ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 31
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ugutemba kwa Misiri, rya sederi rirerire (1-18)

Ezekiyeli 31:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 46:2; Ezk 29:2

Ezekiyeli 31:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 2:8; Ezk 28:12, 13

Ezekiyeli 31:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «wabaye muremure.»

Ezekiyeli 31:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 30:10, 11; Hab 1:6

Ezekiyeli 31:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:5, 6

Ezekiyeli 31:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 29:5; 32:4

Ezekiyeli 31:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu mva.»

Ezekiyeli 31:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu mva.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 31:9

Ezekiyeli 31:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:18, 20
  • +Ezk 30:6; 32:31

Ezekiyeli 31:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 31:9; 32:19

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 31:2Yr 46:2; Ezk 29:2
Ezk. 31:8It 2:8; Ezk 28:12, 13
Ezk. 31:11Ezk 30:10, 11; Hab 1:6
Ezk. 31:12Ezk 32:5, 6
Ezk. 31:13Ezk 29:5; 32:4
Ezk. 31:16Ezk 31:9
Ezk. 31:17Ezk 32:18, 20
Ezk. 31:17Ezk 30:6; 32:31
Ezk. 31:18Ezk 31:9; 32:19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 31:1-18

Ezekiyeli

31 Mu mwaka ugira 11, mu kwezi kugira gatatu, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, bwira Farawo umwami wa Misiri n’amasinzi yiwe+ uti:

“Ni nde ahambaye nkawe?

 3 Harabayeho Umwashuri, isederi i Libani.

Ryari rifise amashami meza nk’igisaka gitanga igitutu, rikaba rirerire mu gihagararo.

Ubushorishori bwaryo bwagera mu bicu.

 4 Amazi yatumye rikura, amasoko y’amazi agera epfo atuma riba rirerire.

Irya n’ino y’aho ryari ritewe hari imigezi y’amazi.

Imigende yayo yavomera ibiti vyose vyo mu gahinga.

 5 Ni co catumye riba rirerire kuruta ibindi biti vyose vyo mu gahinga.

Amashami yaryo yaragwiriye, aba maremare

kubera amazi menshi yo mu migezi yaryo.

 6 Inyoni zose zo mu kirere zarika ku mashami yaryo,

ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikavyarira munsi y’amashami yaryo,

amahanga yose arimwo abantu benshi na yo akibera mu gitutu caryo.

 7 Rirahava riba agatangaza mu bwiza no mu burebure bw’amashami

kubera ko imizi yaryo yashora mu mazi menshi.

 8 Nta rindi sederi ryo mw’itongo ry’Imana+ ryari rimeze nka ryo.

Nta giti na kimwe c’umuberoshi cari gifise amashami nka ryo.

Nta giti na kimwe c’umwarumoni cari gifise amashami ahwanye n’ay’iryo sederi.

Nta kindi giti co mw’itongo ry’Imana canganya ubwiza na ryo.

 9 Narigize ryiza, ndariha n’amababi menshi,

kandi ibindi biti vyose vyo muri Edeni, rya tongo ry’Imana y’ukuri, vyararigirira agashari.”

10 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko ryabaye rirerire* rikaduza ubushorishori bwaryo mu bicu, umutima waryo na wo ukishira hejuru kubera uburebure bwaryo, 11 nanje rero nzoriha umutegetsi akomeye w’amahanga+. Azorihagurukira ata kabuza, kandi nzoriheba kubera ububisha bwaryo. 12 Abanyamahanga bo mw’ihanga rikaze kuruta ayandi bazoryicira, barite ku musozi. Amababi yaryo azogwa mu mibande yose, amashami yaryo yavunaguritse arambarare mu migezi yose yo mu gihugu+. Amahanga yose yo kw’isi azova mu gitutu caryo, arihebe. 13 Inyoni zose zo mu kirere zizoba ku mutumba waryo waguye hasi, ibikoko vyose vyo mw’ishamba bibe ku mashami yaryo+. 14 Ivyo bizoba kugira ngo ntihagire igiti na kimwe kiri hafi y’amazi kiba kirekire canke ngo kiduze ubushorishori bwaco mu bicu, no kugira ngo ntihagire igiti kivomerewe neza gishikira ibicu mu burebure. Kuko vyose bizotangwa ngo bipfe, bije mu gihugu c’epfo cokimwe n’abana b’abantu bamanuka mu cobo*.”

15 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umusi iryo sederi rizomanuka mu kuzimu, nzotuma haba ikigandaro. Nzopfuka rero amazi agera epfo, nzibire imigezi yayo kugira ngo amazi menshi ntatembe. Nzotuma i Libani haba umwiza kubera ryo, kandi ibiti vyose vyo mu gahinga bizokwuma. 16 Nihumvikana ijwi ry’ugutemba kwaryo, nzotuma amahanga atigita igihe nzorimanukana mu kuzimu cokimwe n’abamanuka muri ca cobo*. Ibiti vyose vyo muri Edeni+, ibiti bikomakomeye kandi vyizavyiza vy’i Libani, ibiti vyose bivomerewe neza, bizokwumva bihojejwe mu gihugu c’epfo. 17 Na vyo nyene vyamanutse mu kuzimu cokimwe na ryo, mu bicishijwe inkota+ hamwe n’abarishigikiye* bo mu mahanga bahora baba mu gitutu caryo+.”

18 “Mu biti vyo muri Edeni, hari na kimwe mwanganya ubuninahazwa canke cari gihambaye nkawe+? Naho ari ukwo, uzomanukanwa ata kabuza mu gihugu c’epfo cokimwe n’ibiti vyo muri Edeni. Uzoryama hamwe n’abatagenyerewe, hamwe n’abicishijwe inkota. Ivyo ni vyo bizoshikira Farawo n’amasinzi yiwe yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika