Ikigabane ca 114
Imfungurwa zo ku Mugoroba z’Icibutso
YEZU amaze kwoza ibirenge vy’intumwa ziwe, asubiramwo icanditswe co muri Zaburi 41:9, mu kuvuga ati: “Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.” Maze, agize amaganya mu mutima, asigura ati: “Umwe muri mwebge agira angure.”
Za ntumwa zitangura gutuntura maze zibwira Yezu umwumwe ziti: “Ni jewe ga Mugenzi?” Na Yuda nyene ajamwo mu kubaza. Yohani, uwihengetse iruhande ya Yezu aho ku meza, ahengamira inyuma yegamira mu gikiriza ca Yezu, abaza ati: “Ni nde ga Mugenzi?”
Yezu arishura ati: “Umwe muri mwebge cumi na babiri, uwo turiko turakoreza amaboko rimwe mu mubehe, ni we. Umwana w’umuntu agira agende uko vyanditswe kuri we: arik’uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.” Avuze ayo majambo, Shetani yongera kwinjira muri Yuda, iboneraho akaryo kwinjira mu mutima wiwe wuguruye, uwabaye mubi. Haciye umwanya muri iryo joro, Yezu yita Yuda mu buryo bukwiriye “umwana wo gupfa rubi.”
Ubu Yezu abwira Yuda ati: “Ico ukora, gikore n’ingoga.” Nta n’umwe mu ntumwa atahura ico Yezu ashaka kuvuga. Bamwe biyumvira yuko kubera ko Yuda ari we afise agasandugu k’amahera Yezu ariko amubwira, ati “Gura ibizodukwira ku musi mukuru,” canke ko akwiye kugenda kugira ico ahaye aboro.
Yuda amaze kuhava, Yezu atanguza ihimbaza rishasha vy’ukuri, ari co cibutso, ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka. Afata umukate, atura isengesho ryo gukenguruka, arawumanyagura, hanyuma arawubaha, avuga ati: “Ni mwābīre, murye.” Arasigura ati: “[“Iki gisigura,” NW] umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.”
Umwumwe amaze kurya kuri uwo mukate, Yezu afata igikombe c’umuvinyu, bikaboneka yuko ari ca gikombe ca kane gikoreshwa mu kugabura ivya Pasika. Yongera kugiturira isengesho ry’ugukura ubwatsi, arakibahereza, abasaba kukinywako, hanyuma avuga ati: “Iki gikombe [“gisigura,” NW] isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.”
Ico rero mu vy’ukuri ni icibutso c’urupfu rwa Yezu. Uko umwaka utashe, ku wa 14 Nisani kibwirizwa gusubirwamwo mu kwibuka Yezu, nk’uko yabivuze. Abagihimbaza kibibutsa ico Yezu be na Se wiwe wo mw’ijuru bagize kugira baronse abantu iyo bava bakagera uburyo bwo gukira urubanza rwo gupfa. Ku Bayuda bacika abayoboke ba Kirisitu, ico cibutso gisubirira Pasika.
Isezerano rishasha, irikora kubera amaraso ya Yezu yasesetse, risubirira rya sezerano rya kera ry’Ivyagezwe. Muri ryo Yezu Kirisitu aba umuhuza hagati y’imigwi ibiri—ku ruhande rumwe hari Yehova Imana, ku rundi na ho hakaba Abakirisu 144.000 bavyawe n’impwemu. Turetse ugutanga ikigongwe c’ivyaha, iryo sezerano riratuma hashingwa ihanga ryo mw’ijuru rigizwe n’abami-baherezi. Matayo 26:21-29; Mariko 14:18-25; Luka 22:19-23; Yohana 13:18-30; 17:12; 1 Ab’i Korinto 5:7.
▪ Ni ubuhanuzi bwa Bibiliya ubuhe Yezu asubiramwo ku biraba umugenzi umwe, kandi abusigura ate?
▪ Intumwa zituntuzwa cane n’iki, kandi umwumwe muri bo abaza iki?
▪ Yezu abwira Yuda kugira iki, ariko izindi ntumwa zitahura gute ivyo bintu atumye?
▪ Ni ihimbaza nyabaki Yezu atanguza inyuma y’aho Yuda ahaviriye, kandi rimara iki?
▪ Ni iyihe migwi igize rya sezerano rishasha, kandi iryo sezerano rirangura iki?