Ikigabane ca 10
Ingendo z’Ukuja i Yeruzalemu
URUSHANA rwashitse. Ni igihe c’uko urugo rwa Yozefu hamwe n’abagenzi n’incuti bafata urugendo bama bagira mu gihe c’urushana uko umwaka utashe, rwo kuja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Bafashe urwo rugendo rw’ibirometero nk’100, haraba akanyamuneza nk’uko bisanzwe. Ubu Yezu afise imyaka 12 y’amavuka, akaba yiteganye igishika kidasanzwe uwo musi mukuru.
Kuri Yezu n’abo mu rugo iwabo, Pasika si urubanza rw’umusi umwe gusa. Baranahaguma ku bw’Imisi Mikuru y’Imitsima Itambiwe imara imisi indwi, bakayifata nk’iyiri mu kiringo ca Pasika. Kubera ico, urwo rugendo rwose uko rungana kuva i muhira iwabo i Nazareti, dushizemwo n’igihe bacumbika i Yeruzalemu, rutwara nk’indwi zibiri. Ariko uyu mwaka ho, biturutse ku kintu kimwe cerekeye Yezu, rutwara igihe kiruta aho.
Iyo ngorane yibonekeza ku rugendo rw’ugusubira inyuma bavuye i Yeruzalemu. Yozefu na Mariya birya akara ngo Yezu ari mu mugwi w’incuti n’abagenzi bafatanije urugendo. Yamara igihe bahagaze bwije ntibamubona, ni kwo kuja kumuhiga mu bantu bafatanije na bo urugendo. Nta na hamwe baribumutore. Nuko Yozefu na Mariya bagenda iyo nzira yose basubira i Yeruzalemu kumurondera.
Umusi wose urahera bamuhiga, ariko baramubura. Ku musi ugira kabiri na ho nyene ntibashobora kumutora. Amaherezo, ku musi ugira gatatu, baja ku rusengero. Ngaho, muri kimwe mu bibanza vyarwo, babona Yezu yicaye hagati y’abigisha b’Abayuda, abumviriza yongera abaza ibibazo.
Mariya amubaza ati: “Mwananje, n’iki catumye utugirira urtyo? Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.”
Yezu aratangazwa n’uko batari bazi aho baribumusange. Ababaza ati: “N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba [mu nzu] kwa Data?”
Yezu ntashobora gutahura igituma abavyeyi biwe ivyo batoba babizi. Bavuze iryo, Yezu asubirana i muhira n’abavyeyi biwe, abandanya kubagamburukira. Abandanya gutera imbere mu vy’ubwenge be no mu gukura kw’umubiri, ashimwa n’Imana n’abantu. Egome, kuva mu bwana bwiwe, Yezu atanga akarorero keza, atari mu kurondera inyungu z’ivy’impwemu gusa, ariko no mu guha icubahiro abavyeyi biwe. Luka 2:40-52; 22:7.
▪ Ni urugendo uruhe rwo mu rushana Yezu yama agirana n’abo mu muryango wiwe, kandi rureha gute?
▪ Ni ibiki bishika mu rugendo bagize Yezu afise imyaka 12?
▪ Ni akarorero akahe Yezu aha abakiri bato muri iki gihe?