ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 10 rup. 90-98
  • Amashetani Ari n’Ububasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amashetani Ari n’Ububasha
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ISHETANI YIGIRA SAMWELI YAPFUYE
  • ABAMARAYIKA BIGIZE AMASHETANI
  • UBURYO AMASHETANI AKORESHA MU KUYOVYA ABANTU
  • KURWANYA IBIREMWA BIBI BITABONEKA
  • Nurwanye Inteko z’Ibiremwa vy’Impwemu vy’Ibibisha
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Imizimu—Irashobora Kugufasha? Canke Irashobara Kugutera?
    Imizimu—Irashobora kudufasha? Canke irashobora kudutera?
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 10 rup. 90-98

Ikigabane ca 10

Amashetani Ari n’Ububasha

1. Ni kuki abantu benshi bemera ko bashobora kuvugana n’abapfuye?

ABANTU bahora bavuga ko bāvuganye n’abapfuye. Uwitwa James A. Pike, yapfuye yahora ari umusenyeri w’abapisikopali, yavuze ko yigeze kuganira n’umuhungu wiwe Jim yari yarapfuye. Uyo Pike yavuze ko umuhungu wiwe yamubwiye ngo: “Mpagatiwe n’isinzi ry’abantu, ni nk’uko boba bariko baranterura . . . Nari mu maganya menshi gushika aho nshoboreye kubikumenyesha.”

2. (a) Ni kuki ata muntu ashobora kuvugana n’uwapfuye? (b) Ni ibibazo ibihe umuntu yoca yibaza?

2 Kubera ko ivyo bihora bishika, birumvīkana ko abo bantu bavugana n’ikintu kiba ahantu hataboneka, ariko ntibaganira n’abapfuye. Bibiliya ivuga itomoye iti: “Abapfuye bo ntaco baba bakizi namba.” (Umusiguzi 9:5, NW) Abapfuye ni baba atari bo bavuga, none ni bande bavuga? Ni bande bīgira abantu bapfuye?

3. (a) Ni nde yigira umuntu yapfuye, kandi kubera iki? (b) Ni bande bakunda kuronka inkuru zivuye ku mashetani?

3 Ni amashetani. Ayo mashetani ari yo badayimoni, ni abamarayika bāgararije Imana nka Murwanizi. Ni kuki none yigira abantu bapfuye? Ni ukugira ngo akomeze mu bantu iciyumviro c’uko umuntu adapfa ngo ahere. Ayo masherani, yatumye kandi abantu benshi bemera ko gupfa ari ukwambukira mu bundi buzima. Kugira ngo akwize hose ico kinyoma, akoresha abapfumu, banyamuragura n’abarozi, akababwira inkuru zisa n’izivuye ku bantu bapfuye.

ISHETANI YIGIRA SAMWELI YAPFUYE

4. (a) Ni kuki umwami Sauli yatanguye kwambamba? (b) Ni itegeko irihe ryerekeye abapfumu na banyamuragura Imana yari yarashinze?

4 Hariho akarorero kari muri Bibiliya, aho ishetani yīgize uwavugishwa n’Imana Samweli. Hāri mu mwaka ugira 40 umwami Sauli ari ku ngoma. Inteko zikomeye z’Abafilisiti zari zateye ingabo z’Abisirayeli, Sauli afatwa n’ubwoba bwinshi. Ntiyari ayobewe iki cagezwe c‘Imana: “Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu canke abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya.” (Abalewi 19:31) Ntivyatevye, Sauli aruhira gutera Yehova akagere. Samweli na we, (ico gihe yari akiriho) aca araheba kumugendera. (1 Samweli 15:35) Ico gihe rero ko yari asugerejwe, aca ata ubwenge kubera ko Yehova atari acumviriza ugutakamba kwiwe.

5. (a) Sauli yagiye gusaba imfashanyo he? (b) Uyo mupfumukazi yashoboye kugira iki?

5 Kubera ko Sauli yari ahagaritswe umutima n’ukumenya ibirariye kumushikira, aja kuraguza ku mupfumukazi w’i Endori. Uyo mupfumukazi amudugiriza ikintu kimeze nk’umuntu, hanyuma amaze kumwinganira uko kimeze, Sauli aca avuga ko ari “Samweli.” Nya kintu nyene cigize Samweli kiramubaza giti: “Ni iki gitumye uza kunkoma ukanzura?” Sauli acishura ati: “Ni uko ndi mu kaga, kuko abafilisiti baje kuntera.” Na co gisubizayo giti: “Ubimbarije iki ko [Yehova] yakuretse agahinduka umwansi wawe?” Ico kintu cari cigize Samweli, kibandanya kubwira Sauli ko yoguye mu ntambara arwana n’Abafilisiti. — 1 Samweli 28:3-19.

6. Ni kuki Samweli atāri gushobora kuyaga na Sauli?

6 Nta gukeka, uyo mupfumukazi ntiyari yadugije Samweli. Samweli yari yarapfuye “yisubirira mw ivu ryiwe, uwo musi nyene imigabo yiwe irashira.” (Zaburi 146:4) Wiyumviriye gato, usanga ko iryo jwi ritāri irya Samweli. Kubera ko Samweli yari uwavugishwa n’Imana, yarazirana n’abapfumu. Kandi nk’uko twabibonye, igihe yari akiriho, ntiyari akivugana n’umugarariji Sauli ijambo iryo ari ryo ryose. Ico gihe none yari kwemera ko umupfumu aba ari we abahuza ngo bakebukane? Ikindi kandi: ko Yehova yari yamaze kwanka kuyaga na Sauli, umupfumu ni we yari kumugondoza gushika aho atuma Samweli yamaze gupfa kwa Sauli? Abakiriho ni baba bashobora kuyaga n’abakunzi babo bapfuye, Imana yuzuye urukundo ntiyovuze ko kuja kubaza umupfumu ari “uguhumana.”

7. Imana yihanikirije ite abasavyi bayo kugira ngo ntibagwe mu buja bw’amashetani?

7 Mu vy’ukuri, ico amashetani ashaka ni ukugirira nabi abantu, ni co catumye Yehova abūrira abasavyi biwe kugira ngo abakingire. Usomye ingene Yehova yihanikirije Abisirayeli, uca ubona uburyo amashetani akoresha mu kuyovya abantu. “Muri mwebwe ntihaze haboneke . . . uragura, canke utera amabara, canke umupfumu, canke umurozi, canke umwabuzi, canke uja guhamagara imizimu, canke umumenyi, canke uraguza imizimu, kuko ukora bene ivyo wese aba abaye umuyobe kuri [Yehova.”] (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Twashaka kumenya uburyo ayo mashetani akoresha muri iki gihe kugira ngo agirire nabi abantu, n’ico twogira ngo dushobore kuyīrinda. Ariko imbere y’ukuvyihweza, tubanze turabe iyo yaturutse.

ABAMARAYIKA BIGIZE AMASHETANI

8. (a) Ni bande bandi Shetani yoheje kugira ngo na bo bayobe ku Mana? (b) Bamaze guta amabanga yabo mw ijuru baciye baja he?

8 Muri Edeni, umumarayika umwe yayobeje Eva, aca yigira Shetani, irindi ni Mureganyi. Munyuma, agerageza kugondoza abandi bamarayika ngo na bo bayobe ku Mana, arabigira biramukundira. Bamwe mu bamarayika bata amabanga bari bashinzwe mw ijuru baza kw isi, biyambika imibiri nk’iy’abantu. Raba ingene umwigishwa wa Kirisitu Yuda abivuga: “abamarayika batagumye mu bukuru bwabo, ariko bataye ahantu habo.” (Yuda 6) Icabazanye kw isi ni igiki? Ni icipfuzo ikihe kibi Murwanizi yabashizemwo gushika aho bata amabanga bari bashinzwe mw ijuru?

9. (a) Ni kuki abo bamarayika baje ngaha kw isi? (b) Bibiliya yerekana ite ko ivyo bākoze ari bibi?

9 Bibiliya irabitumenyesha igihe ivuga iti: “Abana b’Imana bitegereje abakobwa b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.” (Itanguriro 6:2) Ego, abo bamarayika bāmbaye imibiri y’inyama, baca baza kw isi kuryamana n’abakobwa b’akaranga. Kuri bo, urukundo bene urwo ntirwari rubereye, bisubiye bwari ubugarariji. Ivyo Bibiliya ibigereranya n’ubusambanyi bw’abagabo ku bandi bwigeze kuba muri Sodoma na Gomara. (Yuda 6, 7) Inkurikizi y’ivyo yabaye iyihe?

10, 11. (a) Abo bamarayika bavyaye abana bameze bate? (b) Mu gihe c’umwuzure ivyo bigatanya vyabaye iki? (c) Ba bamarayika bo vyabagendeye gute?

10 Abo bamarayika bavyarana n’abo bagore abana badasa n’abandi. Abo bana barakura gushika aho baba ibihangange; baba ibigatanya bikora ikibi. Bibiliya ibita “abahizi bo mu gihe ca kera, barurangiranwa.” Abo bahizi bāgerageza kugobera uwo ari we wese, ngo abe umubisha nka bo. Raba ingene Bibiliya ibivuga: “Abona ibibi vy’abantu ingene ari vyinshi mw isi, kandi ko ivyiyumviro vyo mu mitima yabo vyamogoreye gukora ikibi gusa na ntaryo.” (Itanguriro 6:4, 5) Yehova aca azana umwuzure, uhitana vya bigatanya ari vyo “bihangange,” uhitana n’abandi bantu bose bakora ikibi. Ba bamarayika bari baje kw isi bo vyabagendeye gute?

11 Bārarokotse. Baciye bata wa mubiri w’abantu bari biyambitse, basubira mw ijuru ari ibiremwa vy’impwemu. Ariko Imana ntiyabemereye ko basubira mw ikinja ry’abamarayika bayo bera. Ahubwo Bibiliya ivuga iti: “Ko Imana itagiriye ikigongwe abamarayika bakoze ivyaha, ariko ibakororera i kuzimu, ibashira mu vyobo vy’umwiza ngo barindirwe gucirwako iteka.” — 2 Petero 2:4.

12. (a) Abo bamarayika babi aho basubiriye mw ijuru vyabagendeye gute? (b) Ni kuki badashobora gusubira kwiyambika imibiri nk’iy’abantu? (c) Ubu bakora iki none?

12 Abo bamarayika babi ntibatawe mu cobo nyakuri. Ijambo ry’igifaransa “tartare” bahindura nabi ngo “umuriro udahera” muri Bibiliya zimwe zimwe, rishaka kwerekana ko bāmanuwe bacika inkengerwa. Bākuwe mu muco uboneshereza ubwenge bw’abana b’Imana mw ijuru, batabwa mu mwiza ngo barindīrireyo umusi wo guhona agahenebere. (Yakobo 2:19; Yuda 6) Kuva ico gihe c’umwuzure, Imana ntikibakundira ko biyambika umubiri nk’uw’abantu ngo basubire guhumana ku bagore mu buryo butabereye; ariko n’ubu barageramiye abagabo n’abagore. Kanatsinda, Murwanizi “azimiza abari kw isi bose” akoresheje ayo mashetani. (Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Ubusambanyi, ububisha n’ibindi bibi biguma vyongerekana, ni ikimenyetso c’uko twokwama turikanuye ngo ntitugwe mu nzara zayo.

UBURYO AMASHETANI AKORESHA MU KUYOVYA ABANTU

13. (a) Amashetani azimiza abantu ate? (b) Gupfumura ni ukugira iki, kandi Bibiliya ibivugako iki?

13 Twamaze kwiga ko Shetani ari yo “mana y’ivy’iyi si,” ikoresha izi ntwaro n’amadini y’ikinyoma mu guhuma abantu amaso ngo ntibabone ukuri kuri muri Bibiliya. (2 Ab’i Korinto 4:4, NW) Iyindi nzira ihambaye amashetani akoresha mu kuyovya abagabo n’abagore, ni ivy’ubupfumu. Gupfumura ni ukugira iki? Ni ukuvugana n’amashetani imbonankubone, canke biciye ku mupfumu. Gupfumura bituma umuntu aganzwa n’amashetani. Bibiliya iduhanūra ngo twirinde imigenzo yose ifitaniye isano n’ivy’ubupfumu. — Ab’i Galatiya 5:19-21; Ivyahishuriwe Yohani 21:8.

14. (a) Kuragura ni iki? (b) Bibiliya ibivugako iki?

14 Abantu benshi barakunda kuraguza. Kuragura ni ukugerageza kumenya ivya kazoza, canke ikintu kitamenyekana ufashijwe n’ibiremwa bitaboneka. Ivyo bigaragazwa n’ibi umwigishwa wa Kirisitu yanditse: “Duhura n’umwigeme arimwo dayimoni iragura, yari atungishije ba shebuja cane kubw’iyo ndagu.” Intumwa Paulo ikura uyo mwigeme mu buja bw’iyo Shetani, ntiyaba agisubira kuragura. — Ivyakozwe n’intumwa 16:16-19.

15. (a) Dondagura imigenzo imwe imwe yerekeye ubupfumu. (b) Ni kuki ari bibi kwisuka mu vy’ubupfumu?

15 Abantu benshi barijukiye ivy’ubupfumu, kubera ko ari amabanga kandi bitangaje. Barabihurumbira cane, ugasanga bīsutse mu vy’uburozi, mu vy’ukwabura, mu vya maji, mu vy’agatsita n’ibindi vyinshi. Usanga kandi basoma ibitabu bivuga ivy’ubupfumu, baja kurorēra ibikino vya maji, kuraba isenema canke iteleviziyo ivyerekana. Ariko ivyo vyose ni ubujuju ku muntu ashaka gukorera Imana y’ukuri, kandi biramugeramiye. Ubu bimuta mu rudubi, hanyuma na ho akazocibwa n’Imana nk’uko izogirira abo bose bābimogoreye. — Ivyahishuriwe Yohani 22:15.

16. Bibiliya yerekana ite ko abakirisu bategerezwa kurwanya amashetani?

16 N’aho umuntu yoba yirinda ivy’ubupfumu, ntikibuza ko amashetani ashobora kumutera. Ibuka ko Yezu yumvise ijwi rya Shetani yo nyene, rimwosha ngo arenge amategeko y’Imana. (Matayo 4:8, 9) N’abandi bakozi b’Imana nyene bāratewe n’uwo mubisha. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse iti: “Kuko abo tunigana, . . . ni impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” Ivyo ni ukuvuga ko umusavyi w’Imana wese ategerezwa ‘kwambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho vyose biva ku Mana, kugira ngo ntashobore gutsindwa’. (NW) — Abanyefeso 6:11-13.

KURWANYA IBIREMWA BIBI BITABONEKA

17. Wogira iki wumvise “ijwi” rikuvugisha utabona uwo rivako?

17 Wumvise “ijwi” rivuzwe n’ikintu utabona wogira iki? Bite nk’igihe iryo “jwi” ryokwigira nk’iry’incuti yawe yasandavye? Yezu yagize iki igihe “umukuru w’amashetani” yavugana na we? (Matayo 9:34) Yamubwiye ati: “Mvako wa Shetani we!” (Matayo 4:10, NW) Nawe gira nk’uko nyene, canke wambaze Yehova agufashe. Senga n’ijwi rirenga, uvuge izina ry’Imana. Ntiwibagire ko ikomeye kurusha amashetani. Fata nka nkama izo mpanuro, ntutege ugutwi amajwi avugwa n’ico utabona. (Imigani 18:10; Yakobo 4:7) Ivyo si ukuvuga ko uwo wese yumvise “amajwi,” Shetani iba ivuganye na we. Hari aho rimwe rimwe umuntu ashobora kwumva amajwi, biturutse ku ndwara.

18. Ni akarorero akahe k’abakirisu ba mbere b’i Efeso umuntu akwiye gukurikira igihe ashaka kuvavanura n’amashetani?

18 Hari aho woba warigeze kwisuka mu vy’ubupfumu, ubu ukaba ugomba kuvyikuramwo. Wobigenza ute none? Raba aka karorero k’abakirisu ba mbere b’i Efeso. Bamaze kwakira “Ijambo rya Yehova” bashikirijwe n’intumwa Paulo, Bibiliya ivuga iti: “Benshi mu bākora ivy’ubupfumu bakoranya ibitabu vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose.” Ikiguzi cavyo cari intete z’ifeza 50 000! (Ivyakozwe n’intumwa 19:19, 20) Kurikira akarorero k’abo bāhavuye baba abakirisu b’i Efeso. Ni waba ufise ikintu gifitaniye isano n’ivy’ubupfumu, iciza ni ukugiturira n’aho woba wakiguze vyinshi.

19. (a) Abantu benshi bisuka mu vy’ubupfumu ni igiki batazi? (b) Ni twaba dushaka kubaho ibihe bidashira mu gahimbare ngaha kw isi, dutegerezwa kugira iki?

19 Kubera ko ivy’ubupfumu ari amabanga kandi bitangaje, abantu benshi birabashimisha, ugasanga bavyisutsemwo. Benshi muri bo ntibamenya ko bıtaye mu buja bw’amashetani. Si ibikino gusa ataco bitwaye. Amashetani ashobora kugirira nabi abantu, ni inkozi z’ikibi. Igihe Kirisitu atarayarandura ubutazotoha, akora uko ashoboye ngo yigarurire abantu abashire mu buja bwayo. (Matayo 8:28, 29) Ni waba ushaka kubaho ibihe bidashira mu gahimbare ngaha kw isi igihe amashetani atazoba akiharangwa, ni wirinde ivy’ubupfumu vyose.

[Ifoto ku rup. 91]

Umupfumukazi w’i Endori yaganiriye n’igiki?

[Amafoto ku rup. 92, 93]

Abana b’Imana b’abamarayika baritegereje abakobwa b’abantu

[Ifoto ku rup. 94]

Abamarayika bari biyambitse umubiri ntibasomye nturi. Bataye imitumba yabo y’inyama baca basubira mw ijuru

[Ifoto ku rup. 97]

Bibiliya iduhanūra iti: ‘mwirinde ubupfumu ubwo ari bwo bwose.’

[Ifoto ku rup. 98]

Abāyobokeye ubukirisu i Efeso baraturiye ibitabu vyabo vy’ubupfumu — ako ni akarorero keza dukwiye gukurikira muri iki gihe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika