Ikigabane ca 24
Icatumye Yezu Aza kw’Isi
UMUSI Yezu amaze i Kaperinawumu ari kumwe n’abigishwa biwe bane akaba yawukozemwo akazi kenshi koko, usozerwa n’abantu b’i Kaperinawumu bamuzaniye abarwayi babo bose ngo bakizwe mu gihe c’umugoroba. Nta kanya namba yaronse ko kwiherera.
Ubu na ho ni kare mu gitondo c’umusi ukurikira. Hakiri umwijima, Yezu aravyuka aja hanze wenyene. Agenda ahantu ha wenyene, aho ashobora gusenga Se wiwe mu mwiherero. Ariko umwiherero wa Yezu uba mugufi, kubera ko aho Petero n’abandi baboneye yuko ata wuhari, baja kumurondera.
Yezu bamutoye, Petero avuga ati: “Bose bariko barakurondera.” Abantu b’i Kaperinawumu bashaka ko Yezu agumana na bo. Barashima vy’ukuri ivyo yabagiriye! Ariko none ikintu ca mbere na mbere cazanye Yezu kw’isi kwoba ari ukugira ngo akize abantu ku gitangaro mwene gutyo? We ubwiwe abivugako iki?
Nk’uko bivugwa n’inkuru imwe yo muri Bibiliya, Yezu yishura abigishwa biwe ati: “Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo, kukw ari co canzanye.” Naho nyene nya bantu binginga Yezu ngo agumeyo, ababwira ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe.”
Egome, Yezu yaje kw’isi canecane ngo yamamaze ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ari na bwo buzokweza izina rya Se wiwe, bwongere butorere umuti ingorane z’abantu zose rimwe rizima. Ariko rero, Yezu kugira atange ikimenyamenya c’uko yatumwe n’Imana, arakiza abantu ku gitangaro. Muri ubwo buryo nyene, ibinjana n’ibindi imbere yaho, Musa yarakoze ibitangaro kugira atange ivyemeza ko ari umusavyi w’Imana.
Ubu na ho, igihe Yezu avuye i Kaperinawumu akaja kwamamaza inkuru nziza mu bindi bisagara, ba bigishwa biwe bane bajana na we. Abo bane ni Petero na mwenewabo Andereya, na Yohani hamwe na mwenewabo Yakobo. Uribuka ko ku ndwi y’imbere yaho bari batumiwe ngo babe abasangirangendo ba mbere ba Yezu.
Urugendo Yezu agize rw’ukwamamaza inkuru nziza i Galilaya ari kumwe n’abigishwa biwe bane, ruraroranirwa bimwe bitangaje! Kukaba nkako, amakuru yerekeye imirimo yiwe akwiragira n’i Siriya hose. Amasinzi menshi y’abava i Galilaya, i Yudaya, no hakurya y’Uruzi Yorodani, akurikira Yezu n’abigishwa biwe. Mariko 1:35-39; Luka 4:42, 43; Matayo 4:23-25; Kuvayo 4:1-9, 30, 31.
▪ Ni ibiki bishika mu gitondo Yezu yaraye amaze umusi i Kaperinawumu ari mu kazi kenshi?
▪ Ni kubera iki Yezu yatumwe kw’isi, kandi ibitangaro akora ni ivy’iki?
▪ Ni bande bajana na Yezu ku rugendo agira rwo kwamamaza inkuru nziza i Galilaya, kandi imirimo Yezu akora bayakira bate?