ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 41 rup. 295-300
  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umusi w’urubanza w’imyaka igihumbi
  • Ni bande bazurwa bagacirwa urubanza?
  • Umuzingo w’ubuzima
  • Kuzingurura iyindi mizingo
  • Iherezo ry’urupfu n’ukuzimu
  • Umusi w’Urubanza ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Icizigiro c’izuka kivuze iki kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Izina ryawe ryoba riri mu “gitabu c’ubuzima”?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • ‘Urupfu Ruzorandurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 41 rup. 295-300

Ikigabane ca 41

Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!

Iyerekwa rya 15​—Ivyahishuwe 20:11–21:8

Ibivugwamwo: Izuka rya rusangi, Umusi w’urubanza, imihezagiro izozanwa n’amajuru mashasha n’isi nshasha

Igihe birangukirako: Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi

1. (a) Ni ibiki abantu batakaje igihe Adamu na Eva bacumura? (b) Ni umugambi uwuhe w’Imana utahindutse, kandi tubibwirwa n’iki?

TWEBWE abantu twaremewe kubaho ibihe bidahera. Iyo Adamu na Eva bagamburuka amategeko y’Imana, ntibari kwigera bapfa. (Itanguriro 1:28; 2:8, 16, 17; Umusiguzi 3:10, 11) Ariko igihe bacumura, baciye batakaza ukutagira akanenge n’ubuzima ku bwabo no ku bw’abobakomotseko, kandi urupfu rwaciye ruganza abantu nk’umwansi adatezura. (Abaroma 5:12, 14; 1 Abakorinto 15:26) Yamara rero, umugambi Imana yari ifise w’uko abantu batunganye babaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo ntiwahindutse. Kubera urukundo rwinshi ikunda abantu, yararungitse Umwana wayo w’ikinege Yezu ngo atange ubuzima bwiwe butagira akanenge bwa ncungu ya “benshi” mu ruvyaro rwa Adamu. (Matayo 20:28; Yohani 3:16) Yezu ubu arashobora gukoresha agaciro k’incungu yiwe yemewe n’amategeko kugira atume abamwizera baronka ubuzima butagira akanenge kw’isi izoba yabaye Iparadizo. (1 Petero 3:18; 1 Yohani 2:2) Ese ingene iyo ari imvo ihambaye ituma abantu ‘banezerwa kandi bagahimbarwa’!—Yesaya 25:8, 9.

2. Ni ibiki Yohani avuga mu Vyahishuwe 20:11, kandi “intebe y’ubwami yera nini” ni iki?

2 Shetani amaze gutererwa mu nyenga, Ingoma ininahaye ya Yezu y’imyaka igihumbi ica itangura. “Umusi” Imana yashinze wo “[gu]cira urubanza isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho” urageze. (Ivyakozwe 17:31; 2 Petero 3:8) Yohani avuga ati: “Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwuyicayeko. Isi n’ijuru bihunga biva imbere yiwe, kandi nta kibanza cabonetse ku bwavyo.” (Ivyahishuwe 20:11) Iyo “ntebe y’ubwami yera nini” ni iki? Itegerezwa kuba ari ya ntebe yo guca imanza y’“Imana yo Mucamanza wa bose.” (Abaheburayo 12:23) Igiye rero gucira urubanza abantu, yerekane abazokwungukira ku ncungu ya Yezu.—Mariko 10:45.

3. (a) Kuba intebe y’ubwami y’Imana ari “nini” kandi ikaba “yera” bisobanura iki? (b) Ni nde azoca imanza kuri wa Musi w’urubanza, kandi azokwisunga iki?

3 Intebe y’ubwami y’Imana ni “nini,” ivyo bikaba bishimika ku bukuru bwa Yehova we Mukama Segaba, kandi ‘irera,’ ivyo bikaba vyerekeza ku bugororotsi bwiwe butagira agahaze. Ni we Mucamanza ruheta w’abantu. (Zaburi 19:7-11; Yesaya 33:22; 51:5, 8) Ariko rero, igikorwa co guca imanza yagishize mu minwe ya Yezu Kristu. Bibiliya ivuga iti: “Se [n]ta n’umwe acira urubanza, mugabo uguca imanza kwose yagushikirije Umwana.” (Yohani 5:22) Yezu azofadikanya ico gikorwa na bamwe 144.000 “bahabwa ububasha bwo guca imanza . . . imyaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:4) Naho biri ukwo, kuri uwo Musi w’urubanza umuntu wese azocirwa urubanza hisunzwe ingingo ngenderwako za Yehova.

4. Kuba “isi n’ijuru bihunga” bisobanura iki?

4 Ni mu buryo ki “isi n’ijuru bihunga”? Iryo ni rya juru nyene ryagenda nk’umuzingo igihe hamaturwa agashashara kagira gatandatu, ni ukuvuga intwaro z’abantu ziri ku butegetsi “[za]rundanirijwe umuriro, kandi [zi]bitswe ku bw’umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” (Ivyahishuwe 6:14; 2 Petero 3:7) Iyo si na yo ni urutonde rw’ibintu ruriho mu gihe c’ubwo butegetsi. (Ivyahishuwe 8:7) Ukwo guhunga kw’ijuru n’isi gusobanura ugutikizwa kwa ca gikoko n’abami b’isi hamwe n’ingabo zabo, tudasize inyuma abemeye ikimenyetso ca ca gikoko n’abasenga ishusho yaco. (Ivyahishuwe 19:19-21) Kubera ko isi ya Shetani n’ijuru ryiwe bimaze gushitswako urubanza, wa Mucamanza ahambaye aca atangaza uwundi Musi w’urubanza.

Umusi w’urubanza w’imyaka igihumbi

5. Isi ya kera n’ijuru rya kera bimaze guhunga, ni bande baba basigaye gucirwa urubanza?

5 None ni bande basigaye gucirwa urubanza isi ya kera n’ijuru rya kera bimaze guhunga? Si amasigarira ya bamwe 144.000 barobanuwe kuko bamaze gucirwa urubanza kandi bakadomwako ikidodo. Nimba hari abarobanuwe bakiri kw’isi inyuma ya Harumagedoni, babwirizwa gupfa inyuma y’aho gatoyi maze bagahabwa impera yabo biciye kw’izuka. (1 Petero 4:17; Ivyahishuwe 7:2-4) Ariko rero, abantu amamiliyoni bo muri rya sinzi rinini barokotse ya makuba akomeye bahagaze ahibonekeza “imbere ya ya ntebe.” Baramaze kuboneka ko ari abagororotsi kugira barokoke kubera bizera amaraso ya Yezu yasesetse, mugabo urubanza rwabo rutegerezwa kubandanya muri iyo myaka igihumbi uko Yezu aguma abayobora ku “masôko y’amazi y’ubuzima.” Hanyuma, nibamara kugirwa abatagira akanenge maze bakageragezwa, bazoheza bitwe abagororotsi mu buryo bwuzuye. (Ivyahishuwe 7:9, 10, 14, 17) Abana barokoka ya makuba akomeye hamwe n’abandi bose bavyarwa na rya sinzi rinini mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, na bo nyene bacirwa urubanza muri iyo myaka igihumbi.—Gereranya n’​Itanguriro 1:28; 9:7; 1 Abakorinto 7:14.

6. (a) Ni isinzi irihe Yohani abona, kandi imvugo ngo “abahambaye n’abato” yerekana iki? (b) Abantu amamiliyoni adaharurika Imana yibuka bazozurwa gute?

6 Ariko rero, Yohani abona isinzi ry’abantu baruta kure n’iyo rya sinzi rinini ry’abarokotse. Bazoba bashika amamiliyaridi! Yigana ati: “Mbona abapfuye, abahambaye n’abato, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa.” (Ivyahishuwe 20:12a) Muri abo “bahambaye n’abato” harimwo abantu bari bakomakomeye hamwe n’abantu basanzwe babaye kuri iyi si mu myaka 6.000 iheze. Mu Njili intumwa Yohani yanditse haciye igihe gito yanditse igitabu c’Ivyahishuwe, Yezu yavuze ku vyerekeye Se ati: “Yamuhaye [Yezu] ububasha bwo guca imanza, kubera ko ari Umwana w’umuntu. Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohani 5:27-29) Mbega igikorwa gihambaye: kuzura abantu bapfuye muri kahise k’abantu kose! Nta gukeka ko abo bantu amamiliyoni adaharurika Imana yibuka bazozurwa intambwe ku yindi kugira ngo abagize rya sinzi rinini, bano bakaba ari bake cane ubagereranije na bo, bashobore gutorera umuti ingorane zoterwa n’abazoba bazutse kuko mu ntango hari aho boshaka kubaho nk’uko bahoze babayeho, batwarwa n’ubugoyagoye hamwe na kameremere k’umubiri.

Ni bande bazurwa bagacirwa urubanza?

7, 8. (a) Ni umuzingo uwuhe uzingururwa, kandi ni ibiki bica biba? (b) Ni bande batazozuka?

7 Yohani yongerako ati: “Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri. Maze ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza umwumwe nk’uko ibikorwa vyabo biri.” (Ivyahishuwe 20:12b, 13) Mbega igitangaza! ‘Ikiyaga, urupfu n’ukuzimu,’ kimwe cose kiragira uruhara, ariko ayo majambo ntafise insobanuro zitandukanye.a Igihe Yona yari mu nda y’urufi, akaba rero yari mu kiyaga, yavuze ko yari mu kuzimu. (Yona 2:2) Igihe umuntu ahitanywe n’urupfu rwakwezwe na Adamu, na we nyene aba agiye mu kuzimu. Ayo majambo y’ubuhanuzi arerekana neza ko ata muntu n’umwe azokwibagirwa.

8 Ariko ntiwumve, hariho igitigiri kitazwi c’abantu batazozuka. Muri bo harimwo abanditsi n’Abafarizayo b’intigaya bateye akagere Yezu n’intumwa, wa “muntu w’ubugarariji” agizwe n’amadini be n’abakirisu barobanuwe hanyuma “bakagwa.” (2 Abatesalonika 2:3; Abaheburayo 6:4-6; Matayo 23:29-33) Na Yezu yaravuze ibijanye n’abantu bameze nk’impene mu gihe c’umuhero w’isi bogiye mu “muriro utazima wateguriwe Shetani n’abamarayika biwe,” ni ukuvuga “ukurandurwa kw’ibihe bidahera.” (Matayo 25:41, 46) Abo ntibazozuka!

9. Intumwa Paulo yerekana gute ko hari abantu bazoterwa agateka kadasanzwe mw’izuka, kandi muri bo harimwo bande?

9 Mugabo rero, hariho abantu bazoterwa agateka kadasanzwe mw’izuka. Intumwa Paulo yaravyerekanye igihe yavuga ati: “Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) Ku bijanye n’izuka ryo kw’isi, muri abo “bagororotsi” hazoba harimwo abagabo n’abagore b’abizigirwa ba kera nka Aburahamu, Rahabu n’abandi benshi biswe abagororotsi kubera bari abagenzi b’Imana. (Yakobo 2:21, 23, 25) Muri uwo mugwi nyene hazoba harimwo abagize izindi ntama b’abagororotsi bapfa ari abizigirwa kuri Yehova mu bihe vya none. Birashoboka ko abo bantu bose bagumanye ugutungana kwabo bazozurwa mu ntango ya ya Ngoma ya Yezu y’imyaka igihumbi. (Yobu 14:13-15; 27:5; Daniyeli 12:13; Abaheburayo 11:35, 39, 40) Nta gukeka ko benshi muri abo bagororotsi bazoba bazuwe bazoterwa uduteka tudasanzwe mu guhagarikira igikorwa amahanga co guhindura isi Iparadizo.—Zaburi 45:16; gereranya na Yesaya 32:1, 16-18; 61:5; 65:21-23.

10. Mu bazozurwa, “abatari abagororotsi” ni bande?

10 Ariko none, “abatari abagororotsi” bavugwa mu Vyakozwe 24:15 ni bande? Muri bo harimwo amasinzi y’abantu bagiye barapfa muri kahise, na canecane ababayeho mu “bihe vy’ukutamenya.” (Ivyakozwe 17:30) Bivanye n’aho bavukiye be n’igihe babayemwo, usanga bataronse akaryo ko kwiga kugamburuka ivyo Yehova agomba. Vyongeye, hoshobora kuba harimwo abumvise ubutumwa bw’ubukiriro mugabo ntibabwitabire bimwe bishitse ico gihe canke bakaba bapfuye bataratera imbere ku buryo biyegura bakabatizwa. Abo bantu nibazuka bazokenera kugira ayandi mahinduka mu kuntu biyumvira no mu buzima bwabo kugira bungukire kuri ako karyo ko kuronka ubuzima budahera.

Umuzingo w’ubuzima

11. (a) “Umuzingo w’ubuzima” ni iki, kandi ni amazina ya bande yandikwa muri wo? (b) Ni kubera iki umuzingo w’ubuzima uzozingururwa mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi?

11 Yohani aravuga ibijanye n’“umuzingo w’ubuzima.” Uwo muzingo urimwo abantu Yehova azoha ubuzima budahera. Amazina ya bene wabo na Yezu barobanuwe, ay’abagize rya sinzi rinini n’ay’abantu b’abizigirwa ba kera nka Musa, yaranditswe muri uwo muzingo. (Kuvayo 32:32, 33; Daniyeli 12:1; Ivyahishuwe 3:5) Ariko mu “batari abagororotsi” bazoba bazuwe, nta n’umwe izina ryiwe rirandikwa muri uwo muzingo w’ubuzima. Uwo muzingo w’ubuzima rero uzozingururwa mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi kugira ngo amazina y’abandi bazokwiza ibisabwa ashobore kwandikwamwo. Abo amazina yabo atazokwandikwa muri uwo muzingo ari co gitabu c’ubuzima, ‘bazoraririzwa muri ca kiyaga c’umuriro.’—Ivyahishuwe 20:15; gereranya n’Abaheburayo 3:19.

12. Ni igiki kizofatirwako kugira izina ry’umuntu ryandikwe muri wa muzingo w’ubuzima uzozingururwa, kandi ni akarorero akahe wa Mucamanza yagenywe na Yehova yadusigiye?

12 None ni igiki kizofatirwako kugira izina ry’umuntu ryandikwe muri uwo muzingo w’ubuzima uzozingururwa ico gihe? Ikintu nyamukuru kizofatirwako ni kimwe nyene casabwa mu gihe ca Adamu na Eva: ukugamburukira Yehova. Intumwa Yohani yandikiye abakirisu bagenziwe yikundira ati: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yohani 2:4-7, 17) Mu bijanye n’ukugamburuka, wa Mucamanza yagenywe na Yehova aratubera akarorero. Bibiliya ivuga iti: “Naho [Yezu] yari Umwana wiwe, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye; kandi aho amariye kugirwa uwutagira akanenge, yacitse uwujejwe ubukiriro budahera ku bamugamburukira bose.”—Abaheburayo 5:8, 9.

Kuzingurura iyindi mizingo

13. Abazutse bazokwerekana gute ko bagamburuka, kandi ni ingingo ngenderwako izihe bazobwirizwa gukurikiza?

13 None abo bazutse bazokwerekana gute ko bagamburuka? Yezu ubwiwe yarerekanye amabwirizwa abiri ahambaye kuruta ayandi, ati: “Irya mbere ni iri: ‘Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.’ Irigira kabiri ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” (Mariko 12:29-31) Hariho n’izindi ngingo ngenderwako Yehova yashinze bazobwirizwa gukurikiza, nko kuvavanura n’ubusuma, ukubesha, ukwica n’ubuhumbu.—1 Timoteyo 1:8-11; Ivyahishuwe 21:8.

14. Ni iyindi mizingo iyihe izingururwa, kandi irimwo ibiki?

14 Ariko rero, Yohani yari ahejeje kuvuga iyindi mizingo izozingururwa mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi. (Ivyahishuwe 20:12) Iyo na yo izoba ari imizingo nyabaki? Rimwe na rimwe, Yehova yaratanze ubuyobozi butomoye mu bihe kanaka. Nk’akarorero, mu gihe ca Musa yaratanze amategeko y’ido n’ido Abisirayeli basabwa kugamburuka kugira baronke ubuzima. (Gusubira mu vyagezwe 4:40; 32:45-47) Mu kinjana ca mbere, haratanzwe ubundi buyobozi kugira bufashe abizigirwa gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova mw’ishengero rya gikirisu. (Matayo 28:19, 20; Yohani 13:34; 15:9, 10) Ubu na ho Yohani avuga ko abapfuye “bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri.” Biboneka rero ko iyo mizingo izomenyesha abantu ibintu bitomoye Yehova abasaba muri iyo myaka igihumbi. Mu kwisunga mu buzima bwabo amategeko n’amabwirizwa biri muri iyo mizingo, abantu bagamburuka bazoshobora kuramba, amaherezo baronke ubuzima budahera.

15. Ni isekeza ryo kwigisha irihe rizokenerwa mu gihe c’izuka, kandi bishoboka ko izuka rizoba gute?

15 Emwe, hazokenerwa isekeza rikomeye ryo kwigisha abantu ivyerekeye Imana! Mu 2011, kw’isi yose Ivyabona vya Yehova bayoboye incahagati y’inyigisho za Bibiliya 8.490.746 mu turere dutandukanye. Ariko mu gihe c’izuka, nta gukeka ko hazoyoborwa inyigisho amamiliyoni adaharurwa zishingiye kuri Bibiliya no kuri ya mizingo mishasha! Abasavyi b’Imana bose bazokenera kuba abigisha no kwitanga. Uko abazutse bazogenda baratera imbere, nta gukeka ko na bo nyene bazogira uruhara muri ico gikorwa amahanga co kwigisha. Birashoboka ko izuka rizoba ku buryo abazoba ari bazima bazogira umunezero wo guha ikaze no kwigisha abahoze ari incuti n’abagenzi, bano na bo bazohe ikaze abandi bongere babigishe. (Gereranya na 1 Abakorinto 15:19-28, 58.) Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni indwi bakwiragiza ukuri muri iki gihe, bariko baritegurira neza uduteka bazoterwa mu gihe c’izuka.—Yesaya 50:4; 54:13.

16. (a) Ni amazina ya bande atazokwandikwa mu muzingo canke igitabu c’ubuzima? (b) Ni bande bazozukira “ubuzima”?

16 Ku bijanye n’izuka ryo kw’isi, Yezu yavuze ko ‘abakoze ivyiza bazozukira ubuzima, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa na bo bakazukira urubanza.’ Ng’aha “ubuzima” n’“urubanza” birahushanywa mu kwerekana ko abazuwe ‘bazokora ivy’agahomerabunwa’ bamaze kwigishwa Ivyanditswe vyeranda n’ibiri muri ya mizingo batazoba babereye ubuzima. Amazina yabo ntazokwandikwa muri wa muzingo canke igitabu c’ubuzima. (Yohani 5:29) Ni ko bizogenda no ku muntu uwo ari we wese yari yabaye umwizigirwa hanyuma kubera imvo kanaka agahinduka mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi. Amazina arashobora guhanagurwa. (Kuvayo 32:32, 33) Ariko rero, abazogamburuka ivyanditswe muri iyo mizingo amazina yabo azoguma yanditswe muri wa muzingo w’ubuzima kandi bazobandanya kubaho. Bazoba bazukiye “ubuzima.”

Iherezo ry’urupfu n’ukuzimu

17. (a) Ni ikintu ceza umutima ikihe Yohani atubwira? (b) Ni ryari ukuzimu gusigara kugaragara? (c) Urupfu rwakwezwe na Adamu “[ruzo]raririzwa muri ca kiyaga c’umuriro” ryari?

17 Yohani aca atubwira ikintu ceza umutima koko, ati: “Urupfu n’ukuzimu biraririzwa muri ca kiyaga c’umuriro. Ico kiyaga c’umuriro gisobanura urupfu rwa kabiri. Ikigeretseko, uwo wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima araririzwa muri ico kiyaga c’umuriro.” (Ivyahishuwe 20:14, 15) Wa Musi w’urubanza w’imyaka igihumbi niwahera, “urupfu n’ukuzimu” bizoba vyavuyeho buhere. Kubera iki ivyo bisaba imyaka igihumbi? Ukuzimu, ni ukuvuga imva abantu bose bajamwo, gusigara kugaragara igihe uwa nyuma mu bantu Imana yibuka azuwe. Ariko igihe cose abantu bazoba batarakurwako igicumuro barazwe, urupfu rwakwezwe na Adamu ruzoba rukiriho. Abazozukira kw’isi bose, ushizemwo na rya sinzi rinini rirokoka Harumagedoni, bazokenera kugamburuka ivyanditswe muri ya mizingo gushika agaciro k’incungu ya Yezu gakoreshejwe ku buryo gakuraho buhere indwara, ubusaza n’ubundi bumuga barazwe. Urupfu rwakwezwe na Adamu hamwe n’ukuzimu bizoca rero “biraririzwa muri ca kiyaga c’umuriro.” Bizoba bigiye amazimayongo!

18. (a) Intumwa Paulo adondora gute ingene ubutegetsi bwa Yezu buzororanirwa? (b) Yezu aca akora iki umuryango w’abantu umaze kugirwa uwutagira akanenge? (c) Ni ibindi bintu ibihe biba mu mpera za ya myaka igihumbi?

18 Gutyo, ivyo intumwa Paulo yavuze mw’ikete yandikiye Abakorinto bizoba birangutse. Yavuze ati: “Kuko [Yezu] ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe. Urupfu [rwakwezwe na Adamu] ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.” Ni ibiki none bizoca biba? Agira ati: “Mugabo igihe ibintu vyose azoba yabihawe ngo abiganze, ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye kuganza ibintu vyose.” Mu yandi majambo, Yezu “azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se.” (1 Abakorinto 15:24-28) Ego cane, Yezu niyamara gukuraho urupfu rwakwezwe na Adamu akoresheje agaciro k’incungu yiwe, azoca ashikiriza Se wiwe Yehova umuryango w’abantu utagira akanenge. Biboneka ko ico gihe, ni ukuvuga mu mpera za ya myaka igihumbi, ari ho Shetani azorekurwa hagaca haba ca kigeragezo ca nyuma kugira hamenyekane amazina azokwandikwa ubutagihanagurwa muri wa muzingo w’ubuzima. ‘Niwihate rwose’ kugira izina ryawe ribe muri ayo!—Luka 13:24; Ivyahishuwe 20:5.

[Akajambo k’epfo]

a Mu bazozuka bavuye mu kiyaga ntihazoba harimwo ba bagarariji bo kw’isi batikizwa n’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa. Urubanza rwabo ni ntabanduka, nk’uko bizogendera abo Yehova azocira urwo gupfa mu gihe ca ya makuba akomeye.—Matayo 25:41, 46; 2 Petero 3:5-7.

[Ifoto ku rup. 298]

“Abatari abagororotsi” bazoba bagamburutse ibiri mu mizingo izozingururwa mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi na bo nyene amazina yabo azokwandikwa mu muzingo w’ubuzima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika