ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 77
  • Ikibazo c’Intoranwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo c’Intoranwa
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu atanga impanuro ku vyerekeye ubutunzi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Munyigireko”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Insiguro Yabaye Rurangiranwa Kuruta Zose
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Woba uri “umutunzi ku Mana”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 77

Ikigabane ca 77

Ikibazo c’Intoranwa

ABANTU bisa n’uko bazi ko Yezu yagiye gufungura ku muhana w’Umufarizayo. Nuko batororokanira hanze ari ibihumbi vyinshi, barindiriye igihe Yezu asohokera. Abo bantu si nk’Abafarizayo barwanya Yezu kandi bakagerageza kumufatira ku kintu kibi yovuga, bobo baramwumviriza n’igishika cinshi bakenguruka.

Ubwa mbere Yezu ahindukirira abigishwa biwe, ababwira ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.” Nk’uko vyerekanywe mu gihe c’ugufungura, ivyo Abafarizayo bagira vyose mw’idini vyuzuye uburyarya. Mugabo naho nyene ububisha bw’Abafarizayo bushobora kuba buhishijwe n’ivy’ukwigira abubaha Imana, bizoteba bishirwe ku kabarore. Yezu avuga ati: “Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.”

Yezu abandanya asubiramwo indemesho yahaye bamwe 12 igihe yabarungika guhetura i Galilaya bamamaza inkuru nziza. Avuga ati: “Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira.” Kubera ko Imana itibagira akanyoni gatoyi na kamwe, Yezu arasubiriza umutima mu nda abayoboke biwe yuko Imana itazobibagira. Avuga ati: “Ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, . . . [im]pwemu [y]era mur’ako kanya nyene [i]zobategekera ivyo mukwiye kuvuga.”

Muri iryo sinzi umugabo umwe avugira hejuru, asaba ati: “Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure [intoranwa].” Ivyagezwe vya Musa bivuga yuko umuhungu w’imfura aronka ibice bibiri vy’intoranwa, nta mpamvu y’uguhazuka yohabaye rero. Ariko uwo mugabo biboneka ko ashaka ibirenze umugabane wiwe w’intoranwa wemerwa n’amategeko.

Mu buryo bubereye, Yezu aranka kubijamwo. Arabaza ati: “Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu?” Maze akebura iryo sinzi ry’abantu mu buryo ngirakimazi ati: “Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ubu[zima] bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze.” Ni vyo, naho umuntu yoshika ku kugira ibintu vyinshi gute, mu bisanzwe azopfa hanyuma abisige vyose. Mu gushimika kuri ukwo kuri, be no mu kugira yerekane ubujuju buri mu vyo kunanirwa kwironderera kumenyekana neza ku Mana, Yezu akoresha ikigereranirizo. Asigura ati:

“Hābaye umuntu w’umutunzi yar’afise itongo rimera cane. Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje? Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini-binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose. Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe. Maz’Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?”

Mu gusozera, Yezu avuga ati: “Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’umutunzi mu vy’Imana.” Naho abigishwa bashobora kuba batafashwe n’umutego w’ubujuju bw’ukurundanya ubutunzi, kubera imyitwarariko ya misi yose yo mu buzima, bari gushobora gusamazwa bitagoranye bagaheba umurimo bakorera Imana n’ubugingo bwabo bwose. Ni co gituma Yezu akoresha ako karyo kugira ngo asubiremwo ya mpanuro nziza yari yaratanze muri ya Nsiguro yo ku Musozi, ubu hakaba haciye umwaka umwe n’igice. Ahindukirira abigishwa biwe, avuga ati:

“Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. . . . Ni mwitegereze ibikōna, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububīko cank’ikigega, kand’Imana irabitunga: . . . Ni mwitegereze amashurwe, ingen’akura: ntiyīrirwa aratama, ntajisha impuzu: ariko ndababgire: Na Salomo mu bgiza bgiwe bgose ntiyar’ashajije nka rimwe mur’ayo. . . .

“[Nuko rero] ntimukītwaririke ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire. Kukw ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mukena ivyo. Ariko mwitwaririke ubgami bgiwe, ni ho ivyo muzovyongerwa.”

Na canecane mu bihe hari amagume mu vy’ubutunzi ni ho ayo majambo ya Yezu azirikanwa cane. Umuntu yitwararika kurenza urugero ivyo akeneye vy’umubiri hanyuma agatangura guhororokerwa mu vy’ugukurikirana ivy’impwemu, mu vy’ukuri aba ariko yerekana ko atizeye ko Imana ishoboye kuronsa abasavyi bayo ivyo bakeneye. Luka 12:1-31; Gusubira mu Vyagezwe 21:17.

▪ Ni igiki gishobora kuba caratumye uwo mugabo abaza ivyerekeye intoranwa, kandi ni inkeburo iyihe Yezu atanga?

▪ Ni ikigereranirizo ikihe Yezu akoresha, kandi cashaka kwigisha iki?

▪ Ni impanuro iyihe Yezu asubiramwo, kandi ni kuki ibereye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika