Ikigabane ca 118
Yezu Agurwa Hanyuma Agafatwa
NI MU gicugu gishira ubuca, igihe Yuda ajana isinzi rinini ry’abasoda, abaherezi bakuru, Abafarizayo hamwe n’abandi mw’itongo ry’i Getsemane. Nya baherezi bemeye guhera Yuda ibiceri 30 vy’amafeza kugira abahe Yezu.
Imbere yaho, Yuda yari yasabwe kugenda ngo ave ku mfungurwa za Pasika, bigasa n’uko yaciye aja ku baherezi bakuru. Abo buno nyene baciye bakorakoranya abagendanyi babo, hamwe n’umugwi w’abasoda. Yuda kumbure yari yabajanye aho Yezu n’intumwa ziwe bari bahimbarije Pasika. Aho nya sinzi ryitwaje ibirwanisho hamwe n’amatara n’ibimuri riboneye ko bahavuye, rikurikira Yuda bava muri Yeruzalemu, bajabuka Umugezi wa Kidironi.
Uko Yuda arongora uwo murongo w’abantu ku Musozi wa Elayono, yiyumvira adakeka yuko azi aho ari busange Yezu. Mu ndwi iheze, igihe Yezu n’intumwa ziwe bagira urugendo bagenda bagaruka i Betaniya n’i Yeruzalemu, kenshi barahagarara mw’itongo ry’i Getsemane kugira baruhuke bongere batere abiri. Ariko ubu, narirya Yezu ashobora kuba yihishije mu mwijima munsi y’ibiti vy’imyelayo, abo basoda baza kumumenya gute? Bashobora kuba bataribwigere bamubona. Ni co gituma Yuda abaha ikimenyetso, akavuga ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, mumufate, mumujane mumugumije.”
Yuda aja imbere iryo sinzi rinini arijana muri nya tongo, abona Yezu ari kumwe n’intumwa ziwe, hanyuma agenda amugana. Aravuga ati: “N’amahoro ga Mwigisha?” yongera amusomagura n’ikibabarwe cinshi.
Yezu avuga atarya umunwa ati: ‘Mugenzi, ikikuzanye aha n’igiki?’ Maze Yezu mu kwiyishurira ico kibazo we nyene abajije, avuga ati: “Yuda, mbeg’utangisha Umwana w’umuntu kumusoma?” Ariko biramaze kuri mwene kumugura! Yezu yegera imbere mu muco w’ibimuri n’amatara vyaka hanyuma abaza ati: “Murondera nde?”
Barishura bati: “Yesu Umunyanazareti.”
Yezu yishura ahagaze rugabo imbere yabo bose ati: “Ni jewe.” Nya bagabo bajorejwe n’ubutwari bwiwe, batazi ikiza kuba, bagenza imigongo bahenagurika.
Abandanya kuvuga atekereje ati: “Mbabgiye kw ari jewe: asangw ari jewe murondera, mureke aba, bīgīre.” Imbere yaho gatoyi muri ya nzu yo hejuru, Yezu yabwiye Se wiwe mw’isengesho yuko yari yarazigamye intumwa ziwe b’abizerwa n’uko ata n’umwe muri bo yari yaratakaye “atari wa mwana wo gupfa rubi.” Nuko, kugira ijambo yavuze rishobore kuranguka, asaba ko abayoboke biwe barekurwa bakigira.
Mu gihe nya basoda basubije umutima hamwe bagahaguruka hanyuma bagatangura kuboha Yezu, za ntumwa zimenya ibigira bishike. Bamubaza bati: “Mugenzi, tubakubite inkota?” Imbere y’uko Yezu yishura, Petero ahitana imwe muri za nkota zibiri intumwa zagura, yahuka Malikusi, umusuku w’umuherezi mukuru. Petero ayikubise, ahusha umutwe wa nya musuku, imuhitana ugutwi kw’iburyo.
Yezu avuga bubanguranye ati: “Geza aho.” Akora ku gutwi kwa Malikusi, akiza nya gikomere. Maze atanga icigwa gihambaye, ategeka Petero ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota. Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basaga legiyono cumi na zibiri?”
Yezu ntiyanka gufatwa, kuko asigura ati: “Non’ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?” Hanyuma yongerako ati: “Mbeg’igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?” Aremera gushitsa ico Imana imugombako ata gahigihigi namba afise!
Maze Yezu avuga abwira rya sinzi, ababaza ati: “Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate? Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike.”
Avuze ivyo, wa mugwi w’abasoda hamwe n’umugabisha w’abasirikare ari kumwe n’abakuru b’Abayuda basumira Yezu hanyuma baramuboha. Za ntumwa ngo zibibone, zita Yezu zirahunga. Ariko, umusore umwe, akaba kumbure ari umwigishwa Mariko, asigara muri iryo sinzi. Ashobora kuba yari ari muri ya nzu Yezu yahimbarizamwo Pasika, mu nyuma agakurikira iryo sinzi guhera ngaho. Ariko rero ubu aramenyekana, haca hageragezwa ivyo kumufata. Mugabo ataho impuzu yiwe yera, arahunga. Matayo 26:47-56; Mariko 14:43-52; Luka 22:47-53; Yohana 17:12; 18:3-12.
▪ Ni kuki Yuda yizigiye neza ko aza gusanga Yezu mw’itongo ry’i Getsemane?
▪ Yezu agaragaza gute yuko arajwe ishinga n’intumwa ziwe?
▪ Ni igiki Petero agira mu kurwanira Yezu, ariko kuri ivyo na we abwira iki Petero?
▪ Yezu ahishura ate yuko yemera ico Imana imugombako ata gahigihigi namba afise?
▪ Igihe intumwa zihevye Yezu ni nde asigaraho, hanyuma ashikirwa n’iki?