Ikigabane ca 130
Ku Kiyaga c’i Galilaya
INTUMWA ubu zisubira i Galilaya, nk’uko Yezu yari yazitegetse. Ariko ntibazi neza ivyerekeye ico bakwiye gukorayo. Haciye akanya, Petero abwira Toma, Natanayeli, Yakobo na mwenewabo Yohani hamwe n’izindi ntumwa zibiri ati: “Ndagiye kuroba.”
Abo batandatu barishura bati: “Natwe turajana nawe.”
Mw ijoro ryose uko ringana, ntibafata n’umuziriziri. Ariko rero, umutwenzi ugitambika, Yezu aboneka ku musenyi, ariko intumwa ntizitahura yuko ari we. Arasemerera ati: “Bana, har’ico kurya mufise?”
Barasemerera basubizayo bari mu mazi, bati “Oya.”
Avuga ati: “Ni muterere urusenga i buryo bg’ubgato, muraronka.” Bagize ukwo, ntibashobora gukwega urusenga rwabo kubera ifi nyinshi zirimwo.
Yohani yiha akamo ati: “N’Umwami Yesu.”
Yumvise ivyo, Petero akenyera umutamana, kuko yari yakuye impuzu ziwe, hanyuma yidiburira mu kiyaga. Maze aroga imetero nka 90 aja ku nkengera. Izindi ntumwa zirakurikira muri nya kato gatoyi, zikwega rwa rusenga rwuzuye ifi.
Bageze ku nkengera, basanga umucanwa w’amakara uriko uraka, hariko ifi n’umutsima. Yezu aravuga ati: “Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba.” Petero aja mu bwato, akwegera urusenga ku musenyi. Rurimwo ifi nininini 153!
Yezu arabākura ati: “Ni muze murye.”
Nta n’umwe muri bo yubahuka kubaza ati: “Uri nde?” kubera ko bose bazi yuko ari Yezu. Iryo rigize indwi aboneka inyuma y’izuka ryiwe, rikaba rigize gatatu abonekera intumwa ziri mu mugwi. Ubu abahereza ka kavunamusase, umwe wese muri bo amuha umutsima n’ifi.
Barangije gufungura, Yezu akaba kumbure ariko aritegereza za fi nyinshi baroba, abaza Petero ati: “Simoni, mwene Yohana, mbeg’urankunda kurusha aba?” Nta gukeka, ashaka kuvuga, ati Woba ukunda cane igikorwa c’ukuroba kurusha igikorwa naguteguriye gukora?
Petero arishura ati: “Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera.”
Yezu asubizayo ati: “Ahura imyagazi y’intama zanje.”
Arongera ubugira kabiri, abaza ati: “Simoni, mwene Yohana, mbeg’urankunda?”
Petero arishurana ubwira ati: “Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera.”
Yezu yongera kumubwiriza ati: “Ragira intama zanje.”
Maze yongera ubugira gatatu, amubaza ati: “Simoni, mwene Yohana, mbeg’urannogera?”
Ubu Petero biramubabaza. Ashobora kwibaza ko Yezu yoba afise amazinda ku vy’ukudahemuka kwiwe. Kanatsinda igihe Yezu yariko acirwa urwo gupfa, Petero yarihakanye incuro zitatu yuko atamuzi. Nuko rero Petero avuga ati: “Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera.”
Yezu amubwiriza ubugira gatatu ati: “Ahura intama zanje.”
Gutyo Yezu akoresheje Petero bwa muhora mu kwinjiza mu bandi umutima wo gukora igikorwa ashaka ko bakora. Vuba agiye kuva kw’isi, akaba ashaka ko baba imboneza mu gukorera abazokwegerwa ngo baze mu ruhongore rw’intama z’Imana.
Nk’uko nyene Yezu yaboshwe hanyuma akicwa azira ugukora igikorwa Imana yamushinze gukora, ubu ahishura rero ko Petero yocumukujwe n’ibisa n’ivyo. Yezu amubwira ati: “Ukir’umusore, warikenyeza, ukaja ah’ugomba; arikw ah’uzosazira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’utagomba.” Naho urupfu rwa kimaratiri rurindiriye Petero, Yezu aramwihanikiriza ati: “Nkurikira.”
Petero akebutse, abona Yohani hanyuma abaza ati: “Mugenzi, uyu we bizoba bite?”
Yezu arishura ati: “Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, [“bigutwaye,” NW] iki? Wewe nkurikira.” Ayo majambo ya Yezu yahavuye atahurwa n’abigishwa benshi ko asigura yuko intumwa Yohani atokwigeze apfa. Ariko rero nk’uko intumwa Yohani yabisiguye mu nyuma, Yezu ntiyavuze yuko atopfuye, ariko yavuze gusa ati: “Namba ngomba kw agumaho kugeza aho nzozira, [“bigutwaye,” NW] iki?”
Yohani mu nyuma kandi yaravuze aya majambo ari n’ico avuze: “Ariko hariho n’ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwe-kimwe, ngira ngo n’isi na yo ntiyokwirwamw’ibitabo vyokwanditswe.” Yohana 21:1-25; Matayo 26:32; 28:7, 10.
▪ Ni igiki cerekana ko intumwa zitazi neza ico zikwiye gukora i Galilaya?
▪ Intumwa zimenya gute Yezu ku Kiyaga c’i Galilaya?
▪ Yezu ubu amaze kuboneka incuro zingahe guhera kw’izuka ryiwe?
▪ Yezu ashimika ate ku vyo ashaka ko intumwa zikora?
▪ Yezu yerekana ate ukugene Petero azopfa?
▪ Ni ibiki Yezu yavuze kuri Yohani vyatahuwe ukutariko n’abigishwa benshi?