Ikigabane ca 71
Abafarizayo Banka Kwemera n’Ibigirankana
ABAVYEYI ba wa muntu yari yahoze ari umusezi w’impumyi baratinya igihe bahamagawe imbere y’Abafarizayo. Barazi yuko vyavuzwe ko umuntu wese avuga ko yizeye Yezu yirukanwa mw’isinagogi. Ukwo gucibwa mu kibano bishobora gukwega amagume akomeye, canecane ku rugo rukene. Nuko rero, ba bavyeyi barigengesera.
Ba Bafarizayo babaza nya bavyeyi biwe bati: “Mbeg’uyu n’umwana wanyu, mwebge muvuga ko yavutse ar’impumyi? None yahumūtse ate?”
Nya bavyeyi biwe bemeza bati: “Uyu turazi kw ar’umwana wacu, kandi ko yavutse ar’impumyi; arikw icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n’uwamuhumūye, tweho ntitumuzi.” Nta nkeka ko umuhungu wabo ategerezwa kuba yababwiye ivyashitse vyose, ariko ku bwenge bano bavyeyi bavuga bati: “Mumwibarize, n’umugabo, arivugira.”
Nuko rero, nya Bafarizayo bongera guhamagara wa mugabo. Buno hoho bagerageza gukoresha iterabwoba mu kumwereka yuko batororokanije ibimenyamenya vyagiriza Yezu. Bamutegeka bamukarira bati: “Ni wubahe Imana, twebge tuzi yuk’uwo muntu ar’umunyavyaha.”
Nya mugabo yahoze ari impumyi ntahakana icagirizo cabo. Avuga ati: “Namb’ar’umunyavyaha sindabizi.” Mugabo arongerako ati: “Ico nzi ni kimwe, n’uko nar’impumyi, none nkaba mbona.”
Ba Bafarizayo mu kugerageza gutora ikosa muri ukwo gushinga intahe kwiwe, bongera kumubaza bati: “Yakugiriye ate? Yahumūye amaso yawe ate?”
Nya mugabo aridoga ati: “Namaze kubibabgira, ko mutavyumvise? Mugombera iki gusubira kuvyumva?” Arabanebagura mu kubabaza ati: “Mbega namwe mugomba kuba abigishwa biwe?”
Iyo nyishu irarakaza Abafarizayo. Bamwagiriza bati: “Ni wewe mwigishwa wiwe, natwe tweho tur’abigishwa ba Mose. Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose, arik’uwo ntituzi ah’aturuka.”
Mu guserura ugutangara, nya musezi yicisha bugufi asubizayo ati: “Erega n’igitangaza ko mutazi ah’aturuka, kand’ari we yahumūye amaso yanje.” Ni iciyumviro ikihe gikwiye gukurwa muri ivyo? Uwo musezi yerekana ya ngingo yemewe cane ati: “Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza. Uhereye kera hose ntihumvikanye ko har’umuntu yahumūye amaso y’uwavutse ar’impumyi.” Gutyo rero iciyumviro cokurwamwo biribonekeza ko atari ikindi: “Iyaba uyo atāvuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora.”
Nya Bafarizayo nta nyishu namba baronkera ukwo kwiyumvira kudakikiriza kandi gutomoye. Ntibashobora guhanga ukuri, bituma batuka uwo mugabo bati: “Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha?” Bavuze ivyo, bata nya mugabo hanze, bikaboneka ko bamwirukanye mw’isinagogi.
Aho Yezu yumviye ivyo bakoze, aja kuri wa mugabo amubwira ati: “Mbega [urizera] Umwana w’Imana?”
Mu gusubizayo, uwo yahoze ari umusezi w’impumyi abaza ati: “Ni nde ga Mugenzi, nkamwizera?”
Yezu asubizayo ati: “Ni we muriko muravugana.”
Buno nyene nya mugabo yunama imbere ya Yezu, avuga ati: “Ndizeye, Mwami.”
Yezu asigura ati: “Kuri iyi si nahazanywe n’urubanza, ngo abatabona babone, bene amaso nabo bahume.”—UB.
Kuri ivyo, Abafarizayo bariko bumviriza babaza bati: “Mbega natwe tur’impumyi?” Iyaba bokwemeye icese yuko ari impumyi mu bwenge, bogize ico bireguza kuri ukwo kurwanya Yezu kwabo. Kuko Yezu ababwira ati: “Iyo muba mwar’impumyi, nta caha muba mufise.” Yamara n’ugukomantara n’akantu, barakovya bavuga ko atari impumyi kandi yuko badakeneye kubonesherezwa mu vy’impwemu. Nuko Yezu avuga ati: “Noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu [“kigumyeho,” NW].” Yohana 9:19-41.
▪ Ni kuki abavyeyi b’uwari yahoze ari umusezi w’impumyi bagize ubwoba igihe barengutswa imbere y’Abafarizayo, kandi baciye bishurana ukwigengesera gute?
▪ Abafarizayo bagerageje gute gukoresha iterabwoba ku wahoze ari impumyi?
▪ Ni iciyumviro ikihe kirimwo ubwenge wa mugabo yatanze catumye Abafarizayo barakara?
▪ Ni kubera iki abo Bafarizayo batari bafise ico bireguza ku kuntu barwanya Yezu?