ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/7 rup. 4-7
  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibintu ibihe bituma ubwo Bwami buba ubuhambaye?
  • Ubwami butangura kuganza
  • “Ubgami bgawe buze”
  • Intwaro y’Imana Itangura Kuganza
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • 1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/7 rup. 4-7

Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose

YEZU KIRISITU yigishije abayoboke biwe ati: “Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:9, 10). Iryo sengesho, iryo benshi bita igisabisho ca Dawe wa twese, rirasigura umugambi w’Ubwami bw’Imana uwo ari wo.

Izina ry’Imana rizokwezwa biciye kuri ubwo Bwami. Rizokurwako iceyi cose ryasizwe biturutse ku bugarariji bwa Shetani n’abantu. Ico kintu kirahambaye cane. Ibiremwa vyose bifise ubwenge bigira agahimbare igihe vyemera ko izina ry’Imana ari ryeranda bikongera bikemera n’umutima ukunze ko Imana ari yo ifise uburenganzira bwo kuganza.​—Ivyahishuriwe 4:11.

Vyongeye, ubwo Bwami bukora kugira ngo ‘ivyo [Imana] igomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru’. None ivyo Imana igomba ni ibihe? Ni ugusubira kugiranira n’abantu ubucuti Adamu yatakaje. Ubwo Bwami buzoshitsa kandi umugambi Segaba w’ibiriho vyose Yehova afise, uwo na wo ukaba ari uguhindura isi Iparadizo aho abantu beza bazoshobora kwibera ibihe bidahera. Si ivy’imbeshere, Ubwami bw’Imana buzokuraho amabi yose yakwezwe n’icaha c’inyanduruko, butume n’umugambi uranga urukundo Imana ifitiye isi uranguka vy’ukuri (1 Yohana 3:8). Mu bisanzwe, ubwo Bwami be n’ivyo buzoshikako ni vyo bintu nyamukuru bivugwa muri Bibiliya.

Ni ibintu ibihe bituma ubwo Bwami buba ubuhambaye?

Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko ifise ububasha bukomeye. Umuhanuzi Daniyeli yaraduciriye agace ku bijanye n’ububasha bw’ubwo Bwami. Yavuze kuva kera ati: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami . . . buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’[abantu]”. Vyongeye, ubwo Bwami buratandukanye n’intwaro z’abantu, izagiye zirashingwa zongera zishingurwa kuva kera na rindi, kuko bwo “butazokwigera buhangūra” (Daniyeli 2:44). Si ivyo gusa, ubwo Bwami burarengeye muri vyose intwaro zose z’abantu.

Ubwami bw’Imana butwarwa n’Umwami ahambaye. Zirikana uwo Mwami uwo ari we. Mu vyo Daniyeli ‘yeretswe mu ndoto’, yabonye Umutware w’Ubwami bw’Imana “[a]sa n’Umwana w’umuntu” azanywe imbere y’Imana Mushoboravyose aca ahabwa “inganji n’icubahiro n’ubgami” bitazovaho (Daniyeli 7:1, 13, 14). Uwo Mwana w’umuntu si uwundi atari Yezu Kirisitu ari we Mesiya (Matayo 16:13-17). Yehova Imana yaragenye Umwana wiwe Yezu ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe. Igihe Yezu yari kw’isi yabwiye Abafarizayo b’ababisha ati: “Ubgami bw’Imana buri muri mwebge”, akaba yashaka kuvuga yuko we, uwobaye Umwami w’ubwo Bwami yari muri bo.​—Luka 17:21.

Ni nde muntu ashobora kwerekana ko afise ivyemeza yuko ari we Mutegetsi abikwiriye nka Yezu? Yezu yaramaze kwerekana mu buryo butagira agahaze ko ari we Ndongozi igororotse, yo kwizigirwa kandi ifise impuhwe. Injili zidondora ko Yezu yari umuntu w’umunyabikorwa kandi w’igishika kirimwo ikibabarwe n’inyiyumvo bigera kure (Matayo 4:23; Mariko 1:40, 41; 6:31-34; Luka 7:11-17). N’igihambaye kuruta, Yezu uwazutse, ntashobora gupfa kandi ntameze nk’abantu bobo usanga hariho ivyo badashobora.​—Yesaya 9:6, 7.

Yezu hamwe n’abo bafatanya kuganza, bategeka bari mu kibanza kiri hejuru y’ibindi vyose. Mu vyo Daniyeli yeretswe mu ndoto, yarabonye kandi ‘ubwami n’inganji bigabirwa ubwoko bw’abera’ (Daniyeli 7:27). Yezu ntaganza ari we nyene. Hariho abandi bafatanya na we kuganza ari abami n’abaherezi (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 20:6). Yohani yanditse ku biberekeye ati: “Mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine . . . bācunguwe ngo bakūrwe mw isi”.​—Ivyahishuriwe 14:1-3.

Uwo Mwagazi w’Intama ni Yezu Kirisitu ari mu kibanza ciwe c’Ubwami (Yohana 1:29; Ivyahishuriwe 22:3). Uwo Musozi Siyoni na wo ugereranya ijurua (Abaheburayo 12:22). Yezu be na bamwe 144.000 bafatanya na we, baganza bari mw’ijuru. Ese ukuntu ikibanza baganza barimwo kiri hejuru y’ibindi vyose! Kuba bari mw’ijuru bituma babona ibintu mu buryo bugera kure. Kubera yuko ijuru ari co kibanza “ubgami bg’Imana” burimwo, bwitwa kandi “ubgami bgo mw ijuru” (Luka 8:10; Matayo 13:11). Nta birwanisho, eka mbere na vya bitero bigirwa hakoreshejwe ibirwanisho ruhonyanganda, bishobora gushikira iyo ntwaro yo mw’ijuru ngo biyisenyure. Ubwo Bwami ntibuzokwigera bunyiganyizwa kandi buzoshitsa umugambi Yehova yabugeneye.​—Abaheburayo12:28.

Ubwami bw’Imana burafise kw’isi ababuserukira b’abizigirwa. Uti ivyo tubimenya gute? Muri Zaburi 45:16 hagira hati: “Uzoshiraho . . . abaganwa mu gihugu cose”. Uwuvugwa muri ubwo buhanuzi ko azoshiraho abaganwa ni Umwana w’Imana (Zaburi 45:6, 7; Abaheburayo 1:7, 8). Ku bw’ivyo, Yezu Kirisitu ni we agena abaganwa baserukira ubwo Bwami. Turashobora guhera amazinda yuko bazoba ari abantu bakurikiza ubuyobozi abaha badahemuka. No muri iki gihe, abagabo bazi utuntu n’utundi b’abakurambere mw’ishengero rya gikirisu barigishwa, atari kugira ngo ‘batwaze amanyama’ abo basangiye ukwizera, ariko kugira ngo babakingire, babaruhure bongere babahumurize.​—Matayo 20:25-28; Yesaya 32:2.

Abatwarwa b’ubwo Bwami ni abagororotsi. Mu nyonga z’Imana baratunganye kandi n’abagororotsi (Imigani 2:21, 22). Bibiliya ivuga iti: “Abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara” (Zaburi 37:11). Abatwarwa b’ubwo Bwami ni abagwaneza, ni ukuvuga abantu boroshe kwigisha kandi bicisha bugufi, batekereza kandi bameze neza. Ivy’Imana ni vyo bintu nyamukuru bashira imbere y’ibindi (Matayo 5:3). Bipfuza gukora ibigororotse kandi baremera kuyoborwa n’Imana.

Ubwami bw’Imana bugengwa n’amategeko ari hejuru y’ayandi yose. Amategeko be n’ingingo ngenderwako bigenga ubwo Bwami biva kuri Yehova Imana ubwiwe. Aho kudukandamiza, biratugirira akamaro (Zaburi 19:7-11). Abantu benshi baramaze kwungukira ku kubaho bisunga ivyo Yehova asaba bigororotse. Nk’akarorero, gukurikiza impanuro Bibiliya iha abagabo, abakenyezi be n’abana biratuma imiryango yacu irushiriza kumera neza (Abanyefeso 5:33–6:3). Igihe tugamburutse rya tegeko ridusaba ‘kwambara urukundo’, ubucuti tugiranira n’abandi buca burushiriza gukomera (Ab’i Kolosayi 3:13, 14). Kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, biratuma tumenyera gukora tukagira n’uburimbane mu vy’amahera (Imigani 13:4; 1 Timoteyo 6:9, 10). Kwirinda akaborerwe, ubuhumbu, kunywa itabi no kunywa ibiyayuramutwe, biradufasha gukingira amagara yacu.​—Imigani 7:21-23; 23:29, 30; 2 Ab’i Korinto 7:1.

Ubwami bw’Imana ni intwaro yashinzwe n’Imana. Umwami wabwo Mesiya ari we Yezu Kirisitu be n’abo bose bafatanya na we kuganza, barumvira Imana mu gushigikira amategeko yayo atunganye be n’ingingo ngenderwako zayo ziranga urukundo. Abatwarwa b’ubwo Bwami ushizemwo n’ababuserukira ngaha kw’isi, barahimbarwa no kubaho bisunga amategeko y’Imana. Gutyo, abo bategetsi be n’abo batwarwa, Imana ni yo bashira mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. Ku bw’ivyo, ubwo Bwami ni tewokarasi nyakuri irongowe n’Imana koko. Nta nkeka ko buzoshitsa umugambi watumwe bushirwaho. Ariko none, ubwo Bwami bw’Imana ari na bwo bwitwa Ubwami burongowe na Mesiya, bwotanguye kuganza ryari?

Ubwami butangura kuganza

Ikintu nyamukuru kidufasha kumenya igihe intwaro y’ubwo Bwami yotanguriye, tugisanga mu majambo ya Yezu. Yavuze ati: “Yerusalemu hazosīribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ibihe [“vyashinzwe”, NW] vy’abanyamahanga bizoshirira” (Luka 21:24). Yeruzalemu cari co gisagara conyene kw’isi yose citirirwa izina ry’Imana (1 Abami 11:36; Matayo 5:35). Ni co cari umurwa mukuru w’ubwami bwo kw’isi Imana yemera. Nya gisagara cosiribanzwe n’abanyamahanga mu buryo bw’uko ubutegetsi bw’Imana burongoye abasavyi bayo bwo baye burahagaritswe, hagategeka intwaro z’isi. None ivyo vyotanguye ryari?

Umwami wa nyuma yavyagiye ku ntebe y’ubwami yashinzwe na Yehova i Yeruzalemu, yabwiwe ati: “Kūra umugāra, wiyambure igitsibo; . . . ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo azozira; nanje nzobimuha” (Ezekiyeli 21:25-27). Igitsibo cabwirizwa gukurwa ku mutwe w’uwo mwami hanyuma ubutegetsi bw’Imana burongoye abasavyi bayo na bwo bukaba burahagaritswe. Ivyo vyashitse mu 607 B.G.C. igihe Abanyababiloni basangangura Yeruzalemu. Mu kiringo c’ivyo “bihe vyashinzwe”, Imana ntiyobaye igifise kw’isi intwaro iserukira ubutegetsi bwayo. Ivyo bihe birangiye, ni ho gusa Yehova yohaye “nyenevyo” ari we Yezu Kirisitu, ububasha bwo kuganza. None ivyo bihe vyashinzwe vy’abanyamahanga vyomaze ikiringo kingana iki?

Ubuhanuzi bumwe bwo mu gitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli, buvuga buti: “Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’imiringa . . . gushitsa ibihe ndwi bigikūranirw[e]ko” (Daniyeli 4:23). Nk’uko tuza kubibona, ivyo “bihe ndwi” bivugwa muri ico canditswe bingana na vya “bihe vyashinzwe vy’abanyamahanga”.

Rimwe na rimwe Bibiliya iravuga ibiti ishaka kuvuga abantu, abategetsi be n’ubwami (Zaburi 1:3; Yeremiya 17:7, 8; Ezekiyeli, ikigabane ca 31). Ico giti c’ikigereranyo “[ca]bonwa n’abo ku mpera y’isi yose” (Daniyeli 4:11). Rero, ubwo butegetsi bwakuze bugashika “ku mpera y’isi” bugereranywa n’ico giti cokwiciwe kikongera kigahambirwa, buganza ubwami bwose bw’abantu (Daniyeli 4:17, 20, 22). Ku bw’ivyo rero, ico giti kigereranya ubutegetsi kaminuza bw’Imana, na canecane ku biraba isi. Ubwo butegetsi bwaramaze igihe kinaka butwara biciye ku bwami Yehova yashizeho ngo burongore ihanga rya Isirayeli. Ico giti c’ikigereranyo cari kwicirwa maze igishitsi caco kigahambirizwa ivyuma n’imiringa kugira ngo ntikinage. Ivyo vyerekana yuko ubwami bwaserukira ubutegetsi bw’Imana kw’isi bwari guhagarikwa, ivyo bikaba vyashitse mu 607 B.G.C. Ariko ntiwumve, ntivyobandanije gutyo ibihe vyose. Ico giti cogumye kiboshe gushika “ibihe ndwi” biheze. Ico kiringo kirangiye, Yehova yohaye ubutegetsi samuragwa abikwiriye, ari we Yezu Kirisitu. Mu vy’ukuri, ivyo “bihe ndwi” be n’“ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” vyerekeza ku kiringo kimwe.

Bibiliya iradufasha kumenya ukuntu ivyo “bihe ndwi” bireha. Imisi 1.260 ingana n’“igihe [igihe kimwe] n’ibihe [ibihe bibiri, mu bwinshi] n’igice c’igihe”, ni ukuvuga “ibihe” bitatu n’igice (Ivyahishuriwe 12:6, 14). Ivyo bisigura yuko ufashe ivyo bihe bitatu n’igice ukabigwiza na kabiri, ari vyo bihe ndwi, bingana n’imisi 2.520.

Duharuye imisi nya misi 2.520 kuva mu 607 B.G.C. bidushikana mu 600 B.G.C. Ariko rero, ivyo bihe ndwi vyamaze igihe kirekire cane kuruta aho. Vyari bikibandanya igihe Yezu yavuga ibijanye n’“ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga”. Ni co gituma ivyo bihe ndwi biharurwa mu buryo bw’ubuhanuzi. Ku bw’ivyo, dutegerezwa gukurikiza uburyo buvugwa mu Vyanditswe bw’uko ‘umusi uhwana n’umwaka’ (Guharūra 14:34; Ezekiyeli 4:6). Uca wumva rero ko ivyo bihe ndwi isi yamaze iriko iratwarwa n’inganji nganzasi Imana itabirimwo, vyamaze imyaka 2.520. Duharuye imyaka 2.520 kuva mu 607 B.G.C. bica bidushikana mu 1914 G.C. Uwo ni wo mwaka vya “bihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” ari vyo bihe ndwi vyarangiriyeko. Ivyo bisigura yuko Yezu Kirisitu yatanguye kuganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana mu 1914.

“Ubgami bgawe buze”

Ko Ubwami burongowe na Mesiya bwamaze gushingwa mw’ijuru, twoba dukwiye kubandanya gusenga dusaba ngo buze nk’uko Yezu yavyigishije muri rya sengesho ry’akarorero (Matayo 6:9, 10)? Cane nyene! Gusaba ko ubwo Bwami buza birabereye kandi biracafise insobanuro ikomeye. Ubwami bw’Imana bugiye gukoresha ububasha bwabwo bwose ku bijanye n’isi.

Ese imihezagiro abantu b’intahemuka bazokwironkera ivyo nivyashika! Bibiliya ivuga iti: “Imana ubgayo izobana na bo. . . . Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize” (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Ico gihe, “uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye” (Yesaya 33:24). Abantu bahimbara Imana bazokwironkera ubuzima budahera (Yohana 17:3). Magingo tukirindiye ko ubwo buhanuzi be n’ubundi bwiza igitangaza bwo muri Bibiliya buranguka, nimuze ‘tubanze twitwararike Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo’.​—Matayo 6:33.

[Akajambo k’epfo]

a Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yarigaruriye umunara ukomeye w’Abayebusi wari ku Musozi Siyoni, maze awugira umurwa w’ubwami bwiwe (2 Samweli 5:6, 7, 9). Vyongeye, yarimuriye Isandugu ryeranda muri ico kibanza (2 Samweli 6:17). Kubera ko iryo Sandugu ryagereranya ukuhaba kwa Yehova, Siyoni rero cari nk’ikibanza Imana ibamwo, bikaba bibereye ko hagereranya ijuru.​—Kuvayo 25:22; Abalewi 16:2; Zaburi 9:11; Ivyahishuriwe 11:19.

[Iciyumviro ku rup. 4]

Yehova yaragenye Yezu Kirisitu ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe

[Igicapo/Amafoto ku rup. 6]

Imyaka 2.520

Gitugutu 607 ◀ B.G.C. G.C. ▸ Gitugutu 1914

Imyaka 606 n’amezi atatu Imyaka 1.913 n’amezi icenda

“Ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga” vyatanguye mu 607 B.G.C. birangira mu 1914 G.C.

[Ifoto ku rup. 7]

Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bo kw’isi bazokwironkera imihezagiro myinshi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika