ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/5 rup. 24-26
  • Umwe wese azokwicara munsi y’umusukoni wiwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwe wese azokwicara munsi y’umusukoni wiwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni igiti cama kabiri mu mwaka
  • Ni ikigereranirizo c’ihanga ritagira ukwizera
  • “Ni mwigire ku musukoni”
  • Icigwa kijanye n’ukwizera
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Intango y’Umusi w’Agakura
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Yongera guhumanura urusengero
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/5 rup. 24-26

Umwe wese azokwicara munsi y’umusukoni wiwe

MU BIHUGU vyo mu Buseruko bwa Hafi, igitutu ni ikintu c’imbonekarimwe mu gihe c’ici, aho usanga izuba rimena imbwa agahanga. Igiti cose umuntu ashobora kwikingamwo imishwarara y’izuba usanga gikundwa rwose, canecane igihe kiri hafi y’inzu y’umuntu. Kubera yuko umusukoni ufise ibibabi bininibinini kandi bitagaraye, ukagira n’ibishami bisagaraye cane, uratanga igitutu ciza kuruta ikindi giti cose co muri ako karere.

Nk’uko igitabu kimwe (Plants of the Bible) kivyerekana, bivugwa yuko “igitutu [c’umusukoni] gipfutse kandi kirimwo akayaga gakanye kurusha igitutu co munsi y’ihema”. Muri Isirayeli ya kera, imisukoni itewe ku nkengera z’imirima y’imizabibu yararonsa abakorera muri iyo mirima ahantu heza ho kuruhukira gatoyi.

Ku mpera y’umusi wabaye muremure kandi hari hashushe, abagize umuryango baricara munsi y’umusukoni wabo, hanyuma bakanezererwa ukuba bari hamwe. Vyongeye, umusukoni wararonsa nyene wo ivyamwa vyinshi birimwo ivyangombwa umubiri ukenera. Kuva mu gihe c’umwami Salomo, umuntu yicaye munsi y’umusukoni wiwe rero, vyagereranya amahoro, ugusagamba be n’agahimbo.​—1 Abami 4:24, 25.

Hagisigaye ibinjana nka bingahe, umumenyeshakazoza Musa yadondoye Igihugu c’Isezerano ko ari ‘igihugu c’imisukoni’ (Gusubira mu vyagezwe 8:8). Ba batasi 12 baratanze ikimenyamenya c’uko cimbuka mu kuzana aho Abisirayeli bari bashagaje insukoni be n’ibindi vyamwa (Guharūra 13:21-23). Mu kinjana ca 19, hari ingenzi yagendeye mu bihugu bivugwa muri Bibiliya yavuze yuko umusukoni ari kimwe mu biti vyari bihiganziye. Ntibitangaje kubona Ivyanditswe bikunda kuvuga kenshi insukoni be n’ibiti vy’umusukoni.

Ni igiti cama kabiri mu mwaka

Umusukoni uramenyera ubwoko bw’ivu butandukanye, kandi imizi yawo ishwara gushika kure, ituma ubandanya kubaho mu gihe c’ici rirerire kandi rigadutse ryo mu bihugu vyo mu Buseruko bwa Hafi. Ico giti ntigisanzwe kubera yuko gitanga insukoni z’umushuzo muri Ruheshi hanyuma umwimbu nya mwimbu mu bisanzwe ukaba kuva muri Myandagaro kubandanya (Yesaya 28:4). Abisirayeli mu bisanzwe barya imishuzo ariho icamurwa. Izo bimbura hanyuma, barazanikira kugira baze bazikoreshe mu mwaka wose. Insukoni zumye barazifyondafyonda bakazikoramwo udutsima twiburungushuye, rimwe na rimwe bakongeramwo shakedi. Utwo dutsima tw’insukoni twari ngirakamaro, tukabamwo ivyangombwa umubiri ukeneye kandi tukaba turyoshe.

Wa mugore w’inkerebutsi Abigayili yahaye Dawidi udutsima 200 tubumbabumbwe mu nsukoni, kumbure akaba yiyumvira ko zari imfungurwa zibereye ku bantu b’impunzi (1 Samweli 25:18, 27). Insukoni zibumbabumbwe zari kandi umuti. Insukoni zumye bafyondafyonze barazihometse ku kivyimba cari kigeramiye ubuzima bw’umwami Hezekiya, naho kuba yahavuye akira vyavanye ahanini n’uko Imana yabigiyemwoa.​—2 Abami 20:4-7.

Mu bihe vya kera, insukoni zumye zari zifise akamaro kanini mu karere kose ka Mediterane. Umukuru umwe wo mu vy’intwaro yitwa Cato yarashize hejuru insukoni kugira ajijure Inama Nkenguzamateka ya Roma ngo batangure intambara igira gatatu yo kurwanya igisagara ca Carthage. Insukoni zumye ziryoshe cane z’i Roma zava i Kariya muri Aziya Ntoya. Gutyo, carica ryacitse ijambo ry’ikilatini rikoreshwa ku nsukoni zumye. Ako karere nyene ko muri Turukiya y’ubu karacabandanya kwimbura insukoni zumye nziza cane.

Abarimyi bo muri Isirayeli barakunda gutera imisukoni mu mirima y’imizabibu, mugabo ibiti bitama barabica. Ivu ryiza ryari imbonekarimwe ku buryo bataryonona mu kuriteramwo ibiti bitama. Mu kigereranirizo c’umusukoni utama Yezu yatanze, umurimyi yabariye umukozi w’uruzabibu ati: “Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu?” (Luka 13:6, 7). Kubera yuko ibiti vy’ivyamwa vyatangirwa ikori mu gihe ca Yezu, igiti cose kitama cari kuba kandi ari umutwaro mu vy’ubutunzi.

Insukoni zari zifise akamaro kanini mu mfungurwa z’Abisirayeli. Ni co gituma habaye umwimbu muke w’insukoni, kumbure ufatanije n’urubanza rubi ruvuye kuri Yehova, caba ari icago (Hoseya 2:12; Amosi 4:9). Umumenyeshakazoza Habakuki yavuze ati: “Nah’umusukoni utoshurika, canke n’imizabibu ngw igire ico yama, n’icimburo c’imyelayo kikabura, n’imirima ntiyere indya na mba, . . . Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje”.​—Habakuki 3:17, 18.

Ni ikigereranirizo c’ihanga ritagira ukwizera

Ivyanditswe rimwe na rimwe birakoresha insukoni canke ibiti vy’umusukoni mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, Yeremiya yagereranije Abayuda b’abizerwa batwawe inyagano n’igisimbo c’insukoni nziza, ni ukuvuga insukoni za mbere zaribwa ari ho zicamurwa. Ariko rero, abatwawe inyagano b’intizerwa bagereranijwe n’insukoni ziboze, zitashobora kuribwa, zategerezwa gutabwa (Yeremiya 24:2, 5, 8, 10).

Mu kigereranirizo Yezu yatanze c’umusukoni utama, yarerekanye ukuntu Imana yihanganiye ihanga ry’Abayuda. Nk’uko twamaze kubibona, yaravuze ivy’umugabo yari afise umusukoni mu murima wiwe w’uruzabibu. Ico giti cari kimaze imyaka itatu kitama, kandi nyene co yari hafi kuciciza. Mugabo umukozi wo mu ruzabibu yavuze ati: “Enda mugenzi, wureke uyu mwaka na wo, ndaworohereze, ndawutabire: hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca”.​—Luka 13:8, 9.

Igihe Yezu yatanga ico kigereranirizo, yari amaze imyaka itatu yamamaza, yihatira gutsimbataza ukwizera mu bagize ihanga ry’Abayuda. Yezu yarongereje igikorwa ciwe, ‘aratabira’ igiti c’umuzabibu c’ikigereranyo, ari ryo hanga ry’Abayuda yongera ararironsa akaryo ko kwama ivyamwa. Ariko rero, hasigaye iyinga ngo apfe, vyaribonekeje ko iryo hanga muri rusangi ryari ryarateye akagere Mesiya.​—Matayo 23:37, 38.

Yezu yarongeye gukoresha umusukoni kugira yerekane ukuntu iryo hanga ryari rimerewe nabi mu buryo bw’impwemu. Igihe yariko aja i Yeruzalemu avuye i Betaniya hasigaye imisi ine ngo apfe, yarabonye umusukoni wari ufise ibibabi vyinshi, mugabo ata nsukoni n’imwe iriko. Kubera yuko insukoni za mbere zamira rimwe n’ibibabi, kandi rimwe na rimwe zikama n’imbere yuko amababi akura, kuba ata camwa na kimwe cari kuri ico giti vyerekana yuko ata co cari kimaze.​—Mariko 11:13, 14.b

Nka kumwe kw’umusukoni utama wasa n’uwumeze neza, n’ihanga ry’Abayuda uburyo ryaboneka inyuma kwari ukw’uruhendo. Mugabo ntiryagize ivyamwa bishimwa n’Imana, kandi amaherezo ryarateye akagere Umwana bwite wa Yehova. Yezu yaravumye uwo musukoni utama, ku musi ukurikira, abigishwa basanga wamaze gukabirana. Ico giti cumye cagereranya mu buryo bubereye yuko Imana yari yimirije gushibura Abayuda, ntibabe bakiba igisata cayo yitoranirije.​—Mariko 11:20, 21.

“Ni mwigire ku musukoni”

Yezu yarakoresheje kandi umusukoni mu kwigisha icigwa gihambaye cerekeye ukuhaba kwiwe. Yavuze ati: “Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw [ici ri]ri hafi. Nuko namwe, ni mwabona ivyo bishitse, muze mumenye kw ari hafi ku rugi” (Matayo 24:32, 33). Ibibabi vy’umusukoni bitotahaye ni ikimenyetso cibonekeje kandi kitabesha c’uko ici ryegereje. Nk’ukwo nyene, ubuhanuzi buhambaye bwa Yezu buri muri Matayo ikigabane ca 24, Mariko ikigabane ca 13 no muri Luka ikigabane ca 21, buratanga ikimenyamenya gitomoye c’uko ubu ari ho ari mu bubasha bw’Ubwami mw’ijuru.​—Luka 21:29-31.

Kubera yuko ubu tubayeho mu gihe nk’ico kigoye kuruta icigeze kubaho muri kahise, nta gukeka ko twipfuza kwigira ku giti c’umusukoni. Tubigenjeje gutyo kandi tukaguma turi maso mu buryo bw’impwemu, turagira icizigiro co kwibonera iranguka ry’uyu muhango mwiza: “Umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze”.​—Mika 4:4.

[Utujambo tw’epfo]

a Hari umuhinga yiga ivy’ibidukikije yitwa Henry Baker Tristram yagendeye ibihugu bivugwa muri Bibiliya hagati mu kinjana ca 19 yabonye yuko abantu baho bari bagikoresha insukoni mu kuvura ibivyimba.

b Ivyo vyabereye hafi y’imihana y’i Betifage. Iryo zina risobanura “Inzu y’Insukoni za Mbere”. Ivyo bishobora kuba vyerekana yuko ako karere kari kazwi ko kimbukamwo insukoni za mbere nyinshi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika