ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ol igice 8 rup. 25-28
  • Nuhebe Idini y’Ikinyoma, Ukurikire Idini y’Ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhebe Idini y’Ikinyoma, Ukurikire Idini y’Ukuri
  • Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nuvavanure n’Idini y’Ikinyoma
  • Niwiyambure Ibintu Bikoreshwa mw’Idini y’Ikinyoma
  • Niwifatanye n’Abasavyi ba Yehova
  • Idini ry’ukuri ni irihe?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Nube Umusuku wa Yehova, Ntube uwa Shetani
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Niwanke Idini y’Ikinyoma!
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
Ibindi
Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
ol igice 8 rup. 25-28

IGIHIMBA CA 8

Nuhebe Idini y’Ikinyoma, Ukurikire Idini y’Ukuri

1. Ku vyerekeye ugusenga, ni ihitamwo irihe abantu bahanganye muri iki gihe?

YEZU yavuze ati: “Ūtamperereyeko n’umwansi wanje.” (Matayo 12:30) Turi ku ruhande rwa Yehova canke ku ruhande rwa Shetani. Abantu benshi biyumvira yuko bariko barakorera Imana mu buryo yemera, mugabo Bibiliya ivuga yuko Shetani ariko ‘arazimiza abari kw’isi yose.’ (Ivyahishuriwe 12:9) Abantu amamiliyoni bemera yuko bariko barasenga Imana, mugabo mu vy’ukuri bariko bakorera Shetani wa Mucokoranyi! Abantu muri iki gihe barahanganye n’ihitamwo: bategerezwa gukorera Yehova, ‘Imana y’ukuri’ canke Shetani ‘Se w’ibinyoma.’—Zaburi 31:5; Yohana 8:44.

Nuvavanure n’Idini y’Ikinyoma

2. Ni uburyo bumwe ubuhe Shetani agerageza gutangira abantu ngo ntibasenge Yehova?

2 Gufata ingingo yo gukorera Yehova ni ihitamwo riranga ubukerebutsi, ihitamwo rituma umuntu yemerwa n’Imana. Mugabo Shetani ntanezerwa n’uko hagira umuntu n’umwe akorera Imana; ababigira arabateza ingorane. Uburyo bumwe abigira ni mu gutuma abandi bagucokora canke bakurwanya, mbere akaba ari abagenzi hamwe n’abo mu muryango. Yezu yagabishije ati: “Kand’abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.”—Matayo 10:36.

3. Uzogira iki nimba umuryango wawe canke abagenzi bawe barwanya ugusenga Imana kwawe?

3 Ivyo nivyagushikira, uzovyifatamwo gute? Abantu batari bake barazi yuko uburyo bwabo bwo gusenga atari bwo, yamara baragonanwa kuvavanura na bwo. Biyumvira yuko babigize boba bahemutse ku muryango wabo. Ivyo vyoba bifise ishingiro? Nimba umenye yuko abo mu muryango wawe ushika bakoresha ibiyayuramutwe birimwo ingeramizi, ntiwobaburira yuko ivyo biyayuramutwe bizobagirira nabi? Ntiworeka kwifatanya na bo mu kunywa ivyo biyayuramutwe, siko?

4. Yosuwa yabwiye iki Abisirayeli bo mu gihe ciwe ku vyerekeye ugusenga?

4 Yosuwa yaremesheje Abisirayeli guheba imigenzo mibi y’idini be n’imigenzo ya basekuruza babo. Yavuze ati: “Rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.” (Yosuwa 24:14) Yosuwa yari intahemuka ku Mana, kandi Yehova yaramuhezagiye. Nimba turi intahemuka kuri Yehova, natwe azoduhezagira.—2 Samweli 22:26.

Niwiyambure Ibintu Bikoreshwa mw’Idini y’Ikinyoma

5. Ni kuki dukwiye kwiyambura ibintu bijanye n’ubupfumu?

5 Kuvavanura n’idini y’ikinyoma bisobanura kandi yuko dukwiye kumenagura ikintu ico ari co cose kijanye n’ivy’ubupfumu dushobora kuba dufise, nk’ibiheko, imiringa y’ivy’ubupfumu n’ubukomo be n’ibindi bintu nk’ivyo. Ivyo birahambaye kubera vyerekana yuko twizigiye Yehova bimwe bishitse.

6. Abakirisu bo mu ntango ibitabu vyabo vy’ubupfumu babigize iki?

6 Rimbura kandi ivyo bamwebamwe mu Bakirisu bo mu ntango bagize igihe bafata ingingo yo gukurikira idini y’ukuri. Bibiliya ivuga iti: “Benshi no mu bakora ivy’ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose.”—Ivyakozwe 19:19.

7. Dushobora gukora iki mu gihe amadayimoni aduturubitse?

7 Bamwebamwe mu batangura gukorera Yehova kandi bahora bakoresha ubupfumu, uburaguzi canke amareba barashobora guturubikwa n’amadayimoni. Igihe ivyo bigushikiye, nutakambire Yehova mw’isengesho n’ijwi rirenga, ukoresheje izina ryiwe. Azogufasha.—Imigani 18:10; Yakobo 4:7.

8. Abakirisu babona gute ibigirwamana, ibishusho be n’amasanamu bikoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma?

8 Abipfuza gukorera Yehova bategerezwa kutabika canke ngo bakoreshe ikigirwamana na kimwe, igishushanyo canke isanamu n’imwe vyo mu gusenga kw’ikinyoma. Abakirisu nyakuri ‘barongorwa n’ukwizera ntibarongorwa n’ivyo babona.’ (2 Ab’i Korinto 5:7) Barubaha itegeko ry’Imana ribuza gukoresha igishusho na kimwe mu gusenga.—Kuvayo 20:4, 5.

Niwifatanye n’Abasavyi ba Yehova

9. Ni impanuro iyihe Bibiliya itanga ku vy’ugucika umunyabwenge?

9 Bibiliya ivuga iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.” (Imigani 13:20) Nimba dushaka kuba abanyabwenge, dukwiye kugendana canke kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Ni bo bantu bariko bagendera mu nzira ijana mu buzima.—Matayo 7:14.

10. Ivyabona vya Yehova bashobora kugufasha gute gukorera Imana?

10 Ivyabona mu vy’ukuri baritwararika abantu. Igikorwa cabo ni ugufasha abantu b’imitima nziraburyarya gutahura ukuri kwa Bibiliya kujana mu buzima budahera. Barashobora kugufasha mu kwigana nawe Bibiliya, ata co urishe. Bazokwishura ibibazo vyawe bongere bakwereke ukuntu woshira mu ngiro mu buzima bwawe ubumenyi bwo muri Bibiliya.—Yohana 17:3.

11. Amakoraniro ya gikirisu azogufasha gute?

11 Ku makoraniro yabo kenshi abera ku Ngoro y’Ubwami, uzokwiga vyinshi ku vyerekeye inzira za Yehova. Uzokomezwa mu cipfuzo ufise co gukurikira idini y’ukuri. Ikindi, uzomenyerezwa mu kuntu wofasha abandi kwiga ukuri kwo muri Bibiliya.—Abaheburayo 10:24, 25.

12. Isengesho rishobora kugufasha gute gukorera Imana?

12 Uko wiga vyinshi ku vyerekeye ukugomba kwa Yehova be n’umugambi wiwe, nta mazinda yuko uzokwongereza ugukenguruka kwawe ku bw’inzira ziwe ziranga urukundo. Ukwiye kandi gukuza icipfuzo ufise co gukora ibimuhimbara no kwirinda ibitamuhimbara. Niwibuke yuko ushobora kwegera Yehova mw’isengesho ukamusaba kugira ngo agufashe gukora ibigororotse no kwirinda ibibi.—1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ab’i Filipi 4:6.

13. Ushobora gute gutuma umutima wa Yehova unezerwa?

13 Mu nyuma, uko ukura mu buryo bw’impwemu, nta nkeka uzobona ko bikenewe gucika Icabona ca Yehova yamwiyeguriye kandi yabatijwe. Mu kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, uzotuma umutima wa Yehova unezerwa. (Imigani 27:11) Uzoba mu bantu bahimbawe, abo Imana ibwira iti: “Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.”—2 Ab’i Korinto 6:16.

Inyigisho z’Amadini—Ukuri n’Ikinyoma

● Ubutatu: Amadini menshi yigisha yuko Imana ari Ubutatu. Avuga yuko “Data ari Imana, Umwana [Yezu] ari Imana, kandi ko Impwemu Yera ari Imana, yamara yuko hatari Imana zitatu mugabo hari Imana imwe.”

Bibiliya mbere ntinavuga ijambo “Ubutatu,” eka mbere ntiyigisha yuko Yehova ari abaperesona batatu bagize umwe. Yehova wenyene ni we Mana. Mu 1 Ab’i Korinto 8:6 havuga hati: “Kuri twebge har’Imana imwe, Data wa twese.” Yehova ni we Segaba. Yezu si Imana ariko ni “Umwana w’Imana.” (1 Yohana 4:15) Impwemu yera na yo nyene si Imana. Impwemu yera mbere si n’umuperesona. Ni inguvu zikora z’Imana.—Ivyakozwe 1:8; Abanyefeso 5:18.

● Ubugingo: Amadini menshi yigisha yuko ubugingo ari ikintu kiri imbere mu muntu kidashobora kwigera gipfa. Bibiliya yigisha yuko ubugingo ari umuntu kandi nkako umuntu arashobora gupfa.—Itanguriro 2:7, NW; Ezekiyeli 18:4.

● Umuriro Udahera: Idini y’Ikinyoma yigisha yuko ubugingo bw’abanyakibi bubabarizwa ibihe bidahera mu muriro udahera. Bibiliya ivuga yuko abapfuye “[a]ta co baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5) Bibiliya yigisha kandi yuko “Imana [ari] urukundo.” (1 Yohana 4:8) Yehova Imana nyen’urukundo ntiyokwigera acumukuza abandi akoresheje umuriro.

[Ibibazo vy’icigwa]

Akumba: Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye Ubutatu, ubugingo n’umuriro udahera?

Yaravavanuye n’Amadayimoni

Mw’ijoro rimwe ndyamye mu gitanda ndi kumwe n’umugabo wanje, numvise ijwi rihamagara izina ryanje incuro zitatu. Maze mbona idari ricikaguritsemwo uduhimba, be n’ikintu gishushe kimeze nk’agapira binkorokera ku nda. Ego ni ko, umugabo wanje nta kintu yashobora kubona muri ivyo. Mugabo, narumvise ubushuhe buteye ubwoba bwamaze amezi atari make.

Haciye amezi atandatu, rya jwi ryarasubiye kumpamagara. Ubwo nyene, inzu yose yaciye imera nk’iyiri mu mazi menshi. Ikiyoka kinini carasokorotse mu mazi hanyuma cizingazingira ku kuboko kwanje. Naragerageje kucikurako biba ivy’ubusa. Naragize ubwoba bwinshi. Maze ya mazi be na ya nzoka bica biranyika, hanyuma njugunyirwa ku musozi. Nca mara amasaha nk’angahe nataye ubwenge. Hanyuma rya jwi rica rimbwira gusubira ku rusengero rukoreshwa n’idayimoni mu kuvura rwo muri ico kigwati. Igihe nabaza iyo dayimoni izina ryayo, yampaye izina risobanura ngo “umutunzi mugabo atagira umwana.” Yansezeraniye kungira umutunzi biciye ku bubasha bwo kuvura.

Abantu barwaye baraza iwanje bavuye hafi be na kure. Imbere yuko bashika ku nzu yanje, nababonera mu cirore canje kidasanzwe. Hanyuma, umuntu ashitse, narashobora kumukora mu kiganza hanyuma indwara arwaye canke ingorane afise kumwe n’umuti yofata ngaca ndabihishurirwa ubwo nyene. Iyo dayimoni kandi yarambwira amahera abantu bategerezwa kuriha.

Amahera n’ingabirano vyarisuka kubera imiti yagira akamaro. Nacitse “umutunzi,” mugabo kandi narize ico “[ku]tagira umwana” bisobanura. Igihe cose navyara umwana, uwo naba nkurikije ubwo nyene yaca apfa. Ivyo vyari ibintu bitesha umutwe cane. Mu myaka 12 namaze nkorera iyo dayimoni, batandatu mu bana banje barapfuye.

Natanguye gusenga Imana nsaba imfashanyo. Nasenga nshirutse ubute. Umusi uri izina, Ivyabona vya Yehova baradodoye ku rugi rwanje. Naho kenshi nabirukana, uwo musi nafashe ingingo yo kwumviriza. Mu biganiro vyakurikiye, naramenye yuko nariko ndakorera idayimoni! Nafashe ingingo yo guheba ubupfumu.

Igihe nabibwira iyo dayimoni, yarangabishije yanka iyo ngingo nafashe. Mugabo, navuze nti: “Ndavavanuye nawe.”

Naraturiye ibintu vyose nakoresha mu bupfumu. Nariganye Bibiliya na nya Vyabona, ncika umusavyi wa Yehova, hanyuma ndabatizwa mu 1973. Ubu mfise abana batanu bafise amagara meza. Umugabo wanje na we nyene yaracitse Icabona yabatijwe.—Vyavuzwe na Josephine Ikezu.

[Ibibazo vy’icigwa]

Akumba: Umugore umwe yavavanuye n’amadayimoni gute?

[Amafoto ku rup. 26]

Ushobora gukurikira ugusenga kw’ukuri gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika