a) Daniyeli na Yohani bavuga intwaro zikomakomeye zingahe? (b) Imitwe ya ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe igereranya iki?
5 Ubwo buhanuzi bwa mbere bwashikirijwe muri Edeni bwavuze kandi yuko Shetani yogize “uruvyaro.” Uruvyaro rwiwe rwokwanse uruvyaro rw’uwo mugore. Ni bande bagize uruvyaro rw’iyo nzoka? Ni abo bose bigana urwanko Shetani yanka Imana bakongera bakarwanya abasavyi bayo. Shetani yamye yungunganya uruvyaro rwiwe mu ntwaro zitandukanye, ari bwo bwami. (Luka 4:5, 6) Ariko rero, ubwami bw’abantu buke ni bwo gusa bwagize ikintu kinini bukoze ku basavyi b’Imana, ryaba ihanga rya Isirayeli canke ishengero ry’abakirisu barobanuwe. Kubera iki ivyo biri n’ico bivuze? Kubera ko bidufasha gutahura igituma ivyo Daniyeli na Yohani beretswe bivuga intwaro zikomakomeye umunani gusa.
6 Amaja mu mpera z’ikinjana ca mbere G.C., Yezu uwari yarazutse yareretse intumwa Yohani ibintu bitangaje bikurikirana. (Ivyah. 1:1) Muri kimwe muri ivyo bintu Yohani yeretswe, yarabonye Shetani, uwugereranywa n’igisato, ahagaze ku nkengera y’ikiyaga amahanga. (Soma Ivyahishuwe 13:1, 2.) Yohani yarabonye kandi igikoko gitangaje kiduga kiva mu kiyaga maze gihabwa na Shetani ububasha bukomeye. Mu nyuma umumarayika umwe yabwiye Yohani yuko imitwe indwi y’igikoko c’ibara ry’agahama, kino kikaba ari ishusho ya ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1, igereranya “abami indwi,” ari zo ntwaro indwi. (Ivyah. 13:14, 15; 17:3, 9, 10) Igihe Yohani yandika ayo majambo, batanu muri bo bari baratemvye, umwe yari ku butegetsi, uwundi ‘ntiyari bwashike.’ None ubwo bwami ari zo ntwaro nganzasi ni ubuhe? Nimuze twihweze umwumwe wose mu mitwe y’ico gikoko kivugwa mu Vyahishuwe. Turaza kandi kubona yuko ivyo Daniyeli yanditse bituma turushiriza gutahura bwinshi muri ubwo bwami, kubera ko yavuze ibintu vy’ido n’ido bibwerekeye hagisigaye imyaka amajana ngo bubeho.
MISIRI NA ASHURI: IMITWE IBIRI YA MBERE
7. Umutwe wa mbere ugereranya iki, kandi kubera iki?
7 Umutwe wa mbere w’ico gikoko ugereranya Misiri. Kubera iki? Kubera ko Misiri ari yo ntwaro ikomeye yatanguye kwanka abasavyi b’Imana. Abakomotse kuri Aburahamu, akaba ari bo bovuyemwo rwa ruvyaro rw’umugore rwasezeranywe, baragwiriye mu Misiri. Mu nyuma, Misiri yarahahaje Isirayeli. Shetani yararondeye guherengeteza abasavyi b’Imana imbere y’uko urwo ruvyaro ruboneka. Uti gute? Mu gutuma Farawo yica abana bose b’abahungu b’Abisirayeli. Yehova yarahinduye ubusa uwo mugambi maze akura abasavyi biwe mu buja mu Misiri. (Kuv. 1:15-20; 14:13) Mu nyuma, yarashize Abisirayeli mu Gihugu c’isezerano.
8. Umutwe ugira kabiri ni uwuhe, kandi wagerageje gukora iki?
8 Umutwe ugira kabiri w’ico gikoko ugereranya Ashuri. Ubwo bwami bukomeye na bwo nyene bwaragerageje guherengeteza abasavyi b’Imana. Ni ivy’ukuri ko Yehova yakoresheje Ashuri mu guhana bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi kubera bwari bwasenze ibigirwamana bwongera buragarariza. Ariko rero, Ashuri yaciye igaba igitero kuri Yeruzalemu. Shetani ashobora kuba yari afise intumbero yo kuzimanganya umuryango wa cami Yezu yohavuye akomokamwo. Kubera ko ico gitero kitari mu mugambi wa Yehova, yararokoye ku gitangaro abasavyi biwe b’abizigirwa mu gutikiza bene gutera.—2 Abm. 19:32-35; Yes. 10:5, 6, 12-15.
BABILONI: UMUTWE UGIRA GATATU
9, 10. (a) Ni igiki Yehova yaretse Abanyababiloni bagakora? (b) Kugira ngo ubuhanuzi buranguke, ni igiki categerezwa kubanza gushika?
9 Umutwe ugira gatatu wa ca gikoko Yohani yabona ugereranya ubwami bwari bufise umurwa mukuru witwa Babiloni. Yehova yararetse Abanyababiloni baratembagaza Yeruzalemu bongera bagira imbohe abasavyi biwe. Ariko rero, imbere y’uko areka ico kintu c’agateterwe kikabashikira, yaragabishije abo Bisirayeli b’abagarariji yuko boshikiwe n’ivyo bintu bibabaje. (2 Abm. 20:16-18) Yavuze yuko umuryango wakomokamwo abami b’abantu, abǎvugwa yuko bicaye ku “ntebe y’ubwami ya Yehova” i Yeruzalemu, wokuweho. (1 Ngo. 29:23) Ariko rero, Yehova yasezeranye kandi yuko uwukomoka ku Mwami Dawidi, uwo na we akaba yobaye afise “uburenganzira ahabwa n’amategeko,” yoje agasaba guhabwa ubwo butware.—Ezk. 21:25-27.
10 Hari ubundi buhanuzi bwerekanye ko Abayuda bobaye bagisengera ku rusengero i Yeruzalemu igihe Mesiya yasezeranywe yoshitse. (Dan. 9:24-27) Ubuhanuzi bw’imbere y’aho, ubwanditswe imbere y’uko Abisirayeli bagirwa imbohe i Babiloni, bwavuze ko uwo muntu yovukiye i Betelehemu. (Mika. 5:2) Kugira ngo ubwo buhanuzi buranguke, Abayuda botegerejwe kubanza kubohorwa, bakagaruka mu gihugu cabo c’amavukiro, maze bagasubira kwubaka urusengero. Mugabo Abanyababiloni ntibari bafise akamenyero ko kurekura imbohe. None iyo ngorane yari gutorerwa umuti gute? Yehova yarahishuriye abahanuzi biwe ukuntu vyogenze.—Am. 3:7.
11. Inganji ya Babiloni igereranywa mu buryo butandukanye ubuhe? (Raba akajambo k’epfo.)
11 Umuhanuzi Daniyeli yari mu mbohe zajanywe i Babiloni. (Dan. 1:1-6) Yehova yaramukoresheje mu guhishura ubwami bwogiye burakurikirana inyuma y’iyo ntwaro nganzasi. Yehova yahishuye ayo mabanga akoresheje ibigereranyo bitandukanye. Nk’akarorero, yaratumye Umwami w’Umunyababiloni Nebukadinezari arota igishusho amahero cari kigizwe n’ubutare butandukanye. (Soma Daniyeli 2:1, 19, 31-38.) Yehova abicishije kuri Daniyeli, yahishuye yuko umutwe w’inzahabu w’ico gishusho wagereranya Inganji ya Babiloni.b Intwaro nganzasi yakurikiye Babiloni igereranywa n’igikiriza be n’amaboko vy’ifeza. None iyo ntwaro yabaye iyihe, kandi yafashe gute abasavyi b’Imana?
UBUMEDI N’UBUPERESI: UMUTWE UGIRA KANE
12, 13. (a) Yehova yahishuye iki ku bijanye n’ugutsindwa kwa Babiloni? (b) Ni kubera iki bibereye kuba Ubumedi n’Ubuperesi bigereranywa n’umutwe ugira kane wa ca gikoko?
12 Imyaka irenga ijana imbere y’igihe ca Daniyeli, Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya yarahishuye amakuru y’ido n’ido yerekeye intwaro nganzasi yokwigaruriye Babiloni. Yehova ntiyahishuye gusa ukuntu ico gisagara ca Babiloni cotsinzwe, ariko kandi yarahishuye n’izina ry’uwocigaruriye. Iyo ndongozi yari Kuro Umuperesi. (Yes. 44:28; 45:2) Daniyeli yareretswe ibindi bintu bibiri bijanye n’Inganji nganzasi y’Ubumedi n’Ubuperesi. Ubwa mbere, yabonye ubwami bugereranywa n’idubu yari idugijwe ku ruhande rumwe. Iyo dubu yabwiwe “[kurya] inyama nyinshi.” (Dan. 7:5) Ubwa kabiri, Daniyeli yarabonye iyo ntwaro nganzasi igizwe n’ubwami bubiri, ikaba yari yagereranijwe n’impfizi y’intama y’amahembe abiri.—Dan. 8:3, 20.
13 Yehova yarakoresheje Inganji y’Ubumedi n’Ubuperesi mu gutembagaza Babiloni no mu gusubiza Abisirayeli mu gihugu cabo c’amavukiro, nk’uko yari yarabivuze. (2 Ngo. 36:22, 23) Ariko rero, mu nyuma iyo ntwaro nyene yarahatswe gushira mu ngiro ivyo guherengeteza abasavyi b’Imana. Igitabu ca Bibiliya ca Esiteri kiravuga umugambi wateguwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuperesi, umugabo yitwa Hamani. Yarateguye ivyo guherengeteza Abayuda bose baba muri iyo Nganji amahanga y’Ubuperesi yongera arashinga igenekerezo iryo honyabwoko ryari kuberako. Kuba Yehova yarahaserutse ni vyo gusa vyatumye abasavyi biwe basubira gukingirwa urwanko bankwa n’uruvyaro rwa Shetani. (Est. 1:1-3; 3:8, 9; 8:3, 9-14) Birabereye rero kuba Ubumedi n’Ubuperesi bigereranywa n’umutwe ugira kane wa ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe.
UBUGIRIKI: UMUTWE UGIRA GATANU
14, 15. Ni amakuru y’ido n’ido ayahe Yehova yahishuye ku bijanye n’Inganji ya kera y’Ubugiriki?
14 Umutwe ugira gatanu wa ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe ugereranya Ubugiriki. Nk’uko Daniyeli yari yarabihishuye imbere y’aho igihe yasobanura indoto ya Nebukadinezari, iyo ntwaro nyene igereranywa n’inda be n’amatako vy’umujumbu vya ca gishusho. Daniyeli yareretswe kandi ibindi bintu bibiri bitanga amakuru y’ido n’ido adasanzwe ajanye n’ukuntu iyo nganji yobaye imeze be n’ayajanye n’umutware wayo ahambaye kuruta abandi bose.
15 Ubwa mbere, Daniyeli yabonye Ubugiriki bugereranywa n’ingwe ifise amababa ane, ivyo bikaba vyerekana ko iyo nganji yokwigaruriye ibihugu n’ingoga na n’ingoga. (Dan. 7:6) Ubwa kabiri, Daniyeli yaradondoye ukuntu impene y’ihembe rimwe riboneka cane yica n’ingoga na n’ingoga impfizi y’intama y’amahembe abiri, ari bwo Bumedi n’Ubuperesi. Yehova yabwiye Daniyeli ko iyo mpene yagereranya Ubugiriki, iryo hembe rinini na ryo rikagereranya umwe mu bami babwo. Daniyeli yanditse kandi yuko iryo hembe rinini ryovunitse maze mu kibanza caryo hakamera amahembe ane matomato. Naho ubwo buhanuzi bwanditswe hagisigaye imyaka amajana ngo Ubugiriki buganze isi, ibintu vyose bwari bwaravuze vyararangutse. Alegizandere Mukuru, akaba ari we mwami yari akomeye kuruta abandi bose batwaye Ubugiriki bwa kera, ni we yayoboye ingabo zarwanije Ubumedi n’Ubuperesi. Ariko rero haciye igihe gito, iryo hembe ryaravunitse igihe uwo mwami ahambaye yapfa amaze gukomera cane kandi afise imyaka 32 gusa. Mu nyuma, bane mu bajenerali biwe baragabanganye ubwami bwiwe.—Soma Daniyeli 8:20-22.
16. Umwami Antiochus wa kane yakoze iki?
16 Ubugiriki bumaze kwigarurira Ubuperesi, bwaraganje igihugu c’abasavyi b’Imana. Ico gihe, Abayuda bari barasubiye mu Gihugu c’isezerano bongera barasubira kwubaka urusengero i Yeruzalemu. Bari bakiri igisata catowe n’Imana, kandi urwo rusengero rwari rwasubiye kwubakwa rwari rukiri intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Ariko rero, mu kinjana ca kabiri B.G.C., Ubugiriki, ari wo wa mutwe ugira gatanu wa ca gikoko, bwarateye abasavyi b’Imana. Umwami Antiochus wa kane, akaba yari umwe mu basubiriye Alegizandere igihe inganji yiwe yigabura, yarashize igicaniro ca gipagani mu kibanza co ku rusengero i Yeruzalemu yongera atuma uwusenze mw’idini ry’Abayuda ahabwa igihano co gupfa. Mbega urwanko rukomeye bamwe mu bagize uruvyaro rwa Shetani banse abasavyi b’Imana! Ariko rero, Ubugiriki ntibwatevye gusubirirwa n’iyindi ntwaro nganzasi. None umutwe ugira gatandatu wa ca gikoko wabaye uwuhe?
UBUROMA NI WO MUTWE UGIRA GATANDATU BUKABA BWARI ‘BUTEYE UBWOBA’
17. Umutwe ugira gatandatu wagize uruhara ruhambaye uruhe mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15?
17 Uburoma ni bwo bwaganza isi igihe Yohani yerekwa ca gikoko. (Ivyah. 17:10) Uwo mutwe ugira gatandatu waragize uruhara ruhambaye mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15. Shetani yarakoresheje abategetsi b’Abaroma mu gukora ikintu catumye rwa ruvyaro rumara igihe gito rufise ubumuga, mu kurukomeretsa “ku gitsintsiri.” Uti gute? Baraciriye urubanza Yezu bamwagiriza ikinyoma ngo ni umugumutsi maze baramwicisha. (Mat. 27:26) Mugabo ico gikomere nticatevye gukira kubera ko Yehova yazuye Yezu.
18. (a) Ni ihanga rishasha irihe Yehova yatoye, kandi kubera iki? (b) Uruvyaro rw’inzoka rwabandanije gute kwanka uruvyaro rw’umugore?
18 Indongozi z’idini zo muri Isirayeli zaragiye umugambi n’Uburoma wo kurwanya Yezu, kandi benshi mu bantu bo muri iryo hanga na bo nyene baramuteye akagere. Ni co gituma Yehova yahevye Isirayeli yo ku mubiri ntiyasubira kuba igisata ciwe. (Mat. 23:38; Ivyak. 2:22, 23) Yaciye atora ihanga rishasha, ari ryo “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 3:26-29; 6:16) Iryo hanga ryari ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryari rigizwe n’Abayuda hamwe n’Abanyamahanga. (Ef. 2:11-18) Yezu amaze gupfa maze akazuka, uruvyaro rw’inzoka rwarabandanije kwanka uruvyaro rw’umugore. Uburoma bwararondeye akatari gake guherengeteza ishengero rya gikirisu, ari ryo gihimba c’inyongera c’urwo ruvyaro.c
19. (a) Daniyeli adondora gute intwaro nganzasi igira gatandatu? (b) Tuzokwihweza iki mu kindi kiganiro?
19 Muri ya ndoto Daniyeli yasobanurira Nebukadinezari, Uburoma bugereranywa n’amaguru y’icuma. (Dan. 2:33) Daniyeli yareretswe kandi ibintu bidondora neza Inganji y’Uburoma n’intwaro nganzasi yayikurikiye, ino ikaba yakomotse ku Buroma. (Soma Daniyeli 7:7, 8.) Uburoma bwaramaze imyaka amajana abansi babwo babona ko ari ikintu “giteye ubwoba, c’agacavutu kandi gikomeye bimwe bidasanzwe.” Ariko rero, ubwo buhanuzi bwari bwaravuze yuko “amahembe cumi” yomeze kuri iyo nganji mugabo rimwe rikaba ryohavuye rikomera kuruta ayandi. None ayo mahembe cumi ni ayahe, kandi ako gahembe gatoyi ni akahe? Ako gahembe gatoyi gafitaniye isano irihe na ca gishusho amahero Nebukadinezari yerekwa? Ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 14 kirishura ivyo bibazo.
[Utujambo tw’epfo]
a Uwo mugore agereranya ishirahamwe rya Yehova rimeze nk’umugore rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru.—Yes. 54:1; Gal. 4:26; Ivyah. 12:1, 2.
b Babiloni igereranywa n’umutwe w’ico gishusho kivugwa mu gitabu ca Daniyeli hamwe n’umutwe ugira gatatu wa ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe. Raba igicapo kiri ku rupapuro rwa 12-13.
c Naho Uburoma bwatikije Yeruzalemu mu 70 G.C., ico gitero nticari mu bigize iranguka ry’ibivugwa mw’Itanguriro 3:15. Ico gihe, Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ntiyari ikiri ihanga ryatowe n’Imana.