Ikigabane ca 30
Yezu Yishura Abamwagiriza
IGIHE indogozi z’idini zagirije Yezu ngo arenga kw’Isabato, yishura ati: “Data arakora kugeza n’ubu, nanje [“nguma nkora,” NW].”
Naho Abafarizayo bavuga ivyo bavuga, igikorwa Yezu akoze si ikimeze nka bimwe vyabuzwa n’itegeko rigenga Isabato. Igikorwa akoze co kwamamaza inkuru nziza no gukiza ni ico yashinzwe n’Imana, maze mu kwigana akarorero kayo, ntaho rirenga atagikoze. Ariko rero, inyishu atanze ituma Abayuda mbere bashavura kuruta ubwa mbere, bituma barondera kumwica. Kubera iki?
Ni kubera ko ubu batiyumvira gusa yuko Yezu ariko ararenga kw’Isabato, ariko babona ko kuba avuga ko ari Umwana w’Imana bwite ari ukurogota. Ariko rero, Yezu nta bwoba bimutera, kandi arongera kubishura ku biraba ubucuti bw’ubutoni afitaniye n’Imana. Avuga ati: “Se a[ra]kunda Umwana, akamwereka ivy’akora vyose ubgiwe.”
Yezu arabandanya ati: “Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubu[zima], ni ko n’Umwana aha ubu[zima] abo agomba.” Si ivy’imbeshere, Umwana aramaze kuzura abapfuye, mu buryo bw’impwemu! Yezu avuga ati: “Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, . . . aba avuye mu rupfu, ashitse mu bu[zima].” Egome, abandanya ati: “Igihe ki[ra]za, kandi kirashitse, ah’abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’abazoryumva bazoba bazima.”
Naho ubu ata nkuru iriho yuko Yezu yoba amaze kuzura umuntu mu bapfuye, abwira abamwagiriza yuko izuka nyezina ry’abapfuye mwene iryo rizoba. Avuga ati: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo.”
Gushika iki gihe, Yezu bisa n’uko atarigera adondora icese uruhara ruhambaye afise mu mugambi w’Imana mu buryo butomoye neza. Ariko icabona abagiriza Yezu bafise kuri ivyo bintu si ivyo ubwiwe avuga vyonyene. Yezu abibutsa ati: “Mwebge mwatumye [abantu] kuri Yohana, ashingira ukuri intahe.”
Haciye imyaka ibiri gusa Yohani Umubatizi abwiye izo ndongozi z’idini y’Abayuda ivyerekeye Umwe aza mu nyuma ziwe. Mu kubibutsa ivyerekeye urupfasoni rwinshi bahora bafise kuri Yohani umwe ubu ari mu mvuto, Yezu avuga ati: “[Mwebwe] mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe.” Yezu ivyo abibibutsa yizigiye kubafasha, eka no kubakiza. Yamara ntagengwa n’intahe Yohani yashinze.
“Ivyo bikorwa nyene nkora [dushizemwo igitangaro yari ahejeje gukora] ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.” Ariko turetse ivyo, Yezu arabandanya ati: “Data yantumye ni we anshingira intahe.” Imana yarashingiye intahe Yezu nk’akarorero igihe yabatizwa, mu kuvuga iti: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.”
Mu vy’ukuri abagiriza Yezu nta cireguzo bafise co kumwiyamiriza. Ivyo vyanditswe nyene bavuga yuko basesangura biramushingira intahe! Yezu asozera avuga ati: “Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kukw ar’ivyanje yanditse. Ariko ni mutizera ivy’uwo yanditse, amajambo yanje muzoyizera mute?” Yohana 5:17-47; 1:19-27; Matayo 3:17.
▪ Ni kuki igikorwa Yezu akoze atari ukurenga kw’Isabato?
▪ Yezu adondora ate uruhara ruhambaye afise mu mugambi w’Imana?
▪ Kugira ngo Yezu yemeze ko ari Umwana w’Imana, adoma urutoke ku ntahe yashinzwe na nde?