ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 39
  • Abishima be n’Abicisha Bugufi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abishima be n’Abicisha Bugufi
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Iyaruka ry’intabarirwa riragowe
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Matayo 11:28-30: “Ni muze kuri jewe, . . . ndabaruhura”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Umuti Nyawo wo Kuturemurura Umwitwarariko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 39

Ikigabane ca 39

Abishima be n’Abicisha Bugufi

AHO Yezu amariye kuvuga ivya kamere nziza za Yohani Umubatizi, yerekeza ku bantu bamukikije b’abanyabwishime kandi batagira ifatiro. Avuga ati: “Ab’uru runganwe . . . basa n’abana bicaye mu tuguriro, bahamagara bagenzi babo, bati Twavugije imyironge ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwaboroga.”

Yezu ashaka kuvuga iki? Arasigura ati: “Yohana yaje, atarya, atanywa, bavuga bat’Ahagazweko na dayimoni. Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.”

Gushimisha abantu ntibishoboka. Nta kintu na kimwe kibahimbara. Yohani yagize ubuzima bw’ukwibabaza, bw’ukwiyima, nk’Umunaziri, akurikiza ya majambo umumarayika yavuga yuko “[ata]zonywa vino cank’ikiboreza na kimwe.” Ariko nticabujije ko abantu bavuga ngo arimwo idayimoni. Ku rundi ruhande, Yezu abaho nk’abandi bantu, atagira ivyo kwiyima namba, hanyuma aregwa ko ngo arenza urugero.

Ewe kuntu abo bantu bagoye ishimisha! Bameze nk’abantu bariko barakina, bamwe muri bo bakanka guhamiriza mu kuvyina mu gihe abandi bana bavuza umwironge, canke bakanka kuboroga mu gihe bagenzi babo bakoma induru. Naho ari ukwo, Yezu avuga ati: “Ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.” Egome, ikimenyamenya, ni ukuvuga ibikorwa, ni vyo bigaragaza ko ibirego biregwa Yohani na Yezu ari ibinyoma.

Yezu abandanya ashira ku kabarore vya bisagara bitatu, ari vyo Korazini, Betsayida na Kaperinawumu, aho yaranguriye vyinshi mu bikorwa vy’ububasha yakoze. Yezu avuga ko iyo ivyo bikorwa abikorera mu bisagara vya Tiro na Sidoni vy’i Foyinike, ivyo bisagara vyokwigayiye mu magunira no mu minyota. Mu gucirako iteka Kaperinawumu, aho bisa n’uko yari yahagize icicaro mu gihe c’umurimo wiwe, Yezu amenyesha ati: “Igihugu c’i Sodomu kizogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha wewe.”

Ubukwirikira Yezu ashemeza icese Se wo mw ijuru. Ivyo abitumwa n’uko Imana ihisha ukuri kw’agaciro kwo mu vy’impwemu inkerebutsi n’incabwenge ariko ivyo bintu vy’igitangaza ikabihishurira abatobato, bagereranywa n’inzoya.

Mu kurangiza, Yezu atanga ubu butumire bukwegera ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze [ingogo] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw [ingogo] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.”

Mbega Yezu aruhurira abantu gute? Abigira mu kubaha umwidegemvyo wo kuva mu migenzo indongozi z’idini zaremereje abantu, dushizemwo nk’akarorero amategeko y’imiziririzo mu vy’ugukurikiza Isabato. Arerekana kandi inzira y’ukuruhurira abumva bananijwe n’ukuganzwa n’abakuru bo mu vya politike, n’abumva baremerewe n’ivyaha vyabo biciye mu kugira ijwi ryo mu mutima ribagiriza ikibi. Arahishurira mwene abo bantu badugaritswe umutima ukugene ivyaha vyabo bishobora guharirwa, hamwe n’ukungene bashobora kugiranira n’Imana ubucuti bw’agaciro.

Iyo ngogo ihwahutse Yezu atanga ni imwe y’ukwiyegurira Imana tugaherezako, tugashobora gukorera Data wa twese wo mw’ijuru yuzuye ikibabarwe n’ikigongwe. Umutwaro uremurutse na wo Yezu aha abaza kuri we ni uw’ukugamburuka ivyo Imana isaba kugira ngo turonke ubuzima, bikaba ari yo mabwirizwa yayo yanditse muri Bibiliya. Kandi ukuyagamburuka si umuzigo namba. Matayo 11:16-30; Luka 1:15; 7:31-35; 1 Yohana 5:3.

▪ Ni mu buryo ubuhe abantu bo mu gihe ca Yezu b’abanyabwishime kandi batagira ifatiro bari bameze nk’abana?

▪ Ni igiki catumye Yezu ashemeza Se wo mw’ijuru?

▪ Ni mu buryo ki abantu bari baremerewe, kandi Yezu abaremurura gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika