ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 71 rup. 168-rup. 169 ing. 9
  • Abafarizayo bahangana na wa mugabo yari impumyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abafarizayo bahangana na wa mugabo yari impumyi
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Abafarizayo Banka Kwemera n’Ibigirankana
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akiza umuntu kw’Isabato
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Akiza Uwavutse Ari Impumyi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 71 rup. 168-rup. 169 ing. 9
Umusezi yahora ari impumyi ariko arishura Abafarizayo bashangashiwe abavyeyi biwe bariko baravyitegereza

IKIGABANE CA 71

Abafarizayo Bahangana Na Wa Mugabo Yari Impumyi

YOHANI 9:19-41

  • ABAFARIZAYO BAHANGANA NA WA MUGABO

  • YAHOZE ARI IMPUMYI INDONGOZI Z’IDINI NI “IMPUMYI”

Abafarizayo baranka kwemera ko Yezu yakijije wa mugabo yahoze ari impumyi. Baca rero bahamagaza abavyeyi biwe. Abavyeyi biwe barazi ko bahakwa “[gu]cibwa mw’isinagogi.” (Yohani 9:22) Ukwo guharirwa ivomo n’abandi Bayuda vyotuma umuryango wabo ugira ingorane zikomeye mu kibano no mu vy’ubutunzi.

Abafarizayo bababaza ibibazo bibiri, bati: “Uyu ni we mwana wanyu muvuga ko yavutse ari impumyi? None vyagenze gute ngo ubu abe abona?” Abavyeyi biwe bishura bati: “Turazi yuko uyu ari umwana wacu be n’uko yavutse ari impumyi. Mugabo ivy’ingene ubu abona, canke uwamuhumuye amaso, nta vyo tuzi.” Naho umuhungu wabo ashobora kuba yarabiganiye ingene vyagenze, abo bavyeyi bariyubara ku nyishu batanga. Bagira bati: “Mwibarize. Arakuze. Ategerezwa kwivugira.”​—Yohani 9:19-21.

Abafarizayo baca bongera guhamagara wa mugabo bakamutera ubwoba mu kumubwira ko bafise ibimenyamenya bihinyuza Yezu. Bamubwira bati: “Ha Imana ubuninahazwa; twebwe turazi ko uyo muntu ari umucumuzi.” Nya mugabo arazibukira ico kirego cabo, akagira ati: “Namba ari umucumuzi sindabizi.” Yamara aca avuga ati: “Ico nzi co ni kimwe: ni uko naho nahora ndi impumyi, ubu mbona.”​—Yohani 9:24, 25.

Abafarizayo ntibagarukira aho. Barabandanya bati: “Yakugiriye iki? Yahumuye amaso yawe gute?” Nya mugabo abishurana umutima rugabo ati: “Namaze kubibabwira, yamara ntimwumvirije. Mushakira iki kwongera kuvyumva? Namwe mushaka gucika abigishwa biwe?” Abafarizayo bararaka, bakamwagiriza bati: “Ni wewe uri umwigishwa w’uyo muntu, mugabo twebwe turi abigishwa ba Musa. Twebwe tuzi ko Imana yavuganye na Musa; mugabo uwo muntu, ntituzi iyo ava.”​—Yohani 9:26-29.

Nya musezi aratangara, akavuga ati: “Ni ukuri ivyo bidatangaje, kubona mutazi iyo ava, kandi yampumuye amaso.” Aca ashikiriza iciyumviro cumvikana cane ku bijanye n’abantu Imana itega ugutwi kandi ishima. Agira ati: “Turazi ko Imana itumviriza abacumuzi, mugabo igihe umuntu atinya Imana agakora ukugomba kwayo, iramwumviriza. Kuva kera hose, ntihigeze humvikana ko hari uwahumuye amaso y’uwavutse ari impumyi.” Ivyo bituma avuga ati: “Iyo uwo muntu ataba ava ku Mana, nta kintu na kimwe yari gushobora gukora.”​—Yohani 9:30-33.

Kubera yuko Abafarizayo badashobora kuvuguruza iciyumviro c’uwo mugabo, baca bamutukagura bati: “Wewe uko wakabaye wavukiye mu bicumuro, none uriko wigisha twebwe?” Nuko bamuterera hanze.​—Yohani 9:34.

Aho Yezu yumviye ivyabaye, ararondera wa mugabo hama akamubaza ati: “Urizera Umwana w’umuntu?” Na we yishura ati: “Ni nde ga mutungwa, ngo ndamwizere?” Yezu aramutomorera ati: “Wamubonye, kandi bitayeko, uwuriko aravugana nawe ni we w’uyo.”​—Yohani 9:35-37.

Nya mugabo asubizayo ati: “Ndamwizeye, Mukama.” Nya mugabo aca yunama imbere yiwe mu kwerekana ko amwizera be n’uko amwubaha,. Yezu na we aca avuga aya majambo y’inkoramutima ati: “Uru rubanza ni rwo rwanzanye muri iyi si: ni ukugira ngo abatabona babone, ababona na bo bacike impumyi.”​—Yohani 9:38, 39.

Abafarizayo bari ng’aho barazi ko batari impumyi. Ariko tuvuge iki ku ruhara bavuga ko barangura rwo kumurikira abandi mu bijanye n’ugusenga? Mu kurondera kwiregura, babaza Yezu bati: “None natwe turi impumyi?” Yezu abishura ati: “Iyo muba muri impumyi nta gicumuro mwari kuba mufise. Mugabo ubu muvuga muti: ‘Turabona.’ Igicumuro canyu kigumyeho.” (Yohani 9:40, 41) Iyaba atari abigisha muri Isirayeli, boronse ico bireguza kubona biyamiriza Yezu. Ariko rero uravye ubumenyi bafise mu bijanye n’amategeko y’Imana, ukwo kumwiyamiriza ni igicumuro gikomeye.

  • Kubera iki abavyeyi b’uwo mugabo bagira ubwoba igihe barengukijwe n’Abafarizayo, kandi bishura gute?

  • Ni iciyumviro cumvikana ikihe gituma Abafarizayo barakara?

  • Ni kubera iki Abafarizayo ata mpamvu bafise yo kurwanya Yezu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika