ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ol igice 4 rup. 12-14
  • Basokuruza Bacu Bari Hehe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Basokuruza Bacu Bari Hehe?
  • Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubugingo be n’Impwemu
  • Uko Abapfuye Bamerewe
  • Imizimu Si Ibintu Vyabaye kw Isi Canke Vyahapfiriye
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Ubugingo Bibugendera Gute Iyo Umuntu Apfuye?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Bibiliya Ibuvugako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
    Be maso!—2015
Ibindi
Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
ol igice 4 rup. 12-14

IGIHIMBA CA 4

Basokuruza Bacu Bari Hehe?

1, 2. Ni ibiki abantu benshi bemera ku vyerekeye abapfuye?

ABANTU amamiliyoni bo muri Afirika bemera yuko urupfu atari ryo herezo ry’ubuzima, ahubwo ko ari ukurengana gusa, umuntu akaja mu buzima bwo mu kandi karere. Benshi biyumvira yuko basokuruza babo bapfuye bakava mw’isi iboneka bakaja mw’isi itaboneka, bava mw’isi y’abantu baja mw’isi y’imizimu.

2 Abo basokuruza canke imizimu yabo, ngo baritwararika ubuzima n’ugutunganirwa vy’abo mu ngo zabo basigaye kw’isi. Dufatiye kuri ukwo kuntu babona ibintu, iyo mizimu ya basokuruza ngo ni abagenzi b’abanyabushobozi, bashobora gutuma haba imyimbu myiza, bagatuma haba ukumererwa neza kandi bagakinga ikibi. Igihe birengagijwe canke bagiriwe nabi, ngo barazana ivyago, ni ukuvuga indwara, ubukene be n’ikiza.

3. Abantu bamwebamwe basenga basokuruza gute?

3 Abantu bazima baragira imigenzo be n’imihamuro kugira ngo batere iteka bongere bazigame ubucuti bwiza bafitaniye n’imizimu ya basokuruza. Iyo migenzo igaragarira canecane mu migenzo ijanye n’amaziko, nk’uguteramira ikiziga. Ugusenga basokuruza kuragaragarira no mu bundi buryo. Nk’akarorero, hari abantu imbere yuko banywa inzoga, babanza gusuka dukeyi hasi ngo n’utwo bahaye basokuruza. Ikindi kandi, ibifungurwa bimaze gutegurwa, bikeyi babisiga mu nkono kugira ngo basokuruza nibaza, baronke ikintu bafungura.

4. Abantu benshi bemera iki ku vyerekeye ubugingo?

4 Abandi bantu bemera yuko abantu bazima bafise ubugingo budahwera bubandanya kubaho umuntu apfuye. Ngo igihe umuntu yigenza neza mu buzima, ubugingo buja mw’ijuru, canke mw’iparadizo, mugabo ngo mu gihe umuntu yigenza nabi mu buzima, ubugingo bucirwa urwo kuja mu muriro udahera. Kenshi abantu basukiranya ico ciyumviro kumwe n’ivyo bemera bishingiye ku migenzo ya basokuruza. Nk’akarorero, mu kumenyesha ibirori vy’amaziko bigirwa mw’idini, ibinyamakuru mu kuvuga inkuru z’abapfuye bikoresha imvugo ngo naka “yashengeye” canke ngo “yahambije basokuruza.” Ivyo bemera vyose bishingiye ku ciyumviro c’uko ubugingo canke impwemu bibandanya kubaho iyo umuntu apfuye. None Bibiliya ivuga iki kuri ivyo?

Ubugingo be n’Impwemu

5, 6. Nk’uko Bibiliya ibivuga, ubugingo ni iki?

5 Bibiliya yerekana yuko ubugingo atari ikintu kiri imbere mu muntu; ubugingo ni umuntu nyene ubwiwe. Nk’akarorero, igihe Imana yarema Adamu, ‘umuntu yaciye aba ubugingo [“buzima,” NW].’ (Itanguriro 2:7) Adamu ntiyahawe ubugingo; yari ubugingo, umuntu akwiye.

6 Kubera ico, dusoma yuko ubugingo buvuka. (Itanguriro 46:18) Burashobora gufungura canke gusonza. (Abalewi 7:20; Zaburi 35:13) Burarira kandi bugacika intege. (Yeremiya 13:17; Yona 2:7) Ubugingo burashobora gutwarwa ku nguvu, bugakurikiranwa, kandi bugashirwako iminyororo. (Gusubira mu Vyagezwe 24:7; Zaburi 7:5; 105:18) Bibiliya zimwezimwe zihindura ijambo ryo mu rurimi rw’intango ko ari “ubugingo” muri ivyo vyanditswe, mu gihe izindi zikoresha amajambo “ikinyabuzima,” “ikiremwa” canke “umuntu.” Yose asobanura ikintu kimwe.

7. Ni ivyanditswe ibihe vyo muri Bibiliya vyerekana yuko ubugingo bushobora gupfa?

7 Kubera yuko ubugingo ari umuntu, igihe umuntu apfuye, ubugingo buba bupfuye. Muri Ezekiyeli 18:4 havuga hati: “Ubugingo bucumura—bwo ubwabwo buzopfa.” (NW) Vyongeye, mu Vyakozwe 3:23 havuga hati: ‘[“Ubugingo,” NW] bwose [canke umuntu] butazokwumvira uno avugishwa n’Imana, buzorandurwa mu bantu.’ Ubugingo rero si ikintu kibandanya kubaho umuntu apfuye.

8. Impwemu y’umuntu ni iki?

8 Impwemu si cokimwe n’ubugingo. Mu bantu, impwemu ni inguvu y’ubuzima ituma bashobora gukora imirimo yo mu buzima. Impwemu imeze nk’umuyagankuba. Umuyagankuba urashobora kwatsa icuma gitanga umuyaga canke icuma gikanyisha ibintu, mugabo umuyagankuba ubwawo ntushobora gutanga umuyaga canke ngo utume ibintu bikanya. Muri ubwo buryo nyene, impwemu yacu ituma dushobora kubona, kwumva no kwiyumvira. Mugabo impwemu ubwayo nta na kimwe ishobora gukora muri ivyo bintu, hatabonetse amaso, amatwi be n’ubwonko. Ni co gituma Bibiliya ivuga ivyerekeye umuntu iti: “Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.”—Zaburi 146:4.

9. Ni igiki ubugingo canke impwemu bidakora?

9 Nk’uko Bibiliya ibivuga rero, bwaba ubugingo canke impwemu, ntibiva mu muntu iyo apfuye ngo bije kubandanya kuba mu karere k’impwemu.

Uko Abapfuye Bamerewe

10. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uko abapfuye bamerewe?

10 None abapfuye bamerewe gute? Kubera Yehova ari we yaremye abantu, arazi kandi ibidushikira iyo dupfuye. Ijambo ryiwe ryigisha yuko abapfuye ata buzima bagira, badashobora kwumva, kubona, kuvuga canke kwiyumvira ikintu na kimwe. Bibiliya ivuga iti:

● “Abapfuye nta co baba bakizi.”—Umusiguzi 9:5.

● “Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize.”—Umusiguzi 9:6.

● “[N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge [mu mva] ah’urāriye kuja.”—Umusiguzi 9:10.

11. Adamu amaze gucumura, ni ibiki Yehova yamubwiye?

11 Niwiyumvire ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye umuntu wa kera wa mbere, ari we Adamu. Yehova yabumvye Adamu “mu mukungugu wo hasi.” (Itanguriro 2:7) Iyo Adamu agamburuka itegeko rya Yehova, yari kubaho ibihe bidahera ari mu gahimbare kw’isi. Ariko rero, Adamu yaragambaraye itegeko rya Yehova, maze igihano kiba urupfu. Igihe Adamu yapfa yaciye aja hehe? Imana yamubwiye iti: “U[zo]subira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.”—Itanguriro 3:19.

12. Ni ibiki vyashikiye Adamu igihe yapfa?

12 Adamu yari hehe imbere yuko Yehova amurema mu mukungugu? Nta na hamwe yari. Ntiyabaho. Ni co gituma igihe Yehova yavuga yuko Adamu ‘yosubiye mw’ivu,’ yashaka kuvuga yuko Adamu yosubiye kutagira ubuzima, nk’umukungugu. Adamu ntiyagiye kuba mw’isi y’imizimu. ‘Ntiyashengeye’ ngo aje mu karere k’imizimu ya basokuruza. Ntiyagiye mw’ijuru canke mu muriro udahera. Yasubiye mu mero yo kutagira ubuzima; yaretse kubaho.

13. Ni ibiki bishikira abantu n’ibikoko mu bijanye n’urupfu?

13 Ivyo ni vyo vyoba bishikira abantu muri rusangi? Egome, ni vyo bibashikira. Bibiliya isigura iti: “[Abantu n’ibikoko] vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.”—Umusiguzi 3:19, 20.

14. Ni icizigiro ikihe kihari ku bapfuye?

14 Bibiliya isezerana yuko Imana izokangura abapfuye kugira babe mw’iparadizo kw’isi. (Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15) Mugabo ico gihe kiracari ico muri kazoza. Muri iki gihe, barasinziriye mu rupfu. (Yohana 11:11-14) Ntidukwiye kubatinya canke kubasenga, kubera badashobora kudufasha canke kutugirira nabi.

15, 16. Shetani agerageza gute gutuma abantu bemera yuko abapfuye batapfuye vy’ukuri?

15 Iciyumviro c’uko tudapfa vy’ukuri ni ikinyoma gikwiragizwa na Shetani wa Mucokoranyi. Kugira ngo Shetani yemeze abantu ico kinyoma, we n’amadayimoni yiwe baragerageza gutuma abantu biyumvira yuko indwara be n’izindi ngorane biterwa n’imizimu y’abapfuye. Ni ivy’ukuri yuko ingorane zimwezimwe ziterwa n’amadayimoni ubwayo. Kandi ni ivy’ukuri yuko ingorane zimwezimwe zitava ku bubasha burengeye itahura. Mugabo, ivy’uko ikibi gishobora kudushikira kivuye ku basinziriye mu rupfu si ivy’ukuri.

16 Hariho n’ubundi buryo amadayimoni agerageza gutuma abantu biyumvira yuko ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye urupfu atari vyo. Barahenda abantu bagatuma biyumvira yuko babonye canke bavuganye n’abapfuye. Amadayimoni ivyo abigira biciye ku kubonekera abantu, ku ndoto, ku bapfumu, canke ku bundi buryo. Ariko rero, abantu ntibavugana n’abapfuye, ahubwo bavugana n’amadayimoni yigira abantu bapfuye. Ni co gituma Yehova yiyamiriza mu buryo bukomeye abapfumu be n’abaraguza imizimu.—Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12; Zekariya 10:2.

Abapfuye Ntibashobora Kudufasha

Hari umukuru umwe wa rurangiranwa wo muri Afirika yo mu Buseruko yapfuye mu 1990. Yari afise abagore batanu n’abana benshi. Yari afise ubwoko bubiri bw’ubucuruzi bwinjiza amahera menshi.

Igihe uwo mukuru yapfa, umuryango warubahirije witonze imihamuro bemera yuko yoteye iteka umuzimu wiwe. Abagore biwe bambaye impuzu zirabura, barasambagura imishatsi yabo, bafungura dukeyi, baranareka kwiyoga. Bararize bongera bamara imisi indwi bagandaye. Ubukurikira, mu buryo buhuje n’umugenzo w’aho, umuryango wose waratororokaniye hamwe n’incuti kugira ngo bagire umusi mukuru usozera iyo mihamuro ijanye n’ivy’amaziko, ni ukuvuga umusi mukuru wo kurya no kunywa hamwe no gutamba.

Mu vy’ukuri, nimba uwo mukuru yari gushobora kubigira, yari kuzigama akongera agahezagira rwose umuryango wiwe yakunda! Mugabo ivyo ntivyabaye. Ubucuruzi bwiwe bwarahomvye. Abagize umuryango baratase bapfa intoranwa, maze mu nyuma umwe wese aja ukwiwe. Ubu na ho rwa rugo runini rwa wa mukuru rwahora rwuzuye abantu rusigayemwo abantu bakeyi gusa.

Abapfuye Ntibashobora Kutugirira Nabi

Mu kigwati kimwe co muri Nijeriya, hari umugabo yapfuye hanyuma arahambwa. Mu nyuma, umugore w’uwo mugabo yarajijuwe n’indoto yuko umugabo wiwe yashaka isaha yiwe. Niho rero yafata nya saha yiwe akayihamba iruhande y’ikiziga ciwe.

Hari umugabo akiri muto yitwa Dunikan yaje yomboka arimba akurayo ya saha hanyuma arayikoresha imyaka n’iyindi gushika ya saha ishaje. Nta ngorane n’imwe yagize. Iyo uwo mugabo yapfuye aza kuba yari afise ububasha bwo kugira ico akoze ku wukiri muzima, nta nkeka aba yarahanye ico gisuma camwivye isaha kiyikuye mu mva nyene!

[Ikibazo vy’icigwa]

Akumba: Ni ivyabaye ibihe vyerekana yuko abapfuye badashobora kudufasha canke kutugirira nabi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika