ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sp rup. 23-27
  • Nube Umusuku wa Yehova, Ntube uwa Shetani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nube Umusuku wa Yehova, Ntube uwa Shetani
  • Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Ni Mwiza
  • Niwirinde Gukora Ibihumanya
  • Kurikiza Ivy’Ugusenga Imana kw’Ukuri
  • Niwifatanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ukuri kwerekeye abamarayika
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Nuhebe Idini y’Ikinyoma, Ukurikire Idini y’Ukuri
    Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
  • Abamarayika ni bande kandi bakora iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ububasha Yezu afise ku madayimoni
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
sp rup. 23-27

Nube Umusuku wa Yehova, Ntube uwa Shetani

Twese turashobora guhitamwo. Dushobora kuba abasuku ba Yehova, canke tukaba aba Shetani n’amademo yiwe. Vyompi uko ari bibiri ntitwobibangikanya. Ese ingene ukuba umusuku wa Yehova biranga ubukerebutsi!

Yehova Ni Mwiza

Nk’uko twabibonye, amademo ashima kugirira abantu nabi no kubayovya. Yehova si uko ameze. Arakunda abantu iyo bava bakagera, nka kurya Sebibondo akunda ibibondo vyiwe. Ni we mutanzi w’“ingabire yose nziza n’ishikanwa ryose ritagira agasembwa.” (Yakobo 1:17, NW) Abantu iyo bava bakagera nta kintu na kimwe abima, naho yoba abona ko kimuzimvye rwose.—Abanyefeso 2:4-7.

Zirikana ivyiza Yezu, Umwana w’Imana, yagize kw isi. Banyamuragi yarabahaye kuvuga, impumyi yarazihumuye. Yarakijije abanyamibembe n’abamugaye. Yarasohoye amademo, arakiza n’indwara z’ubwoko bwose. Yezu mbere yarahagurukije n’abapfuye baba bazima, akoresheje ububasha bw’Imana.—Matayo 9:32-35; 15:30, 31; Luka 7:11-15.

Imana aho kuvuga ibinyoma kugira ngo ituyovye, nantaryo ivugisha ukuri. Nta muntu n’umwe yigera ihenda.—Guharūra 23:19.

Niwirinde Gukora Ibihumanya

Nka kurya urutando rw’igitangurirwa rufata isazi, ni ko abantu amamiliyoni bafashwe n’ivy’ukuziririza imiziro hamwe n’ivy’ukubeshwa. Baratinya abapfuye. Baratinya amademo. Umutima nturi mu nda kubera ugutinya imivumo, indagu, uburozi, n’ibiheko. Baboshwe n’ivyo bemera hamwe n’imigenzo kama bishingiye ku binyoma vya Shetani umwe Mucokoranyi. Abasuku ba Yehova nta na kimwe muri ivyo kibafashe bwa mutego.

Yehova ari n’inkomezi zirengeye kure n’iyo iza Shetani. Ni waba uri umusuku wa Yehova, azokuzigama woye guterwa n’amademo. (Yakobo 4:7) Uburozi nta co bwokugira. Akarorero, muri Nijeriya, abapfumu batatu bahambaye bararoze Icabona ca Yehova yanse kuva mu gisagara. Ubwo burozi bunaniwe, umwe muri abo bapfumu agira ubwoba, aja gusaba ikigongwe ico Cabona.

Amademo aramutse agucumukuje, urashobora gutabaza Yehova mw izina, azoca akuzigama. (Imigani 18:10) Mugabo kugira ngo Imana ikuzigame, utegerezwa kwitandukanya rwose n’ico cose gifitaniye isano n’ivy’ubupfumu, hamwe n’ivy’ukwambaza amademo. Abambaji b’Imana bo muri Efeso kera ni ukwo babigenjeje. Baratororokanije ibitabu vyabo vyose vy’ubumaji barabiturira. (Ivyakozwe n’intumwa 19:19, 20) Abasuku b’Imana bo muri iki gihe bakwiye kubigenza gutyo nyene. Nute wewe nyene uburozi, impigi, imyeko y’“imihamuro,” ibiheko, ibitabu vy’ubumaji, n’ico cose gifitaniye isano n’ivy’ugupfumura.

Kurikiza Ivy’Ugusenga Imana kw’Ukuri

Ni waba ugomba guhimbara Imana, guheba ugusenga kutari kwo ukareka no gukora ibintu bibi, vyonyene ntibihagije. Ukwiye kuba ūticaye mu vy’ugukurikiza kwa gusenga kutagira imvange. Bibiliya irerekana ibisabwa ivyo ari vyo:

Niwifatanye n’Ivyabona vya Yehova

Shetani n’amademo bari n’abantu kw isi bigisha kandi bakurikiza ibintu bibi. Mugabo na Yehova nyene ari n’abantu. Ni Ivyabona vya Yehova. (Yesaya 43:10) Kw isi yose hari Ivyabona barenga imiliyoni zine. Bose barihāta rwose kugira ngo bakore ivyiza kandi bigishe abantu ukuri. Mu bihugu bitari bike, ushobora kubasanga ku Ngoro y’Ubwami, kandi bazokwakirana igishika.

Umurimo bakora ni ugufasha abandi ngo babe abasuku b’Imana. Mwokwigana na bo Bibiliya i muhira iwawe, bakagufasha ukamenya uburyo bwiza bw’ugusenga Yehova. Nta mahera woriha kubera ico. Ivyabona barahimbarwa n’ukwigisha ukuri kubera ko bakunda abantu bagakunda n’Imana Yehova.

[Ifoto ku rup. 23]

Yezu, Umwana w’Imana, yarerekanye urwo akunda abantu mu kubakiza indwara

[Ifoto ku rup. 24]

Abanyefeso baraturiye ibitabu vyabo vy’ubumaji

[Ifoto ku rup. 25]

Niwige Bibiliya.—Yohani 17:3

[Ifoto ku rup. 25]

Shika ku makoraniro y’abakirisu.—Abaheburayo 10:24, 25

[Ifoto ku rup. 26]

Bwira abandi inkuru nziza.—Matayo 24:14

[Ifoto ku rup. 26]

Tura Yehova amasengesho. —Ab’i Filipi 4:6, 7

[Ifoto ku rup. 26]

Nubatizwe.—Ivyakozwe n’intumwa 2:41

[Amafoto ku rup. 27]

Ivyabona vya Yehova bogufasha ukaba umusuku w’ Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika