Imizimu Si Ibintu Vyabaye kw Isi Canke Vyahapfiriye
Ibinyabuzima-mpwemu birabaho! Mu karere k’impwemu kataboneka, hariho ibinyabuzima-mpwemu bibi na vyiza. Boba ari abantu bābaye kw isi hanyuma barapfa?
Oyaye, si abantu. Iyo umuntu apfuye, ntaja ahantu h’imizimu, nk’uko benshi bavyiyumvīra. Ivyo tubimenya gute? Kubera ko Bibiliya ibivuga. Bibiliya ni igitabu kirimwo ukuri gikomoka ku Mana imwe nsa y’ukuri, ya yindi izina ryayo ari Yehova. Yehova yararemye abantu; arazi neza ingene bamera iyo bapfuye.—Zaburi 83:18; 2 Timoteyo 3:16.
Bibiliya ivuga ko Imana yabumvye Adamu, wa muntu wa mbere, “mu mukungugu wo hasi.” (Itanguriro 2:7) Iyo Mana yamushize mw Iparadizo, bwa busitani bw’i Edeni. Iyo Adamu akurikiza amateka ya Yehova, ntiyari gupfa; n’ubu aba akiri muzima kw isi. Ariko aho Adamu arengeye n’ibigirankana kw iteka ryashinzwe n’Imana, iyo Mana yamubariye iti: “[Uzosubira] mw ivu kuko ari ryo wakuwemwo; uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.”—Itanguriro 3:19.
Ivyo bishaka kuvuga iki? Adamu none yari he imbere y’uko Yehova amurema amukuye mu mukungugu? Nta hantu na hamwe yari. Ntiyari ikinyabuzima-mpwemu kiri mw ijuru kitaravuka. Ntiyariho. Yehova rero igihe yavuga ko Adamu ‘yosubiye mw ivu,’ yashaka kuvuga ko Adamu yopfuye. Ntiyajabukiye mu karere k’ibinyabuzima-mpwemu. Igihe Adamu yapfa, yasubiye kuba ūdafise ubuzima, ūtabaho. Ugupfa ni ukutagira ubuzima.
Abandi bantu bāpfuye bo bite? Na bo nyene boba batakiriho? Bibiliya irishura iti:
“Vyose [abantu n’ibikōko] bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.”—Umusiguzi 3:20.
“Abapfuye nta co baba bakizi.”—Umusiguzi 9:5.
“Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize.”—Umusiguzi 9:6.
“[Nta] gikorwa, canke inama, canke ukumenya, canke ubwenge i kuzimu aho urariye kuja.”—Umusiguzi 9:10.
“[Umuntu yisubirira] mw ivu ryiwe, uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.”—Zaburi 146:4.
Woba ubona ko ibivugwa muri ivyo Vyanditswe bigoye kwemera? Niba ari uko, zirikana ibi bikurikira: Mu ngo nyinshi umugabo ni we aronka amahera y’ugutunga abo mu nzu iwe. Iyo umugabo apfuye, mu bisanzwe abo mu rugo iwe barashikirwa n’amagume. Rimwe rimwe usanga umukenyezi n’abana biwe bataronka amahera ahagije yo kugura ibifungurwa. Hari aho abansi ba nya mugabo babafata nabi. Niwibaze: ‘Niba uwo mugabo ari ahantu h’imizimu, ni kuki atabandanya kuronsa abiwe ibibatunga? Ni kuki abiwe atabakingira abansi?’ Ni uko Ivyanditswe bivugisha ukuri. Uwo mugabo nta buzima aba afise, ntashobora gukora ikintu na kimwe.—Zaburi 115:17.
Ivyo vyoba bishaka kuvuga yuko abapfuye batazokwigera basubira kuba bazima? Oyaye si uko biri. Ivy’izuka turaja kubivuga mu nyuma. Ariko ivyo bishaka kuvuga ko abapfuye batazi ico wewe uriko uragira. Ntibashobora kukubona, kukwumva, canke kukuyāgira. Nta cotuma ubatinya. Ntibashobora kugufasha, kandi ntibashobora kukugirira nabi.—Umusiguzi 9:4; Yesaya 26:14.
[Ifoto ku rup. 4]
Adamu yavuye mu mukungugu, yasubiye mu mukungugu
[Amafoto ku rup. 5]
Abariho ni bo gusa bashobora kugira ibi bintu
[Amafoto ku rup. 6]
Abapfuye ntibashobora gufasha uwushonje canke ngo bakingire abafashwe nabi