ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Umukaba wononekaye (1-11)

      • Imibindi y’umuvinyu izomenagurwa (12-14)

      • Intumva zo mu Buyuda zizojanwa mu bunyagano (15-27)

        • «Umukushi yoshora guhindura urukoba rwiwe?» (23)

Yeremiya 13:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

Yeremiya 13:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:19; Zf 3:11

Yeremiya 13:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:15, 16
  • +Yr 6:28

Yeremiya 13:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:5; Gus 26:18; Zb 135:4
  • +Yr 33:9
  • +Yr 6:17

Yeremiya 13:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    9/2015, rup. 7

Yeremiya 13:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 29:9; 51:17; Yr 25:27

Yeremiya 13:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:21; Ezk 5:10
  • +Ezk 7:4; 24:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 258

Yeremiya 13:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 59:9

Yeremiya 13:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 9:1
  • +Zb 100:3

Yeremiya 13:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nyina w’umwami», «umugore w’iteka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:12; Yr 22:24, 26

Yeremiya 13:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «birugarijwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:64

Yeremiya 13:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:22
  • +Ezk 34:8

Yeremiya 13:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 39:1, 2
  • +Yr 6:24; Mik 4:9

Yeremiya 13:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:19; 16:10, 11
  • +Ezk 16:37

Yeremiya 13:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «Umunyetiyopiya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 27:22

Yeremiya 13:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:33; Gus 28:64

Yeremiya 13:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:32
  • +Gus 32:37, 38; Yes 28:15; Yr 10:14

Yeremiya 13:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 1:8; Ezk 16:37; 23:29

Yeremiya 13:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:20; Ezk 16:15
  • +Yes 65:7; Ezk 6:13
  • +Ezk 24:13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 13:9Lw 26:19; Zf 3:11
Yer. 13:102Ng 36:15, 16
Yer. 13:10Yr 6:28
Yer. 13:11Kv 19:5; Gus 26:18; Zb 135:4
Yer. 13:11Yr 33:9
Yer. 13:11Yr 6:17
Yer. 13:13Yes 29:9; 51:17; Yr 25:27
Yer. 13:14Yr 6:21; Ezk 5:10
Yer. 13:14Ezk 7:4; 24:14
Yer. 13:16Yes 59:9
Yer. 13:17Yr 9:1
Yer. 13:17Zb 100:3
Yer. 13:182Bm 24:12; Yr 22:24, 26
Yer. 13:19Gus 28:64
Yer. 13:20Yr 6:22
Yer. 13:20Ezk 34:8
Yer. 13:21Yes 39:1, 2
Yer. 13:21Yr 6:24; Mik 4:9
Yer. 13:22Yr 5:19; 16:10, 11
Yer. 13:22Ezk 16:37
Yer. 13:23Img 27:22
Yer. 13:24Lw 26:33; Gus 28:64
Yer. 13:25Yr 2:32
Yer. 13:25Gus 32:37, 38; Yes 28:15; Yr 10:14
Yer. 13:26Int 1:8; Ezk 16:37; 23:29
Yer. 13:27Yr 2:20; Ezk 16:15
Yer. 13:27Yes 65:7; Ezk 6:13
Yer. 13:27Ezk 24:13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 13:1-27

Yeremiya

13 Yehova ambwiye ati: «Genda ugure umukaba wo mu gitambara ciza*, uwukenyere mu kiyunguyungu, mugabo ntuwushire mu mazi.» 2 Nuko ngura uwo mukaba nk’uko Yehova yari yambwiye, maze ndawukenyera. 3 Yehova yongera kumbwira ati: 4 «Fata wa mukaba wagura, uwo nyene ukenyeye, uhaguruke uje kuri Efurate, uwunyegeze mw’ibuye ry’urutare ryasadutse.» 5 Nuko ndagenda ndawunyegeza iruhande ya Efurate, nk’uko Yehova yari yantegetse.

6 Mugabo inyuma y’imisi myinshi, Yehova ambwira ati: «Haguruka uje kuri Efurate, utore wa mukaba nagutegeka kunyegezayo.» 7 Nuko nja kuri Efurate, ndimba hanyuma ntora nya mukaba aho nari nawunyegeje, nsanga warononekaye, ata na kimwe ukimaze.

8 Yehova aca ambwira ati: 9 «Yehova avuze ati: “Ukwo nyene ni ko nzotikiza ubwishime bw’ababa mu Buyuda n’ubwishime bwinshi bw’ababa i Yeruzalemu+. 10 Abo bantu babi banka kugamburuka ivyo mvuga+, bagakurikira umutima wabo bwite babigiranye akagagazo+, bagakurikira izindi mana bakazikorera kandi bakazunamira, bazomera nk’uwo mukaba ata na kimwe ukimaze. 11 Kuko nk’uko umukaba ufata neza mu kiyunguyungu, ni ko natumye ihanga ryose rya Isirayeli n’Ubuyuda bwose bamatako”, ni ko Yehova avuze. “Nabigize kugira babe abantu banje+, batume mba rurangiranwa+, batume nshemezwa bongere batume mpabwa icubahiro. Mugabo ntibagamburutse+.”

12 Uze ubabwire n’ubu butumwa uti: “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Umubindi wose munini wuzuzwa umuvinyu.’” Na bo bazokwishura bati: “None ntidusanzwe tuzi yuko umubindi wose munini wuzuzwa umuvinyu?” 13 Uraca ubabwira uti: “Yehova avuze ati: ‘Ngira nuzuze akaborerwe ababa muri iki gihugu bose+, abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, abaherezi, abahanuzi n’ababa i Yeruzalemu bose. 14 Nzobasekanya ndabamenagure, baba ba sebibondo canke abana’, ni ko Yehova avuze+. ‘Sinzobagirira impuhwe canke akagongwe canke imbabazi. Nta na kimwe kizombuza kubahonya+.’”

15 Nimwumve kandi mutege ugutwi.

Ntimugire ubwibone kuko Yehova ari we avuze.

16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu

atarazana umwiza,

n’ibirenge vyanyu bitaratsitara ku misozi buhwibiriye.

Muzokwitega kuronka umuco,

na we azane umwiza ukomeye.

Umuco azowuhindura umwiza w’umuzitanya+.

17 Nimwanka kwumva,

nzoririra mu mpisho kubera ubwishime bwanyu.

Nzorira cane, amosozi atembe mu maso+,

kubera ko ubusho bwa Yehova+ buzoba bwagizwe imbohe.

18 Bwira umwami n’umugabekazi*+ uti: “Nimwicare mu kibanza giciye bugufi,

kuko urugori ruteye igomwe mwambaye ruzogwa.”

19 Ibisagara vyo mu bumanuko birugawe*, nta n’umwe avyugurura.

Abo mu Buyuda bose bajanywe mu bunyagano, nta n’umwe asigaye+.

20 Raramura amaso urabe abaje bavuye mu buraruko+.

Bwa busho bw’intama nziza wahabwa buri hehe+?

21 Uzovuga iki igihano cawe nicaza

kivuye ku bagenzi bawe somambike bo kuva kera+?

Mbega ntuzofatwa n’ibise nk’ivy’umugore ariko aribaruka+?

22 Niwibwira mu mutima uti: “Kubera iki ibi bintu vyanshikiye+?”

Uze umenye ko ari kubera ikosa ryawe rikomeye.

Ni co gituma wakuweko impuzu zawe+, ibitsintsiri vyawe bikagirirwa nabi.

23 Mbega Umukushi* yoshobora guhindura urukoba rwiwe, canke ingwe igahindura ukuntu isa+?

Nimba ivyo vyoshoboka, namwe rero mwoshobora gukora iciza,

mwebwe mwamenyereye gukora ikibi.

24 Nzobashwiragiza rero nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga wo mu bugaragwa+.

25 Ivyo ni vyo bizogushikira. Ni wo mugabane nakugeneye», ni ko Yehova avuze,

«kuko wanyibagiye+, ukizigira ibinyoma+.

26 Ni co gituma nzoduza impuzu zawe ndazikurenze mu maso,

maze babone ubwambure bwawe+.

27 Ukurenga ibigo kwawe+, inambu yawe irenze urugero

n’ubumaraya bwawe buteye isoni,

na vyo nyene bazobibona.

Ingeso zawe zisesemye narazibonye+ ku mirambi no mu gahinga.

Uragowe Yeruzalemu we!

Uzoguma uhumanye gushika ryari+?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika