ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/4/04 rup. 30
  • Ikintu kiruta amahinduka asanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikintu kiruta amahinduka asanzwe
  • Be maso!—2004
  • Ivyo bijanye
  • Amaruru yo gusaba amahinduka
    Be maso!—2004
  • Arakiza impumyi akanafasha Zakayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Abaharanira amahinduka boba bafise umuti w’ingorane?
    Be maso!—2004
  • Yezu Yigishiriza i Yeriko
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/4/04 rup. 30

Ikintu kiruta amahinduka asanzwe

IGIHE igiti cama ivyamwa ata co bimaze, iyo ngorane ntitorerwa umuti mu guca amwamwe mu mashami yaco. Ico giti gitegerezwa kwicirwa hanyuma imizi yaco ikarandurwa. Hakwiye guca haterwa ikindi giti cama ivyamwa vyiza.—Matayo 7:16-20.

Ku bw’iyo mvo nyene, abantu baharanira amahinduka babigiranye intumbero nziza, mbere na bo nyene usanga bagerageza gutorera umuti ingorane ikibano c’abantu gifise, ni ukuvuga ibiturire, akarenganyo, ukuba ntahonikora be n’ubusuma, yamara ntibashike ku muzi w’iyo ngorane. Ariko rero, umuzi w’izo ngorane ugera kure cane. Igikeneye guhinduka ni ukuntu ibintu vyose bitunganijwe. Ico ni co Bibiliya isezerana.

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru izokora ibintu bitazogarukira gusa ku guhindura ikibano c’abantu, kukiryohora canke kugitunganya bushasha. Iyo ntwaro izotanguza uburyo bwo gutunganya ivy’abantu ata ho busa busana n’ubwahahora, inywanishe abantu bose itwara. Iyo ntwaro izotunganya nk’ivyerekeye indero, akazi, uburaro, ibifungurwa, amagara be n’ibidukikije.

Muri Zaburi 72:12-14, haradondora mu buryo menyeshakazoza ico wa Mwami Mesiya azokorera abantu. Hagira hati: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano”.

Yamara kugira ngo ikibano ntikibe kikibazwamwo ibiturire, akarenganyo be no kuba ntahonikora, nta nkeka ko atari intwaro yonyene izotegerezwa guhinduka, mugabo n’abantu nyene bazotegerezwa guhinduka. Ni co gituma ubwo Bwami buzoha umuntu wese ubuyobozi bujanye n’ukuntu yogira ubuzima burangwa umunezero, buri n’ico buvuze kandi bumara akanyota. Bibiliya isezerana yuko Ubwami bw’Imana buzofasha abatwarwa babwo bo kw’isi kwihindura ubwabo. Mu buryo ki?

Ubwo Bwami buzokwigisha abatwarwa babwo inzira za Yehova Imana, gutyo bube buriko burabafasha gutsimbataza ukwizera n’urukundo (Yesaya 11:9). Urukundo umuntu akunda Imana ruramuvyurira umutima wo kugira ico akoze. Nk’akarorero, mu kinjana ca mbere, Yezu yarahuye na Zakayo, umukuru w’abatozakori, yama yuzuza imipfuko yiwe mu gusaba abanyagihugu ikori rirenze iryo babwirizwa gutanga. Yezu ntiyaryagaguye uwo mukuru yarya ibiturire, ngo amumaramaze bitume ahindura ingendo yiwe. Ahubwo, Yezu yarafashije Zakayo gutahura ikosa ryiwe no kwigaya. Zakayo yasunitswe n’ubumenyi ntagakosa bw’ingingo ngenderwako z’Imana be n’urukundo yakunda Imana. Yaragize amahinduka atangaje.—Luka 19:1-10.

None uwo si umuti ntangere w’utugorane two mu kibano? Ni intwaro itunganye kandi igororotse ijejwe gutunganya ivyerekeye abantu, ifatanije n’akigoro umuntu wese azogira kugira ahindure inzira ziwe. Ico gihe twoba tuzoba tugikeneye amahinduka? Nta yo tuzoba tugikeneye, kubera yuko Imana ibintu vyose izoba yabihinduye bishasha. Ivya kera bizoba vyashize.—Ivyahishuriwe 21:4, 5.

[Iciyumviro ku rup. 30]

Ubwami bw’Imana ntibuzohindura ibintu bimwebimwe gusa, yamara buzohindura ibintu ubutagisubirwamwo

[Ifoto ku rup. 30]

Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, yarafashije abantu kugira ngo bo nyene bihindurire ivyabo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika