Ikigabane ca 96
Yezu Hamwe n’Umutware Atunze w’Umusore
YEZU abandanije agaca mu ntara y’i Pereya yerekeje i Yeruzalemu, sinzi umusore yirukanze akubita ibipfukamiro imbere yiwe. Nya mugabo yitwa umutware, kumbure bigasigura yuko afise ikibanza gikomeye mw’isinagogi yaho, canke mbere yuko ari umwe mu bagize Ikombe. Vyongeye, aratunze cane. Amubaza ati: “Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?”
Yezu arishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza, atar’umwe, ni we Mana.” Bisa n’uko uwo musore akoresha ijambo “mwiza” nk’izina ry’icubahiro, ari co gituma Yezu amumenyasha yuko izina ry’icubahiro nk’iryo ari iry’Imana yonyene.
Yezu arabandanya ati: “Asangw’ugomba kwinjira mu bu[zima], witondere ivyagezwe.”
Wa mugabo abaza ati: “N’ibihe?”
Yezu yishura mu kudonda atanu muri ya Mabwirizwa Cumi, ati: “Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.” Hanyuma mu kwongerako mbere igihambaye kuruta, Yezu avuga ati: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”
Wa mugabo yishura ata buryarya namba ati: “Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bganje.” “Har’ikindi mpajije?”
Yezu yumviriza ukuntu uwo mugabo abimusavye ashimitse kandi amwinginga, yumva aramukunze. Ariko Yezu abona yuko uwo mugabo akunda cane amaronko, hanyuma aca adoma urutoke ku co abuze ati: “Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire.”
Yezu aritegereza, eka nyene akarabana ikigongwe, ingene uwo mugabo ava hasi hanyuma akagenda ababaye cane. Ubutunzi afise buramuhuma amaso ntabone agaciro k’ubutunzi nyakuri. Yezu yivugana ababaye ati: “Biragoye kw aba vyinshi binjira mu bgami bg’Imana!”
Amajambo Yezu avuze atangaza cane abigishwa. Ariko baratangara cane mbere kuruta igihe abandanije avuga uko bimeze muri rusangi, ati: “Icoroshe n’ingamiya guca mu zuru ry’urushinge [ku]ruta umutunzi ko yinjira mu bgami bg’Imana.”
Ba bigishwa bashaka kubimenya, babaza bati: “None rero, ni nde ashobora gukizwa?”
Yezu abahanga amaso, asubizayo ati: “Kubg’abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana s’uko, kuko vyose bishobokera Imana.”
Petero kubera ko azi yuko bo bagize ihitamwo ritandukanye rwose n’iry’uwo mutware w’umusore atunze, avuga ati: “Rāba, twebge twaretse vyose turagukurikira.” Nuko abaza ati: “None tuzohabga iki?”
Yezu abaraganira ati: “Mwebge abankurikiye, ah’Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe [“c’ukurema bundi busha,” NW], namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.” Egome, Yezu ariko yerekana yuko hazoba iremwa rishasha ry’ugusubiza ibintu mu buryo kw’isi kugira ngo bimere nk’uko vyari biri mw’itongo ry’i Edeni. Petero na nya bandi bigishwa bazoronka impembo y’ukuganza hamwe na Kirisitu, baganze iyo Paradizo izoba ikwiye kw’isi yose. Nta nkeka, impembo ihambaye mwene iyo irakwiriye kugirirwa akigoro ako ari ko kose!
Ariko rero, no muri iki gihe nyene harabaho impembo, nk’uko Yezu abivuga ashikamye ati: “Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, kubganje no kubg’ubutumwa bgiza, atazobishumbushwa ijana mur’iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga ubu[zima] budashira?”
Nk’uko Yezu abisezerana, aho abigishwa biwe baja hose kw’isi, barinovora ubucuti bukomeye bagiranira na bagenzi babo b’Abakirisu kandi bufise agaciro kuruta ubwo umuntu agirana n’abo mu muryango usanzwe. Uwo mutware w’umusore atunze biboneka ko ahomba kuri iyo mpembo no ku y’ubuzima budahera mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru.
Mu nyuma Yezu yongerako ati: “Ariko benshi b’imbere bazoba ab’inyuma, kand’ab’inyuma bazoba ab’imbere.” Ashaka kuvuga iki?
Ashaka kuvuga yuko abantu benshi “b’imbere” mu vy’ukuba bafise agateka batewe mu vy’idini, nk’uwo mutware atunze w’umusore, batazokwinjira mu Bwami. Bazoba “ab’i nyuma.” Mugabo abenshi, dushizemwo abigishwa ba Yezu bicisha bugufi ari na bo bakengerwa n’Abafarizayo bibona ubugororotsi bakabafata nk’ “ab’inyuma,” nk’abantu b’ivu, canke ‛am ha·’aʹrets, bazoba “ab’i mbere.” Ukuba “ab’imbere” kwabo bishaka kuvuga ko bazoronka agateka k’ugucika abaganzanya na Kirisitu mu Bwami. Mariko 10:17-31; Matayo 19:16-30; Luka 18:18-30.
▪ Nk’uko biboneka, uwo musore w’umutunzi yari umutware nyabaki?
▪ Ni kuki Yezu yanka kwitwa mwiza?
▪ Ivyabaye kuri uwo mutware w’umusore vyerekana neza gute ingeramizi iri mu vy’ukuba umutunzi?
▪ Ni impembo iyihe Yezu asezeranira abayoboke biwe?
▪ Ni mu buryo ki ab’imbere bacika ab’inyuma, ab’inyuma na bo bagacika ab’imbere?