Ikigabane ca 9
Ubuzima bwa Mbere bwa Yezu mu Muryango Iwabo
IGIHE Yezu ariko arakura i Nazareti, Nazareti ni agasagara gatoyi koko, kadahambaye. Haherereye mu gihugu c’imirambi co mu ntara yitwa Galilaya, hatari kure y’Umubande wa Yezireli uteye igomwe.
Aho Yozefu na Mariya bahagarukaniye Yezu bavuye mu Misiri, kumbure amaze imyaka nk’ibiri avutse, bisa n’uko ari we mwana wenyene Mariya afise. Ariko ivyo ntibimara igihe kirekire. Haciye igihe, Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda baravuka, kandi Mariya na Yozefu baravyara n’abigeme nyene. Amaherezo, Yezu ntabuze kuba afise n’imiburiburi benewabo na bashikiwe batandatu bamukurikira.
Yezu ari n’izindi ncuti nyene. Turamaze kumenya ivyerekeye mwene nyinabo Yohani amuruta, uwuba i Yudaya ku birometero bitari bike. Ariko Salome aba hafi yabo cane, i Galilaya, bikaba bisa n’uko ari mwenewabo na Mariya. Salome yabiriwe na Zebedayo, abahungu babo babiri Yakobo na Yohani rero bagaca baba bene nyinabo na Yezu. Ntituzi nimba Yezu mu gihe c’ugukura kwiwe amarana igihe kirekire n’abo bahungu, mugabo mu nyuma bamubera abasangirangingo ba cane.
Yozefu ategerezwa gucumukura kugira atunge urugo rwiwe rutera rugwira. Ni umubaji. Yozefu arera Yezu nk’umuhungu wiwe bwite, ari na co gituma Yezu yitwa “umwana w’umubāji.” Yozefu arigisha Yezu kuba na we nyene umubaji, kandi ariga neza. Ico ni co gituma abantu mu nyuma bahava bakavuga Yezu ngo ‘Uwo ni wa mubāji.’
Ubuzima bwo mu rugo rwa Yozefu bwubakiye ku gusenga Yehova Imana. Mu kuguma bahuza n’Ivyagezwe vy’Imana, Yozefu na Mariya barigisha ibibondo vyabo mu vy’impwemu ‘iyo bicaye mu nzu, n’iyo bariko baragenda ku nzira, n’iyo baryamye, n’iyo bavyutse.’ I Nazareti hariyo isinagogi, kandi turashobora kwemera ata gukeka yuko Yozefu yama kandi agendayo ajanye n’umuryango wiwe ubudahorereza, bagiye gusenga. Ariko babwirizwa kuba bagira umunezero ntangere igihe bagira ingendo zidahorereza baja ku rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. Matayo 13:55, 56; 27:56; Mariko 15:40; 6:3; Gusubira mu Vyagezwe 6:6-9.
▪ N’imiburiburi, Yezu afise benewabo na bashikiwe bamukurikira bangahe, kandi amazina ya bamwebamwe muri bo ni ayahe?
▪ Bene nyinabo na Yezu batatu bazwi cane ni bande?
▪ Ni akazi k’umubiri akahe Yezu ahava agafata, kandi ni kubera iki?
▪ Ni inyigisho nyabaki ihambaye cane Yozefu aha abo mu rugo rwiwe?