Ikigabane ca 16
Intwaro y’Imana Itangura Kuganza
1. (a) Abantu bafise ukwizera bagumye biteze iki mu myaka myinshi? (b) Ni kuki ubwami bw’Imana bwitwa “igisagara”?
MU MYAKA ibihumbi n’ibihumbi, abantu bizeye intwaro y’Imana bagumye biteze igihe yotanguye kuganza. Akarorero, Bibiliya ivuga ko Aburahamu ya ntahemuka, “yari arorereye igisagara gifise amatanguriro nyayo, igisagara cūbatswe kandi gitegurwa n’Imana.” (Abaheburayo 11:10, NW) Ico “gisagara” ni ubwami bw’Imana. Ni kuki none ngaha bwitwa “igisagara”? Ni uko mu gihe ca kera, abami bakunda kuganza ibisagara. Ni co gituma n’abantu bābona igisagara nk’ubwami.
2. (a) Ni igiki cerekana ko Ubwami utāri umugani ku bakirisu ba mbere? (b) Ni ibiki bāshaka kumenya vyerekeye Ubwami?
2 Abāyobokeye Kirisitu ba mbere, kuri bo ubwami bw’Imana ntiwari umugani. Ivyo bigaragazwa n’uko ivy’inganji yabwo bari bavyitwararitse cane. (Matayo 20:20-23) Ikibazo bāmiza ku muzirikanyi ngiki: Kirisitu n’abigishwa biwe botanguye kuganza ryari? Umusi umwe, igihe Yezu yababonekera inyuma y’izuka ryiwe, bamubajije bati: “Mwami, iki gihe ni ho ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?” (Ivyakozwe n’intumwa 1:6) Wumva nawe unyotewe kumenya igihe Kirisitu yokwimitswe akaba umwami mu ntwaro y’Imana nk’uko abigishwa biwe bari babinyotewe?
INTWARO ABAKIRISU BAMA BASABA
3, 4. (a) Ni igiki cerekana ko Imana yamye igaba ikanganza? (b) Ni kuki none Kirisitu yigishije abigishwa biwe gusaba ko ubwami bw’Imana buza?
3 Kirisitu yigishije abigishwa biwe ngo basabe Imana bati: “Ubwami bwawe ni buze, ivyo ugomba bigirwe kw isi nk’uko bigirwa mw ijuru.” (Matayo 6:9, 10, NW) Hari uwobaza ati: ‘none Yehova Imana ntiyamye ari umwami nyeninganji? Ni yaba yamye aganza, ni kuki twosaba ko ubwami bwiwe buza?
4 Ego ni ko, Bibiliya yita Yehova “Umwami ahoraho.” (1 Timoteyo 1:17) Kandi yongerako iti: “Yehova we nyene yahamangiye intebe yiwe mw ijuru; ubwami bwiwe buganza vyose.” (Zaburi 103:19) Yehova rero yamye ari umutware aruta bose, aganza ibiremwa vyiwe vyose. (Yeremiya 10:10) Mugabo kubera ko ubugarariji bwadutse muri Edeni bwateye inganji yiwe, yaciye ategekanya intwaro nshasha. Iyo ni yo munyuma Yezu yigishije abigishwa biwe gusaba. Iyo ntwaro ifise imigambi yo gukuraho ingorane zazanywe na Shetani umwe Mureganyi, hamwe n’abandi bose bateye akagere inganji y’Imana.
5. Ni bwaba ari ubwami bw’Imana, ni kuki kandi bwitwa ubwami bwa Kirisitu canke ubwa bamwe 144 000?
5 Iyo ntwaro nshasha y’ubwami, ubushobozi hamwe n’uburenganzira bwo kuganza, ibihabwa na Segaba wa vyose Imana Yehova. Ni ubwami bwayo, ni co gituma Bibiliya yama ibwita “ubwami bw’Imana.” (Luka 9:2, 11, 60, 62; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; 15:50) Ariko kubera ko Yehova yatoye Umwana wiwe ngo abe Umutware mukuru, bwitwa kandi ubwami bwa Kirisitu. (2 Petero 1:11) Nk’uko twabibonye mu kigabane twahejeje, hari abantu 144 000 batorwa mw isi, bazofadikanya na Kirisitu kuganza muri ubwo bwami. (Ivyahishuriwe Yohani 14:1-4; 20:6) Bibiliya rero ibwita kandi “ubwami bwabo.” — Daniyeli 7:27, NW.
6. Bamwe bavuga ko ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari?
6 Bamwe bavuga ko ubwo bwami bwatanguye kuganza mu mwaka Yezu yasubira mw ijuru. Bavuga yuko Kirisitu yatanguye kuganza igihe yashungururira impwemu yera ku bigishwa biwe, ku musi mukuru w’abayahudi Pentekoti, mu mwaka wa 33 A.D. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4) Intwaro y’Ubwami Yehova yategekanije ko ikuraho ingorane zose zatewe n’ubugarariji bwa Shetani, ntiyatanguye kuganza muri ico gihe. Nta na kimwe cerekana ko wa ‘mwana w’umuhungu’ ari yo ya ntwaro y’Imana irōngōwe na Kirisitu, yavutse muri ico gihe, aca atangura kuganza. (Ivyahishuriwe Yohani 12:1-10) Hari aho Yezu yoba yaraganza mu bundi buryo mu mwaka wa 33 A.D.?
7. Kuva mu mwaka wa 33 A.D. Kirisitu yatwara bande?
7 Egome, ico gihe ni ho yatangura kuganza ishengero ry’abigishwa biwe bohavuye bifatanya na we mw ijuru. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko igihe bakiri kw isi, bimurirwa mu “bwami bw’Umwana wiwe (Data) akunda.” (Ab’i Kolosayi 1:13) Mugabo iyo nganji canke ubwo “bwami” bwari burōngōye abakirisu bafise icizigiro co kuja kuba mw ijuru, si yo ntwaro y’Ubwami Yezu yigishije abigishwa biwe gusaba. Ubwo ni ubwami buganza abantu 144 000 gusa, bazosangira ingingo na we mw ijuru. Mu myaka amajana n’amajana, abo ni bo yagumye atwara gusa. Iyo ntwaro canke ubwo ‘bwami bw’Umwana wiwe akunda’ rero, buzoherana n’uko uwa nyuma muri abo bantu bafise ikizigizigi co kuja kuba mw ijuru apfuye akamusangayo. Ntibazosubira gutwarwa na Kirisitu, ahubwo bazoca baba abami hamwe na we mu ntwaro y’Ubwami Imana yasezeranye kuva kera.
KWIMIRA MU BANSI
8. (a) Ni igiki cerekana ko inyuma y’izuka rya Kirisitu hotegerejwe kuba igihe co kurindīra ko yimikwa? (b) Igihe co kwimikwa kigeze, Imana yabwiye Kirisitu ngo iki?
8 Igihe Kirisitu asubiriye mw ijuru inyuma y’izuka ryiwe, ntiyaciye yimikwa ngo abe Umwami w’intwaro y’Imana. Ahubwo, hātegerezwa guhera umwanya arindiriye, nk’uko intumwa Paulo ibisigura: “Ariko uwo we (Yezu Kirisitu) [amaze gushikana inkuka imwe y’intahava kubera ivyaha,] avyagira iburyo bw’Imana aheraho arorera igihe abansi biwe bazohindurirwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe.” (Abaheburayo 10:12, 13) Aho igihe kigereye c’uko Kirisitu yimikwa, Yehova yamubwiye ati: “Genda uganze (canke uneshe) hagati mu bansi bawe.” (NW) — Zaburi 110:1, 2, 5, 6.
9. (a) Ni kuki hariho abantu badashaka ubwami bw’Imana? (b) Igihe intwaro y’Imana yafata ubutegetsi, amahanga yaciye agira iki?
9 None biratangaje kwumva ko hari uwoba umwansi w’intwaro y’Imana? Si abantu bose bipfuza kuba mu ntwaro isaba ko abanyagihugu bose bakora ibitunganye. Ni co gituma Bibiliya imaze kwigana uko Yehova n’Umwana wiwe bofashe ubutegetsi, yongerako iti: “Kandi amahanga araraka.” (Ivyahishuriwe Yohani 11:15, 17, 18) Amahanga ntaha ikaze intwaro y’Imana, kubera ko Shetani iyayovya agaca arwanya iyo ntwaro.
10, 11. (a) Igihe intwaro y’Imana yafata ubutegetsi, mw ijuru haciye haba iki? (b) Kw isi na ho haciye haba iki? (c) Ni iciyumviro ikihe c’ingirakamaro none twogumiza ku muzirikanyi?
10 Igihe intwaro y’Imana yafata ubutegetsi, Shetani n’abamarayika bayo bari bakiri mw ijuru. Kubera ko barwanya inganji y’ubwo Bwami, buno nyene haciye haduka intamabara, hanyuma Shetani n’abamarayika bayo birukanwa mw ijuru. Haca rero humvikana ijwi rirenga rivuga riti: “Noneho agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kirisitu wayo.” Egome, intwaro y’Imana yarafashe ubutegetsi! Shetani n’abamarayika bayo barirukanywe mw ijuru, abariyo barahimbarwa. “Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo!” Uko ni ko Bibiliya ivuga. — Ivyahishuriwe Yohani 12:7-12.
11 Kw isi na ho cari igihe c’uguhimbarwa? Haba n’intete! Haciye haba amarushwa atigeze abaho. Bibiliya itubwira iti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuko [Shetani] yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuriwe Yohani 12:12) Gumiza ibi ku muzirikanyi: n’aho ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza, ivyo ntivyerekana ko amahoro n’umutekano bica bisasagara kw isi. Amahoro nyakuri azoza mumyuma, igihe ubwami bw’Imana buzoba bwiyagamvya bwonyene mw isi. Ni ukuvuga ca “gihe gito” giheze, Shetani n’abamarayika bayo bakabohwa, ntihabe hakigira uwo bashobora guta mu rudubi.
12. Ni kuki dushobora kwizera ko Bibiliya yotumenyesha igihe ubwami bw’Imana butangura kuganza?
12 Shetani yirukanywe mw ijuru ryari aca atangura gutera amarushwa kw isi azomara “igihe gito”? Intwaro y’Imana yatanguye kuganza ryari? Hari inyishu Bibiliya itanga? Twizeye ko yoyitanga. Kuki? Kubera ko yērekanye igihe Umwana w’Imana yoziye kw isi ari umuntu kugira ngo abe Mesiya, hasigaye imyaka myinshi ngo ivyo bibe. Nkako, yaradomye urutoke kuri uyo mwaka nyena yasīgwa aba Mesiya. Bite none ku vyerekeye kuza guhambaye kwa Mesiya ari we Kirisitu, agatangura kuganza mu Bwami? Birumvikana ko tutobura kwizigira ko Bibiliya itumenyesha igihe ivyo na vyo vyobereye.
13. Bibiliya imenyesha ite umwaka Mesiya yabonetse kw isi?
13 Ariko hari uwobaza ati: ‘ni hehe Bibiliya yerekana umwaka Mesiya yobonetse kw isi?’ Igitabu ca Bibiliya canditswe na Daniyeli cishura giti: “Uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yeruzalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocaho amayinga indwi; maze habeho ayandi mayinga mirongo itandatu n’abiri.” Yose hamwe, aca aba amayinga 69. (Daniyeli 9:25) Ayo rero si amayinga buyinga 69 afise imisi 483 gusa, canke arenze gato umwaka umwe. Ni amayinga 69 y’imyaka, canke imyaka 483. (Gereranya no muri Guharūra 14:34) Itegeko ryo kuvyura no kwubaka impome za Yeruzalemu ryashinzwe mu mwaka wa 455 B.C.a (Nehemiya 2:1-8) Ayo mayinga 69 y’imyaka rero, yashize haheze imyaka 483, mu mwaka wa 29 A.D., uwo ukaba ari wo mwaka nyene Yezu yaja kwa Yohani ngo amubatize! Muri ako kanya aba asīzwe impwemu yera, aca aba Mesiya canke Kirisitu. — Luka 3:1, 2, 21-23.
INTWARO Y’IMANA YATANGUYE KUGANZA RYARI?
14. “Igiti” co muri Daniyeli ikigabane ca kane kigereranya iki?
14 Aho Bibiliya yerekana umwaka Kirisitu yatanguriyeko kuganza mu ntwaro y’Imana ho ni he? Ni muri ico gitabu ca Bibiliya nyene canditswe na Daniyeli. (Daniyeli 4:10-37) Havugwa igiti c’inganzamarumbu, ubushorishori bwaco bukora kw ijuru, cagereranya Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni. Yari umwami w’agakomeye muri ico gihe. Ariko Nebukadinezari yemejwe ku nguvu ko hari uwundi mwami w’agakomeye kumurusha ari ku ngoma. Uwo mwami ni “Isumba vyose,” canke “Umwami w’ijuru,” Imana Yehova. (Daniyeli 4:34, 37) Mu buryo nyabwo rero, ico giti gikora kw ijuru kigereranya inganji iruta zose y’Imana, cane cane uyigereranije n’iyi si yacu. Hari igihe inganji y’Imana yaserukirwa n’ubwami bw’Abisirayeli. Ico gihe abami bo mu bwoko bwa Yuda batwara Abisirayeli, bāvugwa ko “bavyagiye ku ntebe y’ubwami ya Yehova.” — 1 Ngoma 29:23.
15. Ico “giti” ciciwe ryari, kandi ni kuki caciye gihambirwa?
15 Dukurikije uko Bibiliya ibitwiganira muri Daniyeli ikigabane ca kane, ico giti kirekire cariciwe, igishitsi caco gisigara i kuzimu, gitubikishwa ivyuma n’imiringa. Ivyo bihambirizo vyokibujije gutoha, gushika igihe c’uko Imana igihamburura kigeze, ikakireka ngo gisubire gukura kandi. Inganji y’Imana yiciwe gute, kandi ryari?
16. (a) Inganji y’Imana yiciwe gute, kandi ryari? (b) Umwami wa nyuma w’i Yudaya yicaye ku “ntebe y’ubwami ya Yehova” yabwiwe iki?
16 Ubwami bw’i Yudaya Yehova yari yāshinze, bwarononekaye gushika aho agomora Umwami Nebukadinezari ngo abugeseze canke abwicire. Ivyo vyabaye mu mwaka wa 607 B.C. Ico gihe, umwami wa nyuma yicaye ku ntebe y’ubwami ya Yehova yabariwe ati: “Iyambure urugori; . . . ivyo na vyo ntibizogira nyene vyo gushika aho uwubikwiye azozira, nanje ntegerezwa kubimuha.” (NW) — Ezekiyeli 21:25-27.
17. Ni igihe ikihe catanguye mu mwaka wa 607 B.C.?
17 Inganji y’Imana rero nk’uko igereranywa n’ico “giti,” yiciwe mu mwaka wa 607 B.C. Nta ntwaro n’imwe yari igiserukira inganji yayo kw isi. Mu 607 rero ni ho hatangura igihe Yezu yise munyuma “ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga,” canke “ibihe vy’abapagani.” (Luka 21:24, NW) Muri ivyo “bihe vyashinzwe,” Imana ntiyagira intwaro yo guserukira inganji yayo ngaha kw isi.
18. Ni igiki categerezwa gushika “ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” birangiye?
18 Hāri gutegerezwa kuba iki ivyo “bihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” birangiye? Yehova yategerezwa guha “Uwari abikwiye,” ububasha bwo kuganza. Uwo rero ni Yezu Kirisitu. Ni twatora igihe “ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” vyahereye, duca dutora n’igihe Kirisitu yimiye atangura kuganza.
19. Intwaro y’Imana yohagaritswe kuganza ngaha kw isi mu “bihe” bingahe?
19 Dukurikije Daniyeli ikigabane ca kane, ivyo “bihe vyashinzwe” vyoba “ibihe indwi.” Daniyeli yerekana ko hobaye “ibihe indwi,” muri ivyo intwaro y’Imana igereranywa na ca “giti” itobaye ikiganza ngaha kw isi. (Daniyeli 4:16, 23) Ivyo “bihe indwi” bingana iki?
20. (a) “Igihe” kimwe kingana gute? (b) “Ibihe indwi” vyo bingana gute? (c) Ni kuki umusi tuwuharūra nk’umwaka?
20 Mu Vyahishuriwe Yohani ikigabane ca 12 umurongo wa 6 n’uwa 14, dusoma ko imisi 1 260 ingana “n’igihe (ni ukuvuga igihe 1), n’ibihe (ni ukuvuga ibihe 2), n’igice c’igihe.” Vyose hamwe ni ibihe 31/2. “Igihe” rero congana n’imisi 360. “Ibihe indwi” rero vyobaye 7 kugwiza 360, canke imisi 2 520. Ubu na ho dufashe umusi nk’umwaka nk’uko Bibiliya ibitwereka, “ibihe indwi” bica bingana n’imyaka 2 520. — Guharūra 14:34; Ezekiyeli 4:6.
21. (a) “Ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” vyatanguye ryari kandi vyaheze ryari? (b) Intwaro y’Imana yatanguye kuganza ryari? (c) Ni kuki n’ubu bigikwiye ko dusaba ngo ubwami bw’Imana buze?
21 Twamaze kwiga ko “ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” vyatanguye mu mwaka wa 607 B.C. Kuva ico gihe duharūye imyaka 2 520, idushikana ku mwaka wa 1914 A.D. Muri uwo mwaka ni ho “ibihe vyashinzwe” vyashira. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakiriho ubu baribuka ivyabaye muri wo. Ni ho indwano ya mbere y’isi yose yugururira amarushwa n’umubabaro, vyagumye vyongerekana gushika n’ubu. Ivyo vyerekana rero ko mu 1914 ari ho Kirisitu yimye, atangura kuganza mu ntwaro y’Imana iri mw ijuru. Kubera ko Ubwami bwatanguye kuganza, ese ukuntu hageze ko tubusaba ngo “buze,” buzimanganye ivy’iyi si mbi ya Shetani! — Matayo 6:10; Daniyeli 2:44.
22. Ni ikibazo ikihe abantu bashobora kubaza?
22 Ariko umuntu yobaza ati: ‘Kirisitu ni yaba yaramaze kugaruka akaganza mu bwami bwa Se, ni kuki none tutamubona?’
[Akajambo k’epfo]
a Kugira ngo uronke mu vyabaye icemeza ko iryo tegeko ryashinzwe mu mwaka wa 455 B.C. raba umutwe “Artaxerxès” mu gitabu citwa Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible canditswe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
[Igicapo ku rup. 140, 141]
Mu mwaka wa 607 B.C. ni ho ubwami bw’Imana bw’i Yudaya bwatembagazwa.
Mu mwaka wa 1914 A.D. ni ho Yezu Kirisitu yimikwa aba umwami w’intwaro y’Imana yo mw ijuru.
607 B.C. — 1914 A.D.
Kuva muri Gitugutu 607 B.C. gushika muri Gitugutu 1 B.C. = ni imyaka 606
Kuva muri Gitugutu 1 B.C. gushika muri Gitugutu 1914 A.D. = ni imyaka 1914
IBIHE INDWI VY’ABAPAGANI BINGANA = N’IMYAKA 2 520
[Ifoto ku rup. 134]
“Iki gihe ni ho ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?”
[Ifoto ku rup. 139]
Igiti c’inganzamarumbu kiri muri Daniyeli ikigabane ca kane, kigereranya inganji y’Imana. Hariho igihe iyo nganji yaserukirwa n’abami bātwara i Yudaya
[Ifoto ku rup. 140, 141]
Ico giti cīciwe igihe ubwami bw’i Yudaya bwatembagazwa