ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 3 rup. 25-33
  • Idini Yawe Iri n’Ico Ivuze Koko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Idini Yawe Iri n’Ico Ivuze Koko
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IDINI Y’IKINYOMA MURI IKI GIHE CACU
  • IDINI ISHIMWA N’IMANA
  • UMWETE WONYENE NTUHAGIJE
  • UKWIYE GUKORA IVYO IMANA IGOMBA
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Imana yoba yemera ubwoko bwose bw’ugusenga?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene amadini y’ikinyoma asiga iceyi Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Idini ry’ukuri ni irihe?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 3 rup. 25-33

Ikigabane ca 3

Idini Yawe Iri n’Ico Ivuze Koko

1. Abantu bamwe bamwe biyumvīra iki ku madini?

‘AMADINI YOSE ni meza,’ benshi ni uko bavuga. ‘Hari inzira gusa zitandukanye, ariko zishikana ahantu hamwe.’ Ivyo iyo biba vyari ivy’ukuri, idini yawe ntaco iba itwaye, kubera ko zose ziba zishimwa n’Imana. Uko ni ko biri none?

2. (a) Abafarisayo bafashe gute Yezu? (b) Bāvuga ko se wabo ari nde?

2 Igihe Yezu yari akiri ngaha kw isi, hāriho idini y’abafarisayo. Abo bafarisayo biyumvīra ko uburyo basenga bwemewe n’Imana, ariko ni bo nyene bashaka kwica Yezu! Ni co gituma yababariye ati: “Mukora ibikorwa nk’ivya so.” Na bo bamwishura bati: “Dufise Data umwe, ni Imana.” — Yohani 8:41.

3. Yezu yavuze iki ku vyerekeye se w’abafarisayo?

3 Mu vy’ukuri Imana yari se? Imana yarashima idini yabo? Haba n’intete! N’aho abo bafarisayo bāri bafise Ivyanditswe kandi bakibaza ko babikurikiza, bāri baramaze kuzimizwa na Shetani. Ni co gituma Yezu yabandanije ati: “Mwebwe muri aba so wa Murwanizi, Kandi ivyo so yipfuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubwa mbere na mbere ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, . . . Kuko ari umunyabinyoma, kandi ari we se wavyo.” — Yohani 8:44.

4. Idini y’abafarisayo Yezu yayibonye ate?

4 Idini y’abo bafarisayo ntiyari iy’ukuri. Ntiyari ishigikiye ivyipfuzo vy’Imana ariko ivya Mureganyi. Ni co gituma aho Yezu yoyishimye, yarayihinyuye. Abo bafarisayo yababwiye ati: “Mwugarirana Ubwami bwo mw ijuru imbere y’abantu; kandi ntimubwinjiramwo ubwanyu, n’abagomba kubwinjiramwo ntimubakundira.” (Matayo 23:13) Kubera ugusenga kwabo kubi, abo bafarisayo Yezu yabise indyadya, atako abita inzoka zikomora. Kubera imigenzo yabo mibi, bāri mu nzira y’ukurandurwa. — Matayo 23:25-33.

5. Yezu yerekanye ate ko amadini atari inzira zija ahantu hamwe?

5 Yezu ntiyigishije ko amadini ari inzira zitandukanye gusa zijana abantu mu bukiriro. Muri ca kiganiro ciwe rurangiramwa yashikiriza abantu ku musozi, yavuze aya majambo akurikira: “Muce mw irembo ripfunganye, kuko irembo ryagutse n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero; kandi abahaca ni benshi. Ariko irembo ripfunganye n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kandi abahabona ni bake.” (Matayo 7:13, 14) Abantu benshi bari mu nzira ijana mu mahonero, kubera ko batazi gusenga Imana nk’uko bitegerejwe. Bake gusa ni bo bari mu nzira ija mu buzima.

6. Idini y’Abisirayeli tuyihweje itwigisha iki?

6 Witegereje ivyo Imana yagiriye Abisirayeli, uca ubona ko gusenga Imana nk’uko ibishaka atari ivyo gufata minenegwe. Imana yababūriye ngo ntibahirahire ngo bisuke mu madini y’amahanga yari abakikūje. (Gusubira mu vyagezwe 7:25) Abantu baho, abana babo babatangako inkuka bakabahereza imana zabo; bagatako bagahurahura biteye isoni, batibagiye ubusambanyi bw’abagabo ku bandi n’abagore ku bagore. (Abalewi 18:20-30) Imana yategetse Abisirayeli kuzibukira imigenzo nk’iyo. Igihe bāgarariza bagasenga izindi mana, yarabahanye. (Yosuwa 24:20; Yesaya 63:10) Urabona rero ko idini yabo yari ifise ico ivuze.

IDINI Y’IKINYOMA MURI IKI GIHE CACU

7, 8. (a) Mu gihe ca za ndwano z’isi yose amadini yagize iki? (b) Ivyo amadini yakoze mu gihe c’indwano wibaza ko Imana ibibona ite?

7 Tuvuge iki ku vyerekeye amadini amajana n’amajana ariho ubu? Ngira ngo woshigikira uwokubwira ko ibigirwa muri yo vyose bidashimisha Imana. Mu ndwano z’isi yose ziheruka abantu benshi bakiriho n’ubu bārokotse, amadini yōsha abāri bātanye mu mitwe mu mpande zose zibiri ngo bice. “Ni mwice abadagi—ni mubavunireko umuheto!” Uko ni ko umusenyeri wo mu Bwongereza yavuga. Umusenyeri mukuru w’i Kolonye na we yabwira abadagi ngo: “Turabategetse mw izina ry’Imana, murwane gushika kw ima rya nyuma ry’amaraso yanyu, murwanire iteka n’icubahiro c’igihugu.”

8 Abagatolika n’abaporotisanti baca basubiranamwo bashigikiwe n’abakuru babo. Umupasitori yitwa Harry Emerson Fosdick Yarīreze avuga ati: “No mu mashengero yacu twadugije ibendera y’indwano. . . . Ku ruhande rumwe rw’umunwa twashemeje Umwami w’amahoro, ku rundi twubahirije indwano.” Wibaza ko Imana ibona ite none idini yigira ko ikora ivyo Imana igomba hanyuma ikubahiriza indwano?

9. (a) Ibibi vyakozwe n’amadini abantu benshi bābibonye bate? (b) Mu gihe idini ishaka kwisuka mu vy’iyi si, duca tubona ko iyo dini ihagarikiwe na nde?

9 Kubera ibibi vyakozwe n’amadini kuva kera, ubu abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze guheba Imana na Kirisitu. Baranegura Imana kubera indwano ziteye ubwoba zāhuza abanyamadini, nka zimwe z’abagatolika n’abanyesilamu, abahindi n’abanyesilamu, hamwe na zimwe z’abagatolika n’abaporotisanti. Ntibibagira ba bayahudi bicwa mw izina rya Kirisitu, hamwe na ya sentare y’abagatolika yāsesa amaraso. Abo bakuru b’amadini bicana bigeze iyo hose, n’aho bīgira ngo Imana ni yo Se, Shetani si yo se nka ba bafarisayo Yezu yatsindisha? Kubera ko Murwanizi ari we mana y’ivy’iyi si, ntitwokwitega ko ayobora n’amadini y’ab’iyi si? — 2 Ab’i Korinto 4:4; Ivyahishuriwe Yohani 12:9.

10. Dondagura ibigirwa mu madini bitagushimisha.

10 Nta gukeka, muri iki gihe hari ibintu vyinshi udakunda bigirwa mu madini. Urashobora kenshi kwumva nk’abantu bigenza nabi, ariko bakaguma bubahwa mw idini barimwo. Ngira ngo woba uzi n’abakuru b’amadini bafise imigenzo mibi, ariko bakayarekerwamwo ngo bayarōngōre. Mbere bamwe muri bo bavuga ko ubusambanyi bw’abagabo ku bandi canke bw’abagore ku bagore, bo n’ukuryamana kw’abatabiranye ataco bitwaye. Ngira ngo woba uzi ko Bibiliya atari uko ivuga. Imana yahanye Abisirayeli, itako iyogeza abo muri Sodoma na Gomora kubera imingenzo nk’iyo. (Yuda 7) Uko ni ko yimirije kubigirira vuba, idini y’ikinyoma y’iki gihe cacu. Muri Bibiliya, iyo dini igereranywa na maraya kubera ko isambana n’“abami b’isi.” — Ivyahishuriwe Yohani 17:1, 2, 16.

IDINI ISHIMWA N’IMANA

11. Idini ishimwa n’Imana ikwiye kuba imeze ite?

11 Kubera ko Imana idashima amadini yose, dukwiye kwibaza iki kibazo: “Jewe nsenga Imana nk’uko ibishaka?” Twobimenya dute none? Imana ni yo gusa ishobora kwerekana idini y’ukuri. Kugira rero ngo idini yacu ishimwe n’Imana, itegerezwa kuba ishimikiye kuri Bibiliya, Ijambo ry’Imana ry’ukuri. Twari dukwiye gusangira iciyumviro n’uyu mwanditsi wa Bibiliya yanditse ngo: “Imana iboneke ko ari inyakuri, n’iyo umuntu wese yoba ari umubeshi.” — Abaroma 3:3, 4.

12. Ni kuki Yezu yavuze ko idini y’abafarisayo itāshimwa n’Imana?

12 Abafarisayo si uko biyumvīra. Bākurikiza cane ivyiyumviro n’imigenzo yabo kama bakabirutisha Ijambo ry’Imana. Munyuma vyagenze gute? Yezu yababwiye ibi bikurikira: “Mwatituye Ijambo ry’Imana kubw’imigenzo yanyu. Mwa ndyadya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebwe ati: ‘aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n’abantu.’ ” (Matayo 15:1-9; Yesaya 29:13) Ni twaba dushaka gushimwa n’Imana, dutegerezwa kwemeza ko ivyo twemera bidateye kubiri na Bibiliya.

13. Kugira ngo dushimwe n’Imana Yezu yavuze ko dutegerezwa gukora iki?

13 Ntibihagije kuvuga ko twizeye Kirisitu, hanyuma tugakora ivyo twebwe nyene tubona ko ari vyiza. Ni ngombwa ko tumenya ivyo Imana igomba ivyo ari vyo. Yezu yaravyerekanye neza igihe yigishiriza ku musozi ati: “Si umuntu wese amvumereza ati Mwami, Mwami, azokwinjira mu bwami bwo mw ijuru, kiretse ukora ivyo Data wo mw ijuru agomba.” — Matayo 7:21, NW.

14. Ni kuki Yezu ashobora kutwita “abakora ibizira” n’aho twoba dukora ivyiza?

14 N’aho twokora ivyo twiyumvīra ko ari “vyiza,” kandi tukabikora mw izina rya Kirisitu, ariko ntibibe ari vyo Imana igomba, ivyo vyodupfako ubusa. Ntitwoba dutandukanye n’abo Yezu yavuze muri aya majambo akurikira: “Benshi bazombwira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda [amashetani] mw izina ryawe? Ni ho nzobajinjiburira, nti ntaho nigeze mbamenya; mviraho mwa bakora ibizira mwe.” (Matayo 7:22, 23) Vyemere! Turashobora gukora ivyo twiyumvīra ko ari vyiza — kandi bigatuma dushimwa canke tukaratwa n’abandi, ariko tunaniwe gukora ivyo Imana ivuga ko ari vyiza, mu maso ya Yezu Kirisitu twoba turi “abakora ibizira.”

15. Ni kuki ivyo ab’i Beroya bāgize bikwiye kutubera akarorero keza twokurikira?

15 Kubera ko amadini menshi y’ubu adakora ivyo Imana igomba, ntidukwiye gukeka gusa ko inyigisho z’idini turimwo zihuye n’Ijambo ry’Imana. Gukoresha Bibiliya kwonyene ntikwemeza ko ivyo idini yigisha canke imigenzo ikurikiza, vyose biva mw Ijambo ry’Imana. Dukwiye twebwe nyene kwihweza tukamenya ko ari yo biva, canke ko vyoba biva ahandi. Bamwe mu bāba i Beroya, bāraraswe kubera ko kuva aho intumwa Paulo ibigishirije, ntibahengeshanya gutohoza Ivyanditswe, kugira ngo babone ko yababwiye ukuri. (Ivyakozwe n’intumwa 17:10, 11) Idini yemewe n’Imana itegerezwa kuba ihuje na Bibiliya muri vyose; ntibe yemera Ivyanditswe bimwe vya Bibiliya, ibindi ngo ibihakane. — 2 Timoteyo 3:16.

UMWETE WONYENE NTUHAGIJE

16. Ni igiki Yezu yavuze cerekana ko umwete wonyene udahagije kugira ngo umuntu ashimwe n’Imana?

16 Hari uwobaza ati: ‘none umuntu asenganye ubwira bwinshi mw idini arimwo, Imana ntiyomwumvira n’aho iyo dini yoba atari iy’ukuri?’ Ehe raba! Yezu yavuze ko atokwemera “abakora ibizira,” n’aho boba bibaza ko ivyo bakora ari vyiza. (Matayo 7:22, 23) Umwete wonyene rero, na wo nyene ntushobora gushimwa n’Imana. Umusi umwe Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Igihe kigiye kuza, aho uzobica wese azovuga ngo akoreye Imana.” (Yohani 16:2, NW) Abishe abakirisu, hari aho babigiranye ubwira bibaza ko bakoreye Imana kandi atari vyo. Imana ntiyashimishijwe n’ivyo bāgize.

17. Ni igiki Paulo yagize ataraba umukirisu n’aho yari afise umwete mwinshi mu vy’idini?

17 Imbere y’uko Intumwa Paulo iyobokera ubukirisu, yarafashije abishe Sitefano, yongera irondera uburyo bwo kwica abakirisu benshi. (Ivyakozwe n’intumwa 8:1; 9:1, 2) Ngaya amajambo yanditse: “Nahīga ishengero ry’Imana birengeje nkaritikiza. Kandi mu bwoko bwacu, narushije benshi bo mu bo twakuranye kuja imbere mw idini y’abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry’imigenzo twarazwe na basokuruza.” (Ab’i Galatiya 1:13, 14) Egome Paulo yari afise ishaka, ariko ico nticabujije ko idini yiwe itaba iy’ukuri.

18. (a) Igihe Paulo yahama abakirisu yari mw idini iyihe? (b) Ni kuki Paulo n’abandi bantu bo mu gihe ciwe bahinduye idini yabo?

18 Paulo yari mw idini y’abayahudi yari yihakanye Yezu Kirisitu, na yo ica yankwa n’Imana. (Ivyakozwe n’intumwa 2:36, 40; Imigani 14:12) Kugira ngo Paulo yemerwe n’Imana, yategerezwa guhindura idini. Yaranditse kandi, avuga ivyo abayahudi bāri bafitiye Imana ishaka—bāri bakobeje mu gusenga, ariko Imana ntibakunde kubera ko bayisengera mu bujuju, badatahura imigambi yayo. — Abaroma 10:2, 3.

19. Ni igiki cerekana ko ukuri kudashobora kuba mu nyigisho zose z’amadini zitandukanye?

19 Inyigisho z’amadini zinyuranye, ntizishobora zose kuba ari iz’ukuri. Akarorero, umuntu afise ubugingo mu mubiri bubandanya kubaho igihe apfuye, canke ntabwo afise. Isi izokwamaho imyaka yose, canke ntizokwamaho. Imana izozimanganya ubugarariji, canke ntizobuzimanganya. Izo nyigisho hamwe n’izindi nyinshi, ni iz’ukuri, canke si iz’ukuri. Ntibishoboka ko zose ziba iz’ukuri kandi ziteye kubiri. Kwishimira inyigisho bo n’ukuyikurikiza, ntibiyihindura iy’ukuri ni yaba ari iy’ikinyoma.

20. Ku biraba amadini, twoshobora dute gukurikira indondabihugu itazimiza?

20 Wogira iki igihe bokwereka ko ivyo wizeye atari ivy’ukuri? Akarorero: nk’igihe woba ufashe urugendo mu muduga ari bwo bwa mbere ugenda aho hantu; indondabihugu urayifise, ariko nta mwanya waronse wo kuyitegereza. Hari uwakugenekereje inzira ucamwo, nawe uramwizigira. Nk’igihe yoba yihenze, wokwumva umerewe ute none haje uwundi akakwereka ko wazimiye akoresheje ya ndondabihugu yawe? Amanyama n’ubugaba vyotuma wanka kwemera ko wazimiye? Nk’uko usomye muri Bibiliya ugasanga uri mw idini izimiza, ntutebagane guhindura idini n’umutima ubikunze. Va muri iyo nzira y’ikirari ijana mu mahonero, tora inzira yaga ija mu buzima!

UKWIYE GUKORA IVYO IMANA IGOMBA

21. (a) Turetse kumenya ukuri, nta kindi gikenewe? (b) Ni wamenya ko ivyo ukora bidashimisha Imana uzogira iki?

21 Kumenya inyigisho z’ukuri za Bibiliya ni nkenerwa. Ariko izo nyigisho ntaco zokumarira igihe udasenga Imana mu kuri. (Yohani 4:24) Kugendera mu kuri hamwe no gukora ivyo Imana igomba,ivyo ni vyo bihambaye. “Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye,” uko ni ko Bibiliya ivuga. (Yakobo 2:26) Igishimisha Imana, si uko idini yawe ihuza na Bibiliya gusa, ariko kandi ivyo yigisha ubikurikize aho uri hose. Nk’uko umenye yuko ivyo ukora bishisha Imana, woshobora guhinduka utidodomba?

22. Dukurikije idini y’ukuri tworonka imigisha iyihe ubu no mu gihe kizoza?

22 Gukora ivyo Imana igomba kuzoguhesha imigisha myinshi, ubu no mu gihe kizoza. Gusenga mw idini y’ukuri bizotuma uba umuntu mwiza; umuvyeyi nyawe; serugo canke inarugo abikwiye; canke bikugire umwana w’indero. Bizogutoza ingeso z’Imana zizotuma utandukana n’abandi bantu, kubera ko ukora ibigororotse. Bitayeko, bizokuronsa iyindi migisha, nko kubaho ibihe bidashira mu gahimbare, uritera akarisama mw isi nshasha y’Imana izohinduka iparadizo. (2 Petero 3:13) Ntuharīre, idini yawe iri n’ico ivuze koko!

[Ifoto ku rup. 25]

Abakuru b’idini bāgomba kwica Yezu bākorera Imana?

[Amafoto ku rup. 26, 27]

Yezu yavuze yuko abantu benshi bātoye inzira y’ikirari bajana nyabahururu; bake gusa ni bo bari mu nzira yaga ishikana mu buzima

[Ifoto ku rup. 28, 29]

“Bavuga yuko bazi Imana ariko bayihakanisha ivyo bakora.” — Tito 1:16

Ku Rurimi

Mu Bikorwa

[Ifoto ku rup. 30]

Mu bāgandaguje amabuye umwigishwa wa Yezu Sitefano kubera ko idini yiwe yari iteye kubiri n’iyabo, na Paulo yarimwo

[Ifoto ku rup. 33]

Nk’igihe woba uri mu nzira itari yo, amanyama n’ubugaba vyokubuza kuvyemera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika