Imana yoba yemera ubwoko bwose bw’ugusenga?
Inyishu zikunze gutangwa:
▪ “Amadini yose ashikana ku Mana.”
▪ “Ivyo umuntu yemera ntaco bitwaye mu gihe aba ata buryarya abigirana.”
Yezu yabivuzeko iki?
▪ “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjira baciye muri yo; mugabo irembo riraga, n’inzira ijana mu buzima irapfunganye, kandi bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:13, 14) Yezu ntiyemera yuko inzira zose zishikana ku Mana.
▪ “Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe?’. Maze nanje nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.” (Matayo 7:22, 23) Yezu ntiyemera abantu bose bivugisha ko bamukurikira.
ABANTU benshi bakunda ivyo gusenga baraha agaciro cane ivyo bemera be n’imigenzo yabo. Yamara none, bigenda gute igihe izo nyigisho ziba ziteye kubiri n’ivyo dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya? Yezu yarerekanye akaga kari mu gukurikira imigenzo yashinzwe n’abantu igihe yabwira indongozi z’idini zo mu gihe ciwe ati: “Mwatituye ijambo ry’Imana kubera umugenzo wanyu.” Yaciye rero abandanya asubiramwo aya majambo Imana yavuze agira ati: “Aba bantu bantera iteka n’iminwa, yamara umutima wabo uri kure yanje cane. Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari ivyategetswe n’abantu.”—Matayo 15:1-9; Yesaya 29:13.
Ivyo abantu bemera si vyo bihambaye vyonyene, ariko kandi n’inyifato yabo irahambaye. Ku bijanye n’abantu bamwebamwe bivugisha ko basenga Imana, Bibiliya ivuga iti: “Batura icese yuko bazi Imana, mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyabo.” (Tito 1:16) Nkako, Bibiliya iravuga ivyerekeye abantu bo muri kino gihe cacu, iti: “Aho gukunda Imana, bazokunda ibibahimbara. Naho bazokwerekana ko umengo barakunda ivy’idini, idini ryabo ntirizoba ari iry’ukuri. Abantu mwene abo ntihagire ikintu na kimwe muhurirako.”—2 Timoteyo 3:4, 5, Contemporary English Version.
Gukora ibintu ata buryarya birakenewe, ariko ntibihagije. Uti kubera iki? Kubera yuko umuntu ashobora kwihenda n’igihe nyene ata buryarya aba afise. Ku bw’ivyo rero, birahambaye cane ko umuntu agira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana. (Abaroma 10:2, 3) Kwironsa ubwo bumenyi be no gukora duhuza n’ivyo Bibiliya ivuga bizotuma dushobora guhimbara Imana. (Matayo 7:21) Mu vy’ukuri rero, kuba mw’idini ry’ukuri birimwo gukora ibintu ubitumwe n’imvo nziza, kwemera ibintu vy’ukuri be no gukora ivyiza. Gukora ivyiza na vyo bisobanura gukora ivyo Imana igomba ku musi ku musi.—1 Yohani 2:17.
Nimba woshima kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo Bibiliya itubwira ku vyerekeye Imana, nusabe Ivyabona vya Yehova bakugirire inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ataco urinze kuriha.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 9]
Kuba mw’idini ry’ukuri birimwo gukora ibintu ubitumwe n’imvo nziza, kwemera ibintu vy’ukuri be no gukora ivyiza