ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-19 rup. 2-6
  • Iyi Si Yoba Izorokoka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyi Si Yoba Izorokoka?
  • Iyi si yoba izorokoka?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Isi Iherengetera—Iyindi Ikayisubirira
  • Kazoza k’Iyi Si
  • Nya “Kimenyetso”
  • “Umuhero w’Isi” Uri hafi!
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ukuntu amazi yahoneje isi—Yoba azosubira kuyihonya?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ubu birihutirwa rwose ko tuguma tugavye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Umuhero woba uri hafi?
    Bibiliya itwigisha iki?
Iyi si yoba izorokoka?
T-19 rup. 2-6

Iyi Si Yoba Izorokoka?

Nta rindi yaruka na rimwe ryavuzwemwo cane ivy’umuhero w’isi nk’iry’ubu. Abenshi baratinya yuko iyi si izozimanganywa n’agatikizo ruhonyanganda. Abandi biyumvira yuko ugutosekaza ibidukikije gushobora guhonya isi. Abandi na bo barahagaritswe umutima n’uko ukuzama kw’ivy’ubutunzi kuzotuma amasinzi y’abantu ahaguruka agasubiranamwo.

Iyi si yoba vy’ukuri ishobora kuzohera? Namba yoshobora guhera, ivyo vyosobanura iki? Vyoba vyarigeze gushika yuko isi iherengetera?

Isi Iherengetera—Iyindi Ikayisubirira

Egome, hariho isi yaherengeteye. Rimbura isi yacitse mbi cane mu gihe ca Nowa. Bibiliya isigura iti: “Isi ya kera amazi [yarayirengeye], iratikira.” Bibiliya ivuga kandi iti: ‘[Imana] ntiyagiriye ikigongwe isi ya kera, ariko yakijije Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw’isi y’abatayubaha.’—2 Petero 2:5; 3:6.

Raba ico umuhero w’iyo si wasigura n’ico utasigura. Ntiwari umuhero w’abantu. Nowa n’umuryango wiwe bararokotse wa Mwuzure wakwira isi yose. N’umubumbe w’Isi be n’amajuru ateye igomwe yuzuye inyenyeri na vyo nyene vyararokotse. ‘Isi y’abatubaha Imana’ ni yo yahonye, urunkwekwe rubi rw’ibintu.

Amaherezo, uko uruvyaro rwa Nowa rwagiye ruragwira, iyindi si yaratsimbataye. Iyo si igira kabiri, canke urunkwekwe rw’ibintu, yabandanije kubaho gushika n’ubu. Kahise kayo karangwa n’intambara, ubugizi bwa nabi, n’ubukazi. Ni igiki kizoshikira iyi si? Mbega izorokoka?

Kazoza k’Iyi Si

Inkuru ya Bibiliya imaze kuvuga ivy’isi yahonye mu gihe ca Nowa, irabandanya iti: “Arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha.” (2 Petero 3:7) Ni ukuri, nk’uko uwundi mwanditsi wa Bibiliya abisigura, ‘isi [iyi iriho ubu] iriko irashira.’—1 Yohana 2:17.

Bibiliya ntisigura yuko isi busi canke amajuru yuzuye inyenyeri bizovaho, nk’uko nyene ivyo bitavuyeho mu gihe ca Nowa. (Zaburi 104:5) Ahubwo, iyi si, hamwe n’ “amajuru,” ni ukuvuga abategetsi b’intwaro bari munsi y’akosho ka Shetani, n’ “isi” yayo, ni ukuvuga ikibane-bantu, izohonywa nk’aho yoba itongowe n’umuriro. (Yohana 14:30; 2 Ab’i Korinto 4:4) Iyi si, ari rwo runkwekwe rw’ibintu, izotikira koko nk’uko nyene vyagendeye isi y’imbere y’Umwuzure. Mbere na Yezu Kirisitu yaravuze ivyo mu “misi ya Nowa” bwa karorero k’ivyobaye imbere y’umuhero w’iyi si.—Matayo 24:37-39.

Mu buryo buri n’ico buvuze, igihe Yezu yavuga ivyo mu misi ya Nowa, yariko yishura ku kibazo intumwa ziwe zabajije, ziti: “Ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’umuhero w’isi?” (Matayo 24:3) Abayoboke ba Yezu bari bazi yuko iyi si yoherengeteye. Ico kintu bari biteze coba carabateye ubwoba?

Ahubwo nyabuna, igihe Yezu yadondora ibintu vyobaye imbere y’umuhero w’isi, yabaremesheje guhimbarwa kubera yuko ‘ugucungurwa kwabo kuzoba kugira gushike.’ (Luka 21:28) Egome, kwobaye ari uguhabuzwa bagakizwa Shetani n’urunkwekwe rwiwe rw’ibintu rubi, bakinjizwa mw’isi nshasha y’amahoro!—2 Petero 3:13.

Mugabo iyi si izohera ryari? Ni ikihe “kimenyetso” Yezu yatanze c’ “ukuza kw[iwe], n’ic’umuhero w’isi”?

Nya “Kimenyetso”

Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngaho ngo “ukuza” ni pa·rou·siʹa, rikaba risigura “ukuhaba,” ni ukuvuga, ukuba ariho ari vy’ukuri. Igihe rero nya “kimenyetso” kibonetse, ntivyosiguye yuko Kirisitu yobaye agiye kuza vuba, mugabo ko yobaye amaze kugaruka, akaba ari ho ari. Vyosiguye yuko yatanguye kuganza mu buryo butaboneka ari umwami wo mw’ijuru, n’uko vuba yoherengeteje abansi biwe.—Ivyahishuriwe 12:7-12; Zaburi 110:1, 2.

Yezu ntiyatanze ikintu kimwe gusa bwa “kimenyetso.” Yadondoye ibintu vyinshi vyobaye kw’isi. Ivyo vyose vyoshitse mu gihe abanditsi ba Bibiliya bise “imisi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5; 2 Petero 3:3, 4) Rimbura bimwebimwe mu bintu Yezu yari yaravuze ko vyoranze “imisi y’iherezo.”

“Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.” (Matayo 24:7) Mu bihe vya none intambara yashitse ku rugero ruhambaye kuruta ikindi gihe cose caheze. Umutohozakahise umwe yaranditse ati: “Intambara ya Mbere y’Isi Yose [iyatanguye mu 1914] yabaye yo ntambara ya mbere ‘yakwiye hose.’ ” Mugabo, intambara ya kabiri y’isi yose yaratikije inganda cane gusumba. Kandi intambara irabandanya gutema itongora kw’isi. Egome, amajambo ya Yezu yararangutse bimwe vy’agahomerabunwa!

‘Hazobaho amapfa.’ (Matayo 24:7) Inyuma y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose, hakurikiye ikigoyi gishobora kuba cari co kigoyi gihambaye kuruta muri kahise kose. Ikigoyi giteye ubwoba kandi carakurikiye inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose. Icago c’ugufungura nabi kibangamiye ica gatanu c’ababa kw’isi, kikica nk’imiliyoni 14 z’abana uko umwaka utashe. Vy’ukuri harabaye “amapfa”!

“Isi izonyiganyiga cane.” (Luka 21:11) Ugize incahagati, usanga abagiye barapfa ku mwaka ku mwaka bishwe na vya nyamugigima kuva mu 1914 bangana incuro nka cumi abapfuye mu binjana vy’imbere y’uwo mwaka. Rimbura gusa vya nyamugigima bikeyi vyari bikomakomeye: mu 1920, mu Bushinwa hapfuye abantu 200.000; mu 1923, mu Buyapani abantu nk’140.000 vyarabahitanye; mu 1939, muri Turukiya abantu 32.700 barahasize ubuzima; 1970, muri Peru abantu 66.800 barapfuye; no mu 1976, mu Bushinwa abashika ku 240.000 (canke 800.000 nk’uko amasôko amwamwe y’amakuru yabivuze) barahasize ubuzima. Si ivy’imbeshere, ukwo ni ‘ukunyiganyiga cane kw’isi’!

‘Hamwehamwe hazotera ikiza.’ (Luka 21:11) Inyuma gatoyi y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose, abantu imiliyoni nka 21 barapfuye bishwe na ya nyonko ya Esupanye. Ikinyamakuru kimwe (Science Digest) canditse ibi: “Muri kahise kose ntihigeze kuba ikiza c’urupfu gikaze kandi cica ningoga kuruta ico.” Kuva ico gihe, indwara y’umutima, kanseri, SIDA hamwe n’ibindi vyago vyinshi vyarishe amamiliyoni amajana y’abantu.

“Ubugarariji buzogwira.” (Matayo 24:12) Isi yacu kuva mu 1914 yabaye iyuzuye ubwicanyi n’ubukazi. Mu mihingo myinshi, nta n’umwe yiyumvamwo ko ari mu mutekano ku mabarabara n’iyo hoba ari ku murango. Mw’ijoro abantu baguma mu ngo zabo biyugaranye n’inzugi badadiye, bafise ubwoba bwo kuja hanze.

Hariho ibindi bintu vyinshi vyari vyarabuwe ko bizoshika mu misi y’iherezo, kandi n’ivyo vyose biriko biraranguka. Ivyo vyerekana yuko umuhero w’isi uri hafi. Mugabo, igihimbaye, hariho abazorokoka. Bibiliya ihejeje kuvuga ngo ‘isi iriko irashira,’ ica itanga uyu muhango: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17.

Turakeneye rero kwiga ivyo Imana igomba kandi tukabikora. Ni ho tuzorokoka umuhero w’iyi si kugira ngo twinovore imihezagiro y’Imana mw’isi nshasha, ibihe bidahera. Bibiliya idusezeranira yuko muri ico gihe: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso [y’abantu], kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.”—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Kiretse aho vyerekanywe ukundi, Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 6]

Abo Dukesha Amafoto: Indege: Ifoto ya USAF. Umwana: Ifoto ya OMS yafashwe na W. Cutting. Nyamugigima: Y. Ishiyama, Kaminuza y’i Hokkaido, mu Buyapani.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika