ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 29
  • Gukora Ibikorwa Vyiza kw’Isabato

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukora Ibikorwa Vyiza kw’Isabato
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba vyemewe gukora ivyiza kw’Isabato?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yarakunda abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • ‘Genda wiyuhagire mu kidengeri ca Silowamu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 29

Ikigabane ca 29

Gukora Ibikorwa Vyiza kw’Isabato

NI MU rushana rwo mu 31 G.C. Haraciye amezi makeyi kuva aho Yezu aganiririye na wa mugore kw’iriba i Samariya igihe yari mu nzira avuye i Yudaya aja i Galilaya.

Ubu, Yezu amaze kwigisha cane i Galilaya hose, yongera kuhava aja i Yudaya, yamamaza inkuru nziza mu masinagogi. Tugereranije ukuntu Bibiliya ivuga igikorwa yakoreye i Galilaya, dusanga itavuga vyinshi ku gikorwa Yezu akorera i Yudaya kuri uru rugendo no mu mezi yahamaze inyuma ya Pasika iheruka. Biboneka ko igikorwa ciwe kitakiriwe neza i Yudaya nk’uko cakiriwe i Galilaya.

Vuba Yezu afata inzira aja mu gisagara gikuru c’i Yudaya, ari co Yeruzalemu, ajanywe na Pasika yo mu 31 G.C. Ngaho, hafi y’Irembo ry’Intama ryo muri ico gisagara, hari ikidengeri citwa Betesida, aho abarwayi, impumyi n’ibimuga benshi baza. Bemera yuko abantu bashobora gukira binjiye muri nya mazi y’ico kidengeri igihe asebagiye.

Ni kw’Isabato, hanyuma Yezu abona kuri nya kidengeri umugabo amaze imyaka 38 arwaye. Kubera Yezu azi igihe kirekire uwo mugabo amaze arwaye, amubaza ati: “Wumva ugomba gukira?”

Yishura Yezu ati: “Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikīra mu kidengeri iy’amazi azīkurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.”

Yezu amubwira ati: “Va hasi, ikorere [“uburiri,” UB] [bw]awe, ugende.” Avuze ivyo, nya mugabo buno nyene agira amagara meza, atora uburiri bwiwe, hanyuma atangura kugenda!

Ariko Abayuda ngo babone nya mugabo, bavuga bati: “Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera [“uburiri,” UB] [bw]awe.”

Nya mugabo abishura ati: “Uwankijije ni we yambariye at’Ikorere [“uburiri,” UB] [bw]awe, ugende.”

Baramubaza bati: “Uyo muntu ni nde yakubariye ngw Ikorere ugende?” Yezu yari yahavuye kubera ishengero ry’abantu, kandi uwo muntu yari yakijijwe ntiyari azi izina rya Yezu. Ariko rero mu nyuma, Yezu na nya mugabo bahurira mu rusengero, hanyuma uno mugabo aramenya umwe yamukiza uwo ari we.

Nuko nya mugabo yakijijwe arondera ba Bayuda ngo ababwire yuko Yezu ari we muntu yamukijije. Aho bano Bayuda bumviye ivyo, baja kwa Yezu. Mbega bajanwa n’iki? Kwoba ari ukugira bamenye uburyo akoresha mu gukora ivyo bintu vy’igitangaza? Oya. Ahubwo ni ukugira ngo barabe ico bomuhinyura, kubera ko ariko aragira ivyo bintu vyiza kw’Isabato. Mbere no kumuhama batangura kumuhama! Luka 4:44; Yohana 5:1-16.

▪ Haciye igihe kingana iki kuva aho Yezu aherukiye kugendera Yudaya?

▪ Ni kuki ikidengeri citwa Betesida camenyekanye cane?

▪ Ni igitangaro nyabaki Yezu akora kuri ico kidengeri, kandi Abayuda bavyakira gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika