Ikigabane ca 99
Yezu Yigishiriza i Yeriko
NTIBITEVYE Yezu hamwe n’amasinzi bafadikanije urugendo bashika i Yeriko, kino kikaba ari igisagara kiri ku rugendo rw’umusi uvuye i Yeruzalemu. Biboneka ko Yeriko ari igisagara kirimwo bibiri, igisagara c’Abayuda ca kera kikaba kiri nko ku kirometero kimwe n’igice uvuye mu gisagara gishasha c’Abaroma. Nya masinzi afashe urugendo ngo ave mu gisagara ca kera yegereze igisagara gishasha, abasezi b’impumyi babiri bumva uruyogoyogo rwabo. Umwe muri bo yitwa Barutimayo.
Aho bumviye ko ari Yezu arenganye, Barutimayo na mugenziwe batangura gusemerera bati: “Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.” Nya sinzi rirabazibiranya ngo banume, barushirizaho noneho gusemerera bati: “Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.”
Yezu yumvise ukuntu bamugora, arahagarara. Asaba abo bari kumwe ngo bahamagare bene gutera urwo rwamo rwose. Begera ba basezi hanyuma babwira umwe muri bo bati: “Hūmura, va hasi, araguhamagaye.” Wa muntu ata umutamana wiwe akanyamuneza kamusya, aravumbuka, aja kwa Yezu.
Yezu abaza ati: “Mugomba ko mbakorera iki?”
Nya bantu babiri b’impumyi baramwazambira bati: “Tugomba kw amaso yacu ahumūka Mwami.”
Yezu aterwa n’ikigongwe, akora ku maso yabo. Dukurikije inkuru ya Mariko, Yezu abwira umwe muri bo ati: “Genda, ukwizera kwawe kuragukijije.” Buno nyene nya basezi b’impumyi barahumuka, kandi nta gukeka bompi batangura kuninahaza Imana. Aho abantu bose baboneye ibibaye, na bo bashemeza Imana. Bidatevye, Barutimayo na mugenziwe batangura gukurikira Yezu.
Igihe Yezu ariko aca i Yeriko, amasinzi y’abantu ni igifyo. Umuntu wese ashaka kubona uwakijije za mpumyi zibiri. Abantu bagundanira kuri Yezu, bituma bamwe badashobora mbere no kumukubita urugohe. Muri abo harimwo Zakayo, umukuru w’abatozakori b’i Yeriko no mu micungararo yaho. Ni mugufi cane ku buryo adashobora kubona ibiriko biraba.
Nuko Zakayo arirukanga imbere yurira igiti c’umusukomora kiri ku nzira Yezu agiye gucamwo. Ari aho hantu hakirurutse, arashobora kubona neza ikintu cose. Nya masinzi yegereye, Yezu arahamagara arangamije araba ca giti ati: “Zakayo, ururuka vuba, kuk’uyu musi nkwiye kurāra i wawe.” Zakayo arururuka anezerewe hanyuma aranyaragasa aja i muhira gutegura ibintu azimana umushitsi wiwe w’iteka.
Ariko rero, abantu babonye ibiriko biraba, bose batangura kwidoga. Babona ko bitabereye ko Yezu aba umushitsi w’umuntu mwene uyo. Zakayo yari yatungishijwe no kuza aragunga abantu amahera mu kazi kiwe k’ubutozakori.
Abantu benshi barakurikira, hanyuma aho Yezu yinjiriye mu nzu kwa Zakayo, baridodomba bati: “Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!” Yamara Yezu arabona muri Zakayo ko haja kuba ukwigaya. Kandi Yezu ntiyihenze, kuko Zakayo ahaguruka hanyuma akamenyesha ati: “Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.”
Zakayo agaragaza ko ukwigaya kwiwe ari ukw’ukuri mu gufata igice c’ivyo afise akagiha aboro, no mu gukoresha ikindi gice mu gusubiza abo yivye. Bisa n’uko ashoboye guharura mu nyandiko ziwe z’ivy’amakori uko ivyo afitiye abo bantu bingana. Nuko asezerana gusubiza ibintu incuro zine, ahuje n’icagezwe c’Imana kivuga giti: ‘Umuntu ni yiba intama, ayirihe zine.’
Yezu arahimbarwa n’ukuntu Zakayo asezeranye gutanga ivyo afise, kuko Yezu avuga ati: “Uyu musi agakiza gashitse mur’iyi nzu, kuk’uyu na we ar’umwana wa Aburahamu. Kand’Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.”
Ubuheruka, Yezu yari yarasiguye ivy’ ‘uwazimiye,’ mu nkuru yiwe yerekeye umuhungu w’igishushungwe. Ubu rero turafise akarorero kaboneka k’umuntu atowe yari yarazimiye. Naho nyene indongozi z’idini hamwe n’abaziyobokera bavuga ubunugunugu kandi bakidodombera ukuntu Yezu yitwararika abantu bameze nka Zakayo, Yezu arabandanya kurondera no kugarukana abo bana ba Aburahamu bazimiye. Matayo 20:29-34; Mariko 10:46-52; Luka 18:35–19:10; Kuvayo 22:1.
▪ Yezu ashobora kuba yahwaniye hehe n’abasezi b’impumyi, kandi ni igiki abagirira?
▪ Zakayo ni nde, kandi ni kuki yurira ku giti?
▪ Zakayo yerekanye gute ukwihana kwiwe?
▪ Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku kuntu Yezu yafashe Zakayo?