Ikigabane ca 52
Yezu Agaburira Abantu Ibihumbi ku Gitangaro
ZA NTUMWA 12 bagize urugendo ruhimbaye rwo kwamamaza inkuru nziza i Galilaya. Ubu na ho, inyuma gatoyi y’aho Yohani yiciwe, bagarutse kuri Yezu kumwiganira ibintu vy’igitangaza vyabashikiye. Abonye ko barushe n’uko abantu benshi cane bariko bagira uruja n’uruza gushika n’aho bo batagira n’akanya ko gufungura, Yezu avuga ati: ‘Reka tugende twenyene ahiherereye muruhuke gatoya.’
Buriye ubwato, ngirango hafi ya Kaperinawumu, berekeza ahikinze, bigasa n’uko ari i burasirazuba bwa Yorodani hirya y’i Betsaida. Ariko rero, abantu benshi barababona igihe bahava, abandi na bo bakabibwirwa. Abo bose babitanga imbere birukanga ku nkengera y’ikiyaga, hanyuma igihe ubwato buhageze, nya bantu baba bahashitse kubasanganira.
Yezu avuye muri nya bwato hanyuma akabona rya sinzi rinini, aterwa ikigongwe n’uko abo bantu bameze nk’intama zitagira umwungere. Nuko akiza abarwayi babo yongera atangura kubigisha ibintu vyinshi.
Umwanya urihuta, hanyuma abigishwa ba Yezu baza kuri we bavuga bati: “Mbega hano hantu kw ari mu gahinga, umusi ukaba ukuze; basezere, baje mu misozi no mu mihana impande zose, kwirondereray’ivyo kurya.”
Ariko rero, mu gusubizayo Yezu avuga ati: “Mube ari mwebge mubagaburira.” Maze, kubera ko Yezu azi ico agiye gukora, agerageza Filipo mu kumubaza ati: “Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?”
Uko Filipo abibona, ivyo bintu ntibishoboka. Kanatsinda hari abagabo nk’5.000, bakaba kumbure bari abantu barenga 10.000 uharuriyemwo abagore n’abana! Filipo yishura ati: “Imitsima y’idenariyo amajana abiri [idenariyo ico gihe wari umushahara w’umusi] ntiyobakwira, nah’umuntu wese yohabga gatoya.”
Kumbure Andereya kugira yerekane yuko ukugaburira abantu benshi gutyo bidashoboka, afata ijambo avuga ati: “Hano har’umuhungu ari n’udutsima dutanu twa sayiri, n’udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangaho?”
Kubera ko ari igihe c’impeshi imbere ya Pasika yo mu 32 G.C., hari ivyatsi bitoto vyinshi cane. Nuko Yezu atuma abigishwa biwe kubwira nya bantu ngo bagandagaze ku vyatsi mu migwimigwi y’abantu 50 hamwe n’iy’abantu 100. Afata twa dutsima dutanu na twa dufi tubiri, arangamiza kw ijuru, hanyuma arabihezagira. Maze atangura kumanyagura twa dutsima yongera agabura twa dufi. Ivyo abiha abigishwa biwe, na bo baraheza babigaburira nya bantu. Igitangaje, abantu bose bararya barahaga!
Inyuma y’ivyo Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Ni mutororokanye utumanyagu tw’imisigazwa, hoye kugira igipfa ubusa.” Bavyegeranije, buzuza ibisimbo 12 vy’imisigazwa isigajwe ku vyo bafunguye! Matayo 14:13-21; Mariko 6:30-44; Luka 9:10-17; Yohana 6:1-13.
▪ Ni kuki Yezu yarondereye intumwa ziwe ahantu hiherereye?
▪ Yezu atwara hehe abigishwa biwe, kandi ni kuki akaruhuko bari bakeneye batashoboye kukaronka?
▪ Umusi ukuze, ni ibiki abigishwa basavye, ariko Yezu yabungabunze abo bantu gute?