ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 28
  • Bamubaza ivy’Ukwisonzesha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamubaza ivy’Ukwisonzesha
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki abigishwa ba Yezu batisonzesha?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Kwisonzesha—Vyoba bituma urushiriza kwiyegereza Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwisonzesha?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 28

Ikigabane ca 28

Bamubaza ivy’Ukwisonzesha

HARACIYE nk’umwaka kuva aho Yezu yitabiye Pasika yo mu 30 G.C. Gushika ubu, Yohani Umubatizi amaze amezi nk’angahe mu mvuto. Naho yashaka ko abigishwa biwe bacika abayoboke ba Kirisitu, si bose babaye abayoboke biwe.

Ubu bamwe muri abo bigishwa b’iyo mbohe Yohani baza kuri Yezu, babaza bati: “N’igiki gituma twebge n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?” Abafarizayo bisonzesha kabiri ku ndwi nk’umugenzo bapfa kwama bakurikiza gusa w’idini yabo. Abigishwa ba Yohani na bo kumbure bakurikira umugenzo nk’uwo nyene. Birashoboka kandi ko boba bisonzesha kugira berekane ko bababajwe n’ugupfungwa kwa Yohani, bakaba rero bibaza igituma abigishwa ba Yezu batifatanya na bo muri ubwo buryo bwo guserura intuntu.

Mu kwishura, Yezu asigura ati: “Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.”

Abayoboke ba Yohani bakwiye kwibuka yuko Yohani ubwiwe yavuze ivya Yezu ko ari we Mukwe. Nuko bugingo Yezu ari ho ari, Yohani ivy’ukwisonzesha ntiyobifata nk’ibibereye, eka n’abigishwa ba Yezu ni ukwo nyene. Mu nyuma, Yezu apfuye, abigishwa biwe baragandara kandi bakisonzesha. Ariko amaze kuzuka, hanyuma akaduga mw’ijuru, nta yindi mpamvu bagira yo kwisonzesha bwa kigandaro.

Mu nyuma, Yezu atanga ubu burorero: “Nta wokwomeka ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire, kukw ico kiremo gica impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini. Nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Arik’umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha.” None ubwo burorero buhuriye he n’ivy’ukwisonzesha?

Yezu yariko afasha abigishwa ba Yohani Umubatizi gutahura yuko ata n’umwe akwiye kwitega ko abayoboke biwe bakurikiza imigenzo ishaje y’idini y’Abayuda, nk’ukwisonzesha gushingiye ku mugenzo gusa. Ntiyaje gutera ikiremo ku buryo bwa kera bw’ugusenga bw’umushire bugiye gukurwaho. Ubukirisu ntibwoshizweho ngo bukurikize idini y’Abayuda y’ico gihe n’imigenzo yayo yazanywe n’abantu. Oya, ntiyobaye nk’ikiremo gishasha gitewe ku mpuzu ishaje canke nk’umutobe ushizwe mu mukuza ushaje. Matayo 9:14-17; Mariko 2:18-22; Luka 5:33-39; Yohana 3:27-29.

▪ Ni bande bagira ivy’ukwisonzesha, kandi babigirira iki?

▪ Ni kuki abigishwa ba Yezu batisonzesha mu gihe akiri kumwe na bo, kandi mu nyuma impamvu y’ukwisonzesha izozimangana gute?

▪ Ni uburorero ubuhe Yezu atanga, kandi busigura iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika