ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 83 rup. 194-rup. 195 ing. 1
  • Yezu agaburira abantu benshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu agaburira abantu benshi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Agaburira ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeyi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Agaburira Abantu Ibihumbi ku Gitangaro
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo twigira ku gitangaro Yezu yakoze c’imikate
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Yezu Agaburira Ishengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 83 rup. 194-rup. 195 ing. 1
Intumwa ziriko ziraha ivyokurya abantu benshi

ICIGWA CA 83

Yezu agaburira abantu benshi

Hari imbere ya Pasika yo mu 32, intumwa zikaba zari zivuye kwamamaza. Yezu yaciye abatwara n’ubwato i Betsayida kugira baruhuke kuko bari barushe. Ariko bagira bashike ku nkengera, Yezu yaciye abona abantu benshi bari babakurikiye. Naho yashaka kumarana akanya n’intumwa ziwe gusa, ntiyaciye abirukana. Yarakijije abari barwaye, aca atangura kubigisha. Yamaze umusi wose ariko arabigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ku mugoroba, intumwa zaramwegereye zimubwira ziti: ‘Aba bantu barashonje. Barungike baje kurondera ivyo barya.’

Agahungu gahaye Yezu igiseke kirimwo imikate n’amafi

Yezu yabishuye ati: ‘Ntibirirwa baragenda. Nimubahe ivyo barya.’ Baciye bamubaza bati: ‘Ushaka tugende kubagurira imikate?’ Filipo yaciye avuga ati: ‘Naho twoba dufise amahera angana gute, ntitworonka imikate ikwiye aba bantu bose.’

Yezu yaciye ababaza ati: ‘Dufise ivyokurya bingana gute?’ Andereya yishuye ati: ‘Dufise imikate itanu n’udufi tubiri. Ivyo ntivyopfa bibakwiye.’ Yezu na we ati: ‘Binzanire.’ Yaciye abwira abantu ngo bicare ku vyatsi ari mirongo itanitanu n’ijanijana. Yezu yaratoye ya mikate na twa dufi, araraba mw’ijuru maze arasenga. Yaciye aha ivyo bifungurwa intumwa ziwe, na zo zibiha abo bantu. Bose uko bari abagabo 5.000 hamwe n’abagore n’abana, barariye barahaga. Bahejeje, intumwa zaciye zegeranya ivyasigaye kugira ntihagire ibipfa ubusa. Begeranije ibiseke 12 vyuzuye! Ico cari igitangaro gikomeye!

Abantu baratangaye cane ku buryo baciye bashaka ko Yezu ababera umwami. Ariko Yezu yari azi ko igihe Yehova yashinze c’uko aba umwami kitaragera. Yaciye arungika abo bantu ngo batahe, intumwa ziwe na zo azibwira zijabuke ikiyaga ca Galilaya. Zaruriye ubwato, Yezu na we aca aduga ku musozi ari wenyene. None yari agiye gukora iki? Yari agiye gusenga Se wiwe. Naho yari afise ibintu vyinshi akora, yama arondera umwanya wo gusenga.

«Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo nimukorere ibifungurwa bitabora bitanga ubuzima budahera, ivyo Umwana w’umuntu azobaha.»​—Yohani 6:27

Ibibazo: Yezu yerekanye gute ko akunda abantu? Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

Matayo 14:14-22; Luka 9:10-17; Yohani 6:1-15

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika