Ikigabane ca 103
Yongera Kugendera Urusengero
YEZU n’abigishwa biwe bahejeje kumara ijoro rigira gatatu i Betaniya kuva aho bashikiye bavuye i Yeriko. Ubu agaco k’umutwenzi ko ku wa Mbere, igenekerezo rya 10 Nisani, kaje bamaze gufata inzira baja i Yeruzalemu. Yezu arashonje. Maze abonye igiti c’umusukoni gifise amababi, agenda akigana ngo arabe ko coba kiriko ivyamwa.
Amababi ya nya musukoni yameze hataribwagere, kubera ko igihe c’insukoni kitagera Ruheshi kutarashika, ubu hakaba hakiri muri Ntwarante gusa. Ariko rero, Yezu bisa n’uko yibaza ko kubera yuko amababi yameze kare, n’ivyamwa nyene vyoba vyamye kare. Ariko arahebuye. Ayo mababi yatumye ico giti kiboneka uko kitari. Yezu ni kwo guca avuma ico giti, mu kuvuga ati: “Ntugapfe har’ūriye ku nsukoni zawe uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira.” Ingaruka z’ico Yezu agize hamwe n’ico kivuze biramenyekana bukeye ku musi ukurikira.
Yezu n’abigishwa biwe barabandanya, vuba barashika i Yeruzalemu. Aja ku rusengero, urwo yari yagenduye ku muhingamo w’ahahise. Ariko uno musi, aragira ico akoze, nk’uko yabigize haraciye imyaka itatu hamwe yaza guhimbaza Pasika mu 30 G.C. Yezu yirukana abariko baragurishiriza n’abagurira mu rusengero, ahenagura amameza y’abavunji b’amahera hamwe n’utumeza tw’abagurisha inuma. Ntiyemerera mbere n’umwe gutwara icombo agicanye mu rusengero.
Mu kunegura abo bariko bavunjiriza amahera mu rusengero n’abahagurishiriza ibitungwa, avuga ati: “Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.” Ni abambuzi kubera ko baca amaboko abatagira ukundi bari bugire atari ukubagurirako ibitungwa bakeneye vyo gutangako inkuka. Urwo rucuruza rero Yezu arubona nk’ubusahuzi canke ubwambuzi.
Abaherezi bakuru, abanyabwenge b’ivyanditswe n’abakuru b’abo bantu, aho bumviye ivyo Yezu agize, bongera kurondera uburyo yokwicwa. Gutyo bagaragaza ko badashobora kugororwa. Yamara, ntibazi ukuntu bokuraho Yezu, kubera ko abantu bose baguma bamwoma inyuma bamwumviriza.
Turetse Abayuda b’imvukira, Abanyamahanga na bo nyene baje kuri Pasika. Abo ni abahindukiriye idini y’Abayuda. Abagiriki bamwebamwe, abo bisa n’uko bahindukiriye iyo dini, ubu begera Filipo hanyuma basaba ko bobona Yezu. Filipo aja kwa Andereya, kumbure kubaza ko umubonano nk’uwo woba ubereye. Yezu biboneka ko akiri ku rusengero, aho nya Bagiriki bashobora kumubona.
Yezu arazi ko agisigaje imisi mikeyi gusa y’ukubaho, ari co gituma agereranya neza cane ivyiwe ati: “Igihe kirageze c’uk’Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Iy’agatete k’ingano kataguye mw ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; arikw iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.”
Agatete kamwe k’ingano gafise ikimazi gito. Yamara bigenda gute iyo gashizwe mw ivu ngo “gapfe,” ubuzima bwako bugahera? Gaca kamera hanyuma igihe kigeze kagakura kagacika agati kama intete nyinshi cane z’ingano. Muri ubwo buryo nyene, Yezu ni we muntu wenyene atagira agasembwa. Mugabo apfuye ari umwizigirwa ku Mana, aba atanze uburyo bw’uguha ubuzima budahera abizigirwa bafise agatima k’ukwitanga nk’ako afise. Nuko rero, Yezu avuga ati: ‘Ūkunda ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwanka ubugingo bwiwe muri iyi si azobuzigama ku bw’ubuzima budashira.’
Biragaragara ko Yezu atariko yiyumvira ivyiwe gusa, kuko mu nyuma asigura ati: “Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.” Mbega impembo y’igitangaza itangwa ku bw’ukumukurikira no kumukorera! Ni ya mpembo abantu baronka mu guterwa iteka na Data bagafadikanya na Kirisitu mu Bwami.
Yezu yiyumviriye umubabaro munini n’urupfu rubabaza agiye gupfa, abandanya avuga ati: “Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe?” Iyaba yari gukira ibimurindiriye hoho! Ariko ntabikira, nk’uko abivuga ati: “Ni co canzanye ngo nshike mur’iki gihe.” Yezu arashigikira neza ivyo Imana yashinze vyose, dushizemwo n’urupfu agiye gupfa rw’ukwitangako inkuka. Matayo 21:12, 13, 18, 19; Mariko 11:12-18; Luka 19:45-48; Yohana 12:20-27.
▪ Ni kuki Yezu yiteze kuronka insukoni naho atari igihe cazo?
▪ Ni kuki abagurishiriza mu rusengero Yezu abita “abambuzi”?
▪ Ni mu buryo ki Yezu ameze nk’agatete k’ingano gapfa?
▪ Yezu yumva amerewe gute ku vyerekeye umubabaro n’urupfu bimurindiriye?