Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* y’abahungu ba Kora+. Bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Amalisi.» Ni indirimbo y’urukundo.
45 Umutima wanje uraryohewe cane kubera ikintu ciza.
Ngira ndirimbe* ivyerekeye umwami+.
Ese ururimi rwanje rwoba nk’ikaramu*+ y’umwanditsi* w’umuhanga+.
2 Ewe mwami, uri mwiza kuruta abandi bantu bose.
Amajambo ava mu kanwa kawe ni ay’igikundiro+.
Ni co gituma Imana yaguhezagiye ibihe vyose+.
4 Mu bwiza bwawe buhebuje, nugende ugana ku ntsinzi*+.
Gendera kw’ifarasi urwanire ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi+,
kandi ukuryo kwawe kuzokora* ibintu biteye akoba.
5 Imyampi yawe irasongoye kandi ituma amahanga agwa imbere yawe+.
Itobekeranya abansi b’umwami mu mitima+.
7 Wakunze ubugororotsi+, wanka ububisha+.
Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje+ amavuta* y’umunezero+ kuruta bagenzawe.
8 Impuzu zawe zose zimota imira*, ingagari n’umubagabaga.
Umuziki w’ibicurarangisho vyo ku kirimba cawe gisharijwe n’amasenge* uraguhimbara.
9 Abakobwa b’abami bari mu bagore b’iteka bo ku kirimba cawe.
Umwamikazi ahagaze iburyo bwawe, yambaye inzahabu z’i Ofiri+.
10 Nyumviriza mukobwa wanje, untege ugutwi.
Niwibagire ab’iwanyu hamwe n’inzu ya so wawe.
13 Imbere mu kirimba, umukobwa w’umwami arasayangana.
Impuzu ziwe ziriko udusharizo tw’inzahabu.
14 Bazomuzanira umwami yambaye impuzu zijishwe neza*.
Abigeme* bamuherekeje bazobazana imbere y’umwami.
15 Bazobazana mu munezero n’akanyamuneza,
maze binjire mu kirimba c’umwami.
16 Abahungu bawe bazoja mu kibanza ca ba sokuruza bawe.
Uzobagira abatware* kw’isi yose+.
17 Nzomenyekanisha izina ryawe ibihe vyose*+.
Ni co gituma amahanga azokuninahaza gushika ibihe bidahera.