ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 22 rup. 184-190
  • Uburyo bwo Kumenya Idini y’Ukuri iyo ari yo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo bwo Kumenya Idini y’Ukuri iyo ari yo
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KWUBAHA IZINA RY’IMANA
  • KWAMAMAZA UBWAMI BW’IMANA
  • KWUBAHA IJAMBO RY’IMANA
  • KWITANDUKANYA N’ISI
  • BARAKUNDANA
  • IDINI Y’UKURI NI IMWE
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Uburyo bwo Gutora Idini y’Ukuri
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Womenya gute ugusenga kw’ukuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Woshobora Gute Kumenya Idini y’Ukuri?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 22 rup. 184-190

Ikigabane ca 22

Uburyo bwo Kumenya Idini y’Ukuri iyo ari yo

1. Ni bande bāri mw idini y’ukuri mu kinjana ca mbere?

BIROROSHE CANE kumenya abāri mw idini y’ukuri mu kinjana ca mbere. Bāri abigishwa ba Yezu Kirisitu. Bose bari abakirisu bahurikiye mw ishengero rimwe gusa. Ubu ho bite? Abari mw idini y’ukuri bomenyekana bate?

2. Abari mw idini y’ukuri dushobora kubamenya dute?

2 Igihe Yezu yariko arerekana ingene twobamenya, yavuze ngo “muzobamenyera ku vyo bama. . . . Igiti ciza cose cama ivyiza, ariko igiti kibi cama ibibi. . . . Nuko muzobamenyera ku vyo bama.” (Matayo 7:16-20) Ivyamwa vyiza woguma witeze ko abasenga Imana vy‘ukuri bama ni ibiki? Bategerezwa kuba bavuga canke bakora iki muri iki gihe?

KWUBAHA IZINA RY’IMANA

3, 4. (a) Mw isengesho ry’akarorero Yezu yigishije, ni igiki cashizwe imbere ya vyose? (b) Yezu yubashe izina ry’Imana ate?

3 Abasenga Imana vy’ukuri ntiboshira kubiri n’isengesho ry’akarorero Yezu yigishije abigishwa biwe. Ico Yezu yashize imbere ni iki: “Data wa twese uri mw ijuru, izina ryawe [ni] ryubahwe.” (Matayo 6:9) Kwubaha izina ry’Imana ni ukuvuga iki? Yezu yaryubashe ate?

4 Yezu yarerekanye ingene yaryubashe igihe yasenga ati: “Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi.” (Yohani 17:6) Me! Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana Yehova mu bantu. Ntiyirinze kurikoresha, kubera ko yari azi ko Se yagabiye ko izina ryiwe rishemezwa kw isi hose, aca atanga akarorero araryamamaza, atako araryubaha. — Yohani 12:28; Yesaya 12:4, 5.

5. (a) Ishengero ry’abakirisu rifitaniye isano ki n’izina ry’Imana? (b) Kugira ngo turokoke dutegerezwa gukora iki?

5 Bibiliya yerekana ko gushingwa kw ishengero ry’ukuri ry’abakirisu ba mbere, kwari gufitaniye isano n’izina ry’Imana. intumwa Petero ivuga iti: [“Imana yakubitije agatima ku banyamahanga,] kugira ngo ibarobanuremwo ubwoko bw’izina ryayo.” (Ivyakozwe n’intumwa 15:14) Abasavyi nyakuri b’Imana bategerezwa kwubaha izina ryayo, kandi bakarimenyekanisha hose. Na none kumenya iryo zina ni ko kurokora umuntu; nk’uko Bibiliya ibivuga iti: “Kuko uwo wese yambaza Izina rya Yehova, azokizwa.” (NW) — Abaroma 10:13, 14.

6. (a) Mu bisanzwe amadini arubaha izina ry’Imana? (b) Hari iyoba ishingira intahe izina ry’Imana?

6 None muri iki gihe cacu ni bande bubaha izina ry’Imana bagatako bakarimenyekanisha kw isi yose? Amadini menshi aririnda n’ukuvuga izina Yehova, mbere bamwe bāranarizimanganije igihe bahindura Bibiliya mu zindi ndimi. Ariko nk’igihe woyaga n’umubanyi, ukaza urasubiramwo izina Yehova, wibaza ko boca baguharūra mu murwi wa bande? Hari umurwi umwe gusa w’abantu bigāna akarorero ka Yezu muri ivyo. Barazwa ishinga n’ugukorera Imana hamwe n’ugushingira intahe izina ryayo, nk’uko Kirisitu na we nyene yabigenjeje. Ni co gituma bītoreye izina riri muri Bibiliya, ngo “Ivyabona vya Yehova.” — Yesaya 43:10-12.

KWAMAMAZA UBWAMI BW’IMANA

7. Yezu yerekanye ate ko ubwami bw’Imana ari ikintu gihambaye?

7 Muri rya sengesho ry’akarorero Yezu yigisha, yarerekanye kandi ko ubwami bw’Imana buhambaye. Yigishije abantu gusaba bati: “Ubwami bwawe ni buze.” (Matayo 6:10, NW) Yezu ntiyigeze ahengeshanya kwerekana ko ubwo bwami ari bwo bwonyene bushobora gutorera umuti ingorane zibangamiye abantu. Ivyo we hamwe n’abigishwa biwe babigize mu kubwamamaza “mu bisagara no mu mihana.” (Luka 8:1; Ivyakozwe n’intumwa 5:42; 20:20) Ubwami bw’Imana ni bwo inyigisho yabo yari ishimikiyeko.

8. Yezu yerekanye ate icobaye inkuru y’ishimikiro ku bigishwa biwe bo mu “misi y’iherezo”?

8 Muri iki gihe turimwo co bite? Inyigisho ngenderwako y’abakirisu bari mw ishengero ry’ukuri ry’Imana ni iyihe? Igihe Yezu yavuga ivya kazoza vyorangutse muri iyi “misi ya nyuma,” yavuze ati: “Ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw isi yose ngo bube ikimenyetso kibera icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Ubwo bwami rero butegerezwa kuba ari yo nkuru y’ishimikiro, y’abantu b’Imana muri iki gihe.

9. Ni bande ubu bamamaza inkuru y’ubwo bwami?

9 Ibaze wewe nyene: hoza umuntu iwawe agatangura kukwiganira ko ubwami bw’Imana ari bwo abantu bahanze amaso, uyo muntu womushira mu murwi wa bande? Hari abandi bantu b’idini atari Ivyabona vya Yehova bamaze kukwiganira ivy’ubwami bw’Imana? Mbere abenshi ni abatazi n’ico ari co! Intwaro y’Imana bāyigize akamizwe n’ingoma, kandi inkuru yayo ihindisha agashitsi isi yose. Umumenyesha kazoza Daniyeli, yavuze ko ubwo bwami ‘buzomara bugakomvomvora izindi ntwaro zose, hanyuma bukaganza isi yose ari bwonyene.’ — Daniyeli 2:44.

KWUBAHA IJAMBO RY’IMANA

10. Yezu yerekanye ate ko yubaba Ijambo ry’Imana?

10 Ikindi cokumenyesha abari mw idini y’ukuri, ni uburyo babona Bibiliya. Yezu ntaho yigeze akengera ijambo ry’Imana, ariko ibihe vyose ni ryo yishimikiza, abo yigisha rikababera akamarampaka. (Matayo 4:4, 7, 10; 19:4-6) Bisubiriye, imigenzo yiwe yaragaragaje ko atākengera Bibiliya. Mbere yaraneguye abagerageza kuyitituza imigenzo yabo idahuye n’inyigisho ziri muri yo. — Mariko 7:9-13.

11. Amadini kenshi afata gute Ijambo ry’Imana?

11 Amadini y’abiyita abakirisu yo, ako karorero ka Yezu agakurikira ate? Arubaha rwose Bibiliya? Benshi mu bakuru bayo ntibemera inkuru za Bibiliya zerekeye icaha ca Adamu, umwuzure wo mu gihe ca Nowa, Yona na ca kimizi, n’izindi. Kandi bavuga ko umuntu ataremwe n’Imana, ariko ko yagiye arahindagurika gushika abe umuntu. Uko ni ko kwubahiriza Ijambo ry’Imana? Ntibiherera aho: bamwe muri bo bavuga ko guhurahura atari bibi, kandi ngo abaharika hamwe n’abagabo canke abagore basambanya abandi bakora ibibereye. Wovuga yuko uko ari ko kuremesha abantu kugira ngo Bibiliya bayigire indongozi yabo? Bari kure yo gukurikira akarorero k’Umwana w’Imana n’intumwa ziwe. — Matayo 15:18, 19; Abaroma 1:24-27.

12. (a) Ni kuki hariho abantu benshi badahimbara Imana mu gusenga kwabo n’aho boba bafise Bibiliya? (b) Igihe abakora ibibi n’ibigirankana baguma babonwa nk’intungane mw idini barimwo, dutegerezwa guca twiyumvīra iki?

12 Hari benshi baja gusenga, bafise Bibiliya mbere n’ukuyisoma bayisoma, ariko imigenzo yabo ikagaragaza ko ivyo basoma bica inyuma y’amatwi. Abantu nk’abo raba ivyo Bibiliya ibavugako: “Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora.” (Tito 1:16; 2 Timoteyo 3:5) Igihe umuntu atera akamari, akaba ari imborerwa canke akaba akora ibindi bibi; ariko akaguma abonwa nk’intungane mw idini arimwo, ivyo vyerekana iki none? Bigaragaza ko iyo dini idashobora gushimwa n’Imana. — 1 Ab’i Korinto 5:11-13.

13. Umuntu akwiye gufata ingingo iyihe ihambaye igihe asanze ivyo yigishwa mw idini arimwo, vyose bidahuye n’ibiri muri Bibiliya?

13 Ni waba umaze gusoma ibigabane biri imbere y’iki ugezeko muri iki gitabu, ukaba warihweje Ivyanditswe vya Bibiliya birimwo, uramaze kumenya inyigisho z’ishimikiro ziri mw Ijambo ry’Imana. Bite none ni zaba inyigisho wigishwa mw idini urimwo zidahuye n’izo wabonye mw Ijambo ry’Imana? Aho rero ni ho bigoreye. Ikikugoye ni uguhitamwo ukuri kwigishwa muri Bibiliya, canke ukakwirengagiza ukumira ku nyigisho zinyuranye na kwo. Birumvikana ko ata n’umwe yoguhitiramwo; ariko ntubifate minenegwe, kubera ko ari bwo buryo bwo kucudika n’Imana, buzotuma ushobora kubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi.

KWITANDUKANYA N’ISI

14. (a) Ikindi kimenyetso kiranga idini y’ukuri ni ikihe? (b) Ni kuki kurangwa n’ico kimenyetso bifitiye akamaro kanini abasenga Imana vy’ukuri?

14 Nk’uko Yezu yavuze, ikindi kimenyetso kiranga abari mw idini y’ukuri, ni “uko atari ab‘isi.” (Yohani 17:14) Ivyo ni ukuvuga ko abasenga Imana y’ukuri bitandukanya n’ivy’iyi si yōnonekaye. Yezu Kirisitu yaranse kwimikwa n’abantu. (Yohani 6:15) Wibutse ko Bibiliya ivuga ko Shetani igaba ikaganza iyi si, uca ubona ko kwitandukanya n’isi atari uguta umwanya. (Yohani 12:31; 2 Ab’i Korinto 4:4) Ikindi cerekana ko atari ivyo gufata minenegwe, ni aya majambo dusanga muri Bibiliya: “Nuko umuntu wese ashaka kuba incuti y’isi aba yigize umwansi w’Imana.” — Yakobo 4:4.

15. (a) Amadini wewe uzi “aritandukanya koko n’ivy’iyi si”? (b) Woba uzi idini irangwa n’ico kimenyetso?

15 Amadini wewe uzi ubona ivyo avyitwararitse? Abakuru b’amadini hamwe n’abakirisu babo, wovuga ko atari ab’isi? Canke boba bisuka mu vy’ukwiratira igihugu, mu vy’intwaro canke mu vy’ukurwanira ubukuru? Ivyo bibazo ntibigoye kwishura, kubera ko ivyo amadini akora kw isi yose atari agaseseshwarumuri. Ariko kandi biroroshe gusuzuma ivy’Ivyabona vya Yehova bakora. Ni wabītegereza, uzosanga koko bakurikira akarorero ka Kirisitu n’abigishwa biwe ba mbere, ni ukuvuga ko bitaramura mu vy’intwaro; birinda ubugunge n’ubuhumbu, kandi si inkozi z’ikibi. — 1 Yohani 2:15-17.

BARAKUNDANA

16. Ni ikimenyetso ikihe gikuru kiranga abigishwa nyakuri ba Kirisitu?

16 Ikimenyetso gihambaye rwose kiranga abigishwa b’ukuri ba Kirisitu, ni ugukundana. Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje.” (Yohani 13:35) Amadini wewe uzi arafise urwo rukundo? Akarorero, bagira iki igihe igihugu babamwo kigiye gutera ikindi?

17. Abari mu madini itegeko ry’ugukundana barifata bate?

17 Mu bisanzwe urazi uko bihora bigenda. Bategetswe n’abakuru b’intwaro, abanyedini bahora baja mu rugamba kwica bagenzi babo bo mu kindi gihugu. Abagatolika bakica abandi, abaporotisanti bakica abandi, n’abanyesilamu ni uko nyene. Ubona ivyo bagira bihuye n’Ijambo ry’Imana? — 1 Yohani 3:10-12.

18. Ivyabona vya Yehova itegeko ry’ugukundana barishitsa bate?

18 Ivyabona vya Yehova bo, urwo rukundo barwerekana bate? Bo ntibigenza nk’uko amadini y’iyi si yigenza. Ntibatsinda bagenzi babo mu rugamba. Iki kinyoma ngo “nkunda Imana,” ariko bakanka benewabo bo mu kindi gihugu, b’ubundi bwoko canke b’irindi bara ry’urukoba ntikibāgīra. (1 Yohani 4:20, 21) Ntibiherera aho: urukundo rwabo bararwerekana no mu bundi buryo. Ubuhe? Mu vyo bagirira ababanyi, no mu buryo bīgora bagafasha abandi bantu kumenya Imana. — Ab’i Galatiya 6:10.

IDINI Y’UKURI NI IMWE

19. Ni kuki ari ivyumvikana kandi bihuye n’Ivyanditswe kuvuga ko hari idini y’ukuri imwe nsa?

19 Ni ivyumvikana ko idini y’ukuri yoba imwe. Ivyo bica bihura n’uko “Imana atari iy’umuvurungano, ariko [ari] iy’amahoro.” (1 Ab’i Korinto 14:33) Bibiliya ivuga ko hari “ukwizera kumwe.” (Abanyefeso 4:5) Ni bande none bagize umurwi usenga Imana vy’ukuri muri iki gihe cacu?

20. (a) Kubera ivyibonekeza, ni bande basenga Imana vy’ukuri muri iki gihe, iki gitabu kidomako urutoke? (b) Nawe ni ko ubibona? (c) Ni uburyo ubuhe burashe bwo kumenyana neza n’Ivyabona vya Yehova?

20 Tuvuge dushize amanga: ni Ivyabona vya Yehova. Kugira ngo uvyemere, genda wirabire. Ushaka gushirwa, shika ku Ngoro y’Ubwami, ukoranire hamwe na bo. Kubera ko Bibiliya yerekana ko gusenga mw idini y’ukuri bizana umunezero ubu, kandi bikaguha uburyo bwo kuzobaho ibihe bidashira ngaha kw isi, ntuzoba utaye umwanya wawe utanguye kubitohoza. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Turipfuza cane ko wotangura n’ubu nyene.

[Ifoto ku rup. 185]

Igihe woganirira umuntu ivyerekeye Yehova n’ubwami bwiwe, abantu boca baguharūra mu murwi w’abari mw idini iyihe?

[Amafoto ku rup. 186]

Umuntu arashobora kwubaha Ijambo ry’Imana igihe adakurikiza ivyo rivuga?

[Ifoto ku rup. 188, 189]

Yezu yaranse gutwara muri iyi si

[Ifoto ku rup. 190]

Turaguhaye ikaze n’igishika cinshi ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika