ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 105
  • Intango y’Umusi w’Agakura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intango y’Umusi w’Agakura
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa kijanye n’ukwizera
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umwe wese azokwicara munsi y’umusukoni wiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • A7-G Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi: Igikorwa ca nyuma Yezu yakoreye i Yeruzalemu (Igice ca 1)
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Yongera guhumanura urusengero
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 105

Ikigabane ca 105

Intango y’Umusi w’Agakura

IGIHE Yezu avuye i Yeruzalemu ku wa Mbere ku mugoroba, asubira i Betaniya ku mumanuko wo mu buseruko w’Umusozi wa Elayono. Imisi ibiri y’igikorwa ciwe ca nyuma i Yeruzalemu yaheze. Nta nkeka, Yezu asubira kumarana ijoro n’umukunzi wiwe Lazaro. Kuva aho aviriye i Yeriko ku wa Gatanu, iryo ni ijoro rigira kane amaze i Betaniya.

Ubu, ku wa Kabiri mu gitondo ca kare, ari ho ku wa 11 Nisani, we hamwe n’abigishwa biwe bari mu nzira kandi. Uyo uboneka ko ari umusi w’agakura mu murimo wa Yezu, gushika ico gihe ukaba ari wo musi afise vyinshi akora kuruta. Ni wo musi wa nyuma aseruka mu rusengero. Kandi ni wo musi wa nyuma w’umurimo wiwe akorera mu bantu imbere y’uko asambishwa hanyuma akicwa.

Yezu n’abigishwa biwe bafata ya nzira nyene ica ku Musozi wa Elayono berekeza i Yeruzalemu. Bari muri iyo nzira bavuye i Betaniya, Petero abona ca giti Yezu yavuma mu gitondo c’ahahise. Aratangara ati: “Mwigisha, ehe wa musukoni wavumye wakabiranye.”

Ico giti Yezu yagiteye gukabirana agihoye iki? Yezu arerekana impamvu mu kubandanya avuga ati: “Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi [Umusozi wa Elayono bahagazeko], muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko. Kand’ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.”

Mu gutuma rero ico giti gikabirana, Yezu ariko aha abigishwa biwe icigwa akoresheje akarorero k’uko bakeneye kwizera Imana. Nk’uko avuga ati: “Ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona.” Mbega icigwa gihambaye bakwiye kuhakura, na canecane turavye ibigeragezo vy’agaterabwoba bigiye kuza vuba! Yamara, hariho irindi sano hagati y’ugukabirana kw’uwo musukoni n’agaciro k’ukwizera.

Ihanga rya Isirayeli, nk’ukwo kw’uwo musukoni, riboneka uko ritari. Naho iryo hanga rifitaniye ubucuti bw’isezerano n’Imana kandi inyuma rikaba rishobora kuboneka nk’iryubahiriza amabwirizwa yayo, ryagaragaje ko ritagira ukwizera, ko ryagumbashe ntiryame ivyamwa vyiza. Kubera ritagira ukwizera, rigiye mbere kwiyamiriza Umwana w’Imana bwite! Ni co gituma mu gutuma uwo musukoni wanse kwama ukabirana Yezu ariko yerekana, mu buryo bw’ukugereranya, amaherezo y’iryo hanga ritama ivyamwa kandi ryahemutse.

Mu nyuma gatoyi, Yezu hamwe n’abigishwa biwe binjira i Yeruzalemu, kandi nk’uko basanzwe bagira, baja ku rusengero, hanyuma Yezu agatangura kwigisha. Abaherezi bakuru be n’abagabo b’inarabironye bo muri abo bantu, kumbure bakaba bibuka ivyo Yezu yaraye akoreye abavunji b’amahera, bamutega umutego bati: “N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha bgo kubikora?”

Mu kubishura Yezu avuga ati: “Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe, munyishure; mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo. Non’ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw ijuru, canke se mu bantu?”

Ba baherezi hamwe na ba bagabo b’inararibonye batangura kubazanya ico bokwishura. “Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera? Kandi ni twavuga tuti Ni mu bantu; n’uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yar’ūvugishwa n’Imana.”

Nya ndongozi ntibazi ico baribwishure. Nuko basubiza Yezu bati: “Ntituhazi.”

Yezu na we avuga ati: “Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.” Matayo 21:19-27; Mariko 11:19-33; Luka 20:1-8.

▪ Ni ibintu ibihe biri n’ico bivuze vyerekeye ku wa Kabiri, igenekerezo rya 11 Nisani?

▪ Ni ivyigwa ibihe Yezu atanga mu gutuma umusukoni ukabirana?

▪ Yezu yishura gute abamubaza iyo akura ububasha bumukoresha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika