ICIGWA CA 83
Yezu agaburira abantu benshi
Hari imbere ya Pasika yo mu 32, intumwa zikaba zari zivuye kwamamaza. Yezu yaciye abatwara n’ubwato i Betsayida kugira baruhuke kuko bari barushe. Ariko bagira bashike ku nkengera, Yezu yaciye abona abantu benshi bari babakurikiye. Naho yashaka kumarana akanya n’intumwa ziwe gusa, ntiyaciye abirukana. Yarakijije abari barwaye, aca atangura kubigisha. Yamaze umusi wose ariko arabigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ku mugoroba, intumwa zaramwegereye zimubwira ziti: ‘Aba bantu barashonje. Barungike baje kurondera ivyo barya.’
Yezu yabishuye ati: ‘Ntibirirwa baragenda. Nimubahe ivyo barya.’ Baciye bamubaza bati: ‘Ushaka tugende kubagurira imikate?’ Filipo yaciye avuga ati: ‘Naho twoba dufise amahera angana gute, ntitworonka imikate ikwiye aba bantu bose.’
Yezu yaciye ababaza ati: ‘Dufise ivyokurya bingana gute?’ Andereya yishuye ati: ‘Dufise imikate itanu n’udufi tubiri. Ivyo ntivyopfa bibakwiye.’ Yezu na we ati: ‘Binzanire.’ Yaciye abwira abantu ngo bicare ku vyatsi ari mirongo itanitanu n’ijanijana. Yezu yaratoye ya mikate na twa dufi, araraba mw’ijuru maze arasenga. Yaciye aha ivyo bifungurwa intumwa ziwe, na zo zibiha abo bantu. Bose uko bari abagabo 5.000 hamwe n’abagore n’abana, barariye barahaga. Bahejeje, intumwa zaciye zegeranya ivyasigaye kugira ntihagire ibipfa ubusa. Begeranije ibiseke 12 vyuzuye! Ico cari igitangaro gikomeye!
Abantu baratangaye cane ku buryo baciye bashaka ko Yezu ababera umwami. Ariko Yezu yari azi ko igihe Yehova yashinze c’uko aba umwami kitaragera. Yaciye arungika abo bantu ngo batahe, intumwa ziwe na zo azibwira zijabuke ikiyaga ca Galilaya. Zaruriye ubwato, Yezu na we aca aduga ku musozi ari wenyene. None yari agiye gukora iki? Yari agiye gusenga Se wiwe. Naho yari afise ibintu vyinshi akora, yama arondera umwanya wo gusenga.
«Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo nimukorere ibifungurwa bitabora bitanga ubuzima budahera, ivyo Umwana w’umuntu azobaha.»—Yohani 6:27