Ni Nde vy’Ukuri Atwara Isi?
Abantu benshi bokwishura ico kibazo mu majambo abiri ngo: ni Imana. Mugabo, biri n’ico bivuze kuba ata na hamwe Bibiliya ivuga yuko Yezu Kirisitu canke Se wiwe boba ari bo batware nyakuri b’iyi si. Ahubwo riho, Yezu yavuze ati: “Umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.” Yongeyeko ati: “Umwami w’isi ari mu kuza. Yamara muri jewe nta kintu ahafise.”—Yohana 12:31; 14:30; 16:11.
Nuko rero umutware w’iyi si ni uwurwanya Yezu. None uwo yoba ari nde?
Imvo y’Ibiba mw’Isi
Naho abantu b’imigabo myiza bagize utwigoro, isi yarasinzikaye bimwe biteye ubwoba kuva kera. Ivyo bituma abantu bazirikana bibaza nk’uko umwanditsi umwe w’amakuru, ari we David Lawrence, yibajije akiriho ati: “ ‘Amahoro kw’isi’—nka bose barayanyotewe. ‘Kwipfuriza abantu ineza’—ibisata vy’abantu nka vyose vyo kw’isi birayipfurizanya. None habuze iki? Ni kuki intambara iguma ibanze naho abantu bari n’ivyipfuzo mvukanwa?”
Bisa n’ibitumvikana, siko? Mu gihe icipfuzo c’indemanwa abantu bafise ari ukubaho mu mahoro, bama bankana kandi bakicana—babigiranye ububi bubishe. Rimbura ububisha burenze urugero abantu bakoze bwa runyamaswa. Abantu barakoresheje ivyumba vy’imyuka y’ubumara, amakambi y’itunatuniro, ibikoho bicira umuriro, ibibombe vya napalm, be n’ubundi buryo bubi cane bwo gusinzikaza abandi no kwicana ata kigongwe.
Woba wemera yuko abantu bacambirwa amahoro n’umunezero, bashobora ubwabo gukorera abandi ububisha bw’agahomerabunwa mwene ubwo? Ni inguvu izihe zituma abantu gukora ibikorwa bishisha mwene ivyo canke zikabashira mu bintu aho bumva bagoberwa gukora ishano? Woba urigera wibaza nimba hari ububasha bunaka bukora ikibi butaboneka bwosha abantu gukora ibikorwa mwene ivyo vy’ubukazi?
Abatware b’Isi Abo Ari Bo
Ntitwirirwe turakekeranya kuri ico kibazo, kuko Bibiliya itomora neza yuko hariho ikiremwa c’ikinyabwenge kitaboneka kiganza abantu n’ibihugu. Ivuga iti: “Isi yose iri muri wa Mubi.” Bibiliya kandi irerekana uwo ari we, mu kuvuga iti: “Yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, [ni we a]zimiza abari kw’isi bose.”—1 Yohana 5:19; Ivyahishuriwe 12:9.
Igihe kimwe aho Yezu ‘yageragezwa n’Umurwanizi,’ ntiyahaririye uruhara Shetani afise rwo kuba ari we mutware w’iyi si. Bibiliya irasigura ivyabaye iti: “Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo, at’Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga. Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani.”—Matayo 4:1, 8-10.
Vyiyumvire. Shetani yagerageje Yezu mu kumwingingira “ubgami bgose bgo mw isi.” (Ni twe tubihiritse.) Yamara none, ivyo Shetani yingingiye Yezu vyobaye ari ikigeragezo nyaco gute iyo Shetani ataba ari umutware w’ubwo bwami? Oya, nticobaye ari ikigeragezo. Urabona kandi ko Yezu atahakanye ko izi ntwaro zose z’isi zari iza Shetani, akaba atari kubura kubihakana iyo Shetani aza kuba adafise ububasha kuri zo. Nuko rero, Shetani Umurwanizi vy’ukuri ni we mutware ataboneka w’iyi si! Bibiliya, nkako imwita “imana y’iki gihe.” (2 Ab’i Korinto 4:4) Ariko none umubisha nk’uwo yashoboye gute gushikira ico kibanza c’ububasha?
Uwacitse Shetani yari yahoze ari umumarayika yaremwe n’Imana, mugabo arahava anohokera ikibanza Imana ifise. Yararwanije ubutegetsi bwayo ifitiye ububasha. Kugira ngo abishikeko yakoresheje inzoka mu kuvuga kugira ngo ahende umugore wa mbere Eva, gutyo arashobora kumwigarurira be n’umugabo wiwe Adamu, kugira ngo bakurikize itegeko ryiwe aho kwumvira Imana. (Itanguriro 3:1-6; 2 Ab’i Korinto11:3) Shetani kandi yiraririye mu kuvuga yuko yoshoboye gukevya uruvyaro rwokomotse kuri Adamu na Eva akarwonkora ku Mana. Ku bw’ico, Imana yararekeye Shetani umwanya ngo agerageze kwerekana ivyo yiraririye, mugabo ntiyaroraniwe.—Yobu 1:6-12; 2:1-10.
Birahambaye kuba Shetani atari wenyene mu gutwara isi. Yararoraniwe mu gushwirura bamwe mu bandi bamarayika kugira ngo bifatanye na we mu kugarariza Imana. Abo bacitse amashetani, abasangirakibi biwe b’impwemu. Bibiliya irabavuga igihe ihimiriza Abakirisu iti: “[Muhagarare] mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi. Kukw abo tunigana atar’ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana . . . n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” (Ni twe tubihiritse.)—Abanyefeso 6:11, 12.
Nunanire Ibiremwa vy’Impwemu vy’Ibibisha
Abo bategetsi b’isi bataboneka b’ababisha biyemeje kuyovya abantu bose, ngo babonkore ku gusenga Imana. Uburyo bumwe ivyo biremwa vy’impwemu bishitsa ivyo, ni mu kuremesha iciyumviro c’uko umuntu abandanya kubaho inyuma yo gupfa, naho nyene Ijambo ry’Imana ritomora neza yuko abapfuye ataco bazi. (Itanguriro 2:17; 3:19; Ezekiyeli 18:4; Zaburi 146:3, 4; Umusiguzi 9:5, 10) Ni co gituma ikiremwa c’impwemu c’ikibisha, mu kwigana ijwi ry’uwapfuye, gishobora kuganira n’abo mu muryango w’uwapfuye canke abagenzi biwe bakiriho, kibicishije ku mupfumu canke hakoreshejwe “ijwi” rivuye mu karere kataboneka. Iryo “jwi” rirashobora kwigira nk’iry’uwo yapfuye, kandi mu vy’ukuri ari iry’ishetani!
Nka hamwe rero wokwumva “ijwi” mwene iryo, ntuhendwe. Niwiyamirize ivyo rivuga vyose, hanyuma usubiremwo amajambo Yezu yavuze ati: “Mvako, Satani”! (Matayo 4:10; Yakobo 4:7) Ntuze ureke ngo icipfuzo co kurondera kumenya ivyerekeye akarere k’impwemu gitume winjira mu vy’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Ukwinjira muri mwene ivyo kwitwa amareba, kandi Imana iragabisha abambaji bayo kutaja mu bwoko na bumwe bwavyo. Bibiliya iriyamiriza “ūragura, . . . ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu.”—Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12; Ab’i Galatiya 5:19-21; Ivyahishuriwe 21:8.
Kubera yuko ivy’amareba bishira umuntu mu kosho k’amashetani, nunanire imigenzo yavyo yose, naho yoba irimwo ibikino gute canke itera umunezero gute. Muri iyo migenzo harimwo n’ukuragurira mu kiyo, kuragurira ku tubaho twitwa Ouija, kurondera kwumva ibirengeye inyumviro, kwihweza uturongo two mu kiganza c’umuntu, no kuragurira ku nyenyeri. Amashetani arateza kandi urwamo n’ibindi bintu vyibonekeza, mu mazu yatsemwo indaro.
Vyongeye, ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha biruririra ku mpengamiro y’abantu yo gukora icaha mu gushira imbere ibitabu, amasenema be n’ibiganiro bica kuri televiziyo vyerekana ubuhumbu n’inyifato yo mu vy’ibitsina uko imibiri itabiremewe. Amashetani arazi yuko ivyiyumviro bibi iyo bidakuwe mu bwenge bishobora gusigaho amakanda atazimangana, kandi bigatuma abantu bigenza rushegabo, nk’amashetani ubwayo.—Itanguriro 6:1, 2; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-8; Yuda 6.
Ego niko, benshi boshobora gutwengera mw’ijigo iciyumviro c’uko iyi si itwarwa n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Mugabo ukutavyemera kwabo ntigutangaje, kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Satani yīgira umumarayika w’umuco.” (2 Ab’i Korinto 11:14) Ubugunge bwiwe bw’urwenge buruta ubundi bwose bwabaye ubwo guhuma benshi amaso ku vy’uko we n’amashetani yiwe vy’ukuri babaho. Mugabo ntuzimizwe! Shetani n’amashetani yiwe bariho koko, kandi urakeneye kubarwanya udahorereza.—1 Petero 5:8, 9.
Igiteye umunezero, ni uko igihe kiri hafi aho Shetani n’ingabo ziwe batazosubira kubaho ukundi! Bibiliya iradukura amazinda yuko “isi [ushizemwo n’abatware bayo b’amashetani] irikw irashira . . . arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:17) Uzi ukuntu tuzoba dutabawe ako kosho kabi nikakurwaho! Ese rero twoba mu bakora ivyo Imana igomba hanyuma tukazokwiberaho ibihe bidahera mu gahimbare mw’isi nshasha itunganye y’Imana.—Zaburi 37:9-11, 29; 2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Kiretse aho vyerekanywe ukundi, Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera.
[Ifoto ku rup. 4]
Shetani yari gushobora kwingingira Yezu izi ntwaro zose z’isi iyo ziza kuba atari izayo?